Ururirimbo rwa 69
Kuyobokera Imana tubumbwa n’ivyo dufise
1. Kubumbwa n’ivy’ufise,
Ni co dusabwa twese;
Tuvyiteho, aho ni ho
Twokund’Imana rwose.
Tuhakur’inyungu nyinshi,
Bikaturind’ububeshi.
Buri musi tuve hasi
Tugir’umwete mwinshi.
2. Reka tubumbwe gusa
N’ivy’Iman’ituronsa.
Sab’Imana, ntihemana
Kand’uyisenge yo nsa.
Iraduha impanuro
Ngo turonk’ubukiriro.
Gir’urweze ko twiteze
Kw’ihabw’icubahiro.
3. Ntitwobura gushima,
Nta mugisha itwima.
Iwuduha tuyubaha,
Iki gihe ca nyuma.
Yobok’ukuri itanga
Ata n’ikintu wikanga.
Nubumbwe se n’ivy’ufise
Kand’ubandany’usenga.