Ikigabane ca 8
Barihata ngo batahukane intsinzi
SIMURUNA
1. (a) Ni ishengero irihe rica rironka ubutumwa bwa Yezu uwaninahajwe? (b) Mu kuvuga ko ari “uwa Mbere n’uwa Nyuma,” ni igiki Yezu yibutsa abakirisu bo muri iryo shengero?
MURI iki gihe, ahahoze igisagara ca Efeso hasigaye ari umusaka. Ariko ubutumwa bwa Yezu bugira kabiri aburungika ahantu n’ubu hari igisagara kirimwo uruja n’uruza rwinshi. Nko ku bilometero 55 mu buraruko bw’ahahoze igisagara ca Efeso, hari igisagara co muri Tirkiya citwa Izmir, ubu hakaba hari amashengero ane y’Ivyabona vya Yehova b’abanyamwete. Mu kinjana ca mbere, aho hantu hitwa Simuruna. Raba rero ivyo Yezu aca avuga: “Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Simuruna na we uti: Ibi ni vyo avuga umwe ‘wa Mbere n’uwa Nyuma,’ uwapfuye akongera kuba muzima.” (Ivyahishuwe 2:8) Mu kubwira ivyo abakirisu b’i Simuruna, Yezu ariko abibutsa ko ari we muntu wa mbere w’intahemuka Yehova yizuriye ubwiwe akamuha ubuzima bw’impwemu budapfa, be n’uko ari we wa nyuma yizuriye muri ubwo buryo. Yezu ni we yozuye abandi bakirisu barobanuwe bose. Birabereye rero ko aha impanuro bene wabo basangiye icizigiro co kuronka ubuzima budapfa mw’ijuru.
2. Ni kubera iki abakirisu bose bahumurizwa n’amajambo y’umwe “[yapfa] akongera kuba muzima”?
2 Yezu yaratanze akarorero mu kwihanganira uruhamo ahorwa ubugororotsi, maze arahabwa impembo akwiye. Ukudahemuka kwiwe gushika ku rupfu be n’izuka ryiwe biratuma abakirisu bose bagira icizigiro. (Ivyakozwe 17:31) Kuba Yezu “[yara]pfuye akongera kuba muzima” birerekana ko tutaba turuhiye ubusa iyo twemeye kwihanganira ivyo ari vyo vyose kubera ukuri. Izuka rya Yezu riraremesha rwose abakirisu bose, canecane igihe babwirizwa kubabazwa kubera ukwizera kwabo. Nimba ari ko nawe umerewe, urashobora gukomezwa n’amajambo Yezu aca abwira ishengero ry’i Simuruna.
3. (a) Ni indemesho iyihe Yezu yahaye abakirisu b’i Simuruna? (b) Naho abakirisu b’i Simuruna bari aboro, ni kubera iki Yezu yavuze ko bari ‘abatunzi’?
3 Agira ati: “Ndazi amakuba yawe n’ubworo bwawe—mugabo uri umutunzi—nkamenya n’ukurogota kw’abivuga ko ari Abayuda yamara atari bo, ahubwo ari isinagogi ya Shetani.” (Ivyahishuwe 2:9) Yezu ntakosora bene wabo b’i Simuruna, ahubwo arabakeza gusa. Barashikiwe n’amakuba menshi bahorwa ukwizera kwabo. Nta matunga bafise, kumbure kubera ukudahemuka kwabo. (Abaheburayo 10:34) Ivyo bitwararika cane ni ivy’impwemu, kandi barirundanirije ubutunzi mw’ijuru nk’uko Yezu yabivuze. (Matayo 6:19, 20) Ku bw’ivyo, wa Mwungere Mukuru abona ko ari ‘abatunzi.’—Gereranya na Yakobo 2:5.
4. Ni bande barwanije cane abakirisu b’i Simuruna, kandi Yezu yabona gute ababarwanya?
4 Yezu avuga canecane ko abakirisu b’i Simuruna barwanijwe cane n’Abayuda. Mu ntango, benshi mu banywanyi b’iryo dini bararwanije bivuye inyuma ikwiragira ry’ubukirisu. (Ivyakozwe 13:44, 45; 14:19) Ubu na ho, inyuma y’imyaka mirongo gusa Yeruzalemu itemvye, abo Bayuda b’i Simuruna baragaragaza ka gatima nyene ka Shetani. Ntibitangaje kubona Yezu ababona nk’“isinagogi ya Shetani”!a
5. Ni ibigeragezo ibihe vyari birindiriye abakirisu b’i Simuruna?
5 Yezu arahumuriza abo bakirisu b’i Simuruna bankwa gutyo, ati: “Ntutinye ibigira bigushikire. Ehe Shetani azoguma ata mw’ibohero bamwe muri mwebwe kugira ngo mugezwe bimwe bishitse, no kugira ngo mugire amakuba imisi cumi. Erekana ko uri umwizigirwa no gushika ku rupfu, nanje nzoguha urugori rw’ubuzima.” (Ivyahishuwe 2:10) Ng’aho Yezu akoresha imvugo yo mu bwinshi kugira yerekane ko ivyo avuga vyerekeye ishengero ryose. Yezu ntasezerana ko ibigeragezo biriko birashikira abakirisu b’i Simuruna bigiye kurangira. Bamwe muri bo bazobandanya guhamwa no gutabwa mw’ibohero. Bazogira amakuba “imisi cumi.” Igitigiri cumi kigereranya ikintu co kw’isi cuzuye canke gikwiye. N’abo batunzi bo mu vy’impwemu bagumana ugutungana kwabo, bogejejwe bimwe bikomeye bakiri mu mubiri.
6. (a) Ni kubera iki abakirisu b’i Simuruna badakwiye kugira ubwoba? (b) Yezu asozera gute ubutumwa arungikira ishengero ry’i Simuruna?
6 Yamara rero, abakirisu b’i Simuruna ntibakwiye kugira ubwoba canke ngo badohoke. Nibaguma ari intahemuka gushika kw’iherezo, bazoba babikiwe “urugori rw’ubuzima,” bakaba bazoronka ubuzima budapfa mw’ijuru. (1 Abakorinto 9:25; 2 Timoteyo 4:6-8) Intumwa Paulo yabona ko yokwemera guheba ibindi bintu vyose, mbere n’ubuzima bwiwe bwo kw’isi, kugira aronke ako gashimwe gahambaye. (Abafilipi 3:8) Biboneka ko n’abo bizigirwa b’i Simuruna babona ibintu gutyo. Yezu asozera ubutumwa bwiwe ati: “Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu ibwira amashengero: Uwutsinda, urupfu rwa kabiri nta co ruzogenda rumugize.” (Ivyahishuwe 2:11) Abatsinda barakurwa amazinda ko bazoronka ubuzima budapfa mw’ijuru.—1 Abakorinto 15:53, 54.
“Amakuba imisi cumi”
7, 8. Mu 1918, ni gute ishengero rya gikirisu ‘ryagejejwe bimwe bishitse’ nka rimwe ry’i Simuruna?
7 Cokimwe n’abo bakirisu b’i Simuruna, abagize umugwi wa Yohani na bagenzi babo muri iki gihe barabandanya ‘kugezwa bimwe bishitse.’ Kuba baguma ari intahemuka mu bigeragezo birerekana ko ari abasavyi b’Imana. (Mariko 13:9, 10) Haciye igihe gitoyi umusi w’Umukama utanguye, amajambo Yezu yabwiye abakirisu b’i Simuruna yarahumurije cane umugwi mutoyi w’abasavyi ba Yehova ukwiye kw’isi yose. (Ivyahishuwe 1:10) Kuva mu 1879, baracukuye mw’Ijambo ry’Imana ubutunzi bwo mu vy’impwemu baraheza babusangira n’abandi ku buntu. Ariko mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose, baranswe bongera bararwanywa bikomeye, ku ruhande rumwe bitumwe n’uko batisutse muri iyo ntambara, ku rundi na ho bitumwe n’uko bariko barashira ahabona amakosa y’abiyita abakirisu. Uruhamo rwabashikiye bivuye ku ndongozi z’amadini y’abiyita abakirisu rwarakomeye cane mu 1918, kandi tworugereranya n’urwashikiye abakirisu b’i Simuruna bivuye ku Bayuda bo muri ico gisagara.
8 Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, urwo ruhamo rwarakomeye cane igihe Joseph F. Rutherford, uwari aherutse kuba perezida w’Ishirahamwe Watch Tower, hamwe na bagenziwe indwi batabwa mw’ibohero ku wa 22 Ruheshi 1918, benshi muri bo bakaba baciriwe gupfungwa imyaka 20. Haciye amezi icenda, bararekuwe babanje gutanga ingwati. Ku wa 14 Rusama 1919, sentare y’iyungururizo yarahanaguye ibirego bitari vyo bagirizwa, bakaba basanze muri urwo rubanza habayemwo amakosa 130. Umucamanza w’umugatolika yitwa Manton, uwari yarahawe umudari w’iteka utangwa na Ekleziya, uno akaba yari yaranse ko abo bakirisu batanga ingwati mu 1918, mu 1939 yahavuye acirwa umunyororo w’imyaka ibiri n’amande y’amadolari 10.000 kubera yasavye igiturire yongera arakirya incuro zitandatu.
9. Hitler yafata gute Ivyabona vya Yehova mu gihe c’intwaro y’Abanazi, kandi abakuru b’idini bavyakira gute?
9 Mu gihe c’intwaro y’Abanazi mu Budagi, Hitler yarabujije burundu igikorwa Ivyabona vya Yehova barangura co kwamamaza. Ivyabona ibihumbi baramaze imyaka bacumukurizwa mu makambi y’itunatuniro no mu mabohero, benshi bakaba barahasize ubuzima, abakiri bato bashika 200 banse kuja mu gisoda ca Hitler na bo baricwa. Amajambo y’umupatiri w’umugatolika yasohowe mu kinyamakuru kimwe (The German Way) co ku wa 29 Rusama 1938 arerekana ko abakuru b’idini bari bashigikiye urwo ruhamo. Mu vyo yavuze, yagize ati: “Ubu igihugu kimwe gusa kw’isi ni co cateye ivyatsi abitwa ngo ni . . . Abatohoji ba Bibiliya [Ivyabona vya Yehova]. Ico gihugu ni Ubudagi! . . . Igihe Adolf Hitler yaja ku butegetsi maze Inama y’abepiskopi ba Ekleziya mu Budagi igasubira kumusaba ca kintu nyene, yavuze ati: ‘Abo bitwa ngo ni Abatohoji b’umwete ba Bibiliya [Ivyabona vya Yehova] ni abagumutsi; . . . mbona ko ari abaswaganyi; sinokwihanganira ko abagatolika bo mu Budagi basigwa iceyi gutyo n’uwo mucamanza w’Umunyamerika Rutherford; ndafuse [Ivyabona vya Yehova] mu Budagi.’” Nya mupatiri yaciye avuga ati: “Komera!”
10. (a) Uko umusi w’Umukama ubandanya, ni uruhamo nyabaki Ivyabona vya Yehova baciyemwo? (b) Ni ibiki abakirisu bagiye barashikako igihe baburanira mu masentare umwidegemvyo wo gusenga?
10 Uko umusi w’Umukama ubandanya, ya Nzoka n’uruvyaro rwayo ntivyigeze bireka kurwanya abakirisu barobanuwe be na bagenzi babo. Benshi muri bo barapfunzwe bongera barahamwa bimwe bibi. (Ivyahishuwe 12:17) Abo bansi barabandanije “[ku]gira ivyagezwe urwitwazo rwo kugira nabi,” ariko abasavyi ba Yehova baguma bavuga bashimitse bati: “Dutegerezwa kugamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu.” (Zaburi 94:20, Bibiliya Yera; Ivyakozwe 5:29) Mu 1954, Umunara w’Inderetsi wavuze uti: “Mu myaka mirongo ine iheze, ibihugu birenga mirongo indwi usanga vyarigeze gufata ingingo zikandamiza Ivyabona vya Yehova vyongera birabahama.” Aho bishoboka, abo bakirisu baraburaniye mu masentare umwidegemvyo wabo wo gusenga, kandi mu bihugu bitari bike baratahukanye intsinzi zikomeye. Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Ivyabona vya Yehova bamaze gutsinda imanza 50 muri Sentare Nkuru honyene.
11. Ni ubuhanuzi ubuhe bwa Yezu bwerekeye ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe bwarangukiye ku Vyabona vya Yehova mu kiringo c’umusi w’Umukama?
11 Nta wundi mugwi w’abantu witwararitse cane kugamburuka itegeko rya Yezu ryo kwishura Sezari ivya Sezari. (Luka 20:25; Abaroma 13:1, 7) Ariko rero, nta wundi mugwi abanywanyi bawo bapfunzwe mu bihugu vyinshi no mu gihe c’intwaro nyinshi ukuraho, kandi n’ubu birabandanya mu bihugu bimwebimwe vyo muri Amerika, i Buraya, muri Afrika no muri Aziya. Ubuhanuzi buhambaye bwa Yezu bwerekeye ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe bwarimwo amajambo agira ati: “Maze bazobashira mu makuba, babice, kandi muzokwankwa n’amahanga yose muhorwa izina ryanje.” (Matayo 24:3, 9) Nta gukeka ko ivyo vyarangukiye ku Vyabona vya Yehova mu kiringo c’umusi w’Umukama.
12. Abagize umugwi wa Yohani bakomeje gute abasavyi b’Imana mu ruhamo?
12 Kugira ngo abagize umugwi wa Yohani bakomeze abasavyi b’Imana mu makuba, bamye nantaryo babibutsa ibiri mu majambo Yezu yabwiye abakirisu b’i Simuruna. Nk’akarorero, igihe uruhamo rw’Abanazi rwatangura, Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) warasohoye mu myaka ya 1933 na 1934 ikiganiro cavuga ngo “Ntimubatinye” casigura ibiri muri Matayo 10:26-33, icavuga ngo “Itanure” cari gishingiye kuri Daniyeli 3:17, 18 be n’icavuga ngo “Akanwa k’intambwe” gishingiye kuri Daniyeli 6:22. Mu myaka ya 1980, ari na ho iki gitabu catangura gusohorwa kandi Ivyabona vya Yehova bakaba bariko barahamwa bikomeye mu bihugu birenga 40, Umunara w’Inderetsi warakomeje abasavyi b’Imana n’ikiganiro kivuga ngo “Barahimbawe naho bahamwa!” be n’ikivuga ngo “Abakirisu baratsinda uruhamo mu kwihangana.”b
13. Cokimwe n’abakirisu b’i Simuruna, ni kubera iki Ivyabona vya Yehova badatinya uruhamo?
13 Vy’ukuri, Ivyabona vya Yehova bariko barahamwa bongera bashikirwa n’ibindi bigeragezo mu misi cumi y’ikigereranyo. Cokimwe na ba bakirisu b’i Simuruna, ntibatekerwa n’ubwoba kandi nta n’umwe muri twebwe akwiye guterwa ubwoba n’ingorane ziguma zunyuka ng’aha kw’isi. Turiteguriye kwihanganira imibabaro mbere no kwemera ‘gusahurwa ivyacu’ tunezerewe. (Abaheburayo 10:32-34) Nitwiga Ijambo ry’Imana rikatunyura, tuzoshobora kuguma dushikamye mu kwizera. Nitwemere tudakeka ko Yehova ashoboye kuturinda kugira tugume turi intahemuka be n’uko azobikora. ‘Niduterere amaganya yacu yose kuri we, kuko atubabara.’—1 Petero 5:6-11.
[Utujambo tw’epfo]
a Haciye nk’imyaka 60 Yohani apfuye, uwitwa Polycarpe w’imyaka 86 yarapfuye atuririwe i Simuruna azira ko yanse kwihakana Yezu. Igitabu kimwe (Martyre de Polycarpe) vyiyumvirwa ko canditswe muri ico gihe, kivuga ko igihe bariko barasenya inkwi zo kumuturira, “Abayuda babigiranye umwete mwinshi nk’uko bari basanzwe,” naho yagandaguwe ku “musi w’Isabato ihambaye.”
b Raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Ruhuhuma 1934, uwo ku wa 1 Nzero n’uwo ku wa 1 Ntwarante 1935 be n’uwo ku wa 1 Myandagaro 1983.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 39]
Haraciye imyaka myinshi abatohozakahise berekana ko Ivyabona vya Yehova bo mu Budagi bagumye ari intahemuka mu gihe c’intwaro y’Abanazi. Igitabu kimwe (Les mères-patrie du IIIe Reich) c’umutohozakahise yitwa Claudia Koonz casohowe mu 1986, kivuga giti: “Abadagi benshi cane batari mu mugambwe w’Abanazi baremeye kuyobokera intwaro batiyumvamwo. . . . Ariko rero haba mu bitigiri canke mu vyiyumviro, Ivyabona vya Yehova 20.000 bo muri ico gihugu nka bose baranse bivuye inyuma kugamburukira intwaro y’Abanazi mu buryo na bumwe. . . . Umugwi wari ufatanye mu nda kuruta iyindi mu bananiye iyo ntwaro wari ushigikiwe n’ukwizera kwawo. Kuva mu ntango, Ivyabona vya Yehova ntibigeze bashigikira mu buryo na bumwe leta y’Abanazi. N’inyuma y’aho ca gipolisi c’Abanazi (Gestapo) gisamburiye ibiro vyabo bikuru muri ico gihugu mu 1933 kikongera kikabuza igikorwa cabo mu 1935, baranse no gucisha mu kanwa ya ndamutso yo guhayagiza Hitler. Hafi ica kabiri c’Ivyabona vya Yehova bose (canecane abagabo) bararungitswe mu makambi y’itunatuniro. Igihumbi muri abo barishwe, abandi igihumbi na bo barapfa hagati ya 1933 na 1945. . . . Abakuru b’idini rya Gatolika n’iry’abaporoti barahimirije abanywanyi babo ngo bashigikire Hitler. Nimba hari abanse, kwari ukurenga amategeko y’idini n’aya leta.”