Ururirimbo rwa 35
Ya nzira irushirije y’urukundo
1. Imana yo n’urukundo,
Niturugenderemwo.
Mu bikorwa no mu mvugo
Twame twarushizemwo.
Naho twogir’ubumenyi
Tukavuga mu ndimi,
’Rukundo nimba rubuze
Nta kintu twoba turi.
2. Twamamaz’inkuru nziza
Tugume twihangana.
Yamar’ivyo vyomar’iki
Nimb’ar’uguhendana?
Urukundo rur’ubuntu,
Rwo ruriyumanganya,
Ntirwiyemera nta shari,
Eka ntiruhoganya.
3. ’Rukundo nta nzigo rwumva,
N’ikibi ntirukeza.
Rurihanganira vyose,
Ruhimbarwa n’iciza.
Kwizera n’urukundo vyo
Ntibihera na gato;
Ariko inzira nyayo,
Ni imwe y’urukundo.