Ururirimbo rwa 2
Twumvire Imana kuyirutisha abantu
1. Mu vyo dukorer’Imana,
Isi twarataye.
’Batemera bagayana,
Nta co badutwaye.
Rurema ni we twumvira,
Ni co twiyemeje.
’Misi yos’ivyo tugira,
Ni we twiragije.
2. Duh’ikori “Kayisari”,
Ni ryo ry’abatware.
Ni ku bw’Imana y’ukuri
Ya yindi ntangere.
Ariko ko twacunguwe,
Oya ntitwigaba.
Yehova musa ubwiwe
Ni we tuzosaba.
3. Yehova nitwashemeza,
Tukab’amahoro,
Twe ntituzogarariza,
Habe na buhoro.
Tuyobokera Segaba,
Na tewokarasi.
Ni we Mukuru dusaba,
Tudatiny’abansi.
4. Tubanz’umurimo wiwe,
Nta kiwudutesha.
Hari benshi banyotewe,
’Jambo twobigisha.
Nah’abantu boturwanya,
Tuz’ico twogira:
Umvir’Iman’udatinya,
Ntizokuvirira.