IBIHUGU N’ABABIBAMWO
Tuje muri Azerbayijani
AZERBAYIJANI ni co gihugu kinini mu bihugu bitatu bigize akarere kitwa Caucase du sud. Haraheze imyaka yababa igihumbi abantu bo mu bwoko bw’Abatirke batanguye kugerera muri ako karere ari benshi. Abo bimukira bahavuye bafata imwimwe mu migenzo y’imvukira zaho, imvukira na zo zifata imico imwimwe y’abo bimukira. Ntibitangaje rero kubona ikinyazerbayijani gifitaniye isano rya hafi n’igitirkiya be n’igitirkimenistani.
Abantu bo muri Azerbayijani barashwashwanutse kandi bari n’igishika. Abagize umuryango usanga bakundana cane, kandi incuti zirafashanya mu ngorane.
Abanyagihugu baho barakunda umuziki n’ivyese. Mu muziki wo mu bwoko bwitwa mugam, umuririmvyi aravuga ivyese vy’akaranga k’ico gihugu, akabijanisha n’ijwi ry’ibicurarangisho kavukire. Uwuririmba mwene uwo muziki ategerezwa kuba azi neza indirimbo za kera zo muri ubwo bwoko, akaba n’umuntu abangutse mu kwiyumvira ingene yoririmba.
Icayi kiri mu bintu bihambaye mu mico kama y’abantu bo muri Azerbayijani
Icayi kiri mu bintu bihambaye mu mico kama y’abantu bo muri Azerbayijani. Bagisereva mu turahuri kiri kumwe n’agasukari kabumbabumvye, kumbure bakakizanana n’imise y’ikungu, inzabibu hamwe n’izindi ntete zimeze nk’ivyema. Utuzu banyweramwo icayi umuntu arashobora kudusanga no mu dusagara dutoduto.
Mu buseruko bw’ico gihugu hari Ikiyaga Kaspiyene, kino kikaba kirimwo ifi zitwa esturgeon. Igifi co muri ubwo bwoko citwa bélouga kirashobora kumara imyaka irenga ijana. Kimwe mu bifi bininibinini vyo muri ubwo bwoko bamaze kuroba cari gifise uburebure bw’imetero 8,5 be n’uburemere bw’ibilo 1.297! Ivyo bifi babikundira amagi yavyo ategurwamwo za mfungurwa zizimvye cane zitwa caviar noir.
Abanyagihugu bo muri Azerbayijani barakunda gusenga no kuyaga ivyerekeye Imana. Benshi muri bo ni abisilamu. Harabayo n’abantu bo mu yandi madini, harimwo n’Ivyabona vya Yehova barenga igihumbi, abenshi muri bo bakaba ari imvukira zaho.
Abacuraranzi kavukire bo muri Azerbayijani
WARI UBIZI?
Ivyabona vya Yehova barigisha Bibiliya abantu amamiliyoni kw’isi yose, bakoresheje igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Ico gitabu kiri mu ndimi zirenga 250, ushizemwo n’ikinyazerbayijani.