ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 9/14 rup. 3
  • Udukuru tw’irya n’ino

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Udukuru tw’irya n’ino
  • Be maso!—2014
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kw’isi yose
  • Mu Bwongereza
  • Mu Bushinwa
  • I Buraya
  • Ubukozi bw’ikibi buratugirira nabi twese
    Be maso!—2012
  • Vyoba bishoboka ko ubukozi bw’ikibi buhera?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Udukuru tw’irya n’ino
    Be maso!—2015
  • Amabi akorerwa abakenyezi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Be maso!—2014
g 9/14 rup. 3

UDUKURU TW’IRYA N’INO

Kw’isi yose

Umugore yakorewe amabi

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS) rivuga ko amabi akorerwa abakenyezi asigaye ari “akaranda kageramiye amagara y’abantu kw’isi yose.” Ryongerako riti: “Ibice nka 35 kw’ijana vy’abakenyezi kw’isi yose barakorerwa amabi n’abagabo babo canke abahoze ari abagabo babo, canke bakayakorerwa n’abandi bantu.” Rivuga kandi yuko “abakorerwa amabi n’abagabo babo canke abahoze ari abagabo babo ari bo benshi . . . , bakaba bangana n’ibice 30 kw’ijana.”

Mu Bwongereza

Urusengero

Mw’itohoza rimwe ryagizwe ku bantu 64.303, ibice 79 kw’ijana bavuze ko “idini rituma haba ingorane n’indyane nyinshi kw’isi muri iki gihe.” Vyongeye, rusansuma rwagizwe mu 2011 mu Bwongereza no muri Pays de Galles rwerekanye yuko ibice 59 kw’ijana vy’abanyagihugu ari bo gusa bavuga ko ari abakirisu. Ariko mu 2001 bari ibice 72 kw’ijana. Ikigeretseko, kuva mu 2001 gushika mu 2011, igitigiri c’abantu bavuga ko ata dini barimwo carongerekanye, kiva ku bice 15 gishika ku bice 25 kw’ijana.

Mu Bushinwa

Abavyeyi bo mu Bushinwa bageze mu zabukuru

Ibimenyeshamakuru bivuga yuko hari itegeko rishasha riheruka gushingwa. Iryo tegeko rivuga yuko abana bakuze badakwiye gusa kugendera kenshi abavyeyi babo bageze mu zabukuru, ariko kandi ko bakwiye kubaronsa “ivyo bakeneye mu mutima.” Ariko iryo tegeko “nta bihano ritegekaniriza” abana batarikurikiza.

I Buraya

Ibidandazwa vya pirate

Abantu b’inkozi z’ikibi basigaye bigana ibintu abantu bakenera mu buzima bwa misi yose, nk’ivyo kwisiga, amasabuni, eka mbere n’ibifungurwa, bagahingura ivya pirate. Umukuru w’ishirahamwe rimwe ritanga impanuro ku bijanye n’ibifungurwa avuga ati: “Ikiribwa ico ari co cose kirimwo inyungu na ntoyi y’amahera barashobora kugihingura mu buryo bwa pirate.” Umuhinga umwe avuga ko ibice nka 10 kw’ijana vy’ibifungurwa bigurishwa mu bihugu biteye imbere usanga bivanze n’ibindi bintu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika