ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • re ikig. 9 rup. 41-47
  • Baragumya izina rya Yezu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Baragumya izina rya Yezu
  • Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Akosho konona
  • Nimwirinde imice!
  • ‘Manu yanyegejwe be n’akabuye kera’
  • Kirisitu arabwira amashengero
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ivyahishuwe bisobanura iki kuri wewe muri iki gihe?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Ibanga ryeranda rihishurwa
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Nuvyure rwa rukundo rwa mbere!
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
Ibindi
Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
re ikig. 9 rup. 41-47

Ikigabane ca 9

Baragumya izina rya Yezu

PERUGAMO

1. Ni ishengero irihe Yezu aca arungikira ubutumwa, kandi abo bakirisu baba mu gisagara kimeze gute?

KU BILOMETERO 80 amaja mu buraruko uduganye ibarabara rica ku nkengera rivuye i Simuruna, ukongerako bindi 24 uca mu kiyaya c’Uruzi Caïque, hari igisagara ca Perugamo, ubu kikaba citwa Bergama. Ico gisagara cari rurangiranwa kubera urusengero rwaho rw’ikimana Zeyu, ari co Jupiter. Mu myaka ya 1800, abacukuzi b’ivya kera baratwaye mu Budagi igicaniro c’urwo rusengero, n’ubu umuntu akaba ashobora kukibona hamwe n’ibindi bishushanyo vyinshi vy’imana z’abapagani, mu bubiko bw’ivya kera (Pergamon-Museum) buri i Berlin. None ni ubutumwa nyabaki Umukama Yezu arungikira ishengero riri aho hantu harangwa n’ugusenga ibigirwamana?

2. Yezu yerekana gute uwo ari we, kandi kuba afise ‘inkota y’ubugi bubiri’ bisobanura iki?

2 Yezu abanza kwerekana uwo ari we, ati: “Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Perugamo na we uti: Ibi ni vyo avuga umwe afise ya nkota ndende y’ubugi bubiri, ikarishe.” (Ivyahishuwe 2:12) Ng’aha Yezu asubiramwo ukuntu yari yadondowe mu Vyahishuwe 1:16. Kubera ko ari Umucamanza akaba n’uwushitsa imanza z’Imana, azosasika abahama abigishwa biwe. Ese ukuntu ivyo bihumuriza! Ariko rero ku bijanye n’imanza, abari mw’ishengero na bo nyene barakwiye kumenya ko Yehova abicishije kuri Yezu Kristu we “ntumwa y’isezerano,” azoba “icabona cihuta” cagiriza abo bose bivugisha ko ari abakirisu mugabo basenga ibigirwamana, bakora ubuhumbu, babesha, ari indyadya kandi ntibiteho abari n’ivyo bakeneye. (Malaki 3:1, 5; Abaheburayo 13:1-3) Bategerezwa kwumvira impanuro n’igikangiro Imana itanga biciye kuri Yezu!

3. Ni ugusenga kw’ikinyoma ukuhe kwagirwa i Perugamo, kandi ni mu buryo ubuhe “intebe y’ubwami ya Shetani” ari ho yari?

3 Yezu aca abwira iryo shengero ati: “Ndazi aho uba, ni ukuvuga aho intebe y’ubwami ya Shetani iri.” (Ivyahishuwe 2:13a) Vy’ukuri, abo bakirisu bari bakikujwe n’abantu basenga Shetani. Uretse rwa rusengero rwa Zeyu, hariho n’akanyabugoro ka Esculape ikimana c’ubuvuzi. I Perugamo kandi hari hazwi ko ari intimatima y’ugusenga umwami w’abami. Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “Shetani” risobanura “Umurwanizi,” iyo “ntebe y’ubwami” yiwe na yo ikagereranya ubukuru afise kw’isi yose kubera Imana yabaye iramuretse ngo ategeke. Kuba ugusenga ibigirwamana vyari vyiraye i Perugamo vyerekana ko “intebe y’ubwami” ya Shetani yari yaratsimbataye muri ico gisagara. Ese ukuntu Shetani ishavu ryanize kubona abakirisu bo ng’aho batamwunamiye mu kuja mu vyo gusenga umwami vyagirwa muri ico gihugu!

4. (a) Yezu akeza gute abakirisu b’i Perugamo? (b) Pline, icariho c’Umwami w’abami Trajan, yamwandikiye ko yafata gute abakirisu? (c) Naho abakirisu b’i Perugamo bari mu kaga, bavyifashemwo gute?

4 Ego cane, “intebe y’ubwami ya Shetani” yibereye ng’aho i Perugamo. Yezu abandanya ati: “Yamara ubandanya kugumya izina ryanje, kandi ntiwihakanye ukwizera ufise muri jewe mbere no mu misi ya Antipa, icabona canje, umwizigirwa, uwiciwe iruhande yanyu, aho Shetani aba.” (Ivyahishuwe 2:13b) Mbega amajambo aremesha! Nta gukeka ko Antipa yishwe rumaratiri kubera yanse kuja mu migenzo y’amadayimoni no gusenga umwami w’abami w’Umuroma. Ata gihe kinini kihaciye Yohani abwiwe ubwo buhanuzi, Pline le Jeune icariho c’Umwami w’abami Trajan w’Uburoma, yaramwandikiye amusigurira ukuntu yafata abagirijwe ko ari abakirisu, kandi uwo mwami yarashimye ubwo buryo. Abahakanye ko ari abakirisu yarabarekura. Pline avuga ati: “Babanza gusubiramwo imbere yanje amajambo yo kwambaza ibimana, bagashikanira imibavu n’umuvinyu igishushanyo cawe [Trajan] . . . bagatako bakavuma Kristu.” Uwo wese bimenyekanye ko ari umukirisu yaca yicwa. Naho abakirisu b’i Perugamo bari muri ako kaga, ntibihakanye ukwizera kwabo. ‘Baragumije izina rya Yezu’ mu kubandanya bubaha ikibanza gihambaye afise co kuba Uwuburanira Yehova akaba n’Umucamanza yagenywe. Barakurikiye intambuko za Yezu badahemuka mu gushingira intahe Ubwami.

5. (a) Muri iki gihe, ni agatima akahe kogereranywa na kwa gusenga umwami w’abami katumye abakirisu bashikirwa n’ibigeragezo bikaze? (b) Ni imfashanyo iyihe Umunara w’Inderetsi waronkeje abakirisu?

5 Akatari gake, Yezu yaravuze ko Shetani ari we atwara iyi si mbi, ariko Shetani nta bubasha yari amufiseko kuko yagumye ari intahemuka. (Matayo 4:8-11; Yohani 14:30) Muri kino gihe, amahanga akomakomeye, nk’akarorero wa “mwami wo mu buraruko” na wa “mwami wo mu bumanuko,” yararwaniye kuganza isi. (Daniyeli 11:40) Agatima ko kwishimira igihugu karakwiragiye mw’isi yose, kakaba kogereranywa na kwa gusenga umwami w’abami. Ibiganiro bijanye n’ukutagira aho duhengamiye vyasohotse mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 1939 (mu congereza) be n’uwo ku wa 1 Ruhuhuma 1980 hamwe n’uwo ku wa 1 Nyakanga 1986 (mu gifaransa) vyaratomoye neza aho Bibiliya ihagaze kuri ico kibazo, biraronsa ubuyobozi abakirisu bipfuza kugendera mw’izina rya Yehova maze bagatsinda isi nk’uko Yezu yayitsinze n’umutima rugabo.—Mika 4:1, 3, 5; Yohani 16:33; 17:4, 6, 26; 18:36, 37; Ivyakozwe 5:29.

6. Mu bihe vya none, ni gute Ivyabona vya Yehova bagumye bashikamye nka Antipa?

6 Iyo mpanuro yaje hageze. Ivyabona vya Yehova barobanuwe hamwe na bagenzi babo vyarabaye ngombwa ko bahagarara bashikamye mu kwizera igihe baba bahanganye n’abantu barangwa n’ako gatima ko kwishimira igihugu birenze urugero. Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, abanyeshure n’abigisha amajana barirukanywe kubera bataramutsa ibendera, mu Budagi na ho, Ivyabona barahamwa bikomeye kubera banse kuramutsa ibendera ry’Abanazi. Nk’uko twamaze kubivuga, Abanazi barishe abasavyi ba Yehova ibihumbi b’intahemuka kubera banse kugira uruhara mu vyo gusenga igihugu. Mu myaka ya 1930, igihe ivyo gusenga Umwami w’abami Shinto vyari bikomeye mu Buyapani, hari abatsimvyi babiri babivye imbuto z’Ubwami muri Tayiwani, ico gihe ikaba yari yigaruriwe n’Ubuyapani. Abategetsi ba gisirikare barabataye mw’ibohero, umwe muri bo akaba yapfiriyeyo kubera ugukubagurwa. Uwundi yahavuye arekurwa, ariko baca bamurasa urwo mu mugongo, aba abaye Antipa wo mu bihe vya none. N’ubu haracariho ibihugu bisaba abantu guha icubahiro kirenze ibimenyetso biranga igihugu no kwihebera igihugu cabo. Urwaruka rwinshi rw’Ivyabona vya Yehova rwarapfunzwe, abatari bake muri bo baricwa kubera bashikamye bakanka kugira aho bahengamiye. Nimba ukiri muto ukaba uhanganye n’ibibazo nk’ivyo, niwige Ijambo ry’Imana buri musi kugira ‘uronke ukwizera ngo uzigamirwe ubuzima’ maze witege kuronka ubuzima budahera.—Abaheburayo 10:39–11:1; Matayo 10:28-31.

7. Abakiri bato bo mu Buhindi bavyifashemwo gute mu kibazo kijanye n’ivyo gusenga igihugu, kandi havuyemwo iki?

7 Abakiri bato barahuye n’ingorane nk’izo kw’ishure. Mu 1985, muri leta ya Kerala mu Buhindi, abana batatu b’Ivyabona vya Yehova baranse kudohoka ku kwizera kwabo gushingiye kuri Bibiliya mu kutemera kuririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu. Naho bari bagumye bahagaze babigiranye icubahiro igihe abandi bariko bararirimba, nticabujije ko birukanwa kw’ishure. Se wabo yarungururije urubanza muri Sentare Ntahinyuzwa y’Ubuhindi, abacamanza babiri baho bakaba barashigikiye abo bana, baravuga n’umutima rugabo bati: “Imico kama yacu itwigisha kwihanganirana; ivyiyumviro bitugenga bitwigisha kwihanganirana; ibwirizwa shingiro ryacu riremesha kwihanganirana; ntidukwiye kubihonyanga.” Ivyanditswe n’ibinyamakuru kuri urwo rubanza vyaratumye abantu bose bamenya yuko muri ico gihugu hari abakirisu basenga Imana y’ukuri Yehova kandi batadohoka ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya, ico gihugu kikaba carimwo hafi ica gatanu c’abantu bose baba kw’isi.

Akosho konona

8. Ni ibiki Yezu yabonye ko atogenda adakosoye abakirisu b’i Perugamo?

8 Ego cane, abakirisu b’i Perugamo ni intadohoka. Ariko Yezu avuga ati: “Yamara rero, ndafise ibintu bikeyi nkugaya.” None ni ibiki bari bakoze vyatumye abakosora? Yezu agira ati: “Iwawe ufise abagumya inyigisho ya Balamu, umwe yigisha Balaki gushira igitsitaza imbere ya bene Isirayeli, ngo barye ivyashikaniwe ibigirwamana ngo bongere bakore ubusambanyi.”—Ivyahishuwe 2:14.

9. Balamu yari nde, kandi ni gute impanuro yatanze yashize “igitsitaza imbere ya bene Isirayeli”?

9 Mu gihe ca Musa, Umwami Balaki wa Mowabu yarahereye Balamu ngo avume Isirayeli, uno akaba yari umuhanuzi atari Umwisirayeli yari azi bimwebimwe mu bijanye n’inzira za Yehova. Yehova yararwanije umugambi wa Balamu, atuma ahezagira Abisirayeli maze avuma abansi babo. Kugira Balamu atururuze ishavu Balaki yaciye agira, yaramubwiye ayandi mayeri y’uko abagore b’Abanyamowabukazi boryosharyosha abagabo b’Abisirayeli ngo bisuke mu bushegabo bukomeye n’ugusenga imana y’ikinyoma Bayali y’i Peyori! Ayo mayeri yarashitse ku ntumbero. Ishavu rigororotse rya Yehova ryararurumvye aca abateza ikiza cahitanye abantu 24.000 muri abo Bisirayeli b’abasambanyi, ico kiza kikaba cagiye guhagarara ari uko umuherezi Finehasi ahagurutse agakura ikibi muri Isirayeli.—Guharūra 24:10, 11; 25:1-3, 6-9; 31:16.

10. Ni ibitsitaza ibihe vyari vyarinjiye mw’ishengero ry’i Perugamo, kandi ni kubera iki abo bakirisu bashobora kuba bariyumvira ko Imana yokwirengagije amakosa yabo?

10 None mu gihe ca Yohani, i Perugamo hoba hariho ibitsitaza nk’ivyo? Vyariho nyene! Ubuhumbu n’ugusenga ibigirwamana vyari vyarinjiye mw’ishengero. Abo bakirisu ntibari barumviye ingabisho Imana yatanze biciye ku ntumwa Paulo. (1 Abakorinto 10:6-11) Bashobora kuba biyumvira ko Yehova yokwirengagije ubwo buhumbu bwabo kubera bari barihanganiye uruhamo. Yezu rero arabakurira inkoni ku gishitsi ko bategerezwa kwirinda ico kibi kibishe.

11. (a) Abakirisu bakwiye kwiyubara ku biki, kandi ni iciyumviro ikihe bategerezwa kwirinda? (b) Uko imyaka yagiye irarengana, ni abantu bangahe baciwe mw’ishengero rya gikirisu, kandi benshi baciwe kubera iki?

11 No muri iki gihe, abakirisu bategerezwa kwiyubara ngo “[ntibahindure] ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana yacu icitwazo c’ubushirasoni.” (Yuda 4) Dutegerezwa kwanka ikibi no ‘gukubitagura ibipfunsi umubiri wacu’ kugira tubandanye kubaho rukirisu. (1 Abakorinto 9:27; Zaburi 97:10; Abaroma 8:6) Ntidukwiye kwigera twiyumvira ko kugira umwete mu murimo w’Imana no kwihanganira uruhamo biduha icitwazo co kuja mu buhumbu. Uko imyaka yagiye irarengana, abacumuzi bagiye baracibwa mw’ishengero rya gikirisu rikwiye kw’isi yose barashika ibihumbi mirongo, abenshi bakaba baciwe kubera ubuhumbu. Mbere mu myaka imwimwe usanga haciwe abantu benshi kuruta abahitanywe na ca kiza catera muri Isirayeli ya kera kubera Bayali y’i Peyori. Ese twoguma turi maso kugira ntitwigere tugwa muri uwo mutego baguyemwo!—Abaroma 11:20; 1 Abakorinto 10:12.

12. Nk’uko vyari ku basavyi b’Imana ba kera, ni ingingo ngenderwako izihe zigenga abakirisu muri iki gihe?

12 Yezu kandi arakosora abakirisu b’i Perugamo kubera “[barya] ivyashikaniwe ibigirwamana.” None ivyo vyarimwo ibiki? Turavye amajambo Paulo yandikiye Abakorinto, bamwebamwe bashobora kuba bariko bitwaza umwidegemvyo wabo wa gikirisu maze bakababaza nkana ijwi ryo mu mutima ry’abandi. Ariko birashoboka cane ko hari ukuntu bariko bagira uruhara mu birori vyo gusenga ibigirwamana. (1 Abakorinto 8:4-13; 10:25-30) Abakirisu b’intahemuka muri iki gihe babwirizwa kugaragaza urukundo ruzira ubwikunzi mu kuntu bakoresha umwidegemvyo wa gikirisu, bakiyubara ngo ntibatsitaze abandi. Bategerezwa kwirinda uburyo bwo gusenga ibigirwamana bwo muri iki gihe, nko gusenga abantu ba rurangiranwa berekanwa ku mateleviziyo, mu masinema no mu nkino, kibure kureka amahera canke mbere inda yabo bikababera imana!—Matayo 6:24; Abafilipi 1:9, 10; 3:17-19.

Nimwirinde imice!

13. Yezu abandanya akosora gute abakirisu b’i Perugamo, kandi ni kubera iryo shengero ryari ribikeneye?

13 Yezu arongera gukosora abakirisu b’i Perugamo, ati: “Na wewe nyene urafise abagumya inyigisho ya wa muce wa Nikola.” (Ivyahishuwe 2:15) Imbere y’aho, Yezu yari yakeje Abanyefeso kubera banka ibikorwa vy’uwo muce. Abakirisu b’i Perugamo bobo bari bakeneye guhanurwa ngo birinde imice mw’ishengero. Bisaba kwumira cane ku ngingo ngenderwako za gikirisu kugira tuzigame bwa bumwe Yezu yasenga asaba muri Yohani 17:20-23. Birakenewe “guhimiriza biciye ku nyigisho ngirakamaro no gukangira abayivuguruza.”—Tito 1:9.

14. (a) Kuva kera, ishengero rya gikirisu ryamye ribwirizwa guhangana na bande, kandi intumwa Paulo abadondora gute? (b) Uwo wese yoba afise agatima ko gukurikira akagwi k’abiyonkoye, akwiye kugamburuka amajambo ayahe ya Yezu?

14 Kuva kera, ishengero rya gikirisu ryamye ribwirizwa guhangana n’abahuni b’ubwibone bakoresha akarimi gasosa kugira “bazan[e] amacakubiri n’ibitsitaza mu buryo buteye kubiri n’inyigisho” Yehova atanga biciye ku muhora wiwe. (Abaroma 16:17, 18) Intumwa Paulo yaragabishije ku bijanye n’ako kaga mu makete yiwe nka yose.a Muri iki gihe, naho Yezu yasubijeho ukudahumana n’ubumwe biranga ishengero rya gikirisu ry’ukuri, ako gatima ko kwicamwo imice karacariho. Ku bw’ivyo, uwo wese yoba afise agatima ko gukurikira akagwi k’abiyonkoye ngo batanguze umuce, arakwiye kugamburuka amajambo Yezu aca avuga, ati: “Niwigaye rero. Utabigize, ndaje kuri wewe ningoga, kandi nzorwana na bo nkoresheje ya nkota ndende yo mu kanwa kanje.”—Ivyahishuwe 2:16.

15. Ivyo kwicamwo imice bitangura gute?

15 None ivyo kwicamwo imice bitangura gute? Kumbure umuntu yigira umwigisha arashobora kubiba inkeka, agaharira ku nyigisho kanaka zo muri Bibiliya (nk’iy’uko turi mu misi y’iherezo), maze akagwi k’abantu biyonkoye kagaca kamukurikira. (2 Timoteyo 3:1; 2 Petero 3:3, 4) Canke na ho, umuntu arashobora gutora amahinyu ukuntu Yehova ayobora igikorwa ciwe, agashira imbere agatima ko kwibabarira avuga ko kwamamaza Ubwami inzu ku nzu bidashingiye ku Vyanditswe canke bitanakenewe. Iyaba abo bantu bagira uruhara muri ico gikorwa nk’uko Yezu n’intumwa ziwe babigize, vyobigishije kwicisha bugufi. Yamara bahitamwo kwiyonkora no kwiyorohereza, kumbure bakaza barasoma Bibiliya rimwerimwe bari mu mugwi wigenga. (Matayo 10:7, 11-13; Ivyakozwe 5:42; 20:20, 21) Usanga bifitiye ivyiyumviro vyabo ku bijanye n’Icibutso c’urupfu rwa Yezu, itegeko Bibiliya itanga ryo kwirinda amaraso, uguhimbaza imisi mikuru be n’ukunywa itabi. Vyongeye, barakengera izina rya Yehova, bidatevye bagaca bandukirwa n’agatima ko kurekerana ibintu karanga Babiloni Akomeye. N’ikibabaje kuruta, hari n’abo Shetani yosha guhindukira ‘bagakubita abashumba bagenzi babo,’ ni ukuvuga abahoze ari abavukanyi babo.—Matayo 24:49; Ivyakozwe 15:29; Ivyahishuwe 17:5.

16. (a) Ni kubera iki abahungabanywa n’akosho k’abahuni bakwiye kwigaya ningoga? (b) Ni ibiki bizoshikira abanka kwigaya?

16 Uwo wese ahungabanywa n’akosho k’abahuni akwiye kwitabira ningoga akamo Yezu amutera ko kwigaya! Dukwiye kwamirira kure ivyiyumviro vy’abahuni kuko ari ubumara bubi! Usanga bishingiye kw’ishari n’urwanko, bikaba bitandukanye n’ukuri kugororotse, kutanduye kandi kw’igikundiro Yezu yigisha ishengero ryiwe. (Luka 12:42; Abafilipi 1:15, 16; 4:8, 9) Abanka kwigaya na bo, emwe, Umukama Yezu ‘ararwana na bo akoresheje ya nkota ndende yo mu kanwa kiwe.’ Ubu ariko aragosora abantu biwe kugira akingire bwa bumwe yasenga asaba mw’ijoro rya nyuma yamaranye n’abigishwa biwe kw’isi. (Yohani 17:20-23, 26) Kubera ko abahuni batemera impanuro n’imfashanyo biranga urukundo bahabwa na za nyenyeri ziri mu kuboko kwiwe kw’ukuryo, Yezu arabacira urubanza maze akabahana “bimwe vya ruhasha” mu kubaterera mu “mwiza hanze.” Baracibwa kugira ntibabandanye gukora nk’umwambiro mu basavyi b’Imana.—Matayo 24:48-51; 25:30; 1 Abakorinto 5:6, 9, 13; Ivyahishuwe 1:16.

‘Manu yanyegejwe be n’akabuye kera’

17. Abakirisu barobanuwe ‘batsinda’ bazoronka impembo iyihe, kandi ni ibiki abakirisu b’i Perugamo bari bakeneye kwamirira kure?

17 Abo bose bumvira impanuro Yezu atanga biciye ku buyobozi bw’impwemu nyeranda ya Yehova bazoronka impembo ihambaye. Yezu avuga ati: “Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu ibwira amashengero: Uwutsinda nzomuha kuri manu yanyegejwe, kandi nzomuha akabuye kera, kuri nya kabuye hakaba handitseko izina rishasha ata n’umwe arizi atari uwurironka.” (Ivyahishuwe 2:17) Gutyo rero, nka kumwe kw’abakirisu b’i Simuruna, abakirisu b’i Perugamo baremeshwa ‘gutsinda.’ Kugira babishobore, abo bakirisu b’i Perugamo, ahari intebe ya Shetani, bategerezwa guhunga ugusenga ibigirwamana, bakamirira kure ubuhumbu, ukwicamwo imice n’ubuhuni bwa Balaki, Balamu be n’umuce wa Nikola. Babigenjeje gutyo, abo bakirisu barobanuwe bazohabwa ubutumire bwo gufungura kuri “manu yanyegejwe.” None ivyo bisobanura iki?

18, 19. (a) Ya manu Yehova yaha Abisirayeli yari iki? (b) Ni manu iyihe yari inyegejwe? (c) Bigereranya iki kurya kuri ya manu yanyegejwe?

18 Mu gihe ca Musa, Yehova yaratanze manu kugira agaburire Abisirayeli mu rugendo bagize mu bugaragwa. Iyo manu ntiyari inyegejwe kuko buri gitondo, uretse kw’Isabato, yaboneka ku gitangaro, nk’utubarafu tw’intimba ntonto dupfutse isi. Yari yatanzwe n’Imana kugira ibungabunge Abisirayeli. Yehova yategetse Musa ngo abike mukeyi kuri uwo “mukate” mu mubindi w’inzahabu muri ya sandugu y’isezerano ngo ube icibutso “mu mayaruka [ya Isirayeli] yose.”—Kuvayo 16:14, 15, 23, 26, 33; Abaheburayo 9:3, 4.

19 Mbega ikigereranyo kibereye! Iyo manu yari inyegejwe Aheranda Rwose h’itaberenakulo, aho umuco w’igitangaro ugereranya ukuhaba kwa Yehova waguma wakira hejuru y’umurumyo w’Isandugu. (Kuvayo 26:34) Nta n’umwe yari yemerewe kwinjira aho hantu heranda ngo arye iyo manu yanyegejwe. Ariko rero, Yezu yavuze ko abayoboke biwe barobanuwe batsinda, boriye kuri iyo “manu yanyegejwe.” Cokimwe na Kristu uwabitangiye imbere, “[ntibinjira] ahantu heranda hakozwe n’amaboko, aho hakaba ari ikigereranyo c’ahantu nyaho, ahubwo [binjira] mw’ijuru ubwaho.” (Abaheburayo 9:12, 24) Iyo bazutse, baca bambara ukutabora be n’ukudapfa, kikaba ari ikintu kidasanzwe bahabwa na Yehova kigereranywa no guhabwa kuri iyo “manu yanyegejwe” itabora. Ese ukuntu ari agateka ku bagize uwo mugwi mutoyi w’abatahukana intsinzi!—1 Abakorinto 15:53-57.

20, 21. (a) Guhabwa akabuye kera bisobanura iki ku bakirisu barobanuwe? (b) Ko hari utubuye twera 144.000 gusa, abagize rya sinzi rinini bobo bafise icizigiro ikihe?

20 Abo kandi bararonka “akabuye kera.” Mu masentare y’Abaroma, utubuye twarakoreshwa mu kumenyesha icavuye mu rubanza. Akabuye kera kasobanura ko wambitswe izera, akirabura na ko kagasobanura ko watsinzwe, akenshi ukaba waciriwe urwo gupfa. Ukuba Yezu aha “akabuye kera” abakirisu b’i Perugamo vyerekana yuko abona ko ari intungane, batyoroye kandi batanduye. Ariko rero amajambo ya Yezu yoshobora kuba afise n’iyindi nsobanuro. Mu gihe c’Abaroma, utubuye kandi twarakoreshwa nk’itike itanga uburenganzira bwo kwinjira ahabera ibirori bidasanzwe. Ku bw’ivyo, akabuye kera koshobora gusobanura ikintu kidasanzwe ku mukirisu yarobanuwe atahukana intsinzi, na co kikaba ari uguhabwa ikibanza c’iteka mw’ijuru ku bugeni bwa wa Mwagazi w’intama. Utubuye 144.000 mwene utwo ni two gusa dutangwa.—Ivyahishuwe 14:1; 19:7-9.

21 Ivyo none vyoba bisobanura ko hari ico bakuryanye nimba uri muri rya sinzi rinini? Habe namba! Naho udahabwa akabuye kera kaguha uburenganzira bwo kwinjira mw’ijuru, wihanganye woshobora kurengana ya makuba akomeye, ugaterwa agateka ko kugira uruhara mu gikorwa gihimbaye co guhindura isi Iparadizo. Uzoba uri kumwe n’abandi basavyi b’Imana b’intahemuka babayeho imbere y’ubukirisu hamwe n’abandi bo mu bagize izindi ntama bapfuye mu bihe vya vuba. Amaherezo, abandi bapfuye bose bacunguwe bazozurwa bibere kw’isi y’iparadizo.—Zaburi 45:16; Yohani 10:16; Ivyahishuwe 7:9, 14.

22, 23. Izina ryanditse ku kabuye gahabwa abakirisu barobanuwe risobanura iki, kandi ni mu buryo ki ivyo biremesha?

22 Iryo zina rishasha ryanditse kuri ako kabuye risobanura iki? Izina rirafasha kumenya umuntu no kumutandukanya n’abandi. Ako kabuye abakirisu barobanuwe bakaronka igihe barangije ubuzima bwabo kw’isi ari abizigirwa. Biragaragara rero ko izina riri kuri ako kabuye rifitaniye isano n’agateka baterwa ko kwifatanya na Yezu mw’ijuru, rikaba ari ibanga ridasanzwe ry’umurimo wa cami ritahurwa mu buryo bushitse n’abaragwa Ubwami bwo mw’ijuru bonyene. Ku bw’ivyo rero, ni izina, canke ukugenwa mw’ibanga, “ata n’umwe arizi atari uwurironka.”—Gereranya n’Ivyahishuwe 3:12.

23 Ese ukuntu ivyo biremesha abagize umugwi wa Yohani “[kwumviriza ivyo] impwemu ibwira amashengero” no kubishira mu ngiro! Vyongeye, ese ukuntu ivyo biremesha bagenzi babo bagize isinzi rinini gukorana na bo badahemuka magingo bakiri kumwe na bo ng’aha kw’isi, bakifatanya mu kumenyekanisha Ubwami bwa Yehova!

[Akajambo k’epfo]

a Raba kandi 1 Abakorinto 3:3, 4, 18, 19; 2 Abakorinto 11:13; Abagalatiya 4:9; Abanyefeso 4:14, 15; Abafilipi 3:18, 19; Abakolosayi 2:8; 1 Abatesalonika 3:5; 2 Abatesalonika 2:1-3; 1 Timoteyo 6:3-5; 2 Timoteyo 2:17; 4:3, 4; Tito 1:13, 14; 3:10; Abaheburayo 10:26, 27.

[Amafoto ku rup. 43]

Aya mashusho yo mu bubiko bw’ivya kera (Pergamon Museum) buri i Berlin arerekana ko ugusenga kwa gipagani kwari kwiraye i Perugamo

[Ifoto ku rup. 45]

Manu yari inyegejwe mw’isandugu y’isezerano. Ku bakirisu barobanuwe batahukana intsinzi, guhabwa manu yanyegejwe bisobanura guhabwa ukudapfa

[Ifoto ku rup. 45]

Akabuye kera gahabwa abatumiwe ku bugeni bwa wa Mwagazi w’intama

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika