ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • re ikig. 3 rup. 15-17
  • Ibintu bitegerezwa kuba vuba

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibintu bitegerezwa kuba vuba
  • Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umuhora wo gutanga amakuru
  • Nimube Abasomyi Bahimbawe b’Igitabu c’Ivyahishuriwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Igitabu c’Ivyahishuwe gisobanura iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ivyahishuwe birakuraba
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Yezu aje azanye indemesho
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
Ibindi
Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
re ikig. 3 rup. 15-17

Ikigabane ca 3

Ibintu bitegerezwa kuba vuba

1. Wohunga gute urubanza Imana igiye gushitsa kuri iyi si?

URAKWIYE kwitaho cane ibintu biba kw’isi muri iki gihe. Uti kubera iki? Kubera ko iyi si idashobora guhunga urubanza rw’Imana. Ariko wewe urabishobora. Ivyo wobigira mu ‘kutaba uw’iyi si’ yaciriwe rubi. Ntibisobanura kubaho wibabaza canke kubaho ukwa wenyene. Bisobanura kubaho ufise ubuzima buhimbaye kandi buri n’intumbero, ariko ukitandukanya n’ivya politike vyononekaye, urudandaza rw’umwina, amadini atukisha Imana, tutibagiye ubukozi bw’ikibi n’ubuhumbu. Utegerezwa kandi kwisunga ingingo ngenderwako z’Imana ziri hejuru ukongera ugakora ivyo igomba. (Yohani 17:14-16; Zefaniya 2:2, 3; Ivyahishuwe 21:8) Igitabu c’Ivyahishuwe kirerekana ukuntu bihambaye ko wihata muri ivyo, ugahindura ibikenewe mu buzima bwawe.

2. Intumwa Yohani atangura gute ubuhanuzi bukomeye bwo mu gitabu c’Ivyahishuwe, kandi ni nde Imana yahaye ubwo butumwa buremereye?

2 Intumwa Yohani atangura ubwo buhanuzi bukomeye, ati: “Ivyahishuwe na Yezu Kristu, ivyo Imana yamuhaye ngo yereke abashumba bayo ibintu bitegerezwa kuba vuba.” (Ivyahishuwe 1:1a) Yezu Kristu uwari amaze kuzuka ni we rero Imana yahaye ubwo butumwa buremereye. Aho kuba mu bagize bwa Butatu bw’amayobera, Yezu ng’aha yerekanwa ayobokera Se. “Abashumba” bagize ishengero rya gikirisu na bo barayobokera Yezu Kristu, ari co gituma ‘baguma bamukurikira aho aja hose.’ (Ivyahishuwe 14:4; Abanyefeso 5:24) Ariko none, ni bande vy’ukuri ari “abashumba” b’Imana muri iki gihe, kandi bungukira gute ku gitabu c’Ivyahishuwe?

3. (a) “Abashumba” bayobokera Yezu Kristu ni bande? (b) Abo “bashumba” b’abizigirwa bariko bakora igikorwa ikihe boyobowe n’abamarayika?

3 Intumwa Yohani, ari na we yanditse igitabu c’Ivyahishuwe, avuga ko ari umwe muri abo bashumba. Ni we ntumwa yari igisigaye akaba n’umwe mu mugwi w’ “abashumba” barobanujwe impwemu bazoronka ubuzima budahwera mw’ijuru. Muri iki gihe, kw’isi hasigaye ibihumbi bikeyi gusa muri abo. Imana irafise n’abandi basavyi bagize isinzi rinini, harimwo abagabo, abagore n’abana, ubu bakaba bashika amamiliyoni. Bayobowe n’abamarayika, bariko baramamaza inkuru nziza ku bantu bose, bifatanije n’abo “bashumba” barobanuwe. Ese ukuntu abo “bashumba” bose bariko baritanga kugira bafashe abantu bo kw’isi bicisha bugufi ngo baze barokoke! (Matayo 24:14; Ivyahishuwe 7:9, 14; 14:6) Igitabu c’Ivyahishuwe kirerekana ico utegerezwa gukora kugira wungukire kuri iyo nkuru nziza yeza umutima.

4. (a) Ko haciye imyaka irenga 1.900 Yohani yanditse igitabu c’Ivyahishuwe, kubera iki yavuze ko ivyo yanditse ari “ibintu bitegerezwa kuba vuba”? (b) Ibimenyamenya ubu vyerekana iki ku bijanye n’ibintu vyari vyaravuzwe?

4 None ni kubera iki Yohani avuga ko abo “bashumba” bokweretswe “ibintu bitegerezwa kuba vuba”? None ntihaciye imyaka irenga 1.900 ayo majambo avuzwe? Kuri Yehova, umwe abona ko imyaka igihumbi ari “nk’ejo hahise,” imyaka 1.900 ni akanya isase uyigereranije n’imyaka idaharurwa yamaze ariko ararema yongera ategura isi kugira abantu bayibeko. (Zaburi 90:4) Intumwa Paulo yaranditse ko ‘yari yiteze abishashaye be n’uko yari yizigiye’ kuronka impembo yiwe kuko yabona ko yegereje cane. (Abafilipi 1:20) Ariko rero muri iki gihe hariho ibimenyamenya vyinshi vyerekana ko ibintu vyose vyari vyaravuzwe bizoranguka ku gihe cashinzwe. Ubuzima bw’abantu burabangamiwe kuruta ikindi gihe ico ari co cose. Imana yonyene ni yo ishobora kubatabara!—Yesaya 45:21.

Umuhora wo gutanga amakuru

5. Ivyahishuwe vyashikirijwe gute intumwa Yohani, mu nyuma bishikirizwa gute amashengero?

5 Mu Vyahishuwe 1:1b, 2 habandanya hati: “Na we [Yezu] yatumye umumarayika wiwe hanyuma abishikiriza [Ivyahishuwe] biciye kuri we mu bimenyetso, bishikirizwa umushumba wayo Yohani, uwashingiye intahe ijambo Imana yatanze n’intahe Yezu Kristu yashinze, mbere n’ibintu vyose yabonye.” Yohani rero yaronse ubwo butumwa bwahumetswe abuhawe n’umumarayika. Yaciye abwandika mu muzingo, abushikiriza amashengero yo mu gihe ciwe. Turahiriwe kubona Imana yarabuzigamye kugira buremeshe amashengero arenga 100.000 y’abasavyi bayo bo kw’isi bunze ubumwe muri iki gihe.

6. Yezu yerekanye gute umuhora yokoresheje muri kino gihe kugira aronse ‘abashumba’ biwe ibifungurwa vy’impwemu?

6 Imana yari ifise umuhora yacishijeko mu kumenyesha Ivyahishuwe mu gihe ca Yohani, kandi Yohani yari mu bagize uwo muhora. No muri iki gihe Imana irafise umuhora icishako kugira ironse ‘abashumba’ bayo ibifungurwa vy’impwemu. Mu buhanuzi bwiwe bukomeye bwerekeye insozero y’ivy’iyi si, Yezu yarerekanye ko aha kw’isi uwo muhora ugizwe na wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge shebuja yashinze abakozi biwe bo mu nzu, kugira abahe ibifungurwa vyabo ku gihe kibereye.” (Matayo 24:3, 45-47) Arakoresha abagize uwo mugwi wa Yohani kugira ahishure insobanuro y’ubuhanuzi.

7. (a) Ibimenyetso dusanga mu Vyahishuwe bikwiye gutuma dukora iki? (b) Bamwe mu bagize umugwi wa Yohani bamaze igihe kingana gute bagira uruhara mw’iranguka ry’ivyo yeretswe bivugwa mu Vyahishuwe?

7 Intumwa Yohani yandika ko Yezu yashikirije Ivyahishuwe “mu bimenyetso” canke mu bigereranyo bikora ku mutima kandi bihimbaye. Bidondora ibikorwa bikoranywe ishaka, kandi bikwiye gutuma tugira umwete mu kumenyesha abandi ubwo buhanuzi n’insobanuro yabwo. Igitabu c’Ivyahishuwe kiradushikiriza ibintu vyinshi bikabura Yohani yeretswe, akaba agira uruhara muri kimwekimwe cose canke akaba umurorerezi. Abagize umugwi wa Yohani, bamwe muri bo bakaba bamaze imyaka mirongo bagira uruhara mw’iranguka ry’ivyo bintu, barahimbarwa n’uko impwemu y’Imana yahishuye insobanuro yavyo kugira bashobore kubisigurira abandi.

8. (a) Iyerekwa rimwerimwe ryose ryo mu Vyahishuwe ryisangije iki? (b) Ubuhanuzi bwa Daniyeli budufasha gute gutahura insobanuro y’ibikoko bivugwa mu Vyahishuwe?

8 Ivyo bintu yeretswe dusanga mu Vyahishuwe ntibiranguka bikurikirana nk’uko vyanditswe. Kimwe cose kiranguka mu gihe caco. Vyinshi muri vyo usanga bifitaniye isano n’ubundi buhanuzi bwa kera budufasha kumenya insobanuro yavyo. Nk’akarorero, ubuhanuzi bwa Daniyeli buravuga ibikoko bine biteye ubwoba, bugaca busigura ko bigereranya intwaro zo kw’isi. Ivyo bica bidufasha gutahura ko ibikoko bivugwa mu Vyahishuwe bigereranya intwaro, harimwo n’iz’ubu.—Daniyeli 7:1-8, 17; Ivyahishuwe 13:2, 11-13; 17:3.

9. (a) Nka kumwe kwa Yohani, ni agatima akahe abagize umugwi wa Yohani bagaragaje? (b) Yohani atwereka gute ukuntu twoba abahiriwe?

9 Yohani yarashingiye intahe adahemuka ubutumwa Imana yamuhaye biciye kuri Yezu Kristu. Yariganye ido n’ido “ibintu vyose yabonye.” Abagize umugwi wa Yohani bararondeye ubuyobozi buva ku Mana na Yezu Kristu babishashaye kugira batahure neza ubwo buhanuzi bongere bamenyeshe abasavyi b’Imana ivyiyumviro vyiza birimwo. Yohani yandikira ishengero ry’abarobanuwe (hamwe n’abagize rya sinzi rinini rikwiye kw’isi yose Imana izozigama mu gihe ca ya makuba akomeye), ati: “Hahiriwe uwusoma n’ijwi ryumvikana be n’abumva amajambo y’ubu buhanuzi, kandi bakubahiriza ibintu vyanditswe muri bwo; kuko igihe cashinzwe kiri hafi.”—Ivyahishuwe 1:3.

10. Dutegerezwa gukora iki kugira igitabu c’Ivyahishuwe kituronse agahimbare?

10 Uzokwunguka cane niwasoma igitabu c’Ivyahishuwe, unarushirize kwunguka ushize mu ngiro ivyanditswe muri co. Muri rimwe mu makete yiwe, Yohani yanditse ati: “Iki [ni] co ugukunda Imana gusobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo; yamara amabwirizwa yayo si umuzigo, kuko ikintu cose cavutse ku Mana gitsinda isi. Kandi iyi ni yo ntsinzi yatsinze isi: ni ukwizera kwacu.” (1 Yohani 5:3, 4) Urashobora kwironkera agahimbare ntangere mu gutsimbataza ukwizera nk’ukwo!

11. (a) Kubera iki vyihutirwa ko twubahiriza amajambo y’ubuhanuzi? (b) Ni igihe ikihe gitegerezwa kuba cegereje bimwe biteye ubwoba?

11 Birihutirwa ko twubahiriza amajambo y’ubwo buhanuzi, “kuko igihe cashinzwe kiri hafi.” Igihe cashinzwe c’iki? Igihe c’uko ubuhanuzi bwo mu Vyahishuwe buranguka, harimwo n’imanza z’Imana. Imana na Yezu Kristu bimirije gushitsa urubanza rwa nyuma kuri iyi si ya Shetani. Igihe Yezu yari kw’isi, yavuze ko Se ari we wenyene yari azi “uwo musi canke isaha.” Akubitije agatima ku kuntu ivyago vyobaye ndanse muri iki gihe cacu, yavuze kandi ati: “Iri yaruka [ntiri]zogenda rivuyeho ivyo vyose bitabaye.” Igihe cashinzwe rero c’uko Imana ishitsa urubanza rwayo gitegerezwa kuba cegereje bimwe biteye ubwoba. (Mariko 13:8, 30-32) Muri Habakuki 2:3 havuga hati: “Ivyo bintu vyerekanywe [birindiriye] igihe vyashingiwe, kandi biguma vyihuta bigana kw’iherezo, kandi ntibizobesha. Naho vyoteba, ugume ubirindiriye; kuko bitazobura kuranguka. Ntibizocererwa.” Kugira tuze turokoke ya makuba akomeye bizovana n’ukuntu twisunga Ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana.—Matayo 24:20-22.

[Uruzitiro ku rup. 15]

Kugira dutahure igitabu c’Ivyahishuwe, turakeneye

● Gufashwa n’impwemu ya Yehova

● Gutahura igihe umusi w’Umukama watanguye

● Kumenya umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge uwo ari we muri iki gihe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika