ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 9/15 rup. 10-11
  • Herodote

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Herodote
  • Be maso!—2015
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NTIYANDITSE GUSA INKURU ZA KAHISE
  • IVYO HERODOTE YANDITSE NI IVY’UKURI
  • Woba wari ubizi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ingendo aba kera bagira bakarenga akarere ka Mediterane
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ibirimwo
    Be maso!—2015
Be maso!—2015
g 9/15 rup. 10-11
Igishusho ca Herodote

KAHISE KATWIGISHA IKI?

Herodote

MU MYAKA ibihumbi iheze ubuzima bwari bumeze gute? Ni imigenzo iyihe abantu bakurikiza? Ivyubuwe birashobora kuturonsa inyishu z’ibibazo bimwebimwe mugabo si vyose. Hamwe tworonka igitabu c’umuntu yanditse inkuru zo muri ico gihe vyodufasha gutahura ingene abantu ba kera babona ibintu. Haraciye imyaka 2.400 uwo muntu abayeho. Yitwa Herodote, akaba yari umwanditsi w’ivya kahise w’Umugiriki wo mu kinjana ca gatanu imbere ya Kristu. Yanditse igitabu citwa Inkuru za kahise (The Histories).

Herodote yaratanguye kurondera amakuru y’icatuma Abagiriki barwana. Yaranarondeye canecane kumenya icatumye Abaperesi bagaba igitero gikomeye mu 490 no mu 480 imbere ya Kristu. Ico gitero co mu 480 cabaye Herodote akiri agahungu gatoyi. Uretse ivyo, yaranditse amakuru yose yaronse yerekeye ibihugu ico gitero c’Abaperesi cakozeko.

NTIYANDITSE GUSA INKURU ZA KAHISE

Herodote yari umwanditsi adasanzwe. Yaritwararika cane ivyo yandika, agashiramwo ikintu cose yabona ko gikenewe mu nkuru ariko arandika. Ico gikorwa Herodote yakoze ntigisanzwe kubera ko atisunze inyandiko za Leta zerekana ingene ivyabaye vyagiye birakurikirana narirya izo nyandiko zari nke cane.

Ico gihe ni bake bitaho kwandika ivya kahise kiretse bashaka guhayagiza ivyo bakoze, na ho nyene bakavyandika ku vyibutso. Herodote yategerezwa kwisunga ivyo yabona, imico kama be n’ivyo yabwirwa n’abandi bantu ku bijanye n’inkuru yaba ashaka kwandika. Kugira yegeranye ayo makuru yose, yaragenze mu bihugu bitari bike. Yakuriye mu gisagara citwa Halicarnasse cari kigwiriyemwo Abagiriki (ubu citwa Bodrum, kiri mu bumanuko bwa Tirkiya) kandi yaragiye ahatari hake mu Bugiriki.

Kugira Herodote yegeranye amakuru yose, yaragenze mu bihugu bitari bike

Yaragize ingendo zitoroshe aja mu buraruko bw’Ikiyaga Cirabura be n’i Sikite, araja mu karere ubu kitwa Ukraine, mu bumanuko bwa Palestina no mu buraruko bwa Misiri. Mu buseruko bishoboka ko yashitse i Babiloni kandi ashobora kuba yarangirije ubuzima bwiwe mu burengero ahantu hari hagwiriye Abagiriki, ubu hakaba haherereye mu bumanuko bw’Ubutaliyano. Aho yaja hose yarihweza ibintu, akabaza maze akegeranya amakuru ayakuye ku bantu yabona ko ari abo kwizigirwa.

IVYO HERODOTE YANDITSE NI IVY’UKURI

Icandikano c’urufunzo co muri ca gitabu “Inkuru za kahise”

Icandikano c’urufunzo co muri ca gitabu Inkuru za kahise

Ivyo Herodote yanditse ni ivy’ukuri ku rugero rungana iki? Ivyo yanditse ku bijanye n’ibihugu yagiyemwo be n’ibintu yiboneye, bifatwa ko ari ukuri. Uravye ukuntu yadondoye imigenzo itari izwi mu Bagiriki, nk’iyijanye no guhamba abami b’i Sikite be n’iyijanye no gutimbisha ibiziga mu Misiri, hari ukuntu bihuye n’ivyo abacukuzi bubuye. Bivugwa ko amakuru yanditse ku bijanye na Misiri “aruta kure n’iyo ayandi yose yanditswe kera ku bijanye n’ico gihugu.”

Ariko rero vyarashika Herodote agafatira ku makuru atari ayo kwizigirwa cane. Vyongeye, abantu bo mu gihe ciwe baremera cane ko imana z’abapagani zabafasha. Rero ivyo yanditse vyose ntivyakurikije amategeko agenga abanditsi b’ivya kahise b’iki gihe. Naho ari ukwo, Herodote yaragerageje gutandukanya inkuru z’ukuri n’izitari iz’ukuri. Yarivugiye ko atemera ivyo yabwiwe vyose. Yandika ivyiyumviro yabanje gusuzuma neza.

Biboneka ko Herodote yari yarihebeye koko ico gitabu. Uravye uburyo yari afise, ico gikorwa yakoze kiratangaje.

MURI MAKE

  • Kumbure kubera ko igitabu ca Herodote (The Histories) ari co carimwo amakuru menshi y’ibintu vya kahise ico gihe, umwanditsi yandika mu kilatini yitwa Cicero (yabayeho mu 106-43 imbere ya Kristu) yise Herodote ngo ni Se w’inkuru z’ivya kahise.

  • Umwanditsi umwe wo muri kino gihe avuga ko ico gitabu ari “ikintu c’agaciro kidata igihe. Ntikirimwo gusa inkuru z’ivya kahise, ahubwo kirimwo n’amakuru avuga ibijanye n’abantu n’imico yabo, amakuru menyeshantara, tewolojiya, filozofiya, politike hamwe n’ibintu biteye agahinda vyabaye.”

  • Mu bihe bitari vyoroshe, Herodote yaranditse amakuru yirondereye yerekeye Ubugiriki, uburengero bwa Aziya be na Misiri.

Ico bavuga kuri Herodote

Umushakashatsi mu vya kahise yitwa Arnaldo Momigliano yanditse ati: “Ubu turamaze kwegeranya ibimenyamenya bikwiye vyotuma tuvuga ko ivyo [Herodote] yanditse ari ivy’ukwizigirwa. Abahinga mu vya kahise bo muri Aziya bazi indimi Herodote atari azi barasuzumye ivyo yanditse bisunze ibintu vyubuwe. Baremeje ko yanditse ata mahinyu ivyo yabonye n’ivyo yumvise. Aho yihenze, abamuhaye amakuru baba bamubeshe canke akaba yatahuye ukutari kwo ivyo bamubwiye.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika