ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 12/13 rup. 8-9
  • Tuje muri Brezile

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tuje muri Brezile
  • Be maso!—2013
Be maso!—2013
g 12/13 rup. 8-9

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Brezile

Imfungurwa zinovera zitwa feijoada ni imfungurwa kavukire z’Abanyabrezile

Ikinyoni citwa toucan

MU NTANGO igihugu ca Brezile cabamwo abantu babeshwaho n’uruhigi be n’uburimyi. Igihe Abanyaportigale bajayo kurondera uturere dushasha baciye batanguzayo idini rya Gatolika, mu nyuma barubaka insengero nyinshi be n’udusengero, zimwe muri izo nyubakwa bazishiramwo ibisharizo vyo mu mbaho bibajwe ku buhinga kandi bikuyengejweko inzahabu.

Kuva hagati mu kinjana ca 16 gushika hagati mu kinjana ca 19, ubwato bwaseha abashumba bwarajanye muri Brezile Abanyafrika nk’imiliyoni zine kugira ngo bakorere mu mirima. Abo bashumba bagiye bajanye imigenzo yabo yahavuye ivyara amadini y’Abanyabrezile bakomoka muri Afrika, nk’iryitwa macumba na candomblé. Umuziki, intambo be n’imfungurwa vyo muri Brezile na vyo nyene biribonekezamwo akanyafrika.

Imfungurwa zaho kavukire zitwa feijoada, izimeze nk’iz’Abanyaportigale, usanga zigizwe n’uruvange rw’inyama n’ibiharage vyirabura, bakaba babifungurana n’umuceri be n’ubwoko bw’amashu bwitwa chou cavalier. Mu kinjana ca 19 n’ica 20, hari abantu amamiliyoni bagiye kuba muri Brezile bavuye i Buraya (canecane mu Budagi, Ubutaliyano, Polonye na Espanye), mu Buyapani no mu tundi turere.

Muri kino gihe, muri Brezile hose hari Ivyabona vya Yehova nka 750.000 bakwiragiye mu mashengero arenga 11.000. Bigisha Bibiliya abantu barenga 800.000. Kugira ngo baronke inyubakwa bakoraniramwo, hariho imigwi 31 y’abubatsi iguma ija mu turere dutandukanye two muri ico gihugu gukorana n’Ivyabona vya Yehova baho, buri mwaka bakaba bubaka canke bagasanura Ingoro z’Ubwami ziri hagati ya 250 na 300. Kuva muri Ntwarante 2000, haramaze kwubakwa no gusanurwa inyubakwa mwene izo zishika 3.647.

Akarere k’Uruzi Amazone ni ko karimwo ikibira kinini ca mbere kw’isi

WARI UBIZI?

Uruzi Amazone rusuka mw’ibahari amazi menshi kuruta inzuzi zose zibaho kandi uburebure bwarwo ni ibilometero birenga 6.275

IBIHARANGA MURI MAKE

  • Abanyagihugu: 201.000.000

  • Umurwa mukuru: Brasilia

  • Indimi zivugwayo: Igiportigale n’indimi kavukire zirenga 180

  • Izina: Izina Brezile ryavuye kw’izina ry’igiti kavukire caho (Caesalpinia echinata), bakaba bagikunda kubera gishobora guhingurwamwo ibintu bisa n’agahama bakoresha mu guha ibara impuzu

  • Ikirere: Mu buraruko harashuha cane; mu bumanuko ntihashuha cane canke ngo hakanye cane; mu gihe c’urushana birashika mu misozi hagakoroka urubura rw’ifu

  • Ingene hameze: Brezile igize hafi ica kabiri c’akarere ka Amerika y’Epfo. Ni kimwe mu bihugu bikwiragiyemwo inzuzi kuruta ibindi kw’isi yose

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika