Udukuru tw’irya n’ino
“Igitigiri c’ubushakashatsi bugirwa kuri Google hakoreshejwe amajambo arimwo agace ‘porn’ (ni ukuvuga amashusho y’ubushegabo) carigwije na gatatu kuva mu 2004.”—IKINYAMAKURU THE ECONOMIST CO MU BWONGEREZA.
“Igihe umwigeme [w’Umurusiyakazi] yubatse urwiwe, . . . biba bishoboka ku rugero rw’ibice 60 kw’ijana yuko umunega wiwe amukubita, canke ko barwana.”—IKINYAMAKURU MOSKOVSKIYE NOVOSTI CO MU BURUSIYA.
“Umwe mu banyasiyansi canke abadogoteri indwi bo mu Bwongereza yariboneye abo bakorana bahindura canke bagoreka n’ibigirankana amakuru igihe bariko baragira ubushakashatsi canke kugira ngo bayasohore.”—IKINYAMAKURU BRITISH MEDICAL JOURNAL CO MU BWONGEREZA.
“Igitigiri c’abadahitanwa na kanseri muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika carigwije na kane kuva mu 1971 gishika ku bantu nk’imiliyoni 12 . . . Iryo yongerekana ry’igitigiri c’abadahitanwa na kanseri ritumwa ahanini n’ukwipimisha hakiri kare, imiti ivura neza kuruta be n’ukuba abayirwaye bakurikiranwa neza kuruta.”—IKINYAMAKURU UC BERKELEY WELLNESS LETTER CO MURI LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA.
Imbere gato y’ihimbazwa rya Noweli yo mu 2011, haradutse indwano mu bapatiri n’abafurera nka 100 bo mu migwi idacana uwaka yo mw’ishengero ryitwa Église de la Nativité ry’i Betelehemu. Umupolisi umwe afise ipete rya liyetena-koloneli yavuze ati: “Kari akagorane gasanzwe . . . kama kabaye buri mwaka. Nta n’umwe yatawe muri yompi kubera ko abo vyega bose bari abantu b’Imana.”—ISHIRAHAMWE RIJEJWE KUMENYESHA AMAKURU (REUTERS) RYO MURI LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA.
Ikibira amahanga kiva ku mpera imwe ya Afrika kigashika ku yindi
Hari umugambi w’ibihugu vyo muri Afrika watangujwe n’Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu 2007, ukaba ufise intumbero yo gutuma ubugaragwa butabandanya kwongerekana hakoreshejwe ikibira. Kuva muri Senegali mu burengero gushika muri Djibouti mu buseruko, ibihugu 11 biriko biratera imbuto amamiliyoni z’ubwoko bubereye, kugira ngo habe ishamba rireha n’ibilometero 7.600 vy’uburebure be n’ibilometero 15 vy’ubwaguke. Uwitwa Aliou Guissé, akaba ari umwigisha w’ibijanye n’ibiterwa kuri kaminuza yitiriwe Cheikh Anta Diop y’i Dakar muri Senegali, avuga ati: “Tubwirizwa gutera ubwoko bw’ibiterwa abantu batazokwipfuza guca.” Vyitezwe yuko utwo turere tuzoba twasubiye guterwamwo ibiti tuzoba kandi nk’ishamba cimeza maze rikazobandanya kugirira akamaro ababa muri iyo micungararo.
Kubera iki twayuza?
Abanyasiyansi ntibashobora gusigura igituma umuntu uwo ari we wese yayuza, akenshi akabigira incuro nyinshi ku musi. Mbere n’utwana turi mu nda turayuza. Udukoko tumeze nk’imbeba twitwa hérisson, ibinyoni vyitwa imbuni, inzoka n’amafi, na vyo nyene birayuza. Haratangwa ivyiyumviro vyinshi cane, akenshi bikaba bivuguruzanya, mugabo nta na kimwe gishika ku nyota abashakashatsi bose. Abanyasiyansi benshi batanga iciyumviro c’uko ukwo gukwega impemu, ukumara amasegunda nk’atandatu, ari ukwongerereza umwuka witwa ogisijeni mu bwonko. Yamara ikinyamakuru kimwe (Science News) kivuga yuko “gushika ubu, abashakashatsi [bata]raronka ibimenyamenya bishigikira ico ciyumviro.” Ivyigwa biheruka kugirwa ku mbeba bisa n’ivyerekana ko “ukwayuza kwoshobora kugereranywa n’ikintu gituma ubushuhe buguma ku rugero rumwe, kukaba guhoza ubwonko igihe bwashushe cane.” Mugabo nta muntu n’umwe abizi vy’ukuri.
[Ifoto ku rup. 27]