ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 7/14 rup. 7
  • Ukubura uwawe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukubura uwawe
  • Be maso!—2014
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INGENE WOVYIFATAMWO
  • Igihe ushikiwe n’ivyago
    Be maso!—2014
  • Imfashanyo nziza kuruta
    Be maso!—2018
  • Icofasha abatuntujwe n’ukubura
    Be maso!—2011
  • Ingene wokwihangana igihe ubuze uwawe
    Be maso!—2011
Ibindi
Be maso!—2014
g 7/14 rup. 7
Isanganya ry’umuduga ryahitanye abantu

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | INGENE WOVYIFATAMWO USHIKIWE N’IVYAGO

Ukubura uwawe

Ronaldo wo muri Brezile yaragize isanganya ry’umuduga ari kumwe n’abo mu muryango wiwe, batanu muri bo barapfa, harimwo se na nyina. Avuga ati: “Maze amezi abiri mu bitaro ni ho namenya ko iryo sanganya ryabahitanye.

Ronaldo

“Mu ntango, sinashobora kwumva ko bari bapfuye. Naribwira nti: ‘Bose? Ntibishoboka!’ Maze kubona ko ari vyo, naratuntuye. Sinari bwigere ngira umubabaro nk’uwo. Mu misi yakurikiye, numva umengo kubaho nta co bimaze tutari kumwe. Naramaze amezi nza ndarira buri musi! Nariyagiriza kubona nararetse uwundi akaba ari we atwara nya muduga. Nibwira yuko kumbure baba bakiriho iyo ndawutwara.

“Ubu haraheze imyaka 16. Ubuzima bwarabandanije, ariko urupfu rwabo rubabaje rwaransizemwo imvune mu mutima n’ubu itaramperamwo.”

INGENE WOVYIFATAMWO

Nuririre uwo wabuze. Bibiliya ivuga ko hariho “igihe co kurira.” (Umusiguzi 3:1, 4) Ronaldo avuga ati: “Igihe cose naba numva ngomba kurira, naca ndira. Kwigumya ngo sindire nta co vyari kumfasha, kandi mpejeje kurira naca numva nduhutse.” Ariko ntiwumve, abantu bose ntibatuntura kumwe. Nimba rero intuntu ufise utayigaragaza, ntibisobanura ko utababaye canke ko utegerezwa kurira vyanka vyakunda.

Ntiwigunge ukwa wenyene. (Imigani 18:1) Ronaldo agira ati: “Naragize akigoro ko kwirinda kwikumira. Abantu baraza kundaba nkabakira. Vyongeye, narabwira umukenyezi wanje n’abagenzi somambike ukuntu niyumva.”

Nugume utekanye hagize uwukubwira amajambo ababaza. Nk’akarorero, hari uwokubwira ngo “Nta ngorane, ubu ariruhukiye.” Ronaldo yigana ati: “Amajambo amwamwe bambwira yo kumpoza yarambabaza.” Aho kuguma wiyumvira amajambo ababaza bakubwira, nukurikize impanuro nziza Bibiliya itanga igira iti: “Ntushire umutima wawe ku majambo yose abantu bovuga.”​—Umusiguzi 7:21.

Numenye ukuri ku bijanye n’ingene abapfuye bamerewe. Ronaldo avuga ati: “Mu Musiguzi 9:5, Bibiliya yerekana ko abapfuye batari mu mibabaro, ivyo bikaba bituma ngira amahoro mu mutima. Bibiliya yigisha kandi ko hagiye kuba izuka maze abapfuye basubire kubaho. Nca rero mbona ko abanje bapfuye ari nk’aho gusa bafashe urugendo, bakaba bazogaruka.”​—Ivyakozwe 24:15.

Wari ubizi? Bibiliya isezerana ko hazogera igihe Imana ‘ikamira urupfu miyonzwa gushitsa ibihe bidahera.’a​—Yesaya 25:8.

Uru rukurikirane rw’ibiganiro ruraca irya n’ino ingene wovyifatamwo ushikiwe n’ivyago. Wipfuza kumenya ico Bibiliya ivuga ku mvo zituma abantu bashikirwa n’imibabaro, raba urukurikirane rw’ibiganiro ruvuga ngo“Kubera iki ibintu bibi bishikira abantu beza?” mu nomero yo ku wa 1 Mukakaro 2014 y’ikinyamakuru kigenzi c’iki, ari co Umunara w’Inderetsi.

a Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 7 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika