Ururirimbo rwa 152
Dukenguruke imbabazi z’Imana
1. Ubwenge buri mu Mana
Mu bwinshi nta co bisa!
Imanza n’inzira zayo,
Nta muntu yobisesa.
Ni nde ayigir’inama
Canke yayifashije,
Kugira ngo hazogire
Ikint’idusubije?
2. Ku mbabazi za Yehova
Twame dukenguruka.
Dutang’imibiri yacu
Ku Man’igororoka.
Kubera ko twiyeguye
Twame tubigendera,
Dukoresh’ubwenge bwacu
Mu vyo tuyikorera.
3. Twame tunagur’ubwenge
Twirind’ibintu vy’isi.
Kwa kuri kutuyobore
Twizeye buri musi.
’Man’izoduhezagira
Ni twaba dukundana,
Kandi tugaca bugufi
Ni ho tuzotekana.