Ikigabane ca 7
Nuvyure rwa rukundo rwa mbere!
EFESO
1. Ubutumwa bwa mbere Yezu ashikiriza abuha ishengero irihe, kandi ni igiki yibutsa abacungezi?
UBUTUMWA bwa mbere Yezu ashikiriza abuha ishengero ry’i Efeso, ico gihe kikaba cari igisagara co muri Aziya Ntoya giteye imbere kiri ku nkengera y’ikiyaga hafi y’izinga rya Patimo. Ategeka Yohani ati: “Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Efeso uti: Ibi ni vyo avuga umwe afashe za nyenyeri indwi mu kuboko kwiwe kw’ukuryo, umwe agendagenda hagati ya vya bitereko vy’amatara indwi vy’inzahabu.” (Ivyahishuwe 2:1) Nk’uko Yezu abigira mu bundi butumwa butandatu ashikiriza, ng’aha arerekana ubukuru afise. Aributsa abacungezi b’i Efeso ko ari we ahagarikira kandi agakingira abakurambere bose be n’uko acungera amashengero yose. N’ubu arabandanya gukoresha ubwo bukuru bwiwe burangwa urukundo, mu guhagarikira abakurambere no mu kuragira n’umutima mwiza abifatanya n’ishengero bose. Rimwe na rimwe, arahindura ukuntu ibintu bitunganijwe mw’ishengero kugira ngo umuco urushirize gukayangana. Ego cane, Yezu ni we Mwungere Mukuru w’ubusho bw’Imana.—Matayo 11:28-30; 1 Petero 5:2-4.
2. (a) Yezu akeza ishengero ry’i Efeso ku biki? (b) Ni impanuro iyihe y’intumwa Paulo biboneka ko abakurambere b’i Efeso bumviye?
2 Yezu rero aca atangura akeza iryo shengero nk’uko aza kubigira mu butumwa bwose ashikiriza, uretse bubiri. Abwira Abanyefeso ati: “Ndazi ibikorwa vyawe, n’ukubira akuya kwawe n’ukwihangana kwawe, be n’uko udashobora kwihanganira abantu babi, be n’uko wagejeje abavuga ko ari intumwa, mugabo atari zo, usanga ni ababeshi. Urerekana kandi ukwihangana, kandi wararindiyeko ku bw’izina ryanje, ntiwarambirwa.” (Ivyahishuwe 2:2, 3) Hari haciye imyaka intumwa Paulo agabishije abakurambere b’i Efeso ku bijanye n’“amabingira y’agahahazo,” ni ukuvuga abahuni bohungabanije ubusho, kandi yari yasavye abo bakurambere kwigana akarorero kiwe mu ‘kuguma barikanuye.’ (Ivyakozwe 20:29, 31) Ko Yezu abakeza kubera ukubira akuya, ukwihangana n’ukutarambirwa kwabo, bategerezwa kuba barumviye iyo mpanuro.
3. (a) “Intumwa z’ikinyoma” zagerageje gute guhenda abantu b’intahemuka muri iki gihe cacu? (b) Ni imburi iyihe Petero yatanze ku bijanye n’abahuni?
3 No mu kiringo c’umusi w’Umukama haradutse “intumwa z’ikinyoma,” abantu “bavug[a] ibigoramanze kugira ngo bakwegere abigishwa inyuma yabo.” (2 Abakorinto 11:13; Ivyakozwe 20:30; Ivyahishuwe 1:10) Babona ko mu madini adahuza yose harimwo ivyiza, bakavuga ko Imana idafise ishirahamwe kandi bagahakana ko Yezu yimitswe mu 1914. Ubuhanuzi bwo muri 2 Petero 3:3, 4 burabarangukirako. Bugira buti: “Mu misi ya nyuma hazoza abashinyaguzi n’agashinyaguro kabo, bagenda bisunga ivyipfuzo vyabo bwite bavuga ngo: ‘Ukwo kuhaba kwiwe kwasezeranywe kuri hehe? Erega, kuva umusi ba sogokuruza bacu basinzira mu rupfu, ibintu vyose bibandanya neza na neza nko kuva mu ntango y’irema.’”
4. (a) Ubwishime n’ubugarariji bw’abashinyaguzi vyigaragaza gute? (b) Muri iki gihe abakirisu berekana ko bameze nk’Abanyefeso mu gufatira ingingo iyihe abagarariji b’abahumvyi?
4 Abo bashinyaguzi ntibashaka na gato kwatura icese ukwizera kwabo. (Abaroma 10:10) Barajijuye abakuru b’idini ry’abiyita abakirisu ngo babashigikire bongera barikora ku binyamakuru no ku mateleviziyo mu gukwiragiza ibinyoma vyambika ibara abo bahoze basangiye ukwemera. Intahemuka ntiziteba kubona ko ivyo abo bahumvyi bavuga n’ivyo bakora atari vyo. Nka kumwe kw’Abanyefeso, abakirisu muri iki gihe “[ntiba]shobora kwihanganira abantu babi.” Ni co gituma babakura mw’ishengero.a
5. (a) Yezu yavuze ko Abanyefeso bari bafise ubugoyagoye ubuhe? (b) Ni amajambo ayahe Abanyefeso bari bakwiye kwibuka?
5 Ariko rero, nk’uko Yezu abigira ku mashengero atanu mu mashengero indwi arungikira ubutumwa, arashira ahabona ingorane ikomeye. Abwira Abanyefeso ati: “Yamara rero, mfise iki kintu nkugaya: ni uko waretse urukundo wari ufise ubwa mbere.” (Ivyahishuwe 2:4) Ivyo ntivyari bikwiye kubashikira, kuko hari haciye imyaka 35 Paulo abandikiye ibijanye n’“urukundo rwinshi [Imana] yadukunze,” kandi yari yabahimirije ati: “Nimwigane Imana . . . nk’abana ikunda, kandi mubandanye kugendera mu rukundo, nk’uko na Kristu yabakunze.” (Abanyefeso 2:4; 5:1, 2) Vyongeye, ntibari bakwiye kwibagira aya majambo ya Yezu agira ati: “Yehova Imana yacu ni Yehova umwe, kandi utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose n’inkomezi zawe zose.” (Mariko 12:29-31) Abanyefeso bari baratakaje urwo rukundo bari bafise ubwa mbere.
6. (a) Twaba tumaze igihe mw’ishengero canke turi bashasha, dutegerezwa kwirinda akaga akahe n’agatima akahe? (b) Urukundo dukunda Imana rukwiye kudusunikira gukora iki?
6 Twaba tumaze igihe mw’ishengero canke turi bashasha, dutegerezwa kwirinda gutakaza urukundo twakunda Yehova mu ntango. None vyoshika gute ngo turutakaze? Twoshobora kureka akazi k’umubiri, icipfuzo co kuronka amahera menshi canke ukwinezereza bikaba vyo bintu bihambaye mu buzima bwacu. Ivyo vyoshobora gutuma twitwararika ivy’umubiri aho kwitwararika ivy’impwemu. (Abaroma 8:5-8; 1 Timoteyo 4:8; 6:9, 10) Urukundo dukunda Yehova rurakwiye kudusunikira gukosora agatima ako ari ko kose nk’ako maze ‘tukaguma tubanza kurondera ubwami n’ubugororotsi bw’Imana’ kugira “[t]wirundanirize amatunga mw’ijuru.”—Matayo 6:19-21, 31-33.
7. (a) Dukwiye gukorera Yehova tubitumwe n’iki? (b) Yohani yavuze iki ku bijanye n’urukundo?
7 Nimuze twame dukorera Yehova tubitumwe n’urukundo rugera kure tumukunda. Nimuze kandi dukenguruke cane ibintu vyose Yehova na Kristu badukoreye. Nk’uko Yohani ubwiwe yahavuye avyandika, “muri ivyo urukundo ni uru: si uko twakunze Imana, ahubwo ni uko ari yo yadukunze igatuma Umwana wayo ngo abe ikimazi c’impongano ku bw’ibicumuro vyacu.” Yohani aca abandanya ati: “Imana ni urukundo, kandi uwuguma mu rukundo aguma yunze ubumwe n’Imana, Imana na yo ikaguma yunze ubumwe na we.” Ese tutokwigera tureka urukundo dukunda Yehova, urwo dukunda Umukama Yezu Kristu be n’Ijambo ry’Imana rizima ngo ruyame! Urwo rukundo ntiturugaragaza gusa mu gukorera Imana n’umwete, ariko kandi turarugaragaza mu kugamburuka “iri bwirizwa [twahawe] na yo: uwukunda Imana akwiye kuba akunda na mwene wabo.”—1 Yohani 4:10, 16, 21; Abaheburayo 4:12; raba kandi 1 Petero 4:8; Abakolosayi 3:10-14; Abanyefeso 4:15.
“Ukore ibikorwa vya kera”
8. Yezu yavuze ko Abanyefeso bari bakwiye gukora iki?
8 Nimba abo Banyefeso badashaka gutaha zirayoye, babwirizwa kuvyura rwa rukundo bari bafise. Yezu ababwira ati: “Ibuka rero aho watemvye uva, maze wigaye, ukore ibikorwa vya kera. Utabigize, ndaje kuri wewe, kandi nzokura igitereko c’amatara cawe mu kibanza caco, kiretse wigaye.” (Ivyahishuwe 2:5) Ntituzi ingene abakirisu bo mw’ishengero ry’i Efeso bakiriye ayo majambo. Ariko turizigiye ko bigaye maze bakavyura urukundo bari bafitiye Yehova. Baramutse batabigize, itara ryabo ryozimye, igitereko c’amatara cabo na co kigakurwaho. Botakaje agateka bari bafise ko kurasa umuco w’ukuri.
9. (a) Yezu aremesha gute Abanyefeso? (b) Yohani amaze gupfa, ni gute amashengero yananiwe gushira mu ngiro impanuro Yezu yahaye Abanyefeso?
9 Mugabo rero, Yezu araremesha Abanyefeso ati: “Yamara rero urafise iki kintu: uranka ibikorwa vya wa muce wa Nikola, ivyo na jewe nanka.” (Ivyahishuwe 2:6) N’imiburiburi, baranka kwicamwo imice nk’uko nyene Umukama Yezu Kristu avyanka. Ariko rero uko imyaka yagiye irarengana, amashengero menshi ntiyakurikije ayo majambo ya Yezu. Kuba badakunda Yehova, ukuri be na bagenzi babo vyatumye bacokera mu mwiza wo mu buryo bw’impwemu. Baciye bicamwo utudumbi tw’amadini tudacana uwaka. Abiyita abakirisu bimuye ibisomwa vya Bibiliya vyo mu kigiriki vyandikishije iminwe barabikuyemwo izina ry’Imana kubera batakunda Yehova. Ivyo kandi vyatumye batangura kwigisha inyigisho zikomoka i Babiloni no mu Bagiriki, nka ya nyigisho y’umuriro udahera, iy’ipurugatori n’iy’Ubutatu, bakavyitirira ubukirisu. Kubera yuko batakunda Imana n’ukuri, benshi mu biyita abakirisu bararetse kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Bahavuye biganzirwa n’abakuru b’amadini bikunda, bishingiye ubwami bwabo ng’aha kw’isi.—Gereranya na 1 Abakorinto 4:8.
10. Amadini y’abiyita abakirisu yari yifashe gute mu 1918?
10 Igihe urubanza rwatangurira ku nzu y’Imana mu 1918, abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu biciyemwo imice bariko barashigikira ku mugaragaro Intambara ya mbere y’isi yose mu guhimiriza abagatolika n’abaporoti ngo bicane. (1 Petero 4:17) Mu buryo batandukanye n’ishengero ry’i Efeso, iryanka ivyo umuce wa Nikola wariko urakora, amadini y’abiyita abakirisu yoyo yari amaze igihe arangwa n’indyane be n’inyigisho zirwanya Imana. Abakuru bayo bari biyemeje kwifatanya n’isi kandi Yezu yari yavuze ko abigishwa biwe badakwiye kuba abayo. (Yohani 15:17-19) Kubera ko amashengero yabo atari azi iciyumviro nyamukuru ca Bibiliya, ni ukuvuga Ubwami bw’Imana, ntiyari ibitereko vy’amatara birasa umuco wo mu vy’impwemu, eka n’abanywanyi bayo ntibari abo mu rusengero rwa Yehova rwo mu buryo bw’impwemu. Indongozi zabo (abagabo n’abagore) ntizari inyenyeri, ahubwo bagaragaye ko bari mu bagize wa “muntu w’ubugarariji.”—2 Abatesalonika 2:3; Malaki 3:1-3.
11. (a) Kuva mu 1918, ni umugwi uwuhe w’abakirisu kw’isi washize mu ngiro amajambo Yezu yabwiye Abanyefeso? (b) Abagize umugwi wa Yohani bakoze iki kuva mu 1919?
11 Abagize umugwi wa Yohani bobo barenganye imisi idurumbanye yo mu Ntambara ya mbere y’isi yose bagikunda Yehova be n’ukuri, ari na vyo vyatumye bamukorera barurumba umwete. Inyuma y’aho perezida wa mbere w’Ishirahamwe Watch Tower ari we Charles T. Russell apfiriye mu 1916, hari abantu bamuha icubahiro kirenze bagerageje kubacamwo imice, ariko birabananira. Kubera ko abagize uwo mugwi w’abakirisu bari batyorowe n’uruhamo be n’amakuba, biboneka ko Shebuja yabashimiye ati: “[M]wakoze neza” yongera arabatumira ngo binjire mu munezero wiwe. (Matayo 25:21, 23) Barabonye ko ivyariko biraba mw’isi be n’ivyabashikiye ubwabo ari iranguka rya ca kimenyetso Yezu yari yaravuze ko coranze ukuhaba kwiwe kutaboneka mu bubasha bw’Ubwami. Kuva mu 1919, barateye imbere baragira uruhara mw’iranguka ry’ubundi buhanuzi buhambaye Yezu yashikirije ati: “Kandi iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.” (Matayo 6:9, 10; 24:3-14) Urukundo bakunda Yehova rushobora kuba rwari rwayamye gatoyi, ariko kuva ico gihe rwararurumvye rucika urubeya.
12. (a) Ni akamo akahe katewe kw’ihwaniro ry’intibagirwa ryabaye mu 1922? (b) Ni izina irihe abakirisu b’ukuri biswe mu 1931, kandi ni ibiki bicujije?
12 Kw’ihwaniro ry’intibagirwa ryabereye i Cedar Point (Ohio) muri Amerika kuva itariki 5-13 Nyakanga 1922, rikaba ryitabwe n’abashika 18.000 muri abo bakirisu, haratewe akamo kagira gati: “Nimusubire mu ndimiro, yemwe bana b’Imana musumbavyose! . . . Isi itegerezwa kumenya ko Yehova ari Imana be n’uko Yezu Kristu ari Umwami w’abami n’Umukama w’abakama. . . . Ku bw’ivyo rero, tangaze, tangaze, tangaze Umwami n’ubwami bwiwe.” Izina rya Yehova rihambaye ryariko rirarushiriza kumenyekana. Kw’ihwaniro abo bakirisu bagize mu 1931 i Columbus (Ohio) muri Amerika, barahimbawe no kwitwa izina Imana yavuze mu buhanuzi bwa Yesaya, ari ryo Ivyabona vya Yehova. (Yesaya 43:10, 12) Guhera ku nomero yo ku wa 1 Ntwarante 1939, izina ry’ikinyamakuru nyamukuru c’ishirahamwe ryarahinduwe riba Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova, gutyo icubahiro cose gihabwa Umuremyi wacu n’intwaro yiwe y’Ubwami. Ivyabona vya Yehova baricujije kubona vyarashitse ntibatere iteka canke ngo bashire hejuru izina ryiwe n’Ubwami bwiwe bihambaye, baca biyemeza kumukunda bidasanzwe.—Zaburi 106:6, 47, 48.
“Uwutsinda”
13. (a) Ni umuhezagiro uwuhe Abanyefeso bari kwironkera baramutse ‘batsinze’? (b) Abakirisu b’Abanyefeso ‘botsinze’ gute?
13 Amaherezo, nk’uko Yezu abigira no mu bundi butumwa ashikiriza, avuga ko impwemu y’Imana imenyesha biciye kuri we impembo ihabwa abaguma ari intahemuka. Abwira Abanyefeso ati: “Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu ibwira amashengero: Uwutsinda nzomuha kurya ku giti c’ubuzima kiri mw’iparadizo y’Imana.” (Ivyahishuwe 2:7) Abari n’amatwi yumva ntibogonanywe kwumvira ubwo butumwa buhambaye, kubera bari bazi ko atari Yezu yabwigeneye ahubwo ko bwavuye ku Mukama Segaba Yehova ubwiwe biciye ku mpwemu yiwe nyeranda, ari yo nguvu ikora. None ‘botsinze’ gute? Botsinze mu gukurikira neza intambuko za Yezu, uwagumanye ugutungana gushika ku rupfu, akaba yarashoboye kuvuga ati: “Nimugire umutima rugabo! Jewe naratsinze isi.”—Yohani 8:28; 16:33; raba kandi 1 Yohani 5:4.
14. “Iparadizo y’Imana” Yezu avuga isobanura iki?
14 Ko abakirisu barobanuwe nk’abo Banyefeso batazoba mw’Iparadizo kw’isi, ni gute baronka impembo yo kurya ku “giti c’ubuzima kiri mw’iparadizo y’Imana”? Aho ntihariko havugwa isi izoba yabaye Iparadizo, kuko ba bakirisu 144.000 barobanuwe, ushizemwo n’abo bo mw’ishengero ry’i Efeso, bagurwa bakuwe mu bantu ngo bazoganze bari kumwe na wa Mwagazi w’intama Kristu Yezu ku Musozi Siyoni wo mw’ijuru, ari abana b’Imana bo mu buryo bw’impwemu. (Abanyefeso 1:5-12; Ivyahishuwe 14:1, 4) Ku bw’ivyo, hategerezwa kuba hariko havugwa ikibanza co mw’ijuru kimeze nk’iparadizo abo batahukana intsinzi bazotorana. Aho “mw’iparadizo y’Imana,” ni ukuvuga imbere ya Yehova ubwiwe, abo bazoba baronse ukudapfa ni ho bazokwibera ibihe bidahera, bikaba bigereranywa no kurya ku giti c’ubuzima.
15. Kubera iki bihambaye cane ko abagize isinzi rinini bitwararika muri iki gihe indemesho Yezu atanga yo gutahukana intsinzi?
15 Tuvuge iki none ku bakirisu b’intahemuka bo kw’isi bashigikira abo 144.000 barobanuwe? Isinzi rinini ry’ivyo Vyabona na bo nyene bariko baratsinda. Mugabo bafise icizigiro co kuba mw’isi y’iparadizo, aho bazonywa ku “ruzi rw’amazi y’ubuzima,” maze ‘amababi y’ibiti’ bitewe ku mpande z’urwo ruzi abakize. (Ivyahishuwe 7:4, 9, 17; 22:1, 2) Nimba uri muri abo, ese na wewe wogaragaza urukundo rurangwa igishika ukunda Yehova maze ugatsinda intambara y’ukwizera. Gutyo, uzoshobora guhimbarwa n’ukubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo kw’isi.—Gereranya na 1 Yohani 2:13, 14.
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka kumenya ido n’ido ry’ingene intumwa z’ikinyoma zadutse, raba urupapuro rwa 386-393 mu gitabu Comment raisonner à partir des Écritures, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Uruzitiro ku rup. 36]
Hashemezwe Yehova n’Umwana wiwe
Mu gitabu c’indirimbo abasavyi ba Yehova basohoye mu 1905, indirimbo zishemeza Yezu zararuta incuro zibiri izashemeza Yehova Imana. Mu gitabu basohoye mu 1928, indirimbo zihayagiza Yezu zahakwa kungana n’izahayagiza Yehova. Ariko mu gitabu baheruka gusohora, indirimbo zihayagiza Yehova ziraruta incuro zitatu izihayagiza Yezu. Ivyo birahuye n’amajambo Yezu ubwiwe yavuze, ati: “Data a[ra]nduta.” (Yohani 14:28) Urukundo dukunda Yehova ni rwo rukwiye kuza imbere, hagakurikira urukundo rugera kure dukunda Yezu be n’ugukenguruka inkuka y’agaciro yatanze hamwe n’uruhara arangura ari Umuherezi Mukuru n’Umwami yagenywe n’Imana.
[Igicapo ku rup. 34]
Ukuntu Yezu atanga impanuro
(ibigabane n’imirongo vyo mu Vyahishuwe)
Ubutumwa Ubukuru Intangamarara Gutomora Inkeburo Imihezagiro
bwarungikiwe bwo gutanga iremesha ingorane canke bivamwo
ishengero impanuro indemesho
Perugamo 2:12 2:13 2:14, 15 2:16 2:17
Tiyatira 2:18 2:19 2:20, 21 2:24, 25 2:26-28
Sarudi 3:1 — 3:1, 2 3:3, 4 3:5
Filadelufiya 3:7 3:8 — 3:8-11 3:12
Lawodiseya 3:14 — 3:15-17 3:18-20 3:21