Ibirimwo
Nyakanga 2013
© 2013 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania. Uburenganzira bwose ni ubw’abagisohoye.
RABA IBINDI KU MUHORA WO KURI INTERNET
IMIYABAGA
Nurabe inyishu zishingiye kuri Bibiliya z’ibibazo bitari bike urwaruka rwibaza. Muri ivyo bibazo harimwo ibikurikira:
• “Nokora iki hagize uwuguma ambuza amahoro arondera ko dusambana?”
• “Ni ibiki ukwiye kumenya ku bijanye n’ukwandikiranira n’abandi kuri telefone?”
• “Nobigenza gute mfise ingorane y’amagara?”
Raba ingene Bibiliya ishobora gufasha imiyabaga guhangana n’ingorane zo mu buzima kandi bikagenda neza.
(Raba INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > IMIYABAGA)
ABANA
Soma izi nkuru zo muri Bibiliya zerekanywe mu mashusho. Nukoreshe ayo mashusho mu gufasha abana bawe kurushiriza kumenya abantu bavugwa muri Bibiliya be n’ingingo ngenderwako zigenga inyifato runtu.