ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • re ikig. 12 rup. 58-65
  • “Bandanya kugumya ico ufise”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Bandanya kugumya ico ufise”
  • Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Urupfunguruzo rwa Dawidi”
  • “Bazokwunamira”
  • “Isaha y’ukugeragezwa”
  • “Umuryango wuguruye”
  • Imihezagiro abatsinda bironkera
  • Niwumve ico Impwemu ivuga!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Urusengero rwo mu vy’Impwemu Ruhambaye Rwa Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Barabonwa ko babereye kuronka Ubwami
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ubuyobozi bwa Gitewokarasi mu Kiringo c’Abakirisu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
Ibindi
Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
re ikig. 12 rup. 58-65

Ikigabane ca 12

“Bandanya kugumya ico ufise”

FILADELUFIYA

1. Ubutumwa bwa Yezu bugira gatandatu abushikiriza ishengero ryo mu gisagara ikihe, kandi izina ryaco risobanura iki?

UKWIYUMVAMWO ABAVUKANYI. Ese ukuntu iyo ari kamere y’igikundiro! Nta gukeka ko Yezu ari yo afise mu bwenge igihe atanga ubutumwa bwiwe bugira gatandatu, ubwo ashikiriza ishengero ry’i Filadelufiya, narirya iryo zina risobanura ngo “ukwiyumvamwo abavukanyi.” Umutama Yohani aracibuka ca gihe Petero yasubiramwo incuro zitatu abwira Yezu Umukama wiwe ko amwiyumvamwo, hakaba haciye imyaka irenga 60. (Yohani 21:15-17) Abakirisu b’i Filadelufiya, boba bariko baragaragaza iyo kamere ku ruhande rwabo? Biboneka ko ari ko biri!

2. Filadelufiya cari igisagara kimeze gute, ishengero ryaho ryari ryifashe gute kandi ni ibiki Yezu abwira umumarayika w’iryo shengero?

2 Igisagara ca Filadelufiya co mu gihe ca Yohani, ikiri nko ku bilometero 50 mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Sarudi (ahari igisagara co muri Tirkiya citwa Alasehir), ni igisagara cifashe. Ariko rero icibonekeza kuruta, ni ukuntu ishengero rya gikirisu ryaho ryifashe neza. Ese ukuntu babwirizwa kuba bakiranye umunezero umusuku yabagendeye, kumbure avuye i Sarudi! Ubutumwa abazaniye burimwo impanuro zikora ku mutima. Ariko imbere ya vyose, bwerekeza ku bukuru bwa nyene kuburungika ahambaye. Avuga ati: “Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya na we uti: Ibi ni vyo avuga wa wundi ari mweranda, wa wundi w’ukuri, wa wundi afise urupfunguruzo rwa Dawidi, wa wundi yugurura ku buryo ata n’umwe yugara, kandi yugara ku buryo ata n’umwe yugurura.”—Ivyahishuwe 3:7.

3. Kubera iki bibereye ko Yezu yitwa “mweranda,” kandi ni mu buryo ubuhe ari “uw’ukuri”?

3 Yohani yari yarumvise Petero abwira Yezu Kristu ati: “Wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera; kandi twaremeye, turamenya yuko uri Umweranda w’Imana.” (Yohani 6:68, 69) Kubera ko Yehova Imana ari we sôko ry’ubweranda, Umwana wiwe w’ikinege na we nyene ategerezwa kuba ari “mweranda.” (Ivyahishuwe 4:8) Yezu kandi ni “uw’ukuri.” Ijambo ry’ikigiriki (a·le·thi·nosʹ) ryakoreshejwe ng’aho risobanura ikintu atari ic’uruhendo. Ni ukuvuga ko Yezu ari umuco w’ukuri n’umukate w’ukuri wamanutse uva mw’ijuru. (Yohani 1:9; 6:32) Ni we muzabibu w’ukuri. (Yohani 15:1) Yezu kandi ni uw’ukuri kubera yuko ari uwo kwizigirwa. Yama avuga ukuri. (Raba Yohani 8:14, 17, 26.) Birabereye vy’ukuri ko uwo Mwana w’Imana aba Umwami n’Umucamanza.—Ivyahishuwe 19:11, 16.

“Urupfunguruzo rwa Dawidi”

4, 5. “Urupfunguruzo rwa Dawidi” rwari rufitaniye isano n’isezerano irihe?

4 Yezu afise “urupfunguruzo rwa Dawidi.” Mu kurukoresha, “yugurura ku buryo ata n’umwe yugara, kandi yugara ku buryo ata n’umwe yugurura.” None urwo “rupfunguruzo rwa Dawidi” ni iki?

5 Umwami Dawidi wa Isirayeli ni we Yehova yasezeraniye ubwami bw’ibihe bidahera. (Zaburi 89:1-4, 34-37) Abo mu muryango wa Dawidi barategetse bari ku ntebe y’ubwami ya Yehova i Yeruzalemu kuva mu 1070 gushika mu 607 B.G.C., ariko Imana yaciye ishitsa urubanza yaciriye ubwo bwami kubera bwari busigaye bukora ibibi. Gutyo, Yehova yaratanguye kurangura ubuhanuzi yavuze buri muri Ezekiyeli 21:27, bugira buti: “Nzokigira [ni ukuvuga Yeruzalemu yo kw’isi] umusaka, umusaka, umusaka. Ico kandi [ni ukuvuga agakoni k’ubutware k’abami bo mu muryango wa Dawidi], ni ukuri nta we kizokwegukira gushika haje uwubifitiye uburenganzira ahabwa n’amategeko, kandi sinzobura kukimuha.”

6, 7. Umwe afise “uburenganzira ahabwa n’amategeko” yobonetse ryari kandi gute?

6 None uwo afise “uburenganzira ahabwa n’amategeko” yobonetse ryari kandi gute? Ako gakoni k’ubutware k’ubwami bwa Dawidi koko yogahawe gute?

7 Haciye nk’imyaka 600, umwigeme w’Umuyudakazi yitwa Mariya wo mu muryango w’Umwami Dawidi yarasamye inda biciye ku mpwemu nyeranda. Imana yararungitse umumarayika Gaburiyeli kugira amenyeshe Mariya yuko yovyaye umuhungu akamwita Yezu. Gaburiyeli yongeyeko ati: “Uyo azoba mukuru kandi azokwitwa Umwana wa Musumbavyose; kandi Yehova Imana azomuha intebe y’ubwami ya Dawidi se wiwe, kandi azoganza inzu ya Yakobo ibihe vyose, kandi ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo.”—Luka 1:31-33.

8. Yezu yerekanye gute ko akwije ibisabwa kugira aragwe ubwami bwa Dawidi?

8 Igihe Yezu yabatizwa mu Ruzi Yorodani mu 29 G.C. maze akarobanuzwa impwemu nyeranda, yaciye aba Umwami yagenywe wo mu muryango wa Dawidi. Yarerekanye umwete w’akarorero mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami yongera ashinga abigishwa biwe kurangura ico gikorwa nyene. (Matayo 4:23; 10:7, 11) Yezu yaricishije bugufi aremera no gupfira ku giti co kubabarizwako, aba yerekanye ko akwije ibisabwa kugira aragwe ubwami bwa Dawidi. Yehova yaramuzuye amugira ikiremwa c’impwemu kidapfa maze amutera iteka mu kumushira iburyo bwiwe mw’ijuru. Yaciye aba samuragwa w’ubwami bwa Dawidi. Igihe kigeze, Yezu yokoresheje uburenganzira afise bwo ‘kuganza hagati y’abansi biwe.’—Zaburi 110:1, 2; Abafilipi 2:8, 9; Abaheburayo 10:13, 14.

9. Ni mu buryo ki Yezu akoresha rwa rupfunguruzo rwa Dawidi mu kwugurura no mu kwugara?

9 Mu kurindira, Yezu yokoresheje rwa rupfunguruzo rwa Dawidi mu gutuma abantu baronka uturyo two kwungukira ku Bwami bw’Imana no guterwa uduteka tujanye na bwo. Biciye kuri Yezu, Yehova yorokoye abakirisu barobanuwe bari kw’isi “a[kaba]kiza ububasha bw’umwiza,” akabimurira “mu bwami bw’Umwana w’urukundo rwiwe.” (Abakolosayi 1:13, 14) Urwo rupfunguruzo rwokoreshejwe kandi mu gutuma umuntu wese ahemutse ataronka utwo duteka. (2 Timoteyo 2:12, 13) Kubera ko uwo samuragwa yamaho w’ubwami bwa Dawidi ashigikiwe na Yehova, nta kiremwa na kimwe gishobora kumubuza kurangura ivyo bikorwa.—Gereranya na Matayo 28:18-20.

10. Ni indemesho iyihe Yezu aha ishengero ry’i Filadelufiya?

10 Amajambo Yezu abwira abakirisu b’i Filadelufiya ategerezwa kuba abahumuriza cane kubera avuye ku muntu afise ububasha nk’ubwo! Arabakeza ati: “Ndazi ibikorwa vyawe—ehe nshize imbere yawe umuryango wuguruye, uwo ata n’umwe ashobora kwugara—yuko ufise ububasha bukeyi, ukaba waragumije ijambo ryanje, ukaba kandi utihakanye izina ryanje.” (Ivyahishuwe 3:8) Iryo shengero ryari rifise umwete, kandi ryarugururiwe umuryango, ata gukeka akaba ari umuryango uja ku gikorwa c’ubwami. (Gereranya na 1 Abakorinto 16:9; 2 Abakorinto 2:12.) Ni co gituma Yezu aremesha iryo shengero kutagisha akaryo na kamwe ko kwamamaza. Barihanganye bongera barerekana ko bafise inkomezi zihagije zo kubandanya gukora “ibikorwa” vyiyongereye mu murimo wa Yehova babifashijwemwo n’impwemu yiwe. (2 Abakorinto 12:10; Zekariya 4:6) Baragamburutse amategeko ya Yezu kandi ntibihakanye Kristu, haba mu mvugo canke mu ngiro.

“Bazokwunamira”

11. Ni umuhezagiro uwuhe Yezu asezeranira abo bakirisu, kandi ivyo vyarangutse gute?

11 Yezu rero abasezeranira ko hazovamwo ivyiza, ati: “Ehe nzotanga abo mw’isinagogi ya Shetani bavuga ko ari Abayuda yamara atari bo, ahubwo babesha—ehe nzotuma baza bikubite imbere y’ibirenge vyawe nongere ndabamenyeshe yuko nagukunze.” (Ivyahishuwe 3:9) Nka kumwe kw’i Simuruna, iryo shengero rishobora kuba ryaratezwa ingorane n’Abayuda bo ng’aho. Yezu abita “isinagogi ya Shetani.” Ariko rero, n’imiburiburi bamwebamwe muri abo Bayuda baratanguye kubona ko ivyo abakirisu bamamaza ku bijanye na Yezu ari ukuri. Bashobora kuba “bikubi[ta] imbere” y’iryo shengero mu buryo buhuye n’ivyo Paulo yavuze mu 1 Abakorinto 14:24, 25, bakigaya maze bakaba abakirisu, bagatahura neza urukundo rukomeye Yezu yagaragaje mu kwigura abigishwa biwe.—Yohani 15:12, 13.

12. Kubera iki abo mw’isinagogi y’Abayuda y’i Filadelufiya bokubiswe n’inkuba bumvise ko bamwebamwe muri bo ‘bokwunamiye’ abakirisu bo ng’aho?

12 Abo mw’isinagogi y’Abayuda y’i Filadelufiya kumbure bokubiswe n’inkuba bumvise ko bamwebamwe muri bo ‘bokwikubise imbere’ y’abakirisu baho. Narirya benshi mu bagize iryo shengero batari Abayuda, bokwiteze igihushane c’ivyo. Uti kubera iki? Kubera ko Yesaya yari yaravuze ati: “Abami [atari Abayuda] bazokubera ababungabunzi, abaganwakazi babo na bo bakubere abarezi. Bazokwunamira bubarare hasi.” (Yesaya 49:23; 45:14; 60:14) Na Zekariya yari yarahumekewe kwandika ati: “Muri iyo misi, abantu cumi [atari Abayuda] bo mu ndimi zose z’amahanga bazofata koko impuzu y’Umuyuda, bavuge bati: ‘Turajana, kuko twumvise yuko Imana iri kumwe namwe.’” (Zekariya 8:23) Ego cane, abatari Abayuda ni bo bobwirijwe kwunamira Abayuda, si igihushane c’ivyo!

13. Ni Abayuda abahe bokwiboneye iranguka ry’ubuhanuzi bwerekeye Isirayeli ya kera?

13 Ubwo buhanuzi bwari bwerekeye ihanga Imana yatoranije. Igihe bwavugwa, Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri yari ifise ikibanza c’icubahiro. Ariko igihe ihanga ry’Abayuda ryatera akagere Mesiya, Yehova yaciye abaheba. (Matayo 15:3-9; 21:42, 43; Luka 12:32; Yohani 1:10, 11) Kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., yaciye abasubiriza Isirayeli y’ukuri y’Imana, ni ukuvuga ishengero rya gikirisu. Abarigize ni Abayuda bo mu buryo bw’impwemu bafise ukugenyerwa nyakwo kw’umutima. (Ivyakozwe 2:1-4, 41, 42; Abaroma 2:28, 29; Abagalatiya 6:16) Inyuma y’aho, inzira yonyene Abayuda bo ku mubiri bari gucamwo kugira basubire gutoneshwa na Yehova kwobaye ukwizera Yezu we Mesiya. (Matayo 23:37-39) Biboneka ko ivyo ari vyo bamwebamwe mu Bayuda b’i Filadelufiya bari biteguriye kugira.a

14. Ibivugwa muri Yesaya 49:23 no muri Zekariya 8:23 vyarangutse gute bimwe biboneka mu bihe vya none?

14 Mu bihe vya none, ubuhanuzi nk’ubwo muri Yesaya 49:23 no muri Zekariya 8:23 bwararangutse bimwe biboneka. Igikorwa co kwamamaza kirangurwa n’abagize umugwi wa Yohani carafashije amasinzi y’abantu kwinjira mu muryango wuguruye uja ku gikorwa c’Ubwami.b Benshi muri bo bavuye mu madini y’abiyita abakirisu yivugisha ko agize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu. (Gereranya n’Abaroma 9:6.) Abo bantu bagize isinzi rinini baramesura amakanzu yabo bakayeza mu kwizera amaraso y’incungu ya Yezu. (Ivyahishuwe 7:9, 10, 14) Baragamburukira ubutegetsi bwa cami bwa Kristu, bakaba biteze gutorana imihezagiro buzozana ng’aha kw’isi. Baraza aho bene wabo na Yezu barobanuwe bari, ‘bakabunamira’ mu buryo bw’ikigereranyo, kubera ‘bumvise yuko Imana iri kumwe na bo.’ Barasukurira abo bakirisu barobanuwe, bakifatanya na bo mu muryango ukwiye kw’isi yose w’abavukanyi.—Matayo 25:34-40; 1 Petero 5:9.

“Isaha y’ukugeragezwa”

15. (a) Yezu yasezeraniye iki abakirisu b’i Filadelufiya, kandi baremeshejwe gukora iki? (b) Ni “urugori” nyabaki abo bakirisu bari biteze kuronka?

15 Yezu abandanya kuvuga ati: “Ko wagumije ijambo ryerekeye ukwihangana kwanje, nanje nzokurinda isaha y’ukugeragezwa, iyibwirizwa kuza kw’isi yose, kugerageza ababa kw’isi. Ndaje ningoga. Bandanya kugumya ico ufise, kugira ngo ntihagire umuntu n’umwe atwara urugori rwawe.” (Ivyahishuwe 3:10, 11) Naho abakirisu bo mu gihe ca Yohani batoramvye gushika mu kiringo c’umusi w’Umukama (uwatanguye mu 1914), icizigiro c’uko Yezu ariko araza cobahaye ingoga zo kubandanya bamamaza. (Ivyahishuwe 1:10; 2 Timoteyo 4:2) Urwo “rugori,” ni ukuvuga agashimwe k’ubuzima budahera, rwari rubarindiriye mw’ijuru. (Yakobo 1:12; Ivyahishuwe 11:18) Babaye intahemuka gushika ku rupfu, nta n’umwe yobatse iyo mpera.—Ivyahishuwe 2:10.

16, 17. (a) ‘Isaha y’ukugeragezwa ibwirizwa kuza kw’isi yose’ ni iki? (b) Abarobanuwe bari bifashe gute igihe “isaha y’ukugeragezwa” yatangura?

16 Iyo “saha y’ukugeragezwa” yoyo ni iki? Nta gukeka ko abo bakirisu bo muri Aziya babwirizwa kwihanganira urundi ruhamo rukaze batejwe n’inganji y’Uburoma.c Ariko rero, iranguka nyamukuru ryerekeza kw’isaha yo kugosora no guca urubanza yahavuye ishika mu kiringo c’umusi w’Umukama, canecane kuva mu 1918. Ukwo kugeragezwa kwokwerekanye nimba umuntu ashigikira Ubwami bw’Imana bwashinzwe canke isi ya Shetani. Ubiravye womenga ni ikiringo kigufi, ni ukuvuga “isaha,” ariko ntikirarangira. Ku bw’ivyo, ntidukwiye kwigera twibagira ko tubayeho mu kiringo kigereranywa n’“isaha y’ukugeragezwa.”—Luka 21:34-36.

17 Mu 1918, abakirisu barobanuwe bagize umugwi wa Yohani, cokimwe n’iryo shengero rishikamye ry’i Filadelufiya, babwirijwe guhangana n’uruhamo batezwa n’“isinagogi ya Shetani” yo mu bihe vya none. Indongozi z’amadini y’abiyita abakirisu, abivugisha ko ari Abayuda bo mu buryo bw’impwemu, baragiye mu matwi abategetsi ngo batuze abakirisu b’ukuri. Naho ari ukwo, barinanase ‘baragumya ijambo ry’ukwihangana kwa Yezu.’ Ku bw’ivyo, babikesheje imfashanyo yo mu vy’impwemu, ni ukuvuga “ububasha bukeyi” ariko bukomeye, bararokotse maze barinjira mu muryango wari wuguruye imbere yabo. Uti mu buryo ki?

“Umuryango wuguruye”

18. Ni ibanga irihe Yezu yatanze mu 1919, kandi ni mu buryo ki abarihawe babaye nka wa mubwiriza w’umwizigirwa wa Hezekiya?

18 Mu 1919 Yezu yarashikije ivyo yari yarasezeranye, aremera ko uwo mugwi mutoyi w’abakirisu barobanuwe vy’ukuri ari bo bagize “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” akoresha. (Matayo 24:45-47) Abo baratewe agateka nka kamwe wa mubwiriza w’umwizigirwa Eliyakimu yaterwa ku ngoma y’Umwami Hezekiya.d Ku bijanye na Eliyakimu, Yehova yavuze ati: “Nzoshira urupfunguruzo rw’inzu ya Dawidi ku rutugu rwiwe, kandi azokwugurura ntihagire uwugara, yugare ntihagire uwugurura.” Hezekiya umwana w’Umwami Dawidi yari yarajeje Eliyakimu amabanga aremereye. No muri iki gihe, abarobanuwe bagize umugwi wa Yohani bashizwe ku rutugu “urupfunguruzo rw’inzu ya Dawidi” mu buryo bw’uko bajejwe kwitwararika ivyo Umwami Mesiya atunze hano kw’isi. Yehova yarakomeje abasavyi biwe ku bw’ako gateka, arongereza ububasha bukeyi bari bafise bucika inguvu zikomeye zibashoboza kurangura igikorwa amahero co gushinga intahe kw’isi yose.—Yesaya 22:20, 22; 40:29.

19. Abagize umugwi wa Yohani baranguye gute amabanga Yezu yabajeje mu 1919, kandi havuyemwo iki?

19 Kuva mu 1919, amasigarira y’abarobanuwe yariganye akarorero ka Yezu mu kugira amasekeza yo kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami n’ubwira bwinshi. (Matayo 4:17; Abaroma 10:18) Ivyo vyatumye bamwebamwe mu bagize isinagogi ya Shetani yo mu gihe ca none, ni ukuvuga abiyita abakirisu, baza kuri ayo masigarira y’abarobanuwe, barigaya maze ‘barunama’ baremera icese ubukuru bwa wa mushumba. Na bo nyene baraje gukorera Yehova bifatanije n’abo mu mugwi wa Yohani bababoneye izuba. Ivyo vyarabandanije gushika igitigiri ca bene wabo na Yezu barobanuwe gikwiye. Inyuma y’aho, abagize “isinzi rinini . . . bo mu mahanga yose” baraje ‘kwunamira’ uwo mushumba yarobanuwe. (Ivyahishuwe 7:3, 4, 9) Bose hamwe, uwo mushumba n’iryo sinzi rinini, basukura ari Ivyabona vya Yehova bagize ubusho bumwe.

20. Ni kubera iki Ivyabona vya Yehova babwirizwa gukomera mu kwizera no kugira umwete mu murimo w’Imana canecane muri iki gihe?

20 Ivyabona vya Yehova baratahura ko igikorwa barangura co kwamamaza cihutirwa, bakaba bunze ubumwe mu mugozi w’urukundo nyakuri rwa kivukanyi nk’abakirisu b’i Filadelufiya. Vuba, amakuba akomeye agiye gutangura, abe ikimenyetso c’uko isi mbi ya Shetani igira iveho. Ese ico gihe cogera umwe wese muri twebwe akomeye mu kwizera kandi afise umwete mu murimo w’Imana, ku buryo amazina yacu adahanagurwa mu gitabu c’ubuzima ca Yehova. (Ivyahishuwe 7:14) Nimuze dufate nkama impanuro Yezu yahaye ishengero ry’i Filadelufiya, twumire ku duteka tw’umurimo twashinzwe maze twironkere ya mpera y’ubuzima budahera.

Imihezagiro abatsinda bironkera

21. Muri iki gihe, ni mu buryo ki abarobanuwe ‘bagumije ijambo ryerekeye ukwihangana kwa Yezu,’ kandi ni impera iyihe ibarindiriye?

21 Muri ibi bihe, abagize umugwi wa Yohani ‘baragumije ijambo ryerekeye ukwihangana kwa Yezu,’ bikaba bisobanura ko biganye akarorero kiwe bongera barihangana. (Abaheburayo 12:2, 3; 1 Petero 2:21) Ku bw’ivyo, bararemeshejwe cane n’amajambo Yezu aca abwira ishengero ry’i Filadelufiya, ati: “Uwutsinda—nzomugira inkingi mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazogenda yongeye gusohoka ngo aruvemwo.”—Ivyahishuwe 3:12a.

22. (a) Urusengero rw’Imana ya Yezu ni iki? (b) Ni mu buryo ki abarobanuwe batsinda bazoba inkingi muri urwo rusengero?

22 Ese ukuntu ari agateka kuba inkingi mu rusengero rwa Yehova! Muri Yeruzalemu ya kera, urusengero rwari intimatima y’ugusenga Yehova. Aho mu rusengero, umuherezi mukuru yarashikana amaraso y’ibimazi rimwe mu mwaka, imbere ya wa muco w’igitangaza wagereranya ukuhaba kwa Yehova “Aheranda Rwose.” (Abaheburayo 9:1-7) Igihe Yezu yabatizwa, haratanguye urundi rusengero, urusengero rwo mu buryo bw’impwemu rwo gusengeramwo Yehova. Aheranda rwose h’urwo rusengero ni mw’ijuru, aho Yezu yarengutse mu buryo bubereye “imbere y’Imana.” (Abaheburayo 9:24) Yezu ni we Muherezi Mukuru, kandi yashikanye ikimazi kimwe gusa kugira akureho buhere ibicumuro, ico kimazi akaba ari amaraso yiwe atagira akanenge. (Abaheburayo 7:26, 27; 9:25-28; 10:1-5, 12-14) Igihe abakirisu barobanuwe bari kw’isi bagumye ari abizigirwa, baguma basukura nk’abaherezi batobato mu bigo vyo kw’isi vy’urwo rusengero. (1 Petero 2:9) Ariko igihe batsinze, na bo nyene baca binjira aheranda rwose ho mw’ijuru bakaba nk’inkingi ntayegayezwa z’urusengero rwo gusengeramwo Imana. (Abaheburayo 10:19; Ivyahishuwe 20:6) Nta bwoba bagira ngo ‘bazongera gusohoka baruvemwo.’

23. (a) Ni umuhango uwuhe Yezu aca aha abakirisu barobanuwe batsinda? (b) Kuba bandikwako izina rya Yehova n’irya Yeruzalemu nshasha bizovamwo iki?

23 Yezu abandanya ati: “Kandi nzomwandikako izina ry’Imana yanje n’izina ry’igisagara c’Imana yanje, ari co Yeruzalemu nshasha imanuka iva mw’ijuru ku Mana yanje, be na rya zina ryanje rishasha.” (Ivyahishuwe 3:12b) Ego cane, abo bakirisu batahukana intsinzi barandikwako izina rya Yehova Imana yabo ikaba n’iya Yezu. Ivyo birerekana neza ko Yehova na Yezu batandukanye, si babiri mu baperesona batatu bagize Imana imwe. (Yohani 14:28; 20:17) Ivyaremwe vyose bitegerezwa kumenya ko abo bakirisu barobanuwe begukira Yehova. Ni ivyabona vyiwe. Barandikwako kandi izina rya Yeruzalemu nshasha, ico gisagara co mw’ijuru kikaba kimanuka mu buryo bw’uko intwaro yaco nziza ishika ku bantu bose b’intahemuka. (Ivyahishuwe 21:9-14) Gutyo, abakirisu bose bo kw’isi bagereranywa n’intama na bo nyene bazomenya ko abo barobanuwe batahukana intsinzi ari abenegihugu b’Ubwami, ari bwo Yeruzalemu yo mw’ijuru.—Zaburi 87:5, 6; Matayo 25:33, 34; Abafilipi 3:20; Abaheburayo 12:22.

24. Iryo zina rya Yezu rishasha rigereranya iki, kandi ni mu buryo ki ryandikwa ku bakirisu barobanuwe b’intahemuka?

24 Ubwa nyuma, abo bakirisu barobanuwe batahukana intsinzi bandikwako izina rishasha rya Yezu. Iryo zina rifitaniye isano n’ibanga rishasha rya Yezu be n’uduteka tudasanzwe Yehova yamuhaye. (Abafilipi 2:9-11; Ivyahishuwe 19:12) Nta wundi n’umwe azi iryo zina mu buryo bw’uko ata wundi yaciye mu bintu nk’ivyo canke yatewe utwo duteka. Ariko rero, igihe Yezu yandika izina ryiwe kuri bene wabo b’intahemuka, baca bagiranira na we ubucuti somambike aho mw’ijuru, mbere bagasangira na we uduteka yatewe. (Luka 22:29, 30) Ntibitangaje kubona Yezu asozera ubutumwa ashikiriza abo bakirisu barobanuwe mu gusubiramwo iyi mpanuro igira iti: “Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu ibwira amashengero.”—Ivyahishuwe 3:13.

25. Umukirisu wese ku giti ciwe yoshira mu ngiro gute ingingo ngenderwako ziri mu mpanuro Yezu yahaye ishengero ry’i Filadelufiya?

25 Ese ukuntu ubwo butumwa butegerezwa kuba bwararemesheje cane abakirisu b’intahemuka b’i Filadelufiya! Vyongeye, nta gukeka ko burimwo icigwa gikomeye ku bagize umugwi wa Yohani muri iki kiringo c’umusi w’Umukama. Ariko rero ingingo ngenderwako ziri muri bwo zirahambaye ku mukirisu wese, yaba uwo mu barobanuwe canke mu zindi ntama. (Yohani 10:16) Vyoba vyiza umwe wese muri twebwe abandanije kwama ivyamwa vy’Ubwami nk’abo bakirisu b’i Filadelufiya. Twese turafise n’imiburiburi ububasha bukeyi. Nta n’umwe muri twebwe yobura ico akora mu murimo wa Yehova. Nimuze dukoreshe ubwo bubasha rero! Ku bijanye n’uduteka twiyongereye mu murimo w’Ubwami, nimuze ntihagire akaryo na kamwe tugisha. Turashobora no gusaba Yehova akaturonsa uturyo mwene utwo. (Abakolosayi 4:2, 3) Nitwigana akarorero k’ukwihangana kwa Yezu kandi ntitwihakane izina ryiwe, tuzoba twerekanye ko na twebwe dufise ugutwi kwumva ico impwemu nyeranda y’Imana ibwira amashengero.

[Utujambo tw’epfo]

a Mu gihe ca Paulo, Sositene umukuru w’isinagogi y’Abayuda y’i Korinto yaracitse umukirisu.—Ivyakozwe 18:17; 1 Abakorinto 1:1.

b Ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi gisohorwa n’abagize umugwi wa Yohani camye cerekana ko vyihutirwa kutagisha ako karyo maze tukagira uruhara rwuzuye mu gikorwa co kwamamaza. Raba nk’akarorero ikiganiro kivuga ngo “Vyose nibimenyekanishe ubuninahazwa bwa Yehova” n’ikivuga ngo “Ijwi ryavyo ryumvikanye mw’isi yose” vyasohotse mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 2004. Ikiganiro kivuga ngo “Abaninahaza Imana barahezagirwa” co mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi 2004 carashimitse ku bijanye no kwinjira mu “muryango wuguruye” uja mu murimo w’igihe cose. Mu mwaka wa 2011, incahagati y’abamamaji 1.362.755 ni bo bakoze uwo murimo.

c Igitabu kimwe (Cyclopedia) c’uwitwa McClintock na Strong (Igitabu ca 10, urupapuro rwa 519) kivuga giti: “Abami b’abami ntibari kureka kubona nabi ubukirisu kuko abaherezi b’abapagani bagumura abanyagihugu bitumwe n’uko ubukirisu bwariko buratera imbere bimwe biteye akoba. Ni co gituma Trajan [uwabayeho 98-117 G.C.] yaciye asohora amategeko yo gutuza intambwe ku yindi iyo nyigisho nshasha yatuma abantu banka ibimana. Intwaro ya Pline le Jeune buramatari w’intara ya Bitiniya [iyari amaja mu buraruko ku rubibe rw’intara y’Abaroma yo muri Aziya] yaravuruzwe n’ibibazo vyaterwa n’ikwiragira ryihuta ry’ubukirisu be n’ishavu ico kintu catera mu banyagihugu b’abapagani bo mu ntara yiwe.”

d Izina Hezekiya risobanura ngo “Yehova arakomeza.”

[Uruzitiro ku rup. 63]

Barafasha benshi kwunama

Mu bantu 144.000 barobanuwe ngo bazoragwe Ubwami bwo mw’ijuru, biboneka ko amasigarira, ni ukuvuga abagize umugwi wa Yohani nka 11.000 ari bo batararangiza ubuzima bwabo bwo kw’isi. Abagize rya sinzi rinini bobo bagumye biyongera, ubu bakaba barenga 7.000.000. (Ivyahishuwe 7:4, 9) Ni igiki catumye haba iryo yongerekana rikomeye? Amashure atandukanye atunganywa n’Ivyabona vya Yehova yarabigizemwo uruhara runini. Ayo mashure aratandukanye cane n’amaseminari y’abiyita abakirisu yigisha ivyiyumviro vy’abantu kandi agatesha agaciro Bibiliya, kuko yoyo aremesha kwizigira cane Ijambo ry’Imana. Arerekana ingene Bibiliya ishobora kudufasha kubaho dutyoroye, twigenza runtu kandi dukorera Imana n’umwete. Kuva mu 1943, amashengero yose y’Ivyabona vya Yehova hirya no hino kw’isi aragira Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu Ngoro z’Ubwami. Abantu amamiliyoni baritaba iryo shure buri ndwi, bagakurikira porogarama imwe y’ukwiga Bibiliya.

Kuva mu 1959, Ivyabona vya Yehova baragira kandi Amashure y’ubusuku bw’Ubwami amenyereza abakurambere n’abakozi b’ishengero. Kuva mu 1977 na ho, Amashure y’umurimo w’abatsimvyi yaramenyereje abavukanyi na bashiki bacu ibihumbi amajana basukurira Yehova igihe cose mu gikorwa co kwamamaza babigiranye agatima nka kamwe k’Abanyafiladelufiya. Mu 1987, rya Shure rimenyereza abasuku, ubu rikaba ryitwa Ishure ry’ivya Bibiliya ry’abavukanyi batubatse, ryaratangujwe kugira rimenyereze abavukanyi kurangura amabanga adasanzwe mu gikorwa co mu ndimiro.

Iryibonekeje mu mashure yatunganijwe n’Ivyabona vya Yehova, ni Ishure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi. Kuva mu 1943, iryo shure ry’abamisiyonari, iriri mu gisagara ca New York, rirasohora imigwi ibiri y’abanyeshure hafi buri mwaka. Riramaze kumenyereza abasuku b’Ivyabona vya Yehova barenga 7.000 kugira barangurire umurimo w’ubumisiyonari mu mahanga. Abasohotse iryo shure barakorera mu bihugu birenga ijana, ahenshi ugasanga ni bo batanguje igikorwa c’Ubwami. Naho haciye imyaka nka 60, bamwebamwe mu bamisiyonari ba mbere baracarangura uwo murimo, bakaba bakorana n’abamisiyonari bashasha mu gutuma ishirahamwe rya Yehova rikwiye kw’isi yose rirushiriza kwaguka. Mbega ukuntu ryagutse bimwe bitangaje!

[Igicapo ku rup. 64]

Mu 1919, Umwami Yezu yaruguruye umuryango uja mu murimo wa gikirisu. Abakirisu b’abanyamwete batagishije ako karyo bagumye biyongera.

Ibihugu Abakirisu Abamamaji

igikorwa bagize uruhara b’igihe cosee

Umwaka cashitsemwo mu kwamamazaf

1918 14 3.868 591

1928 32 23.988 1.883

1938 52 47.143 4.112

1948 96 230.532 8.994

1958 175 717.088 23.772

1968 200 1.155.826 63.871

1978 205 2.086.698 115.389

1988 212 3.430.926 455.561

1998 233 5.544.059 698.781

2008 236 6.829.455 732.912

2011 236 7.395.672 895.844

[Utujambo tw’epfo]

e Ivyo bitigiri ni incahagati za buri kwezi.

f Ivyo bitigiri ni incahagati za buri kwezi.

[Igicapo ku rup. 65]

Igikorwa c’Ivyabona vya Yehova bagikorana umutima wabo wose. Nk’akarorero, rimbura amasaha bamaze bamamaza bongera bigisha, urabe n’igitigiri gitangaje c’inyigisho za Bibiliya barongoye ku buntu mu mihana y’abantu.

Amasaha bamaze Inyigisho za Bibiliya

bamamaza bayoboye (incaha-

Umwaka (mu mwaka wose) gati ya buri kwezi)

1918 19.116 Ntivyaharuwe

1928 2.866.164 Ntivyaharuwe

1938 10.572.086 Ntivyaharuwe

1948 49.832.205 130.281

1958 110.390.944 508.320

1968 208.666.762 977.503

1978 307.272.262 1.257.084

1988 785.521.697 3.237.160

1998 1.186.666.708 4.302.852

2008 1.488.658.249 7.133.760

2011 1.707.094.710 8.490.746

[Ifoto ku rup. 59]

Urupfunguruzo rw’Abaroma rwo mu kinjana ca mbere

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika