ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 9/15 rup. 12-13
  • Tuje muri Nikaragwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tuje muri Nikaragwa
  • Be maso!—2015
Be maso!—2015
g 9/15 rup. 12-13
Ometepe ni izinga rigizwe n’ibirunga bibiri biri mu Kiyaga Nikaragwa

Ikintu cibonekeza cane mu Kiyaga Nikaragwa ni izinga Ometepe, rikaba ari izinga rinini ritotahaye rifise ibirunga bibiri amahero bifatanijwe n’agace k’ubutaka

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Nikaragwa

Ikarata ya Nikaragwa

NIKARAGWA abantu bakunze kuyita igihugu c’ibiyaga n’ibirunga. Ico gihugu ni co kirimwo ikiyaga kinini kuruta ibindi vyose muri Amerika yo hagati: Ikiyaga Nikaragwa. Abantu baho bacise Cocibolca, bisobanura ngo “Ikiyaga gisosa.” Kirimwo amazinga amajana kandi ni co kiyaga conyene gifise amazi atarimwo umunyu mugabo kikabamwo ibifi vyo mu mabahari nka requin, espadon, na tarpon.

Ishurwe ryitwa frangipani ni ryo riranga igihugu ca Nikaragwa

Ishurwe ryitwa frangipani ni ryo riranga igihugu ca Nikaragwa

Muri Nikaragwa kandi ni ho hari akarere ko muri Amerika yo hagati kari ukwa konyene gusumba utundi. Ni akarere kari ku nkengera y’ibahari kegukira aba Miskito. Ako karere kareha n’ibilometero 65 kakaba gaca ku nkengera yo mu buseruko kakagenda gushika mu gihugu kibanyi ca Honduras. Aba Miskito ni umwe mu migwi myinshi y’abantu b’imvukira bo muri Nikaragwa babayeho imbere yuko Abanyaburaya bashikayo mu kinjana ca 16.

Aba Miskito barakundana cane kandi bafise imico bisangije. Nk’akarorero, mu rurimi rwabo nta majambo bafise yo guhamagara umuntu akuruta nka “Mushingantahe” canke “Mupfasoni.” Mu gihugu hagati, abakiri bato bahamagara abakuze ngo “Muyomba” canke “Senge,” naho boba atari incuti zabo. Hari umugenzo wa kera abakenyezi b’aba Miskito bafise wo kuramutsa umugenzi ashika canke incuti mu gukoza itama ryiwe ku ry’uwundi, uwatanguye agaca akwega impemu nk’uwimotereza.

 Abantu b’imvukira bo muri Nikaragwa

Abantu b’imvukira

Ibitabu bishingiye kuri Bibiliya vyo mu ndimi zitwa mayangna na miskito

Ibitabu bishingiye kuri Bibiliya vyo mu ndimi zitwa mayangna na miskito, vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova

IBIHARANGA MURI MAKE

  • Abanyagihugu: 6.176.000

  • Ururimi rwo mu nzego za Leta: Igisupanyoli. Ariko rero mu ntara zigenga indimi zitwa miskito, mayangna, rama n’igikrewole c’icongereza zikoreshwa ku rugero rumwe nk’igisupanyoli

  • Intwaro yaho: Republika

  • Umurwa mukuru: Managwa

  • Ikirere: Henshi harashushe, ariko mu misozi harapfutse

  • Ingene hameze: Hari ibiyaya ku nkengera z’ibiyaga, mu gihugu hagati na ho imisozi

WOKWISHURA IKI?

Ego canke oya?

  1. Izina Nikaragwa ryavuye kw’izina Nicarao ry’umukuru w’umuryango umwe w’imvukira wa kera.

  2. Nikaragwa ni co gihugu conyene co muri Amerika y’epfo cakoronijwe na Espanye hamwe n’Ubwongereza.

  3. Mu binjana vya kera ibisagara vyari ku nkengera y’Ikiyaga Nikaragwa vyaratewe n’abasuma baje bava mu mazinga ya Karayibe.

  4. Nikaragwa ni co gihugu co muri Amerika yo hagati gifise abanyagihugu bake.

Inyishu: Zose ni ego.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika