VYOBA VYARIYADUKIJE?
Ubwonko bw’agakoko kitwa écureuil arctique [Spermophilus parryii]
MU GIHE c’urushana, ako gakoko karasinzira itiro rirerire, ubushuhe bw’umubiri wako na bwo bugaca bugabanuka cane. None bugabanuka ku rugero rungana iki? Hari udukoko 12 tw’ubwo bwoko twashikiriye ubukanye bw’akataraboneka, kuko umubiri watwo wakanye gushika kuri dogere 2,9 munsi y’ubusa! Mu bukanye nk’ubwo, umuntu yokwitega ko ubwonko bw’ako gakoko buca bukongatara ntibusubire gukora. Bigenda gute none ngo ako gakoko kabandanye kubaho mu bukanye nk’ubwo?
Rimbura ibi: Mu kiringo c’iryo tiro rirerire, uko haheze indwi zibiri canke zitatu ako gakoko karijugumiza bigatuma umubiri wako usubirana ubushuhe bwawo busanzwe bwa dogere 36 n’ibice 4, kandi gaca kamara amasaha ava nko kuri 12 gushika kuri 15 kadasubiye gukanya. Abashakashatsi bavuga yuko naho ico gihe c’ugususuruka ari kigufi, gituma ubwonko bwako buguma bukora neza. Vyongeye, muri ico kiringo c’itiro rirerire, bisa n’uko umutwe wako uguma ususurutse gusumba ibindi bihimba vy’umubiri. Mu bipimo abahinga bagize, basanze amazosi ya twa dukoko 12 twavuga atigeze ashikira ubukanye buri munsi ya dogere 0,7.
Iyo ico kiringo c’itiro kirangiye, mu masaha nk’abiri ubwonko bw’ako gakoko buca busubira gukora ukuri kwamye. Mbere icigwa kimwe cerekanye ko iyo ico kiringo c’itiro rirerire kirangiye, ubwonko bwako bukora neza kuruta uko bwakora imbere y’uko kaja muri iryo tiro! Abahinga birabagora gutahura ukwo kuntu ubwonko bwako busubirana mu buryo butangaje. Babigereranya n’ukuntu ahantu haciye umuriro wa Nyakanga hamera ivyatsi bishasha inyuma y’imisi mikeyi.
Abashakashatsi bizigira yuko ico cigwa bagize kuri ako gakoko kizobafasha kurushiriza gutahura ubushobozi ubwonko bw’umuntu bufise. Intumbero yabo ni iyo kurushiriza kumenya ingene bokinga indwara zonona ubwonko, ushizemwo n’iyitwa alzheimer, canke ingene botuma uduhimba twononekaye tw’ubwonko dusubirana.
None uvyibazako iki? Ubwo bwonko budapfa kwononekara bw’ako gakoko bwoba bwariyadukije? Canke hariho uwabushizeho?