ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 12/12 rup. 8-9
  • Ingene worushiriza kwihangana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene worushiriza kwihangana
  • Be maso!—2012
  • Ivyo bijanye
  • Kubura ukwihangana birashobora kugirira nabi umuntu
    Be maso!—2012
  • Nubandanye kwihangana
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Niwigire ku kwihangana kwa Yehova na Yezu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ukwiyumanganya ni ukwihangana ufise intumbero
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
Ibindi
Be maso!—2012
g 12/12 rup. 8-9

Ingene worushiriza kwihangana

UMAZE gusoma ibiganiro biheruka, birashoboka ko wemera yuko uko urushiriza kwihangana ari ko bishoboka ko urushiriza kugira amagara meza kuruta, gufata ingingo nziza no kugira abagenzi beza. Woshobora gute none kurushiriza kwihangana? Rimbura impanuro zikurikira.

Numenye ibituma utihangana:

Hariho ibintu bishobora gutuma ubura ukwihangana. Ni ibiki bibituma? Hoba hari abantu kanaka batuma ubura ukwihangana? Uwo mwubakanye, abavyeyi canke abana kumbure ni bo ahanini batuma ubura ukwihangana. Canke ibintu bituma ubura uwihangana vyoba akenshi bijanye n’umwanya? Nk’akarorero, woba ushobora kubura ukwihangana igihe ubwirizwa kurindira abandi canke igihe uriko urihutagiza kubera ko ucerewe? Woba ubura ukwihangana igihe urushe, ushonje, wumva itiro canke ufise ayandi maganya? Woba ukunda kubura ukwihangana i muhira canke ku kazi?

Kumenya gusa ibintu bituma ubura ukwihangana vyogufasha gute? Kera cane, Umwami Salomo yanditse ati: “Abantu b’ubwenge babona ingorane imbere y’igihe maze bakayinyegeza, mugabo abantu boroshe guhenda barabandanya maze bagashikirwa n’ingaruka.” (Imigani 22:3, God’s Word Bible) Mu buryo buhuye n’uwo mugani wa kera wo muri Bibiliya, mu gihe ‘ubonye imbere y’igihe’ ibintu bituma ubura ukwihangana, hari aho wobizibukira. Mu ntango hari aho wobwirizwa kugira utwigoro twinshi kugira ngo urushirize kwihangana, mugabo uko igihe kihaca birashobora kukworohera kwihangana.

Niworoshe ubuzima:

Nk’uko bivugwa na Porofeseri Noreen Herzfeld, uno akaba yigisha ibijanye na orodinateri kuri kaminuza ya Saint John i Minnesota muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, “abantu ntibashobora vy’ukuri gukorera icarimwe ibikorwa vyinshi. Ubwonko ntibushobora kwitunira ku bintu vyinshi mu mwanya umwe.” Yongerako ati: “Uko igihe kigenda kirarengana, gukorera icarimwe ibikorwa vyinshi bironona ubushobozi bwacu bwo kwitunira ku kintu, ni ukuvuga bwo kucihweza twitonze, kandi impera n’imperuka ivyo bironona kamere dufise, nk’ukwihangana, ukwumirako, ukubona ibintu mu buryo bwiza be n’ukumenya gutorera umuti ingorane.”

Biragoye gutsimbataza ukwihangana igihe uhagaritswe umutima n’uko ufise ibintu vyinshi vyo gukora, ufise ahantu henshi ubwirizwa kuja be n’abantu benshi mubwirizwa kuguma muhanahana amakuru. Dogoteri Jennifer Hartstein, umwe twavuga mu ntango y’ibi biganiro bikurikirana, agabisha ati: “Amaganya ni yo canecane atuma dukora ibintu vyinshi bitaranga ukwihangana.”

Ku bw’ivyo, nk’uko umugani umwe wa kera ubivuga, “uwitonze amira ibinoze.” Nufate akanya ko kuryohererwa ubuzima. Nufate umwanya wo kugiranira ubugenzi bukomeye n’abantu bakeyi, aho kugiranira ubugenzi budafashe n’abantu umuyoro. Nukoreshe neza umwanya wawe wongere wishingire ibikwiye kuja imbere y’ibindi ubigiranye ubukerebutsi. Uraba maso ku bintu vyo kwisamaza be n’ibikoresho bitwara umwanya.

Kugira ngo woroshe ubuzima bwawe, hari aho woba ukeneye gusuzuma ivyo wama ukora buri musi. Ni ibiki woshobora kugabanya umwanya ubimarako canke ukabiheba? Hari umugani wo muri Bibiliya ugira uti: “Ikintu cose kirafise igihe cashingiwe. . . , igihe co kugumya n’igihe co guta.” (Umusiguzi 3:1, 6) Kumbure iki ni co gihe c’uko ukuramwo ibintu bimwebimwe bitwara umwanya kugira ngo ntibigufatire cane ku buryo ubura ukwihangana.

Nubone ibintu nk’uko biri koko:

Nubone ubuzima nk’uko buri koko. Ubwa mbere na mbere, uramenya yuko mu buzima ibintu bitama binyaruka nk’uko tuvyipfuza. Niwemere ko umwanya ugenda nk’uko usanzwe ugenda, utagenda nk’uko uvyiteze. Ukwo ni ko kwihangana.

Ubwa kabiri, niwibuke yuko udashobora kwama ugira ico uhinduye ku kuntu ivyawe vyifashe. Wa mwami w’inkerebutsi Salomo yanditse ati: “Uwiruka cane kuruta abandi si we yama atahukana intsinzi mw’isiganwa; igisoda gikomeye kuruta ibindi si co cama gitsinda intambara; inkerebutsi kuruta abandi si yo yama ironka ibifungurwa; incabwenge kuruta abandi si yo yama ironka itunga; kandi umuntu yize cane si we yama aronka uguhayagizwa akwiriye. Igihe kigeze, ibintu bibi birashikira abantu bose! Umuntu ntiyigera amenya ikizohava kimushikira.”—Umusiguzi 9:11, 12, Holy Bible—Easy-to-Read Version.

Aho kubura ukwihangana igihe ushikiwe n’ibintu udashobora guhindura, nugerageze kumenya ibintu ushobora kugira ico ubihinduyeko. Tubitangire akarorero: Aho gushavuzwa n’uko ibisi itevye, nugerageze kurondera ubundi buryo bwo gushika iyo uriko uraja. Mbere kugenda n’amaguru vyoshobora kuba vyiza kuruta kubura ukwihangana no gutwarwa n’ishavu. Nimba ata kindi wokora atari ukurindira, nukoreshe uwo mwanya mu gukora ikindi kintu c’ingirakamaro, nko gusoma ibintu bimwebimwe bihambaye canke kwandika ivyo utegekanya kuzokora.

Mu buzima nta co bimaze guhagarikwa umutima n’ibintu ata co ushobora kubihindurako. Bibiliya ivuga itihenda iti: “Ni nde muri mwebwe yoshobora kwiyongera akanya na gatoyi k’ukuramba, ngo n’uko bimuhagaritse umutima?”—Luka 12:25, Ubwuzure Bushasha.

Nugiranire ubucuti n’Imana:

Abantu benshi bemera Bibiliya basanze bashobora gutsimbataza ukwihangana igihe bashize mu ngiro ingingo ngenderwako zayo. Nk’uko Bibiliya ibivuga, umuntu akunda ivy’Imana usanga arushiriza kugira agatima ko kugaragaza ukwihangana n’izindi kamere zihambaye nk’urukundo, akanyamuneza, amahoro, ubugwaneza n’ukwigumya. (Abagalatiya 5:22, 23) Bibiliya isezerana iti: “Ntimwiganyire ku kintu na kimwe, ahubwo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana; maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira.” (Abafilipi 4:6, 7) Niwige Bibiliya maze umenye ingene wogabanya amaganya ugira mu buzima be n’ingene worushiriza kugira ukwihangana.

[Ifoto ku rup. 8, 9]

Nta co bimaze guhagarikwa umutima n’ibintu ata co ushobora kubihindurako

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika