ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • re ikig. 21 rup. 129-141
  • Ivyago Yehova ateza abiyita abakirisu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyago Yehova ateza abiyita abakirisu
  • Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igihe co gusengana ubwira
  • Ukuraririza umuriro kw’isi
  • Ukwitegurira kuvuza inzumbete
  • Ukumenya “ica gatatu” ico ari co
  • Ica gatatu c’isi giturirwa
  • Nk’umusozi munini waka umuriro
  • Inyenyeri ikoroka ivuye mw’ijuru
  • Umwiza!
  • Inkona iguruka
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Ivyahishuwe—Igice ca 1
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ibanga ryeranda ry’Imana: Insozero ininahaye!
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Vya vyabona bibiri bisubizwa ubuzima
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Amagorwa ya mbere: Inzige
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
Ibindi
Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
re ikig. 21 rup. 129-141

Ikigabane ca 21

Ivyago Yehova ateza abiyita abakirisu

Iyerekwa rya 5​—Ivyahishuwe 8:1–9:21

Ibivugwamwo: Ukuvuza inzumbete zitandatu muri zimwe indwi

Igihe birangukirako: Kuva Kristu Yezu yimitswe mu 1914 gushika mu gihe c’amakuba akomeye

1. Ni ibiki biba igihe wa Mwagazi w’intama amatuye agashashara k’indwi?

“YA MIYAGA ine” iratangirwa gushika bamwe 144.000 bagize Isirayeli yo mu vy’impwemu badomweko ikidodo, abagize rya sinzi rinini na bo bakabonwa ko babereye kurokoka. (Ivyahishuwe 7:1-4, 9) Ariko rero, imbere y’uko ico gihuhusi gitera kw’isi, urubanza rubi Yehova yaciriye isi ya Shetani na rwo nyene rutegerezwa gutangazwa! Igihe wa Mwagazi w’intama amatura agashashara k’indwi ari na ko ka nyuma, Yohani abwirizwa kuba yitegereza adakoma urugohe kugira abone ibigira bibe. Aca atwiganira ivyo abona, ati: “Amatuye agashashara kagira indwi, haba agacerere mw’ijuru nk’igice c’isaha. Maze mbona ba bamarayika indwi bahagaze imbere y’Imana, hanyuma bahabwa inzumbete indwi.”—Ivyahishuwe 8:1, 2.

Igihe co gusengana ubwira

2. Mw’ijuru haba iki mu gihe c’agacerere k’ikigereranyo kamara igice c’isaha?

2 Mbega agacerere! Igice c’isaha kirashobora gusa n’umwanya muremure igihe urindiriye ikintu. Ubu hoho na wa mugwi w’abaririmvyi bo mw’ijuru baguma bashemeza Imana ntiwumvikana. (Ivyahishuwe 4:8) Uti kubera iki? Yohani arabona igituma mu vyo yerekwa. Agira ati: “Hanyuma uwundi mumarayika arashika ahagarara imbere y’igicaniro, afise icotezo c’imibavu c’inzahabu; ahabwa imibavu myinshi kugira ngo ayishikane iri kumwe n’amasengesho y’aberanda bose ku gicaniro c’inzahabu cari imbere ya ya ntebe y’ubwami. Maze umwotsi wa nya mibavu uraduga imbere y’Imana uvuye mu kuboko kwa wa mumarayika uri kumwe n’amasengesho y’aberanda.”—Ivyahishuwe 8:3, 4.

3. (a) Iturirwa ry’imibavu ritwibutsa iki? (b) Agacerere kamara igice c’isaha mw’ijuru ni ak’iki?

3 Ivyo biratwibutsa ko mu gihe c’Abayuda imibavu yaturirwa buri musi kw’itaberenakulo, mu nyuma na ho igaturirirwa ku rusengero i Yeruzalemu. (Kuvayo 30:1-8) Mu gihe co guturira iyo mibavu, Abisirayeli atari abaherezi barindirira hanze y’aheranda bariko barasenga uwo nya mibavu yaturirirwa, akaba ata gukeka ko babigirira mu mutima. (Luka 1:10) Yohani ubu abona ikintu gisa n’ico kiriko kiragirwa mw’ijuru. Imibavu umumarayika ariko arashikana ifitaniye isano n’“amasengesho y’aberanda.” Nkako, mu vyo Yohani yari yeretswe imbere y’aho, bivugwa ko imibavu igereranya ayo masengesho. (Ivyahishuwe 5:8; Zaburi 141:1, 2) Biboneka rero ko ako gacerere k’ikigereranyo kaba mw’ijuru ari ako gutuma amasengesho y’aberanda bo kw’isi yumvirwa.

4, 5. Ni ibiki vyabaye muri kahise bidufasha kumenya igihe ka gacerere k’ikigereranyo k’igice c’isaha kabereyeko?

4 Twoba dushobora kumenya igihe ivyo vyabereyeko? Ego cane turabishobora mu gusuzuma uko ibintu vyari vyifashe be n’ivyagiye biraba mu ntango y’umusi w’Umukama. (Ivyahishuwe 1:10) Ivyabaye kw’isi mu 1918 no mu 1919 birahuye neza cane n’ibivugwa mu Vyahishuwe 8:1-4. Mu myaka 40 y’imbere ya 1914, Abatohoji ba Bibiliya, akaba ari ko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe, bari baravuganye ubutinyutsi yuko Ibihe vy’abanyamahanga vyorangiye muri uwo mwaka. Ibintu bibabaje vyabaye mu 1914 vyarerekanye ko bari bavuze ukuri. (Luka 21:24; Matayo 24:3, 7, 8) Ariko kandi benshi muri bo baremera ko mu 1914 bovanywe kw’isi bakaja kuronka intoranwa yabo mw’ijuru. Ivyo si ko vyagenze. Ahubwo riho mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose, barahamwe bimwe bikomeye. Ku wa 31 Gitugutu 1916, Charles T. Russell perezida wa mbere w’Ishirahamwe Watch Tower yarapfuye. Ku wa 4 Mukakaro 1918 na ho, Joseph F. Rutherford perezida mushasha hamwe n’abandi indwi baserukira iryo shirahamwe barajanywe mw’ibohero ry’i Atlanta muri Géorgie, bamaze gukatirwa imyaka myinshi y’umunyororo ku karenganyo.

5 Abakirisu b’inziraburyarya bo mu mugwi wa Yohani barazazaniwe. None Imana yashaka ko baca bakora iki? Bojanywe mw’ijuru ryari? Hari ikiganiro gifise umutwe uvuga ngo “Ko iyimbura ryarangiye, hakurikire iki?” casohotse mu Munara w’Inderetsi (mu congereza) wo ku wa 1 Rusama 1919. Carerekanye ukwo kuzazanirwa, kiraremesha abizigirwa ngo babandanye kwumirako, gica congerako giti: “Turemera yuko ubu iyimbura ry’abagize ubwami ryarangiye vy’ukuri, yuko bose bamaze kudomwako ikidodo koko be n’uko urugi rwugawe.” Muri ico gihe kigoye, amasengesho aturanywe ubwira y’abagize umugwi wa Yohani yariko araduga nka kurya kw’umwotsi w’imibavu myinshi. Vyongeye, ayo masengesho yariko arumvirwa!

Ukuraririza umuriro kw’isi

6. Ni ibiki bica biba ka gacerere ko mw’ijuru karangiye, kandi biba mu kwishura iki?

6 Yohani atwiganira ati: “Mugabo buno nyene nya mumarayika atora ca cotezo c’imibavu, acuzuza umuriro arahuye ku wo ku gicaniro hanyuma akiraririza kw’isi. Haba imituragaro n’amajwi n’imiravyo be na nyamugigima.” (Ivyahishuwe 8:5) Ka gacerere karangiye, ubwo nyene haca haba ibintu biteye ubwoba! Biboneka ko biba mu kwishura amasengesho ya ba beranda, kuko biterwa n’umuriro ukuwe ku gicaniro c’imibavu. Mu 1513 B.G.C., ku Musozi Sinayi harabaye imituragaro, imiravyo, ijwi ryumvikana cane, umuriro n’ukujugumira kw’umusozi, biba vyerekanye ko Yehova yahindukiriye abasavyi biwe. (Kuvayo 19:16-20) Ibintu Yohani yavuze bisa n’ivyo na vyo nyene birerekana ko Yehova yari yahindukiriye abasavyi biwe bo kw’isi. Ariko rero ivyo Yohani abona abishikiriza mu bimenyetso. (Ivyahishuwe 1:1) None muri iki gihe dukwiye gutahura gute umuriro, imituragaro, amajwi, imiravyo be n’ukwo kujugumira vyo mu buryo bw’ikigereranyo?

7. (a) Ni umuriro w’ikigereranyo uwuhe Yezu yadometse kw’isi mu gihe c’ubusuku bwiwe? (b) Bene wabo na Yezu bo mu buryo bw’impwemu badometse gute umuriro mu biyita abakirisu?

7 Igihe kimwe, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Naje kudomeka umuriro kw’isi.” (Luka 12:49) Emwe, yarawudometse pe! Mu kwamamaza n’umwete, Yezu yaratumye Abayuda babona ko ivyerekeye Ubwami bw’Imana ari ikintu gihambaye, ivyo bikaba vyatumye haduka ukutumvikana gukomeye muri iryo hanga. (Matayo 4:17, 25; 10:5-7, 17, 18) Mu 1919, bene wabo na Yezu bo mu buryo bw’impwemu bari kw’isi, ni ukuvuga umugwi mutoyi w’abakirisu barobanuwe bari barokotse ikiringo kigoye co mu Ntambara ya mbere y’isi yose, baradometse umuriro nk’uwo nyene mu biyita abakirisu. Muri Nyakanga uwo mwaka nyene, impwemu ya Yehova yarigaragaje bimwe bidasanzwe igihe Ivyabona vyiwe b’intahemuka bo hirya no hino bari bakoraniye i Cedar Point (Ohio) muri Amerika. Joseph F. Rutherford, uwari aherutse gukurwa mw’ibohero kandi akaba yari agiye gukurwako ibirego vyose yagirizwa, yabwiye abari ng’aho n’umutima rugabo ati: “Kubera tugamburuka itegeko rya Databuja, kandi tukaba twemera ko dufise agateka n’ibanga ryo kurwanya ibinyoma bimaze igihe vyaragize abantu imbohe, duhamagarirwa gutangaza ubwami bwa Mesiya buninahaye bugira buze.” Emwe, Ubwami bw’Imana ni co kintu nyamukuru!

8, 9. (a) Umuvukanyi J. F. Rutherford yadondoye gute inyifato n’icipfuzo abasavyi b’Imana bari bafise muri ya myaka igoye y’intambara? (b) Umuriro wararirijwe gute kw’isi? (c) Ni gute habaye imituragaro, amajwi, imiravyo na nyamugigima?

8 Mu kwerekeza ku bintu bigoye vyaheruka gushikira abasavyi b’Imana, uwo mushikirizansiguro yavuze ati: “Igitero c’uwo mwansi cari simusiga ku buryo benshi mu mukuku Umukama yikundira bakangutse barajorerwa, baguma basenga barindiriye ko abamenyesha igomba ryiwe. . . . Ariko naho vyashitse bagacika intege akanya gato, bari bafise icipfuzo kirurumba co gutangaza ubutumwa bw’ubwami.”—Raba Umunara w’Inderetsi (mu congereza) wo ku wa 15 Nyakanga 1919, urupapuro rwa 280.

9 Mu 1919, ico cipfuzo carahagijwe. Uwo mugwi mutoyi w’abakirisu b’abanyamwete waratanguye kururumba umuriro wo mu buryo bw’impwemu, baratanguza isekeza ryo kwamamaza kw’isi yose. (Gereranya na 1 Abatesalonika 5:19.) Umuriro warararirijwe kw’isi mu buryo bw’uko bashize ahabona ko Ubwami bw’Imana ari co kibazo nyamukuru kandi n’ubu ni ko bikiri! Amajwi yumvikana yaciye asubirira agacerere, arasamiriza ubutumwa bw’Ubwami mu buryo butomoye. Haciye hasirana ubutumwa bumeze nk’imituragaro bwo kugabisha buvuye muri Bibiliya. Nka kurya kw’imiravyo, harabaye ukurabagiza kw’ukuri kuvuye mw’Ijambo rya Yehova ry’ubuhanuzi, kandi nka kurya nyamugigima ikomeye ibigira, amadini yaranyiganyijwe gushika no mu mishinge yayo. Abagize umugwi wa Yohani barabonye ko hariho igikorwa kibwirizwa kurangurwa. Gushika n’ubu, ico gikorwa kibandanya gusagamba mu buryo buninahaye kw’isi yose!—Abaroma 10:18.

Ukwitegurira kuvuza inzumbete

10. Ba bamarayika indwi biteguriye gukora iki, kandi kubera iki?

10 Yohani arabandanya ati: “Maze ba bamarayika indwi bafise za nzumbete indwi bitegurira kuzivuza.” (Ivyahishuwe 8:6) None ukwo kuvuza inzumbete gusobanura iki? Muri Isirayeli, inzumbete zaravuzwa kugira bamenyeshe ko hageze umusi uhambaye canke ikintu kidasanzwe. (Abalewi 23:24; 2 Abami 11:14) Muri ubwo buryo nyene, inzumbete Yohani agiye kwumva ziza kwerekana ibintu bikomeye bishobora gutuma umuntu arokoka canke apfa.

11. Kuva mu 1919 gushika mu 1922, abagize umugwi wa Yohani bariko bitegurira n’umwete igikorwa ikihe?

11 Uko abamarayika bitegurira kuvuza nya nzumbete, nta gukeka ko bariko baratanga n’ubuyobozi bujanye no kwitegurira igikorwa ng’aha kw’isi. Kuva mu 1919 gushika mu 1922, abagize umugwi wa Yohani bari batoye agatege bariko barakorana umwete kugira basubire gutunganya igikorwa co kwamamaza ku mugaragaro no kwubaka inyubakwa zo gucapuriramwo. Mu 1919, ikinyamakuru L’Âge d’Or, icitwa ubu Be maso! caratanguye gusohoka. Ico kinyamakuru kimeze nk’urumbete cavuzwe ko “gishingiye ku bimenyamenya, ku cizigiro n’ukujijuka,” kikaba coranguye uruhara ruhambaye cane mu kwerekana ko idini ry’ikinyoma ryisuka mu vya politike.

12. Igihe cose urumbete ruvugijwe duca tubona iki, kandi ivyo bitwibutsa ibiki vyabaye mu gihe ca Musa?

12 Nk’uko tugiye kubibona, igihe cose havugijwe urumbete, duca tubona ibintu vyerekana ivyago bikomeye bishikira igice kanaka c’isi. Bimwebimwe muri vyo biratwibutsa vya vyago Yehova yateza Abanyamisiri kugira abahane mu gihe ca Musa. (Kuvayo 7:19–12:32) Ivyo vyago vyagaragaza urubanza Yehova yaciriye iryo hanga, kandi vyatumye abasavyi b’Imana baronka akaryo ko kuva mu buja. Ivyago Yohani abona na vyo nyene birarangura ikintu nk’ico. Ariko rero, si ivyago nyezina. Ni ibimenyetso vyerekana imanza zigororotse za Yehova.—Ivyahishuwe 1:1.

Ukumenya “ica gatatu” ico ari co

13. Ni ibiki biba igihe inzumbete zine za mbere zivugijwe, kandi ni ibibazo ibihe bica bivyuka?

13 Nk’uko tuza kubibona, igihe inzumbete zine za mbere zivugijwe, “ica gatatu” c’isi, c’ikiyaga, c’inzuzi n’amasôko y’amazi be n’ic’ibintu bitanga umuco kw’isi kiratezwa ivyago. (Ivyahishuwe 8:7-12) Ica gatatu c’ikintu usanga atari gito ariko ntikiba ari cose. (Gereranya na Yesaya 19:24; Ezekiyeli 5:2; Zekariya 13:8, 9.) None ni “ica gatatu” nyabaki gikwiye gushikirwa n’ivyo vyago? Abantu benshi barahumwe amaso bongera barononwa na Shetani hamwe n’uruvyaro rwiwe. (Itanguriro 3:15; 2 Abakorinto 4:4) Ibintu bimeze nk’uko Dawidi yabivuze ati: “Bose barakebeje, bose ni cokimwe barononekaye; nta n’umwe ariho akora iciza, habe n’umwe.” (Zaburi 14:3) Ego cane, abantu bose barahakwa gucirwa rubi. Ariko hariho igice kimwe cagirwa bimwe bidasanzwe. Ico gice kimwe ari co “ca gatatu,” cari gikwiye kubitahura neza! None ico “ca gatatu” ni iki?

14. Ica gatatu c’ikigereranyo Yehova ashikiriza ubutumwa bumeze nk’ivyago ni iki?

14 Ni idini ry’abiyita abakirisu! Mu myaka ya 1920, abarigize bangana hafi ica gatatu c’ababa kw’isi. Iryo dini rikomoka ku bahuni biyonkoye ku bukirisu bw’ukuri, bakaba ari ba bahuni Yezu n’abigishwa biwe bari baravuze. (Matayo 13:24-30; Ivyakozwe 20:29, 30; 2 Abatesalonika 2:3; 2 Petero 2:1-3) Abakuru b’iryo dini bavuga ko bari mu rusengero rw’Imana be n’uko ari abigisha b’ubukirisu. Mugabo inyigisho zabo ziratandukanye rwose n’ukuri kwo muri Bibiliya, kandi ziguma zisiga iceyi izina ry’Imana. Idini ry’abiyita abakirisu, irigereranywa n’ica gatatu mu buryo bubereye, Yehova arishikiriza ubutumwa bukaze bumeze nk’ivyago. Ico ca gatatu c’isi ntikibereye na gato gutoneshwa n’Imana!

15. (a) Ijwi ry’urumbete rumwerumwe rwose ryoba ryarangiranye n’umwaka kanaka? Sigura. (b) Ni ijwi rya bande ryiyongereye ku ry’abagize umugwi wa Yohani mu gutangaza imanza za Yehova?

15 Nka kumwe kwa za nzumbete zivuga zikurikirana, haragizwe imyiyemezo idasanzwe ku mahwaniro indwi yabaye kuva mu 1922 gushika mu 1928. Ariko rero ijwi ry’izo nzumbete ntiryarangiranye n’iyo myaka gusa. Igikorwa co gushira ku kabarore bimwe bikomeye inyifato mbi z’abiyita abakirisu carabandanije uko umusi w’Umukama witerera. Imanza za Yehova zitegerezwa gutangazwa mu mahanga yose naho isi yose itwanka ikongera ikaduhama. Aho gusa ni ho umuhero w’iyi si ya Shetani uzoza. (Mariko 13:10, 13) Birashimishije kubona ubu abagize isinzi rinini barongeye ijwi ryabo ku ry’abagize umugwi wa Yohani mu gutangaza ubwo butumwa bumeze nk’umuturagaro bwerekeye abari kw’isi yose.

Ica gatatu c’isi giturirwa

16. Haca haba iki umumarayika wa mbere avugije urumbete rwiwe?

16 Mu kuvuga ivya ba bamarayika, Yohani yandika ati: “Uwa mbere avuza urumbete rwiwe. Haca haba urubura n’umuriro uvanze n’amaraso, hanyuma biraririzwa kw’isi; ica gatatu c’isi kiraturirwa, n’ica gatatu c’ibiti kiraturirwa, n’ivyatsi bitoto vyose biraturirwa.” (Ivyahishuwe 8:7) Ivyo birasa n’icago kigira indwi catejwe Misiri. Ariko none, bisobanura iki muri kino gihe?—Kuvayo 9:24.

17. (a) “Isi” ivugwa mu Vyahishuwe 8:7 igereranya iki? (b) Ni mu buryo ki ica gatatu c’isi kigizwe n’abiyita abakirisu giturirwa?

17 Muri Bibiliya, ijambo “isi” akenshi ryerekeza ku bantu. (Itanguriro 11:1; Zaburi 96:1) Kubera ko icago ca kabiri gitezwa ikiyaga, kino na co nyene kikaba cerekeza ku bantu, “isi” itegerezwa kuba yerekeza ku kibano c’abantu gisa n’igishinze imizi Shetani yashizeho kiraririye gutikizwa. (2 Petero 3:7; Ivyahishuwe 21:1) Ukuntu ico cago kidondorwa vyerekana ko ica gatatu c’isi kigizwe n’amadini y’abiyita abakirisu kibaburwa n’ubushuhe bukaze bugereranya ukudashimwa n’Imana. Abahambaye bo muri yo, abogereranywa n’ibiti bihagaze hagati muri yo, baraturirwa n’igikorwa co gutangaza urubanza rubi Yehova yayaciriye. Abanywanyi bayo amamiliyoni amajana bose babandanya kuyashigikira, bamera nk’ivyatsi bibabuwe n’ubushuhe, bagakabirana mu buryo bw’impwemu imbere y’Imana.—Gereranya na Zaburi 37:1, 2.a

18. Ubutumwa bwerekeye urubanza rwa Yehova bwatangajwe gute kw’ihwaniro ryabereye i Cedar Point mu 1922?

18 None ubwo butumwa bwerekeye urubanza bushikirizwa gute? Muri rusangi, ntibushikirizwa biciye ku bimenyeshamakuru vyo mw’isi, ibiri mu bigize ino si kandi bikunze gutora amahinyu wa “mushumba” w’Imana. (Matayo 24:45) Bwaratangajwe mu buryo budasanzwe kw’ihwaniro ry’intibagirwa rigira kabiri abasavyi b’Imana bagiriye i Cedar Point muri Ohio ku wa 10 Nyakanga 1922. Ico gihe, abari bitavye ihwaniro bose barashigikiye bahimbawe umwiyemezo wavuga ngo “Akamo gatewe indongozi z’isi.” Ata kurya umunwa, uwo mwiyemezo wagabisha isi y’ikigereranyo yo muri iki gihe, uti: “Turateye akamo rero amahanga yo kw’isi, abatware n’indongozi zayo, abakuru bose b’amadini ari kw’isi n’abayoboke bayo bose, abadandaza n’abanyapolitike bakomakomeye, ngo bazane ikimenyamenya c’ivyo bivugisha ngo barashobora kuzana amahoro n’ugusagamba kw’isi, bakanaronsa abantu agahimbare. Biramutse bibananiye, turabasavye bace batega ugutwi intahe dushinga bwa vyabona vy’Umukama, baheze bavuge ko ari ukuri canke ikinyoma.”

19. Ni intahe nyabaki abasavyi b’Imana bashikirije abiyita abakirisu ku bijanye n’Ubwami bw’Imana?

19 Ni intahe bwoko ki abo bakirisu bashinze? Ni iyi: “Turemera kandi turatangaza ko ubwami bwa Mesiya ari wo muti w’ingorane zose zugarije abantu, ko ari bwo buzozanira ababa kw’isi amahoro n’ukumererwa neza, ari na vyo amahanga yose anyotewe be n’uko abayobokera intwaro yabwo igororotse yamaze gutangura kuganza bazokwironkera amahoro y’ibihe bidahera, ubuzima, umwidegemvyo n’agahimbare katagira iherezo.” Muri ibi bihe bibi aho intwaro z’abantu, canecane izo mu bihugu vy’abiyita abakirisu, ziriko zirananirwa bimwe bibabaje gutorera umuti ingorane z’isi, ako kamo kagereranywa n’urumbete kararushiriza gusamirana kuruta uko vyari mu 1922. Vy’ukuri, Ubwami bw’Imana buri mu minwe ya Kristu umwe agenda anesha ni bwo bwonyene abantu bakwiye guhanga amaso.

20. (a) Mu 1922 n’inyuma yaho, ishengero ry’abakirisu barobanuwe ryasamirije gute ubutumwa bwerekeye urubanza nka kurya kw’urumbete? (b) Igihe urumbete rwa mbere rwavuga, ni ibiki vyashikiye abiyita abakirisu?

20 Ishengero ry’abakirisu barobanuwe ryaratangaje ubwo butumwa hamwe n’ubundi busamirana nk’urumbete biciye ku myiyemezo, udupapuro tw’inkuru nziza, udutabu, ibitabu, ibinyamakuru n’insiguro. Igihe urumbete rwa mbere rwavuga, abiyita abakirisu babaye nk’abakubiswe n’urubura rukomeye. Ubwicanyi bwabo bujanye n’ukwisuka mu ntambara zo mu kinjana ca 20 bwarashizwe ku kabarore, kandi vyaragaragaye ko babereye umuriro w’uburake bwa Yehova. Abagize umugwi wa Yohani bahavuye babandanya gusamiriza rwa rumbete rwa mbere bashigikiwe n’abagize isinzi rinini, baragaragaza yuko Yehova abona ko abiyita abakirisu babereye kurandurwa.—Ivyahishuwe 7:9, 15.

Nk’umusozi munini waka umuriro

21. Ni ibiki biba umumarayika wa kabiri avugije urumbete rwiwe?

21 “Umumarayika agira kabiri na we avuza urumbete rwiwe. Maze ikintu kimeze nk’umusozi munini waka umuriro kiraririzwa mu kiyaga. Ica gatatu c’ikiyaga gica gihinduka amaraso; kandi ica gatatu c’ibiremwa biri mu kiyaga bifise ubuzima kirapfa, n’ica gatatu c’amato kirasaba.” (Ivyahishuwe 8:8, 9) Ivyo bintu biteye ubwoba bigereranya iki?

22, 23. (a) Ni umwiyemezo uwuhe utegerezwa kuba wagizwe havugijwe urumbete rwa kabiri? (b) “Ica gatatu c’ikiyaga” kigereranya iki?

22 Twoshobora kubitahura neza dufatiye ku vyabaye kw’ihwaniro ry’abasavyi ba Yehova ryabereye i Los Angeles (Californie) muri Amerika ku wa 18 gushika ku wa 26 Myandagaro 1923. Insiguro J. F. Rutherford yashikirije ku wa gatandatu ku muhingamo yavuga ngo “Intama n’impene.” Yaratomoye neza ko “intama” ari abantu bafise umutima ugororotse bazotorana isi izoba iganzwa n’Ubwami bw’Imana. Haciye hakurikira umwiyemezo washimika ku buryarya bw’“abakuru b’idini b’abahuni n’‘abamenyekana bo mu busho bwabo,’ bano bakaba ari abantu bo mw’isi bafise akosho gakomeye mu vy’ubutunzi no mu vya politike.” Uwo mwiyemezo waratera akamo “amasinzi y’abantu bo muri ayo madini bakunda amahoro n’urutonde ngo bitandukanye n’ayo madini atagororotse Umukama yita ‘Babiloni’” maze bitegurire “kuronka imihezagiro y’ubwami bw’Imana.”

23 Nta gukeka ko uwo mwiyemezo wagizwe havugijwe urumbete rwa kabiri. Abokwakiriye neza ubwo butumwa bokwitandukanije n’abo Yesaya adondora muri aya majambo, ati: “Mugabo ababisha bameze nk’ikiyaga gisebagizwa, igihe kidashobora guhwama, amazi yaco akaba aguma asevya ivyatsi vyo mu kiyaga n’urwondo.” (Yesaya 57:20; 17:12, 13) “Ikiyaga” rero kigereranya mu buryo bubereye abantu badurumbanye, bahindagurika kandi b’abagarariji bateza umuvurungano n’akaguma. (Gereranya n’Ivyahishuwe 13:1.) Hazogera igihe ico “kiyaga” kitazoba kikiriho. (Ivyahishuwe 21:1) Biciye kw’ijwi ry’urumbete rwa kabiri, Yehova aba aratangaza urubanza yaciriye ica gatatu caco, ni ukuvuga igice kidurumbanye kigizwe n’abiyita abakirisu.

24. Ikintu kimeze nk’umusozi waka umuriro kiraririzwa mu kiyaga, kigereranya iki?

24 Ikintu kimeze nk’umusozi munini waka umuriro kiraririzwa muri ico “kiyaga.” Muri Bibiliya, kenshi na kenshi imisozi igereranya intwaro. Nk’akarorero, Ubwami bw’Imana budondorwa ko ari umusozi. (Daniyeli 2:35, 44) Babiloni ca gisagara gitikiza ibindi cahavuye kiba “umusozi wahiye ugatokombera.” (Yeremiya 51:25) Mugabo ikintu kimeze nk’umusozi Yohani abona kiracariko kiraka. Ukuba gitererwa mu kiyaga birerekana neza ukuntu mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose n’inyuma yaho, ibijanye n’ubutegetsi vyabaye ikibazo gikomeye mu bantu, canecane mu bihugu vy’abiyita abakirisu. Mu Butaliyano, Mussolini yaratanguje intwaro y’agakandamizo y’Abafashisiti. Mu Budagi haratanguye intwaro y’umugambwe w’Abanazi wa Hitler, mu gihe ibindi bihugu vyariko bigerageza ubwoko butandukanye bw’intwaro y’Abasosiyalisiti. Mu Burusiya harabaye ihinduka rikomeye igihe aba Bolshevik bashiraho leta ya mbere y’Abakomunisita, bigatuma indongozi z’abiyita abakirisu zitakaza ububasha n’akosho zari zifise muri ako karere zari zahoze ziganjemwo.

25. Ni gute ikibazo c’intwaro cabandanije kuba akananirabahinga inyuma y’Intambara ya kabiri y’isi yose?

25 Intambara ya kabiri y’isi yose yatumye intwaro y’Abafashisiti n’iy’Abanazi zihagarara, ariko ivy’intwaro vyabandanije kuba akananirabahinga, kandi ca kiyaga kigizwe n’abantu cabandanije gusuriranya kigashiraho intwaro nshasha ziharanira amahinduka. Mu myaka mirongo yakurikiye umwaka wa 1945, izo ntwaro zarashinzwe mu bihugu vyinshi nk’Ubushinwa, Vietnam, Kiba na Nikaragwa. Mu Bugiriki, intwaro ya gisirikare y’igikenye yarananiwe. Muri Kamboje, bivugwa yuko kugerageza gushinga intwaro ya gikomunisita vyatumye abantu barenga imiliyoni zibiri bahasiga agatwe.

26. Ni gute wa ‘musozi waka umuriro’ wabandanije gutera ibisebuzi mu kiyaga kigereranya abantu?

26 Uwo ‘musozi waka umuriro’ warabandanije gutera ibisebuzi mu kiyaga kigereranya abantu. Intambara z’abapfa ubutegetsi zarabaye muri Afrika, Amerika, Aziya no mu mazinga ya Pasifike. Nyinshi muri izo ntambara zabereye mu bihugu vy’abiyita abakirisu canke mu bihugu aho abamisiyonari b’ayo madini bakoreye cane. Abapatiri ba Ekleziya Gatolika y’i Roma baragiye no muri izo ntambara bararwana ku ruhande rw’imigwi iharanira intwaro ya gikomunisita. Muri ico gihe nyene, imigwi y’abaporoti yariko irita ku rutare muri Amerika yo hagati ngo ihagarike ico bise “inyota y’ubutegetsi ikaze kandi idahera” y’Abakomunisita. Ariko rero, nta n’umwe muri iyo mivurungano y’ikiyaga kigereranya abantu washoboye kuzana amahoro n’umutekano.—Gereranya na Yesaya 25:10-12; 1 Abatesalonika 5:3.

27. (a) Ni gute “ica gatatu c’ikiyaga” cacitse nk’amaraso? (b) Ni gute “ica gatatu c’ibiremwa biri mu kiyaga” capfuye kandi ni ibiki bizoshikira “ica gatatu c’amato”?

27 Ivuzwa ry’urumbete rwa kabiri rirahishura ko abantu baja mu ntambara zo guharanira amahinduka mu vy’intwaro aho kugamburukira Ubwami bw’Imana bagirwa n’amaraso. Canecane “ica gatatu c’ikiyaga” kigizwe n’abiyita abakirisu cahindutse nk’amaraso. Ku Mana, ibinyabuzima biri muri co vyose bisa n’ivyapfuye. Mu mashirahamwe y’intagondwa areremba nk’amato muri ico ca gatatu c’ikiyaga, nta na rimwe rizogenda ridasavye. Ese ukuntu duhimbawe kubona abantu amamiliyoni bameze nk’intama baritavye akamo k’urumbete kabasaba kwitandukanya n’abantu bo muri ico kiyaga bagita umwanya mu vyo kwiratira igihugu bikabije kandi bagirwa n’amaraso!

Inyenyeri ikoroka ivuye mw’ijuru

28. Ni ibiki biba umumarayika wa gatatu avugije urumbete rwiwe?

28 “Umumarayika agira gatatu na we avuza urumbete rwiwe. Maze ikinyenyeri kinini caka nk’itara gikoroka kivuye mw’ijuru, kigwa ku ca gatatu c’inzuzi no ku masôko y’amazi. Kandi izina ry’ico kinyenyeri ni Bamba. Ica gatatu ca nya mazi gica gihinduka ibamba, benshi mu bantu na bo bicwa n’ayo mazi, kuko yari yacitse umururazi.” (Ivyahishuwe 8:10, 11) N’ubu nyene, ibindi bice vya Bibiliya biradufasha kubona ukuntu ico canditswe kiranguka mu kiringo c’umusi w’Umukama.

29. Ni igiki kigereranywa n’“ikinyenyeri kinini caka nk’itara,” kandi kubera iki?

29 Yezu aramaze gukoresha inyenyeri mu buryo bw’ikigereranyo muri bwa butumwa yarungikira amashengero indwi, inyenyeri indwi zikaba zigereranya abakurambere b’amashengero.b (Ivyahishuwe 1:20) Izo “nyenyeri” hamwe n’abandi bakirisu barobanuwe, bari mu bibanza vyo mw’ijuru mu buryo bw’impwemu kuva igihe badomwako ikidodo c’impwemu nyeranda bwa cemeza c’uko bazoronka intoranwa yo mw’ijuru. (Abanyefeso 2:6, 7) Ariko rero, intumwa Paulo yagabishije ko muri abo nyene bameze nk’inyenyeri hokwadutse abahuni bazana imice kugira bazimize ubusho. (Ivyakozwe 20:29, 30) Ubwo buhemu bwovyaye ubuhuni bukomeye, kandi abo bakurambere baguye bohavuye baba wa muntu w’ubugarariji agizwe na benshi yokwidugije akishira mu kibanza c’Imana mu bantu. (2 Abatesalonika 2:3, 4) Amajambo ya Paulo yarangutse igihe abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu baduka mw’isi. Birabereye kuba uwo mugwi wabo ugereranywa n’“ikinyenyeri kinini caka nk’itara.”

30. (a) Igihe umwami wa Babiloni yabwirwa ko yatibutse avuye mw’ijuru vyasobanura iki? (b) Ugukoroka uvuye mw’ijuru bishobora gusobanura iki?

30 Yohani abona ico kinyenyeri gikoroka kivuye mw’ijuru. None ivyo bisobanura iki? Ivyashikiye umwami wa Babiloni ya kera biradufasha kubitahura. Yesaya yamubwiye ati: “Ewe kuntu watibutse uvuye mw’ijuru, wewe ukayangana, mwana w’umutwenzi! Ewe kuntu wiciwe ukagwa kw’isi, wewe wahora umugaza amahanga!” (Yesaya 14:12) Ubwo buhanuzi bwarangutse igihe Babiloni yigarurirwa n’ingabo za Kuro, umwami waho na we aca arakoroka ubutarariye atsinzwe bimwe bimaramaje, ntiyasubira kuba umutegetsi w’isi. Ku bw’ivyo, ugukoroka uvuye mw’ijuru bishobora gusobanura ugutakaza ikibanza co hejuru maze ukuzura ibimaramare.

31. (a) Ni ryari abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu bakorotse bavuye mu kibanza co “mw’ijuru”? (b) Ni gute amazi batanga yacitse “ibamba,” kandi benshi vyabaviriyemwo iki?

31 Igihe abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu bata ubukirisu bw’ukuri, barakorotse bavuye mu kibanza co hejuru “mw’ijuru” Paulo avuga mu Banyefeso 2:6, 7. Aho gutanga amazi aryoshe y’ukuri, batanze “ibamba,” ni ukuvuga ibinyoma biteye akaga nka ya nyigisho y’umuriro udahera, Ubutatu n’imwe ivuga ko Imana yandika imbere y’igihe ibishikira umuntu. Vyongeye, baratumye abantu bo mu mahanga bisuka mu ntambara aho kubaremesha kuba abasavyi b’Imana bigenza runtu. None havuyemwo iki? Vyatumye abemeye ivyo binyoma bononekara mu vy’impwemu. Ivyabo vyasa n’ivy’Abisirayeli b’abahemu bo mu gihe ca Yeremiya, abo Yehova yabwiye ati: “Ehe ngira ndabarishe ibamba, kandi nzobanywesha amazi arimwo ubumara. Kuko ubuhuni bwakwiragiye mu gihugu cose buvuye ku bahanuzi ba Yeruzalemu.”—Yeremiya 9:15; 23:15.

32. Ni ryari vyibonekeje ko abiyita abakirisu bakorotse bavuye mu majuru y’ikigereranyo, kandi vyarushirije kwigaragaza ryari?

32 Ukwo gukoroka bavuye mu majuru y’ikigereranyo kwahavuye kwibonekeza mu 1919, igihe umugwi mutoyi w’amasigarira y’abakirisu barobanuwe wazezwa inyungu z’Ubwami mu gishingo c’abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu. (Matayo 24:45-47) Guhera mu 1922 na ho, ukwo gukoroka kwararushirije kwigaragaza igihe uwo mugwi w’abakirisu wasubira kugira isekeza ryo gushira ku kabarore amakosa y’abakuru b’ayo madini ata kurya umunwa.

33. Abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu bashizwe ku kabarore gute kw’ihwaniro ryabaye mu 1924 i Columbus (Ohio) muri Amerika?

33 Ku bijanye n’ivyo, hari itangazo rikomeye ryashikirijwe kw’ihwaniro ikinyamakuru L’Âge d’Or cise “ihwaniro rihambaye kuruta ayandi yose Abatohoji ba Bibiliya bigeze kugira.” Iryo hwaniro ryabereye i Columbus muri Ohio kuva ku wa 20 gushika ku wa 27 Mukakaro 1924. Ico gihe haragizwe umwiyemezo ukomeye, akaba ata gukeka ko hisunzwe ubuyobozi bw’umumarayika yavugije urumbete rwa gatatu. Mu nyuma uwo mwiyemezo warasohowe ku gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Ivyo abakuru b’amadini baregwa, amakopi yako imiliyoni 50 akaba yaratanzwe. Muri ako gapapuro harimwo agatwe kavuga ngo: “Uruvyaro rwasezeranywe be n’uruvyaro rwa ya Nzoka.” Ico kirego ubwaco carashira ku kabarore abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu ku bijanye n’ingene biha amazina y’icubahiro akomakomeye, ingene baha ikibanza c’imbere mu bayoboke babo abadandaza b’ibihangange n’abanyapolitike ba karuhariwe, ingene barondera kuboneka imbere y’abandi be n’ingene banka kubwira abantu ubutumwa bwerekeye Ubwami bwa Mesiya. Carashimitse ku vy’uko umukirisu wese yiyeguye afise ibanga yahawe n’Imana ryo gutangaza “umusi w’ukwihora w’Imana yacu [no] guhoza abagandaye bose.”—Yesaya 61:2.

34, 35. (a) Ni ibiki vyagiye birashikira ububasha abakuru b’amadini bafise kuva aho umumarayika wa gatatu atanguriye kuvuza urumbete rwiwe? (b) Ni ibiki bigiye gushikira abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu?

34 Kuva aho wa mumarayika wa gatatu atanguriye kuvuza urumbete rwiwe, ububasha abakuru b’amadini bafise ku bantu bwagiye buragabanuka, ku buryo muri iki gihe bake cane ari bo bafise bwa bubasha bukomeye cane bari bafise kera. Biciye ku gikorwa co kwamamaza kirangurwa n’Ivyabona vya Yehova, abantu benshi cane barabonye ko inyigisho nyinshi zigishwa n’abakuru b’amadini ari ubumara bwo mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga “ibamba.” Vyongeye, abakuru b’amadini basa n’abatakaje ububasha bwabo mu Buraya bwo mu buraruko, mu bindi bihugu bimwebimwe na ho amaleta aragabanya ububasha bafise ku bantu. Mu bihugu vy’i Buraya no muri Amerika bigwiriyemwo abagatolika, abakuru b’idini ntibakirabwa ryiza kubera amarorerwa bakora mu vy’urudandaza, mu vya politike no mu vy’ukwigenza runtu. Ubu hoho ivyabo bizoguma vyunyuka kuko bagiye gutikizwa nk’abandi bantu bose bari mu madini y’ikinyoma.—Ivyahishuwe 18:21; 19:2.

35 Ivyago Yehova ateza amadini y’abiyita abakirisu ntibirarangira. Raba ibica biba urumbete rwa kane ruvugijwe.

Umwiza!

36. Ni ibiki biba igihe umumarayika wa kane avugije urumbete rwiwe?

36 “Umumarayika agira kane na we avuza urumbete rwiwe. Maze ica gatatu c’izuba kirakubitwa, n’ica gatatu c’ukwezi n’ica gatatu c’inyenyeri, kugira ngo ica gatatu cavyo gicure umwiza, n’umurango ntugire umuco mu ca gatatu cawo, n’ijoro ukwo nyene.” (Ivyahishuwe 8:12) Icago c’icenda catejwe Misiri wari umwiza nya mwiza. (Kuvayo 10:21-29) Ariko none uwo mwiza w’ikigereranyo utera abantu ni iki?

37. Intumwa Petero na Paulo bavuze ko abantu batari mw’ishengero rya gikirisu bamerewe gute mu vy’impwemu?

37 Intumwa Petero yabwiye abo bari basangiye ukwizera ko imbere yuko baba abakirisu bari mu mwiza wo mu buryo bw’impwemu. (1 Petero 2:9) Na Paulo yarakoresheje ijambo “umwiza” mu kuvuga ingene abatari mw’ishengero rya gikirisu bamerewe mu vy’impwemu. (Abanyefeso 5:8; 6:12; Abakolosayi 1:13; 1 Abatesalonika 5:4, 5) Ariko tuvuge iki ku bantu bari mu madini y’abiyita abakirisu bavuga ko bemera Imana be n’uko bemera Yezu nk’Umukiza wabo?

38. Umumarayika wa kane atangaza iki ku bijanye n’ico abiyita abakirisu bavuga ngo ni umuco?

38 Yezu yavuze ko abakirisu b’ukuri bomenyekaniye ku vyo bama be n’uko benshi mu bivugisha ko ari abayoboke biwe bobaye ari “abakora ivy’ubugarariji.” (Matayo 7:15-23) Nta n’umwe yitegereza ivyo ica gatatu c’isi kigizwe n’abiyita abakirisu cama yohakana ko bariko barajuragirika mu mwiza ukomeye wo mu buryo bw’impwemu. (2 Abakorinto 4:4) Kubera ko biyita abakirisu, ni bo bagirwa kuruta abandi. Birabereye rero kubona umumarayika wa kane atangaza ko ico abiyita abakirisu bavuga ngo ni umuco mu bisanzwe ari umwiza, be n’uko ivyo babona ko bitanga umuco bituruka i Babiloni, ni ukuvuga ko bidashingiye ku bukirisu.—Mariko 13:22, 23; 2 Timoteyo 4:3, 4.

39. (a) Umwiyemezo wagizwe kw’ihwaniro ryabaye mu 1925 washize ahabona gute umuco w’uruhendo w’abiyita abakirisu? (b) Ni gute abiyita abakirisu barushirije gushirwa ku kabarore mu 1955?

39 Mu buryo buhuye n’ivyo bintu bitangazwa mw’ijuru, isinzi rinini ry’abasavyi b’Imana ryarakoraniye hamwe kw’ihwaniro ryabereye Indianapolis muri Amerika ku wa 29 Myandagaro 1925, maze baragira umwiyemezo utomoye wocapuwe bise ngo “ubutumwa bw’icizigiro.” Haciye hasubira gutangwa amakopi ashika imiliyoni 50 mu ndimi zitari nke. Uwo mwiyemezo warashize ahabona umuco w’uruhendo usezeranwa n’abantu bironderera inyungu mu vy’ubudandaji, indongozi za politike n’abakuru b’amadini, uno ukaba watumye “abantu baja mu mwiza.” Vyongeye, warerekanye ko Ubwami bw’Imana ari co cizigiro nyakuri co kuronka “imihezagiro y’amahoro, ukuroranirwa, amagara meza, ubuzima, umwidegemvyo be n’ubuhirwe budahera.” Vyasaba umutima rugabo kugira uwo mugwi muto w’abakirisu barobanuwe ushobore gutangaza ubwo butumwa bwagiriza amadini y’ibihangange y’abiyita abakirisu. Ariko ntibigeze bahagarika kubigira kuva mu ntango y’imyaka ya 1920 gushika ubu. Mu gihe ca vuba mu 1955, abakuru b’amadini bararushirije gushirwa ku kabarore igihe kw’isi yose hatangwa mu ndimi nyinshi agatabu kavuga ngo “Umuco w’isi” ni bande—Ni abiyita abakirisu canke ni abakirisu? (mu congereza). Muri iki gihe, ubwiyorobetsi bw’abiyita abakirisu buribonekeza cane ku buryo abantu benshi bashobora kubwibonera. Ariko abasavyi ba Yehova ntibatezura kubashira ku kabarore ko ari ubwami bw’umwiza.

Inkona iguruka

40. Za nzumbete zine zagaragaje ko amadini y’abiyita abakirisu amerewe gute?

40 Ukwo kuvuza inzumbete zine za mbere ryatweretse vy’ukuri ko amadini y’abiyita abakirisu ageze habi kandi ageramiwe n’ugutikizwa. Vyabonetse neza ko igice cayo c’“isi” kibereye urubanza rwa Yehova. Intwaro ziharanira amahinduka zishingwa mu bihugu yashinzemwo imizi n’ahandi vyabonetse ko zibangamye mu vy’impwemu. Vyagaragaye ko abakuru bayo bageze ahatemba, kandi umwiza wo mu buryo bw’impwemu uyugarije washizwe ahabona kugira bose bawubone. Vy’ukuri, amadini y’abiyita abakirisu ni yo yagirwa kuruta ibindi bintu vyose bigize isi ya Shetani.

41. Igihe za nzumbete ziretse kuvuzwa gatoyi, ni ibiki Yohani aca abona kandi akumva?

41 Ni ibindi bintu ibihe duhishurirwa? Imbere yo kuronka inyishu y’ico kibazo, za nzumbete zirabanza zikareka kuvuzwa gatoyi. Yohani aratwiganira ivyo aca abona, ati: “Hanyuma ndabona, maze numva inkona iguruka hagati mu kirere ivuga n’ijwi rirenga iti: ‘Amagorwa, amagorwa, amagorwa ku baba kw’isi kubera ukuvuza inzumbete gusigaye kw’abamarayika batatu bagira bavuze inzumbete zabo!’”—Ivyahishuwe 8:13.

42. Iyo nkona iguruka ishobora kuba igereranya nde, kandi ishikiriza ubutumwa ubuhe?

42 Inkona iraguruka hejuru cane mu kirere ku buryo abantu bo hirya no hino bashobora kuyibona. Irafise ubushobozi budasanzwe bwo kubona kure cane. (Yobu 39:29) Kimwe muri vya binyabuzima bine vy’abakerubi bikikuje intebe y’ubwami y’Imana vyavuzwe ko kimeze nk’inkona iriko iraguruka. (Ivyahishuwe 4:6, 7) Yaba ari uwo mukerubi canke ari uwundi musavyi w’Imana abona kure, aratangaza n’ijwi rirenga ubutumwa bukomeye ati: “Amagorwa, amagorwa, amagorwa”! Ese abari kw’isi botega amatwi igihe inzumbete zitatu zisigaye zivuzwa, rumwe rwose muri zo rukaba rufitaniye isano n’amwamwe yose muri ayo magorwa.

[Utujambo tw’epfo]

a Ariko rero, mu Vyahishuwe 7:16 herekana ko abagize rya sinzi rinini batababurwa n’ubushuhe buturira bugereranya ukudashimwa na Yehova.

b Naho inyenyeri indwi ziri mu kuryo kwa Yezu zigereranya abacungezi barobanuwe bo mw’ishengero rya gikirisu, abakurambere bo mu mashengero arenga 100.000 hirya no hino kw’isi muri iki gihe ni abo mw’isinzi rinini. (Ivyahishuwe 1:16; 7:9) None ikibanza cabo ni ikihe? Kubera yuko bagenwa n’impwemu nyeranda biciye ku barobanuwe bagize umugwi w’umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge, vyoshobora kuvugwa ko bari munsi y’ukuryo kwa Yezu, ni ukuvuga ko abafiseko ububasha kuko na bo nyene ari abungere batobato. (Yesaya 61:5, 6; Ivyakozwe 20:28) Barashigikira za “nyenyeri indwi” kubera yuko bakora igikorwa cari gukorwa n’abavukanyi barobanuwe.

[Igicapo ku rup. 139]

Amazi y’amadini y’abiyita abakirisu ni ibamba

Ivyo bemera Ivyo Bibiliya

n’imigenzo yabo yigisha vy’ukuri

Izina ry’uruharo ry’Imana Yezu yasenze asaba ko izina

ntirihambaye: “Gukoresha izina ry’Imana ryokwezwa. Petero yavuze

ry’uruharo iryo ari ryo ryose ati: “Umuntu wese yambaza izina

mu kuvuga ya Mana imwe yonyene rya Yehova azokizwa.” (Ivyakozwe

. . . ntibihuza na gato n’ukwizera 2:21; Yoweli 2:32; Matayo 6:9;

kw’amadini ya gikirisu akwiye kw’isi Kuvayo 6:3; Ivyahishuwe 4:11;

yose.” (Intangamarara ya Bibiliya 15:3; 19:6)

yitwa Revised Standard Version)

Imana ni Ubutatu: “Data ni Imana, Bibiliya ivuga ko Yehova aruta

Umwana ni Imana, na Mutima Yezu be n’uko ari Imana ya Kristu

Mweranda ni Imana, yamara ntihari akaba n’umutwe wiwe. (Yohani 14:28;

Imana zitatu ahubwo ni imwe.” 20:17; 1 Abakorinto 11:3) Mutima

(Igitabu The Catholic Encyclopedia, Mweranda canke impwemu nyeranda,

co mu 1912) ni inguvu Imana ikoresha. (Matayo

3:11; Luka 1:41; Ivyakozwe 2:4)

Ubugingo bw’umuntu ntibupfa: Umuntu nta bugingo budapfa

“Igihe umuntu apfuye, ubugingo afise. Igihe umuntu apfuye,

bwiwe bucabutandukana n’umubiri. ntasubira kwiyumvira canke

Ikibiribiri. . . kirabora . . . kwumva kandi aca asubira mu

Ariko ubugingo bw’umuntu ntibupfa.” mukungugu yakuwemwo. (Itanguriro

(Igitabu caEkleziya Gatolika y’i 2:7; 3:19; Zaburi 146:3, 4;

Roma citwa What Happens After Death) Umusiguzi 3:19, 20; 9:5, 10)

Ababi bahanirwa mu muriro udahera Impembo y’igicumuro ni urupfu,

inyuma y’urupfu: “Nk’uko abakirisu si ubuzima bw’imibabaro. (Abaroma

basanzwe bavyemera, umuriro udahera 6:23) Abapfuye baruhukiye

ni ikibanza c’intuntu n’imibabaro i kuzima ata co bazi, barindiriye

y’ibihe vyose.” (Igitabu The World izuka. (Zaburi 89:48; Yohani

Book Encyclopedia, co mu 1987) 5:28, 29; 11:24, 25; Ivyahishuwe

20:13, 14)

“Izina ry’icubahiro Umuhuza Umuhuza umwe rudende hagati

rihabwa wa Muvyeyi wacu.” y’Imana n’abantu ni Yezu.

(Igitabu New Catholic (Yohani 14:6; 1 Timoteyo 2:5;

Encyclopedia, co mu 1967) Abaheburayo 9:15; 12:24)

Inzoya zikwiye kubatizwa: Ibatisimu igenewe abahinduwe

“Kuva mu ntango Ekleziya abigishwa, bakigishwa

yamye iha inzoya isakaramentu kugamburuka amategeko ya Yezu.

ry’ibatisimu. Uretse ko ico Kugira umuntu akwize ibisabwa

kintu cabonwa ko cemewe vyo kubatizwa, abwirizwa

n’amategeko, vyaranigishijwe gutahura Ijambo ry’Imana kandi

ko ari ntahara kugira umuntu akagaragaza ukwizera. (Matayo 28:

aronke ubukiriro.” (Igitabu 19, 20; Luka 3:21-23; Ivyakozwe

New Catholic Encyclopedia, 8:35, 36)

co mu 1967)

Amadini nka yose agizwe Abakirisu bo mu kinjana

n’umugwi w’abakirisu batobato ca mbere bose bari abasuku

be n’uwundi w’indongozi, ari kandi baragira uruhara mu

na wo wigisha abo batobato. kwamamaza inkuru nziza.

Akenshi indongozi zirahemberwa (Ivyakozwe 2:17, 18; Abaroma

ibikorwa zirangura kandi 10:10-13; 16:1) Umukirisu

zirashirwa hejuru ya bamwe akwiye ‘gutanga ku buntu,’

batobato hakoreshejwe amazina atarondera impembo. (Matayo 10:

y’icubahiro nka “Nyakwubahwa,” 7, 8) Yezu yarihanije ashimitse

“Patiri,” canke “Nyenicubahiro.” ivyo gukoresha amazina y’icubahiro

mu bijanye n’ugusenga. (Matayo 6:2;

23:2-12; 1 Petero 5:1-3)

Ibishusho, amasanamu n’imisaraba Abakirisu bategerezwa guhunga

birakoreshwa mu gusenga: ubwoko bwose bwo gusenga

“Ibishusho . . . vya Kristu, vya ibigirwamana, harimwo n’ivyo

Bikira Mariya nyina w’Imana be bavuga ko ari ukuvyifashisha.

n’ivy’abandi beranda, bibwirizwa (Kuvayo 20:4, 5; 1 Abakorinto

. . . kuguma mu masengero kandi 10:14; 1 Yohani 5:21)

bigahabwa icubahiro n’iteka.” Ntibasenga Imana bisunze ivyo

(Vyavugiwe mu Nama nkuruya Ekleziya babona ahubwo bayisenga mu

yabereye i Trente [1545-1563]) mpwemu no mu kuri. (Yohani

4:23, 24; 2 Abakorinto 5:7)

Abanyamadini bigishwa ko Yezu yamamaje Ubwami bw’Imana,

imigambi y’Imana izoranguka ntiyamamaje ngo politike kanaka

biciye kuri politike. Umuhisi ni yo izotuma abantu bagira

Karidinali Spellman yavuze ati: icizigiro. (Matayo 4:23; 6:9, 10)

“Hari inzira imwe gusa ishikana Yaranse kwisuka mu vya politike.

ku mahoro . . . , inzira nini ya (Yohani 6:14, 15) Ubwami bwiwe

demokarasi.” Ibimenyeshamakuru ntibwari ubwo muri ino si;

biravuga ibijanye n’ingene amadini ni co gituma abayoboke biwe

yisuka muri politike y’isi (akanavyura babwirijwe kutaba ab’isi.

imigumuko) be n’ingene ashigikira (Yohani 18:36; 17:16) Yakobo

ivy’uko ngo Ishirahamwe mpuzamakungu yaragabishije ku bijanye

ONU ari ryo rishoboye “kuzana no kuba umugenzi w’isi.

umwumvikano n’amahoro.” (Yakobo 4:4)

[Ifoto ku rup. 132]

Imaturwa rya twa dushashara indwi rituma havuzwa inzumbete indwi

[Ifoto ku rup. 140]

“Akamo gatewe indongozi z’isi” (1922)

Uwo mwiyemezo warafashije gutangaza icago Yehova yagira ateze “isi”

[Ifoto ku rup. 140]

“Ingabisho ku bakirisu bose” (1923)

Urubanza rubi Yehova yaciriye “ica gatatu c’ikiyaga” rwaratangajwe hose biciye kuri uwo mwiyemezo

[Ifoto ku rup. 141]

“Ivyo abakuru b’amadini baregwa” (1924)

Kuba ako gapapuro k’inkuru nziza karakwiragiye vyatumye abantu babona ko ‘inyenyeri’ igereranya abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu yakorotse

[Ifoto ku rup. 141]

“Ubutumwa bw’icizigiro” (1925)

Uwo mwiyemezo utarya umunwa warakoreshejwe mu kwerekana ko ivyitwa ngo ni ibitangamuco vy’abiyita abakirisu mu vy’ukuri ari isôko ry’umwiza

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika