ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 2/15 rup. 10-11
  • Igihe umwana abajije ibijanye n’urupfu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igihe umwana abajije ibijanye n’urupfu
  • Be maso!—2015
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INGORANE
  • Nufashe umwana wawe kwihanganira intuntu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Kurera Abana Kuva Bakiri Bato Rwose
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Igihe umwana wawe ashaka kwiyahura
    Icofasha umuryango
  • Bavyeyi, nimufashe umwana wanyu gukomeza ukwizera kwiwe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
Ibindi
Be maso!—2015
g 2/15 rup. 10-11
Umwana ariko arayaga na se

ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Igihe umwana abajije ibijanye n’urupfu

INGORANE

Umwana wawe w’imyaka itandatu akubajije ati: “Nawe uzopfa?” Ico kibazo kiragutangaza ugaca wibaza uti: ‘Uyu mwana wanje aragera gutahura ivy’urupfu? Nobimusigurira gute?

ICO UKWIYE KUMENYA

Abana bariyumvira ivyerekeye urupfu. Hari n’igihe mu dukino twabo umwe yigira nk’uwapfuye. Ntukwiye rero kwiyumvira yuko urupfu ari ikintu utokwigera ucisha mu kanwa, kandi ukwiye kureka umwana akakubaza ibibazo vyose afise ku bijanye n’urupfu. Kuza uracishamwo ukayaga na we ivyerekeye urupfu ata co umuhisha, biramufasha kwihanganira umubabaro uterwa n’ukubura uwanyu.

Kuyaga ivyerekeye urupfu ntibituma umwana wanyu yiyumvira ibintu biteye ubwoba. Ahubwo bituma ubwoba afise bugabanuka. Ariko rero, hari aho vyoba ngombwa ko umufasha gutahura neza ibintu bimwebimwe. Nk’akarorero, hari abahinga bavuga yuko abana benshi batarakwiza imyaka itandatu babona yuko iyo umuntu apfuye bitaba biheze. Mu dukino twabo, umwana arashobora kwigira nk’uwapfuye, mu nyuma agaca asubira kuba muzima.

Uko abana bakura, baratangura gutahura yuko urupfu ari ikintu gikomeye, bigatuma bamwebamwe bibaza ibibazo, bagahagarika umutima, bakagira n’ubwoba, canecane igihe mwabuze uwanyu. Ni co gituma bihambaye ko uganira n’umwana ivyerekeye urupfu. Umuhinga mu vy’amagara yo mu mutwe yitwa Marion Haza avuga ati: “Igihe umwana abonye ko atemerewe kuyaga ivyerekeye urupfu i muhira, biratuma urupfu rumutera ubwoba.”

Ntuhagarike cane umutima ku bijanye n’ingene wobimusigurira. Itohoza rimwe ryagizwe ryerekanye yuko abana bakeneye gusa ko “ubabwiza ukuri ukoresheje amajambo ahumuriza.” Ico womenya co ni uko umwana akenshi akubaza ikibazo yiteguriye kwumva inyishu yaco.

ICO WOKORA

Ntugishe akaryo ko kumuyagira ivyerekeye urupfu. Umwana wawe abonye akanyoni kapfuye ku nzira canke akabona igikoko mwari mutunze capfuye, numubaze utubazo tworoshe kugira ngo umuremeshe guserura ico yiyumvira. Nk’akarorero womubaza uti: “Igikoko capfuye coba kibabara? Coba cumva imbeho canke inzara? Umenya gute yuko umuntu canke igikoko vyapfuye?”​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Umusiguzi 3:1, 7.

Numubwize ukuri. Igihe hari umuntu wo mu muryango canke uwo muzinanye yapfuye, niwirinde kuvuga ngo “Yaragiye” canke gukoresha izindi mvugo mbabariramatwi mugabo zigoye gutahura. Imvugo nk’izo zishobora gutuma umwana yiyumvira ko uwo muntu yapfuye atazoteba kugaruka i muhira. Nukoreshe nyabuna amajambo yoroshe kandi atazigura. Nk’akarorero woshobora kuvuga uti: “Igihe nyokuru yapfa, umutima wiwe waciye ureka gukora. Ntidushobora kumuvugisha ariko ntituzokwigera tumwibagira.”​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abanyefeso 4:25.

Kubera ko umwana ashobora kwiyumvira ko urupfu rwandukira, numuhumurize umubwire ko ata co aba

Numusubirize umutima mu nda. Hari aho umwana wawe yokwibaza yuko ivyo yakoze canke ivyo yiyumviriye ari vyo vyatumye uwo muntu apfa. Aho kumubwira gusa ko atari we yabitumye, womubaza uti: “Kubera iki wiyumvira ko ari wewe watumye apfa?” Nuce umutega yompi, udafatira mu rwara ukuntu yiyumva. Vyongeye, kubera ko umwana ashobora kwiyumvira ko urupfu rwandukira, numuhumurize umubwire ko ata co aba.

Nutume aserura iryo agona. Ntiwitinye kumubwira ivyerekeye abanyu bapfuye, ushizemwo n’incuti atigeze amenya. Nk’akarorero woshobora kumubwira ibintu vyiza wibuka kuri nyinabo, sewabo, sekuru canke inakuru, ukamubwira n’ibintu bitwenza ubibukirako. Igihe umuyagira ibijanye n’abo bantu, biramufasha gutahura yuko kubavuga canke kubiyumvira atari bibi. Ariko umwana adashaka kuyaga ntumuhate. Urashobora kuzorondera uwundi mwanya ubereye wo kuyaga na we.​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 20:5.

Ikigabane ca 34 n’ica 35 vy’igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye birashobora gufasha abana bawe gutahura ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’urupfu. Raba ahavuga ngo IVYASOHOWE > IBITABU N’UDUTABU

IVYANDITSWE NYAMUKURU

  • “[Hari] igihe . . . co kunuma n’igihe co kuvuga.”​—Umusiguzi 3:1, 7.

  • “Umwe wese muri mwebwe [navuge] ukuri.”​—Abanyefeso 4:25.

  • “Inama mu mutima w’umuntu ni nk’amazi ari kure epfo, mugabo umuntu ari n’ugutahura arayivoma.”​—Imigani 20:5.

IBINTU UKWIYE GUSIGURIRA UMWANA WAWE

Igihe mwabuze umuntu, urashobora gufasha umwana wawe gutsinda ubwoba bwinshi yoba afise ku bijanye n’urupfu mu kumufasha gutahura . . .

  • Yuko atagiye guca apfa.

  • Yuko nihagira ico uba, atazoca asigara ari wenyene. Abo mu muryango bazomwitwararika.

  • Yuko uwapfuye atababara.

  • Yuko mutazokwibagira uwo muntu yapfuye. Woshobora kumubwira uti: “Nyokuru ntuzosubira kumubona ariko urashobora kubandanya umwibuka.”

Niwibuke ko kutabiyaga n’umwana wawe bidatuma ibibazo yibaza bigabanuka. Ahubwo bishobora gutuma arushiriza kwiyumvira ibintu bitari vyo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika