ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 7/14 rup. 10-11
  • Tuje muri Irlande

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tuje muri Irlande
  • Be maso!—2014
Be maso!—2014
g 7/14 rup. 10-11
Inkengera y’ibahari muri Irlande

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Irlande

Ikarata ya Republika ya Irlande na Irlande ya Ruguru

IRLANDE igizwe n’ibihugu bibiri: kinini muri vyo ni Republika yigenga ya Irlande, gitoyi na co ni Irlande ya Ruguru iri mu bihugu bigize akarere kitwa Royaume-Uni.

La Chaussée des Géants

La Chaussée des Géants

Irlande bayita “Izinga ry’akabuye ka emerode” kubera imvura nyinshi igwayo igatuma hatotahara cane ku buryo hasa n’ibuye ry’agaciro ry’urwatsi rutoto ryitwa emerode. Ibiyaga n’inzuzi biryoheye ijisho, imisozi yo ku nkengera y’ibahari be n’imirambi yaho na vyo nyene birongereza ku bwiza bwaho.

Inzu isakaje ivyatsi

Inzu isakaje ivyatsi

Abanya-Irlande baraciye mu magume menshi. Nk’akarorero, bamwe bavuga ko kuva mu 1845 gushika mu 1851, abantu nk’umuliyoni bishwe na kigoyi be n’indwara igihe indwara y’ibiterwa yahonya ibiraya. Kugira bahunge ubwo bukene butagira izina, benshi baciye bimukira mu bindi bihugu nko mu Bwongereza, muri Kanada, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika no muri Ostraliya. Muri iki gihe, hari Abanyamerika nk’imiliyoni 35 bavuga ko bakomoka muri Irlande.

Abanya-Irlande barazwi ko ari abantu b’umutima mwiza kandi b’abakiranyi. Mu kwisamaza, barakunda kugendera ku mafarasi no gukina inkino z’umugwi nk’urwitwa cricket, urwitwa rugby, umupira w’amaguru usanzwe n’urundi rukino rugomba kumera nk’umupira w’amaguru rwitwa football gaélique. Abagore baho bakunda canecane urukino rumeze nka hockey rwitwa camogie.

Abantu bo muri Irlande barahimbarwa no kuyaga, bagakunda n’umuziki. Intambo yabo yitwa step dancing irazwi cane mu makungu. Mu kuyitamba, igice co haruguru c’umutumba kiguma gishinze, bakaza baratambisha ibirenge banyarutsa kandi bajana badahusha.

Umugwi w’abacuraranzi bo muri Irlande

Umugwi w’abacuraranzi bo muri Irlande

Ivyabona vya Yehova baramaze imyaka irenga ijana muri Irlande. Ubu Ivyabona vya Yehova barenga 6.000 ni bo babayo, bakaba bakora igikorwa co kwigisha abandi Bibiliya.

1. Inanga yitwa harpe celtique; 2. imyironge y’isaho yo muri Irlande; 3. indonongo y’ikizungu yitwa violon; 4. ikinanda; 5. ifirimbi y’intoboro zitandatu; 6. ingoma

Umuziki kavukire wo muri Irlande ukoresha ibicurarangisho bitandukanye nk’ivyo vyerekanywe aho haruguru, uva ibubamfu uja iburyo: inanga yitwa harpe celtique, imyironge y’isaho yo muri Irlande, indonongo y’ikizungu yitwa violon, ikinanda, ifirimbi y’intoboro zitandatu be n’ingoma

WARI UBIZI?

Inzira yitwa La Chaussée des Géants yo ku nkengera y’ibahari yo mu buraruko bwa Irlande ya Ruguru, igizwe n’ibibuye bishinze nk’inkingi vyiremaremye kera igihe urunyigimbe ruturira rw’ibirunga rwatemba rugahura n’amazi y’ibahari rugaca ruhora.

IBIHARANGA MURI MAKE

  • Abanyagihugu: Nka 4.500.000 muri Republika ya Irlande; nka 1.800.000 muri Irlande ya Ruguru

  • Imirwa mikuru: Dublin muri Republika ya Irlande; Belfast muri Irlande ya Ruguru

  • Indimi: Ikinya-Irlande n’icongereza

  • Ikirere: Ntihakanya cane canke ngo hashuhe cane, kandi harakunda kugwa imvura

  • Amadini nyamukuru: Muri Republika ya Irlande benshi ni abagatolika; muri Irlande ya Ruguru hari abagatolika n’abaporoti

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika