ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • fl ikig. 6 rup. 70-80
  • Urukundo Ni “Umugozi Nyawo Wunga Ubumwe”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urukundo Ni “Umugozi Nyawo Wunga Ubumwe”
  • Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ICO URUKUNDO RUSOBANURA VY’UKURI
  • URUKUNDO NYAKURI RURI N’INGUVU KANDI RURARINDA AMAGUME
  • GUTUMA URUKUNDO RWONGEREKANA
  • «Mubandanye kugendera mu rukundo»
    Niwiyegereze Yehova
  • Urukundo
    Be maso!—2018
  • Inyuma y’Umusi w’Ubugeni
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Nimwisunge Imana kugira muronke agahimbare mu mubano
    Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
Ibindi
Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
fl ikig. 6 rup. 70-80

Ikigabane ca 6

Urukundo Ni “Umugozi Nyawo Wunga Ubumwe”

1-6. (a) Bigenda gute iyo mu bubakanye umwe wese ababaye cane akanyengetera yiyumvamwo? (b) Ni ingingo izihe zo mu Vyanditswe iyo zikurikijwe zibuza ko imitongano ikaze yokomera?

UMUNEGA wiwe yari arambiwe n’ukurindīra kandi yari yarushe kubera ko yiriwe ku kazi, arihanukira, ati ‘ni kuki tutigera dufungura igihe kigeze?’

2 Umukenyezi aca ararakara, ati ‘nkurako induru ndi hafi guhīsha.’ Uyo musi na we nyene ntivyari vyamworoheye.

3 ‘Ariko imisi yose wama ucererwa. Ni kuki utigera uhishiriza ku gihe?’

4 Nya mukenyezi yiha akamo, ati ‘wanguha! Umusi umwe wogerageza kuzigama abana, ntiwovuza induru gutyo. Erega na wewe ni abana bawe!’

5 Uko ni ko umugabo n’umugore bavyimbisha akantu gatoyi kagahinduka umusozi wose, kagatuma bafurungana ntibabe bakivugana. Barishurana amajambo gushika aho bababazanya bagashavuriranira, muri iryo joro ibiyago bigahera. Vyari kuba vyiza hagize uwubuza ko ibintu bishika iyo hose. Bisa n’uko umwe wese yari ababaye cane akanyengetera yiyumvamwo, akibagira aka mugenziwe. Baciye barakara.

6 Ingorane ben’izo zirashobora kwaduka mu bintu vyinshi. Hari aho aba ari nko mu vy’amahera. Canke hari aho aba ari mu gihe umunega yumva ko umukenyezi wiwe amwiziziye birenze urugero, atamuha akanya ngo aganire n’abandi. Hari aho aba ari mu gihe umukenyezi yumva umengo bamuhevye, ko umengo nta kamaro afise. Harashobora kuba amahane bivuye ku kintu kimwe gihambaye canke ku bintu bito bito vyinshi. Uko ibintu vyoba biri kwose, ico tworondera ico gihe, ni uguheza izo ngorane. Vyoba vyiza abubakanye baretse gukomeza ibintu gushika aho bimera nabi bakemera n’umutima ukunze ‘guhindukiza uwundi musaya,’ bakirinda n’umutima ukunze ‘gusubiza mu nkōko,’ ahubwo ‘bagatsindisha ikibi iciza.’ (Matayo 5:39; Abaroma 12:17, 21) Ivyo kubishitsa bisaba kwigumya no kuba umuntu akuze mu vyiyumviro. Bisaba kugira urukundo rwa gikirisu.

ICO URUKUNDO RUSOBANURA VY’UKURI

7-9. (a) Urukundo rusiguwe gute mw ikete rya 1 ku b’i Korinto 13:4-8? (b) Urwo ni urukundo nyabaki?

7 Imana Yehova yarahumetse insobanuro y’urukundo arerekana uko rwomera n’uko rutomera, mw ikete rya 1 ku b’i Korinto 13:4-8: “Urukundo rurihangana, rugira [ubuntu, NW]. Urukundo ntirugira ishari, urukundo ntirwihayagiza, ntirwihimbaza, [ntirugira ibiranga ukubura ubupfasoni, NW] ntirurondera ivyarwo, [ntirushavura, ntirubabara ikibi rwagiriwe, NW]. Ntirunezererwa [ibiranga ukudatungana, ariko runezererwa ukuri, rwemera ingorane zose, NW] rwizera vyose, rwizigira vyose, [rurinda amagume yose, NW]. Urukundo [ntirwigera runanirwa, NW].”

8 Urukundo rushobora kuba rushingiye ku bintu vyinshi—ku bwiza bw’umubiri, ku bucuti canke ku kugendana n’umuntu. Mugabo Bibiliya yerekana yuko kugira ngo rube urukundo vy’ukuri, ntirukwiye kuba ruvuye ku gishika canke ku gukwegērana kw’imibiri vyonyene, rukwiye kandi kugirira akamaro kanini ūkundwa. Urukundo ben’urwo rurashobora no gutuma haba ivy’ugukangīra canke ivy’uguhana nk’uko abavyeyi babigira ku bana, canke nk’uko Yehova abigira ku bamusenga. (Abaheburayo 12:6) Ego ni ko akanyengetera k’igishika ntikabura, mugabo umuntu ntareka ngo kamubuze kubona ibintu mu buryo buranga ubukerebutsi, canke kubona ingingo zitunganye mu vyo agirira abandi. Urukundo mwen’urwo rutuma umuntu agirira bose ibihuje n’ingingo z’agahebuza zerekeye ivy’ukwiyumvīra abandi, zerekeye kandi ibibereye.

9 Kugira turushirize gutahura vy’ukuri ukuntu rwoshobora kugira ico rutumariye mu mubano wo mu rugo, reka twihweze neza ido n’ido uburyo rusiguwe mw ikete rya 1 ku b’i Korinto 13:4-8.

10, 11. Twokwitega ko uwubatse afise ukwihangana kandi w’umunyabuntu agira iki?

10 “Urukundo rurihangana, rugira [ubuntu, “NW”].” Ubwo urihanganira uwo mwubakanye? Ubwo urigumya naho yoba asa n’uwugushavuje canke kumbure akakwagiriza ibitari vyo? Yehova yihanganira twese, kandi ‘Imana igira ubuntu kubera ko irondera yuko abantu bashikīra ukwihana.’ Ukwihangana n’ubuntu, biharūrwa mu vyo impwemu y’Imana yama.—Abaroma 2:4; Ab’i Galatiya 5:22.

11 Urukundo ntirwumvikana n’ubukozi bw’ikibi, vyongeye ‘ntirutora abandi amakosa birenze urugero.’ Ntirureka kwiyumanganya. Ntirwanka kubona ivyokworosha ikosa. (1 Petero 4:8; Zaburi 103:14; 130:3, 4) Kandi naho ibintu vyoba bikomeye, rwama rugabirije guharira. Intumwa Petero yariyumvīra ata gukekeranya ko afise ukwihangana igihe yabaza Yezu ati: “[Umuvukanyi, NW] ni yangirira nabi, nzomuharira ngeze kangahe? Ngeze indwi?” Yezu yamwishuye uku: “Sinkubwira yuko ugeza indwi, ariko ugeze [ibihetangabo mirongwirindwi n’indwi, NW].” (Matayo 18:21, 22; Luka 17:3, 4) Urukundo ntirureka guharira abandi, kandi rugira ubuntu ibihe bidashira. Ukwo none ni ko umeze?

12, 13. Ipfuhe rishobora kwigaragaza gute, kandi ni kuki umuntu akwiye kwihāta kugira aritsinde?

12 “Urukundo ntirugira ishari.” Ntivyoroshe kwubakana n’umuntu apfuha ata mpamvu y’ukuri afise. Ipfuhe ben’iryo riranga ukwikeka, canke ukwizizira ikintu birenze urugero. Riranga ubwana kandi rirabuza ko umugenzi yumva amerewe neza iyo ari kumwe n’abandi. Agahimbare kazanwa n’ugutanga n’umutima ukunze, ntikazanwa n’ugushitsa ivyo umunyepfuhe agomba.

13 “Ni nde yoshobora kwihanga ishari?” Uko ni ko Bibiliya ibaza. Ni kimwe mu bigirwa n’umubiri wen’agasembwa. (Imigani 27:4; Ab’i Galatiya 5:19, 20) Woba ushobora kwibonamwo ibimenyetso biranga rya shari riterwa n’ukwumva udafise umutekano kandi rikaba rishingiye ku kwikēka? Mu bisanzwe ntibigoye kubona akanenge uwundi afise, mugabo vyotugirira akamaro gusumba twisuzumye twebwe ubwacu. “Aho ishari riri bo [n’ukuja impaka, usanga, NW] ari ho umuvurungano uri, n’igikorwa kibi cose.” (Yakobo 3:16) Ipfuhe rirashobora gusenya urugo. Uwo mwubakanye ntiyumva atekanye kubera ko umubujije ikintu ubitewe n’ipfuhe, ahubwo agira itekane iyo umwitwararikana urukundo, iyo umwiyumvīra kandi ukamwizigira.

14, 15. (a) Ukwihayagiza vyerekana gute ko umuntu ataba afise urukundo? (b) Ah’ugusuzugura uwo mwubakanye ukwiye nyabuna kugira iki?

14 Urukundo “ntirwihayagiza, ntirwihimbaza.” Ego ni ko abantu benshi ivyo barabigira, mugabo abashima kwumviriza amajambo y’ukwihayagiza ni bake cane. Nkako, uwo wese azi neza umuntu yihayagiza, ashobora guca yumva abangamiwe. Naho bamwe bamwe bihayagiza mu kwiyāga neza n’ubwishime, hari abihayagiza mu bundi buryo. Baranegura abandi bakabakengera, kandi mu gihe bigereranya n’abo bariko baranegura bigaca bisa n’uko babarengeye. Umuntu rero arashobora kwishira hejuru mu gukengera abandi. Gusuzugura uwo mwubakanye ni uburyo bw’ukwihayagiza.

15 Woba warigeze gusanga uriko urabwira abantu amakosa y’uwo mwubakanye? Wibaza ko yoba yabibonye gute? Bite none iyo ingeso ufise ziba ari zo zikwizwa agahinga? Wari kubibona gute? Ko ukundwa? Oyaye, “urukundo ntirwihayagiza,” hāba mu kwirata canke mu gusuzugura abandi. Igihe uvuga uwo mwubakanye vuga ivyogira ico vyunguye abandi, biraheza bigakomeza ubumwe mufise. Na ho ku vyerekeye ukwivuga wewe ubwawe, kurikiza iyi mpanuro iranga ubukerebutsi dusanga mu Migani 27:2: “Wopfuma ushimwa n’uwundi hako ushimwa n’akanwa kawe; wopfuma ushimwa n’akavantara, hako ushimwa n’iminwa yawe.”

16. Ibintu bimwe bimwe biranga ukutagira ubupfasoni umuntu w’urukundo yokwirinda ni ibihe?

16 Urukundo “[ntirugira ibiranga ukubura ubupfasoni, “NW”].” Hari ibintu vyinshi biboneka rwose ko ari ukubura ubupfasoni, akarorero nk’ukurenga ibigo, ukuborerwa, hamwe n’ukurakara. (Abaroma 13:13) Ivyo vyose bironona ubumwe bw’abubatse, ntibimeze nk’urukundo. Ukuryagumba umuntu, imikomo hamwe n’ubushegabo, gerekako urwangara mu vy’ukwisukura, ivyo vyose vyerekana ukutifata runtu. Ivyo none uhora uvyitondamwo gute kugira ntubabaze uwo mwubakanye? Ubwo uramugirira ibiranga ko umwiyumvīra, ukerekana ubupfasoni kandi ukamwubaha? Ivyo vyose biharūrwa mu bituma mugira umubano urimwo agahimbare, umubano wamaho.

17. Uwutarondera ivyiwe gusa ashobora kwirinda amahane gute?

17 Urukundo “ntirurondera ivyarwo, [ntirushavura, “NW”].” Ntirubabara ivyarwo gusa. Wa mugabo n’umukenyezi wiwe twavuga mu ntango y’iki kigabane iyo baba ari uko bameze, vyari kugenda neza. Umugabo ntiyari gukankamira umugore kubera ko adahīshirije ku gihe, n’umukenyezi nyene ntiyari guca arakara. Iyo uyo mugore atahura ko mu bitumye umunega araka harimwo n’uko arushe, ah’ugushavura yari kumwishura ati: ‘Ndi hafi guhisha. Uno musi urinda kuba wakoze uratama. Reka ndaguhe utwo woba urahendesha umunwa umwanya nkiriko ndategura ivyo nshira ku meza.’ Canke iyo nya munega arushirizaho gutegēra ibintu neza ntiyiyumvīre ivyiwe gusa, yari kubaza ko hoba hari igikorwa yomufasha.

18. Urukundo rushobora rute kubuza umuntu gushavura?

18 Woba uca ushavura ningoga kubera ivyo uwo mwubakanye avuze canke agize, canke uhora urondera kumenya impamvu itumye abivuga canke abigira? Hari aho ata kibi kiba kirimwo ari ukugira ibintu atiyumviriye gusa, kandi ata nabi aba ashaka kukugirira. Ni waba ufise urukundo, ‘izuba ntiryorenga ukiratse.’ (Abanyefeso 4:26) Bite ho nk’igihe uwo mwubakanye yobona ko atagiriwe ivyo yipfuza kugirirwa, akaba rero vy’ukuri yavuze canke yagize n’ibigirankana ikintu cokubabaza? Ntiworindira gushika ishavu rihwamye hanyuma mukabiganira? Kwihweza ivyerekeye amatati mwipfuza ko umwe wese amererwa neza, vyotuma mutavuga amafuti. “Umutima w’inkerebutsi utuma akanwa kiwe kagaragaza ko aciye mu kajisho.” “Ūpfuka igicumuro aba arondera urukundo,” ntaba arondera gukarūra amahane. (Imigani 16:23, NW; 17:9) Ivy’ukuremesha imitongano ugumye uvyikuramwo kandi ukaba intungane, woshobora gutsinda iyo ntambara urukundo rugasasagara.

19. (a) Ni ibiki vyoharūrwa mu vyerekeye ‘ukunezererwa ivy’ukudatungana’? (b) Ni kuki ivyo umuntu akwiye kuvyirinda?

19 Urukundo nyakuri “ntirunezererwa [ibiranga ukudatungana, ariko runezererwa ukuri, “NW”].” Ntirubona yuko uguhenda uwo mwubakanye vyerekana ko utari ikijuju—haba mu vy’ugukoresha umwanya ufise, mu vy’ugukoresha amahera, canke mu vy’ukugendana n’abagenzi. Ntiruvuga ukuri kuvanze n’ikinyoma kugira ngo umuntu aboneke ko ari intungane. Ububeshi buraheza ukwizigirwa. Kugira ngo habe urukundo atari umugani, mwempi murinda gushima kwama mubwirana ukuri.

URUKUNDO NYAKURI RURI N’INGUVU KANDI RURARINDA AMAGUME

20. Urukundo (a) ‘rwemera ingorane zose’ gute? (b) ‘rwemera vyose’ gute? (c) ‘rwizigira vyose’ gute? (d) ‘rurinda amagume yose’ gute?

20 “[Rwemera ingorane zose, “NW”] rwizera vyose, rwizigira vyose, [rurinda amagume yose, “NW”].” Ruremera ibigorana vyose n’amarushwa biba mu mubano w’abubatse, mu gihe abo babiri babana baba bariko bariga ukuntu bokworoha kugira bamenyerane. Ruremera impanuro zose zanditswe mw Ijambo ry’Imana rugatako rukazikurikiza rwose, naho ukuntu ibintu vyifashe bidasa n’uko bimeze neza. Kandi naho rutemera guhendwa iyo hari ivyo ruriko ruragirana n’abadatinya kwanguha, ntirwerekana ukwikēka abandi nabi. Ahubwo rwerekana ko rubizigiye. Bitayeko, ruguma rwiteze ivyiza. Ico cizigiro, gishingiye ku kudakēka na buhoro buhoro yuko ugukurikiza impanuro ziri muri Bibiliya bivamwo ivyiza birengereje rwose. Urukundo ben’urwo rubona ineza, rwizigira ko ibintu bizogenda neza, kandi rurabona ibiri imbere. Vyongeye, ntiruhera ningoga, kandi si igihababu giherana n’uguharurukana. Urukundo nyakuri rurarinda amagume, rurahangana n’ingorane iyo ibintu bibaye nabi. Ruri n’ububasha budahera. Ruri n’inguvu; mugabo naho rufise izo nguvu zose, ruragira ubuntu, ruritonda, ruriyorosha, rutuma ukubana bitagorana.

21, 22. Ibintu bimwe bimwe bihora bishika vyerekana ko urukundo rutigera runanirwa ni ibihe?

21 Mwen’urwo “[rukundo] ntirwigera runanirwa.” Iyo habaye igihe bigora ababiranye kuronka amahera bikananirana, bigenda gute? Umukenyezi afise urukundo mwen’urwo ntiyishiramwo ivy’ukuja kwironderera ubuzima bwiza ahandi, ahubwo aragumya ibanga akaguma ku mugabo bubakanye, akagerageza kuziganya amahera, kumbure akagerageza no kwunganira umunega wiwe mu vy’ukuyaronka. (Imigani 31:18, 24) Bite ho nk’igihe umukenyezi afashwe n’indwara akamara imyaka ari ku musego? Umunega afise mwen’urwo rukundo aragerageza uko ashoboye akamwitwararika mu vyo akeneye vyose, agafasha no mu bikorwa vyo mu rugo umukenyezi adashobora gukora ico gihe, akerekana neza ko atazomuheba. Imana ubwayo iratanga akarorero muri ivyo. Naho ivyerekeye abasavyi bayo b’intahemuka vyoba vyifashe gute, ‘nta na kimwe gishobora kubatandukanya n’urukundo rw’Imana.’—Abaroma 8:38, 39.

22 Ni ingorane nyabaki zoshobora guheza urukundo rumeze rutyo? Ubwo murarufise mu mubano wanyu? Ubwawe woba urugaragaza mu buzima?

GUTUMA URUKUNDO RWONGEREKANA

23. Ni igiki cotuma dushobora canke tudashobora gukora ibiranga urukundo?

23 Urukundo rumeze nk’umurya mu mubiri, rukomera iyo rukora. Ariko rumeze kandi nk’ukwizera, iyo rutagira ibikorwa ruba rupfuye. Ivyo tuvuga n’ivyo tugira bivuye ku kanyengetera twiyumvamwo bavuga ko biva mu mutima, na wo ukaba ari ikigereranyo c’ikintu kiri muri twebwe kidutuma tugira ibintu. “Ibibōgabōga mu mutima ni vyo akanwa kavuga. Umunyangeso nziza akūra ivyiza mw itunga ryiwe ryiza.” Mugabo iyo akanyengetera twiyumvamwo ari ak’ibibi, “mu mutima havamwo ivyiyumviro bibi: ubwicanyi, [ukurenga ibigo, ubusambanyi, NW] ubwivyi, kwagiriza abandi ibinyoma, ibitutsi.”—Matayo 12:34, 35; 15:19; Yakobo 2:14-17.

24, 25. Wotsimbataza gute muri wewe ivyiyumviro vyotuma werekana urukundo?

24 Ni ivyiyumviro ibihe hamwe n’akanyengetera utsimbataza mu mutima? Nk’igihe imisi yose woja urazirikana uburyo Imana yagaragaje urukundo, ukarondera gukurikiza akarorero kayo, ivyiyumviro vyiza igitangaza vyotsimbatara. Uko werekana urwo rukundo ni ko ugira kandi ukavuga ibihuje na rwo, kandi ni ko rurushiriza no gushinga imizi mu mutima. Kwerekana urwo rukundo imisi yose mu tuntu duto duto, bituma urugira akamenyero. Mu nyuma haramutse habaye ingorane zihambaye zisanga urwo rukundo ruriho rwarashinze imizi koko, rukagufasha ivy’izo ngorane ukabishira mu buryo.—Luka 16:10.

25 Woba ubonye icotuma ushima uwo mwubakanye? Bimwaturire! Woba wumva hari ikiriko kikugobera ngo umugirire ibiranga ubuntu? Corohere! Dukwiye kwerekana urukundo kugira natwe barutwereke. Ukurikije ivyo tuvuze, bituma wewe n’uwo mwubakanye mushira hamwe rwose, bituma muba umuntu umwe, bituma urwo mukundana rwongerekana.

26, 27. Iyo abantu bakoze ikintu bari kumwe vyongereza gute urukundo bafise?

26 Kugira urukundo rwongerekane, umwe wese narwereke mugenziwe. Wa muntu wa mbere Adamu yaba mw iparadizo. Ivy’umubiri yakenera vyose bari barabimusesekarije. Kuva mu ntango yari akikujwe n’ibintu vyiza vyiza. Ntihari ubwatsi buremvye n’amashurwe, amashamba n’inzuzi gusa, hāriho n’ibikōko vy’amoko menshi cane vyamwumvira kuko ari we yabungabunga isi. Ariko naho ivyo vyose vyariho, ntiyari bwaronke ikintu kimwe ca nkenerwa: umuntu bosangiye ivyiza vyo muri iyo paradizo. Woba warigeze gutangarira ubwiza bw’irirenga uri wenyene, ukipfuza ko uwo ukunda yoba ari ho ari kugira muritangarire muri kumwe? Canke woba warigeze kwumva inkuru y’akezamutima hanyuma ukabura uwo uyīganira? Imana Yehova yarabonye ico Adamu akeneye, ica iramuronsa umugenzi yogiye aramenyesha ivyo yiyumvīra n’akanyengetera kari muri we. Abantu babiri iyo bagize ikintu bari kumwe bituma bagira ubumwe, urukundo rugaca rushinga imizi kandi rukongerekana.

27 Ukubana kw’abubatse ni ukugira ibintu bari kumwe. Hari aho iyo bari mu cumba barābana, bakuyakuyana, babwirana utuntu, ndetse hari n’aho bicara hamwe batekanye ata co bavuga, kubera igishika. Igikorwa ico ari co cose kirashobora kugaragaza urukundo: gusasa, kwoza amasahani, kuziganya amahera kugira ugurire umukenyezi ikintu yipfuza mugabo atubahuka gusaba kubera ko ata mahera, gufasha uwo mwubakanye igikorwa kimwega iyo acerewe. Ugukundana ni ugufashanya ibikorwa canke gukina, ni ugusangira amaganya n’umunezero, ni ukurangūra ibintu canke bikabananira muri kumwe, ni uguseruriranira ivyiyumviro n’akanyengetera ko ku mutima. Shinga imigambi imwe kandi muyishitse muri kumwe. Ivyo ni vyo bituma babiri baba umwe; ni vyo bituma urukundo rwongerekana.

28. Gukora igikorwa kubera uwundi vyongereza urukundo gute?

28 Gukora igikorwa kubera uwo mwubakanye bishobora gutuma urwo umukunda rukomera. Mu bisanzwe umukenyezi arakinjika, arasasa, arakubura, aramesura, akora ivyo mu nzu. Umunega mu bisanzwe araronkera umukenyezi ivyo ateka, igitanda asasa, inzu akubura, n’ivyambarwa amesura. Ukwo gukora n’ukwo kuronka ivyokorwa, ni vyo bituma haba agahimbare urukundo rukarema. Nk’uko Yezu yavuze, gutanga bizana agahimbare kuruta guhabwa. Gukorera uwundi ikintu rero bizana agahimbare kurusha gukorerwa. (Ivyakozwe n’intumwa 20:35) Yabariye abayoboke biwe ngo “umukuru muri mwebwe aze abe umukozi wanyu.” (Matayo 23:11) Ukubona ibintu muri ubwo buryo birakuraho agatima k’uguhiganwa uko kari kwose, na vyo nyene bigafasha kuzana agahimbare. Iyo dukoreye uwundi ikintu duca tubona ko dukenewe, tuba turangūye umugambi, bigatuma twumva ko twiyubashe kandi bikatunezereza. Ukubana kw’abubatse bituma umunega n’umukenyezi baronka rwose akaryo k’ugukoreranira ibikorwa bagaheza bakagira uwo munezero, bigaca bikomeza rwose urukundo bafitaniye mu mubano wabo.

29. Ni kubera iki n’abatari abasavyi ba Yehova ivy’ugukundwa bishobora kubashimisha?

29 Bite none iyo umwe mu bubakanye ari umukirisu, umusavyi w’Imana akurikiza mu buzima izo ngingo zo muri Bibiliya, ariko uwundi akaba atari we? Ivyo none vyotuma uwo mukirisu aca abigenza ukundi? Oyaye mu bisanzwe. Hari aho uyo mukirisu atoyāga kenshi ivyerekeye imigambi y’Imana, mugabo nta cohinduka mu vy’uburyo yigenza. Uwo mwubakanye atizeye, ivyo akeneye mu bisanzwe ni co kimwe n’uwusenga Yehova, kandi mu bintu bimwe bimwe agira ibisa n’ivy’uwizeye iyo bamugiriye ikintu. Ivyo biranditswe mu Baroma 2:14, 15: “Abanyamahanga badafise ivyagezwe n’Imana iyo bakoze ibibwirizwa na vyo kubwabo, baba bihindukiye ivyagezwe naho batabifise, kuko berekana [yuko umuteko w’ivyagezwe wanditswe mu mitima yabo, ijwi ryabo ryo mu mutima ivyo rikabishingira intahe hamwe na bo, kandi ivyo biyumvīra bikabarega canke mbere bikabaregura, NW].” Mu bisanzwe ukwigenza neza kw’umukirisu kurashimwa kandi kugatuma urukundo rwongerekana.

30. Urukundo rwogaragazwa iyo habaye gusa ibihe atari ibisanzwe? Ni kuki wishuye gutyo?

30 Urukundo ntirurindīra ko haba ibihe atari ibisanzwe kugira rwibonekeze. Mu bintu bimwe bimwe urukundo rumeze nk’impuzu. Ni igiki gifatanije iyo mpuzu wambaye? Yoba ifatanijwe n’umugozi uboshe amapfundo manini manini? Canke yoba ifatanijwe n’udutambwe dushika mu bihumbi tw’urunyuzi bayishonesheje? Ifatanijwe n’utwo dutambwe dushika mu bihumbi, kandi ivyo ni ko biri turāvye impuzu buhuzu, canke wa ‘mwambaro’ wo mu vy’umutima. Ukuguma tuvugana utujambo kandi dukoreranira udukorwa buri musi ni vyo ‘twambaye,’ bigaca bigaragaza ukuntu tumeze. Uwo ‘mwambaro’ wo mu vy’umutima ntuhera canke ngo ute agaciro nk’uw’ivy’umubiri. Nk’uko Bibiliya ivuga, ni ‘umwambaro udashobora kwononekara.’—1 Petero 3:4.

31. Ni impanuro iyihe nziza rwose yerekeye urukundo dusanga mu b’i Kolosayi 3:9, 10, 12, 14?

31 Ubwo uripfuza ko umubano wanyu upfungwa n’“umugozi nyawo wunga ubumwe”? Nugire rero ibihuye n’ibi vyerekanywe mu b’i Kolosayi 3:9, 10, 12, 14 (NW): ‘Mwiyambure kamere ya kera n’imigenzo iyigize, mwambare kamere nsha, mwambare imbabazi zirimwo igishika, ubuntu, ukwicisha bugufi, ukugenza buhoro, n’ukwihangana; mwambare urukundo, ni rwo mugozi nyawo wunga ubumwe.’

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika