Ingene wokwirinda gusesagura[Ifoto ku rup. 10]
Uretse akosho abadandaza batugirako, utumenyero twacu be n’ivyipfuzo vyacu birashobora gutuma dusesagura. Ng’ibi ibintu bitandatu vyogufasha kudasesagura amahera yawe.
Ntugure ikintu ngo ni uko gusa ukibonye. Woba uryoherwa cane no kuja kurondera ibintu wogura kuri make? Nimba ari ukwo, vyoshika ukaza uragura ibintu kubera gusa ubibonye. Kugira ngo ivyo ntibigushikire, banza utenyenye, wiyumvire ata kwihenda ingaruka z’igihe kirekire zoterwa no kugura ico kintu, kugitunga no kukibungabunga. Kubitiza agatima mpembero ku bintu wigeze kugura kubera gusa ubibonye mugabo mu nyuma ukicuza. Nufate umwanya wo kuzirikana imbere yo gufata ingingo y’ico wokora.
Ntugure ibintu kugira gusa wumve ko uryohewe. Igihe wumva utamerewe neza, kugura ikintu birashobora gutuma umara umwanya wumva uryohewe. Ariko hamwe wosubira kwumva utaryohewe, vyoshobora gutuma urushiriza kwumva ko icokuruhura ari ukuja kugura ibindi bintu. Aho kugura ibintu kugira ngo wumve ko uryohewe, nurondere abagenzi bokuremesha canke ukore igikorwa kanaka, nko kugendagenda n’amaguru.
Ntuje mu maduka kugira winezereze gusa. Amaduka akomakomeye asigaye arimwo utuntu dukwegera ku buryo abantu bajayo kugira ngo binezereze gusa. Naho woja muri ayo maduka canke ku muhora w’ivy’urudandaza wo kuri Internet kugira ngo winezereze gusa, vyinshi mu vyo uhasanga bigenewe kukuvyurira icipfuzo co kubigura. Ntuje mu maduka ata mugambi ufise wo kugura ikintu, kandi ntugure ico utategekanije.
Nuhitemwo abagenzi witonze. Ukuntu abagenzi bawe babayeho be n’ibiyago mugirana biragira akosho gakomeye ku vyo wipfuza. Nimba wama usesagura kugira ngo ugure nk’ivyo abagenzi bawe bafise, nuhitemwo rero abagenzi badashira imbere amahera canke amaronko.
Uraba maso mu bijanye n’amadeni. Biroroshe ko ugura ibintu kw’ideni utabanje kurimbura ingaruka zavyo. Nugerageze kwama uriha ideni wafashe, bishobotse uririhe ryose. Niwiyubare mu bijanye no gufata amadeni asaba inyungu. Aho kugura ibintu ku madeni, nuze uraziganya amahera igihe wipfuza kugura ikintu kizimvye.
Nugume uzi uko ubutunzi bwawe bwifashe. Igihe utazi uko ubutunzi bwawe bwifashe, usanga vyoroshe ko usesagura. Nuze urandika ayasohoka n’ayinjira, kandi ugume uzi ayo usigaranye uko angana. Ufatiye ku yo winjiza be no ku yo wagiye urakoresha mu misi iheze, nugire urutonde rubereye rw’ayo woza urakoresha buri kwezi. Nugume ukurikiranira hafi ayasohoka, urabe ko ahuye n’ivyo wari wategekanije. Nusabe umugenzi wizigiye agufashe gutahura ibintu utamenyereye bijanye n’ivy’amahera.