Ururirimbo rwa 113
Turi Ivyabona vya Yehova!
1. ’Man’irut’ibimana
Banse kw’imenyekana.
N’Iman’ihambaye
Yiyerekana.
Vyo ntibigerageza
Kumenyesha kazoza.
Ivyabona bavyo n’ubusa,
N’ukwitetereza gusa.
(Icitabirizo)
2. Za mana ntimwambaze
Mur’ivyabona vyanje.
Nd’Imana Yehova,
Ni je niganje.
Je naravyerekanye,
Nta bimana mwamenye.
Izina ryanje mwamamaze;
Erekan’ico mumaze.
(Icitabirizo)
3. Nya zina mwoshemeza
Kukw’ari kwo kuryeza;
Muburir’ababi,
Abarityoza:
Abo arekurira
Ni barya bamwitura;
Shing’icabona c’amahoro
Hameho icizigiro.
(ICITABIRIZO)
’Vyabona vya Yehova
Tuvug’izuba riva.
Arabûra nta kimusoba,
Ic’abuye kikaba.