ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 62
  • Ingorane mu Ngoro Ibwami

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingorane mu Ngoro Ibwami
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Igicumuro c’umwami Dawidi
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Niwiheke ku mpwemu y’Imana uko uhangana n’ibihinduka mu buzima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • 2 Samweli: ibirimwo
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Samweli wa Kabiri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 62

INKURU YA 62

Ingorane mu Ngoro Ibwami

DAWIDI amaze kuganza i Yeruzalemu, Yehova afasha ingabo ziwe zitsinda abansi kenshi. Yehova yari yaraganiye Abisirayeli ko azobaha igihugu c’i Kanani, arabafasha baracigarurira cose.

Dawidi yari umwami mwiza akunda Yehova. Ica mbere yagize amaze gufata Yeruzalemu, yahazanye isandugu y’isezerano. Yashaka kwubaka urusengero rwo kuyishiramwo.

Amaze gusāza agira ikosa ribi. Dawidi yari azi ko ari bibi gutwara ikintu c’uwundi. Umusi umwe ku kagoroba ari hejuru ku ngoro yiwe, arāba hasi abona umugore w’indanga rwose yitwa Batisheba. Umugabo wiwe yītwa Uriya, yari mu ngabo za Dawidi.

Dawidi yumva arashatse cane Batisheba, amutumako ngo aze mu ngoro. Umugabo wiwe yari yagiye mu ndwano. Dawidi aryamana na we aca asama inda. Dawidi ahagarika umutima, atuma intumwa kwa Yowabu intwazangabo, ngo ashire Uriya imbere mu rugamba bamwice. Uriya amaze gupfa, Dawidi aca yabīra Batisheba.

Yehova aramushavurira cane, atuma umusavyi wiwe Natani kumubwira ivyaha vyiwe. Rāba ngaha Natani ariko avugana na Dawidi. Dawidi vyaramubabaje cane, ni co gituma Yehova atamwishe. Yehova ati: ‘Ko wakoze ivyo, hazoba ingorane nyinshi mu rugo rwawe.’ Na zo zaramushikiye!

Ubwa mbere umwana wa Batisheba arapfa. Hanyuma Amunoni imfura yiwe, afata Tamari mushikiwe ari wenyene, bararyamana ku nguvu. Abusalomu umuhungu wiwe biramubabaza cane, aca yica Amunoni. Munyuma, Abusalomu yakundwa cane n’abantu yigira umwami. Dawidi aramurwanya aramutsinda, baca baramwica. Egome, ingorane zaramushikiye.

Ico gihe Batisheba yari yavyaye umwana yitwa Salomo. Dawidi amaze gusāza kandi arwaye, umuhungu wiwe Adoniya ashaka kwigira umwami. Dawidi aca abwira umuherezi Zadoki ngo asuke amavuta ku mutwe wa Salomo, yerekane ko ari we azoba umwami. Dawidi aca arapfa, amaze imyaka 70. Yamaze imyaka 40 atwara, Salomo aca aba umwami w’Abisirayeli.

2 Samweli 11:1-27; 12:1-18; 1 Abami 1:1-48.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika