ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 12/12 rup. 19-21
  • Caucase—“Umusozi w’indimi”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Caucase—“Umusozi w’indimi”
  • Be maso!—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Baratandukanye bimwe bitangaje
  • Abantu “bo mu ndimi zose” barumva inkuru nziza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Kubwira inkuru nziza umuntu avuga urundi rurimi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Ico Intererano Zacu Zikora
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Indimi tuvuga zoba zakomotse kuri wa Munara w’i Babeli?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Be maso!—2012
g 12/12 rup. 19-21

Caucase​—“Umusozi w’indimi”

NIWIYUMVIRE uri mu karere amahero kiganziwe n’imisozi. Uratangara cane usanze ari akarere kagizwe n’ibihugu vyinshi, kimwekimwe cose kikaba gifise ururimi rwaco. Mu turere tumwetumwe, abantu baba mu bigwati bihana imbibe ntibahuza ururimi. Abahinga mu vy’indondabihugu ba kera bategerezwa na bo nyene kuba baratangajwe n’ivyo bintu, kubera ko umwe muri bo yavuze ko ako karere ka Caucase ari “umusozi w’indimi.”

Ako karere kagizwe n’imisozi ka Caucase, akari hagati y’Ikiyaga Cirabura n’Ikiyaga Kasupiyene, ni ihuriro ry’abantu bava mu mihingo itandukanye y’isi. Ivyo vyatumye kagira kahise kagizwe n’ibintu vyinshi be n’imico kama itandukanye. Abantu baho bamenyekanira ku kuba bubaha abageze mu zabukuru, ku kuba bakunda gutamba no ku kuba bakirana n’igishika. Mugabo abahagendera benshi babona ko ikintu gishimishije kuruta ibindi cerekeye Caucase ari amoko n’indimi bitandukanye cane bihari. Nkako, havugwa indimi nyinshi kuruta izivugwa mu kandi karere ako ari ko kose ka Buraya bingana.

Baratandukanye bimwe bitangaje

Mu kinjana ca gatanu B.G.C., umuhinga mu vya kahise w’Umugiriki yitwa Herodote yavuze ati: “Muri Caucase hari amahanga menshi kandi atandukanye.” Nko mu ntango z’ikinjana ca mbere G.C., hari uwundi muhinga mu vya kahise w’Umugiriki yitwa Strabo yanditse ko muri ako karere hariyo amoko 70. Ubwoko bumwebumwe bwose bwari bufise ururimi bwisangije kandi bwaraza gukora ivy’urudandaza i Dioscurias, ubu hakaba ari ho hari igisagara ca Soukhumi kiri ku Kiyaga Cirabura. Haciye imyaka mirongo, incabwenge imwe y’Umuroma yitwa Pline l’Ancien yanditse yuko Abaroma bari bakeneye abasobanuzi 130 kugira ngo bakorere urudandaza i Dioscurias.

Muri iki gihe amoko arenga 50 aracavuga ko i Caucase ari iwabo. Ubwoko bumwebumwe bwose burafise imico kama yabwo kandi akenshi usanga burangwa n’ukuntu bwambara, ukuntu buhingura utugenegene be n’ukuntu bwubaka. N’imiburiburi indimi kavukire 37 ni zo zivugwayo, zimwezimwe zikaba zivugwa n’abantu amamiliyoni, izindi na zo zikavugwa mu bigwati bimwebimwe gusa. Agace kavugwamwo indimi nyinshi kuruta muri ako karere, ako na ko kakaba ari Republika ya Daghestan y’Uburusiya, kabamwo abantu b’imvukira bo mu moko nka 30. Gushika ubu, nta wuramenya isano riri hagati y’izo ndimi zose be n’aho zihuriye n’izindi ndimi.

Woba wipfuza kubona ukuntu indimi zo muri Caucase zimeze? Umuhora wemewe wa Internet w’Ivyabona vya Yehova, ari wo www.pr418.com, ushirwako ibintu biri mu ndimi zirenga 400. Muri zo harimwo nyinshi zivugwa muri Caucase, ka karere gashimishije kadondowe mu buryo bubereye ko ari umusozi w’indimi.

[Uruzitiro ku rup. 21]

ZIRATANDUKANYE CANE

Indimi zo muri Caucase zikoresha inyandiko zitandukanye. Ikinyarumeniya n’ikijeworojiya bikoresha indome vyisangije. Izindi ndimi zikoresha inyandiko ishingiye ku ndome z’igisirilike canke indome zigomba kumera nk’iz’ikilatini.

Indimi zo muri Caucase y’uburaruko bushira uburengero zirafise indadi nyinshi gusumba izindi ndimi zo mw’isi, mugabo zikagira indome zivuga nkeyi. Nk’uko igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi kibivuga, izo ndimi zikoresha indadi “zigizwe ahanini n’inyaminwa be n’inyamuhogo.” Ururimi rwo muri Caucase rwitwa oubykh, urwo uwa nyuma mu mvukira zaruvuga yapfuye mu 1992, bivugwa ko rwari rufise n’imiburiburi indadi 80 n’indome zivuga nka 2 gusa.

Inkuru imwe y’igitito ivuga ibijanye n’umutware w’Umunyaturukiya yarungitse incabwenge imwe muri Caucase kwiga ururimi rw’iki oubykh. Iyo ncabwenge igarutse, kugira ngo isigure igituma itashoboye kurwiga, yafashe agasaho karimwo utubuye maze idusuka kw’isima y’amakaro imbere y’uwo mutware. Iyo ncabwenge yavuze iti: “Umviriza ayo majwi. Abanyamahanga ntibashobora gutahura imvugo y’iki oubykh nk’uko umuntu adashobora gutahura amajwi y’utwo tubuye.”

[Amakarata ku rup. 19]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

Ikiyaga Cirabura

IMISOZI YA CAUCASE

Ikiyaga Kaspiyene

[Ifoto ku rup. 20]

[Ifoto ku rup.s 20, 21]

[Ifoto ku rup. 21]

[Ifoto ku rup. 21]

Ivyabona vya Yehova bariko barigisha Bibiliya muri Caucase

[Ifoto ku rup. 19]

[Abo dukesha ifoto ku rup. 19]

Ifoto: Mikheil Samkhardze

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika