Ikigabane ca 28
Kurwana n’ibikoko bibiri bikaze
Iyerekwa rya 8—Ivyahishuwe 13:1-18
Ibivugwamwo: Ca gikoko c’imitwe indwi, ca gikoko c’amahembe abiri n’ishusho ya ca gikoko c’imitwe indwi
Igihe birangukirako: Kuva mu gihe ca Nimurodi gushika kuri ya makuba akomeye
1, 2. (a) Yohani avuga iki ku bijanye na ca gisato? (b) Yohani adondora gute mu mvugo ngereranyo ishirahamwe riboneka ico gisato gikoresha?
CA GISATO kinini cakororewe kw’isi! Umwihwezo twagize w’Ivyahishuwe watweretse neza ko ya Nzoka canke amadayimoni yayo bitazokwigera vyemererwa gusubira mw’ijuru. Ariko rero, umwe “yitwa Mubesheranyi na Shetani, umwe azimiza isi yose” nta ho araja. Ibica bikurikira birerekana neza uburyo Shetani akoresha mu kurwanya ‘wa mugore n’uruvyaro rwiwe.’ (Ivyahishuwe 12:9, 17) Yohani avuga ku bijanye n’ico gisato, ati: “Maze gihagarara ku musenyi w’ikiyaga.” (Ivyahishuwe 13:1a) Reka dufate akanya turabe ingene ico gisato gikora.
2 Shetani n’amadayimoni yiwe nta kosho bagifise mu majuru meranda. Abo bamarayika babi barirukanywe mw’ijuru batererwa mu micungararo y’isi. Nta gukeka ko ivyo ari vyo bituma ivy’ubupfumu vyongerekana cane muri iki gihe cacu. Iyo Nzoka y’uruyeri iracafise ishirahamwe ribi rigizwe n’amadayimoni. Ariko none, yoba kandi akoresha ishirahamwe riboneka kugira azimize abantu? Yohani atwiganira ati: “Hanyuma mbona igikoko kiduga kiva mu kiyaga, gifise amahembe cumi n’imitwe indwi, ku mahembe yaco hakaba imigāra cumi, mugabo ku mitwe yaco hakaba amazina y’ukurogota ku Mana. Kandi igikoko nabonye cari kimeze nk’ingwe, mugabo amaguru yaco akamera nk’ay’idubu, akanwa kaco na ko kakamera nk’ak’intambwe. Maze ca gisato giha nya gikoko ububasha bwaco n’intebe y’ubwami yaco n’ububasha bwinshi.”—Ivyahishuwe 13:1b, 2.
3. (a) Ni ibikoko bikaze ibihe umuhanuzi Daniyeli yeretswe? (b) Ibikoko amahanga bivugwa muri Daniyeli ikigabane ca 7 bigereranya iki?
3 None ico gikoko gitangaje ni iki? Bibiliya ubwayo iraduha inyishu. Imbere y’uko Babiloni itemba mu 539 B.G.C., umuhanuzi w’Umuyuda Daniyeli yareretswe ibintu bijanye n’ibikoko bikaze. Muri Daniyeli 7:2-8 aradondora ibikoko bine biduga biva mu kiyaga, ica mbere kikaba gisa n’intambwe, ica kabiri n’idubu, ica gatatu na co kigasa n’ingwe. Aca agira ati: “Ehe raba, igikoko kigira kane, giteye ubwoba, c’agacavutu kandi gikomeye bimwe bidasanzwe . . . kandi cari gifise amahembe cumi.” Ivyo bikoko birasa cane na kimwe Yohani yabona nko mu 96 G.C. Na co nyene ishusho yaco irafitaniye isano n’intambwe, idubu n’ingwe, kandi gifise amahembe cumi. None ivyo bikoko amahanga Daniyeli yabonye bigereranya iki? Atumenyesha ati: “Ivyo bikoko amahanga . . . [ni] abami bane bazohaguruka bavuye mw’isi.” (Daniyeli 7:17) Ego cane, ivyo bikoko bigereranya “abami,” ni ukuvuga intwaro zo kw’isi.
4. (a) Impfizi y’intama n’isuguru y’impene bivugwa muri Daniyeli ikigabane ca 8 bigereranya iki? (b) Ukuvunika kw’ihembe rinini ry’iyo suguru maze rigasubirirwa n’amahembe ane, vyasobanura iki?
4 Mu rindi yerekwa, Daniyeli abona impfizi y’intama ifise amahembe abiri ikubitwa hasi n’impene ifise ihembe rinini. Umumarayika Gaburiyeli aramusigurira ico ivyo bisobanura, ati: “Impfizi y’intama . . . igereranya abami b’Ubumedi n’Ubuperesi. Ya suguru y’impene y’ivyoya na yo, igereranya umwami w’Ubugiriki.” Gaburiyeli aca amenyesha ko ihembe rinini ry’iyo suguru y’impene rizovunwa maze rigasubirirwa n’amahembe ane. Ni ko nyene vyagenze haciye imyaka irenga 200, igihe Alegizandere Mukuru yapfa maze ubwami bwiwe bugaca bwigaburamwo ubwami bune butwarwa na bane mu bajenerali biwe.—Daniyeli 8:3-8, 20-25.a
5. (a) Ijambo ry’ikigiriki rihindurwa ngo “igikoko” rifise insobanuro izihe? (b) Igikoko kivugwa mu Vyahishuwe 13:1, 2, hamwe n’imitwe yaco indwi bigereranya iki?
5 Biratomoye rero ko Uwahumetse Bibiliya abona intwaro za politike zo kw’isi nk’ibikoko. None ni ibikoko nyabaki? Umusobanuzi umwe w’ivya Bibiliya avuga ko igikoko kivugwa mu Vyahishuwe 13:1, 2 ari “inyamaswa,” agaca yongerako ati: “Turatahura insobanuro zose ijambo θηρίον [risomwa ngo the·riʹon, rikaba ari ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “igikoko”] rifise, nk’akarorero igikoko amahero c’inkazi, gitikiza, giteye ubwoba, c’amarara, n’ibindi.”b Ese ukuntu ivyo bidondora neza intwaro za politike zagirwa n’amaraso, ari na zo Shetani akoresha mu kuganza abantu! Imitwe indwi y’ico gikoko igereranya intwaro zitandatu z’ibihangange zivugwa muri Bibiliya gushika mu gihe ca Yohani, ni ukuvuga Misiri, Ashuri, Babiloni, Ubumedi n’Ubuperesi, Ubugiriki be n’Uburoma, hamwe rero n’intwaro igira indwi ubuhanuzi buvuga ko yobonetse mu nyuma.—Gereranya n’Ivyahishuwe 17:9, 10.
6. (a) Ya mitwe indwi ya ca gikoko yagiye imbere mu gukora iki? (b) Yehova yakoresheje gute Uburoma mu gushitsa urubanza rwiwe kw’ihanga ry’Abayuda, kandi abakirisu b’i Yeruzalemu vyabagendeye gute?
6 Ego ni ko harabayeho izindi ntwaro z’ibihangange muri kahise uretse izo ndwi, nk’uko nyene igikoko Yohani yabonye cari gifise umutumba n’imitwe indwi be n’amahembe cumi. Ariko rero, iyo mitwe indwi igereranya intwaro indwi nkurunkuru, imwimwe yose mu gihe cayo ikaba yaragiye imbere mu gucinyiza abasavyi b’Imana. Mu 33 G.C., igihe Uburoma bwari bukomeye, Shetani yarakoresheje uwo mutwe wa nya gikoko kugira yice Umwana w’Imana. Ico gihe Imana yarakuye amaboko kw’ihanga ry’Abayuda ryari ryahemutse maze mu nyuma, ni ukuvuga mu 70 G.C., irareka Uburoma burashitsa urubanza rwayo kuri iryo hanga. Igishimishije, Isirayeli nyakuri y’Imana, ni ukuvuga ishengero ry’abakirisu barobanuwe, yari yaraburiwe, kandi abari i Yeruzalemu n’i Yudaya bari bamaze guhungira hakurya y’Uruzi Yorodani.—Matayo 24:15, 16; Abagalatiya 6:16.
7. (a) Ni ibiki vyari kuba igihe c’insozero y’ivy’isi gishitse n’umusi w’Umukama utanguye? (b) Umutwe ugira indwi wa ca gikoko kivugwa mu Vyahishuwe 13:1, 2 vyagaragaye ko ari iki?
7 Ariko rero mu mpera z’ikinjana ca mbere G.C., benshi mu bari bagize iryo shengero ryo mu ntango bari barahevye ukuri, kandi ingano nyakuri za gikirisu, ni ukuvuga “abana b’ubwami,” zari zaranyoshwe cane n’icatsi kibi, ni ukuvuga “abana ba wa mubisha.” Mugabo igihe c’insozero y’ivy’isi gitanguye, abakirisu barobanuwe barasubiye guseruka ari umugwi utunganijwe. Mu kiringo c’umusi w’Umukama, abagororotsi ‘bokayanganye nk’izuba.’ Ku bw’ivyo, ishengero rya gikirisu ryari ritunganijwe neza ryiteguriye igikorwa. (Matayo 13:24-30, 36-43) Ico gihe inganji y’Uburoma ntiyari ikiriho. Inganji amahero y’Ubwongereza, iri kumwe n’igihangange Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ni yo yari yiganje kw’isi. Iyo ntwaro nganzasi igizwe n’ibihugu bibiri ni yo vyabonetse ko ari umutwe ugira indwi wa ca gikoko.
8. Kubera iki kutoba ari ugutukana umuntu agereranije n’igikoko intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika?
8 Ubwo none ntikwoba ari ugutukana umuntu avuze ko intwaro zitegeka ari ibikoko? Ivyo ni vyo abaturwanya bamwebamwe bavuze mu Ntambara ya kabiri y’isi yose, igihe Ivyabona vya Yehova bariko baraburanywa mu masentare hirya no hino kw’isi uko bagize ishirahamwe canke umuntu ku giti ciwe. Ariko zirikana gatoyi! None amahanga yoyo ntakoresha ibikoko bwa bimenyetso biyaranga? Nk’akarorero, hariho ya ntare y’Abongereza, ya nkona y’Abanyamerika na ca gisato c’Abashinwa. None wumva hari uwukwiye guharira Imana yo yandikishije Bibiliya Nyeranda na yo nyene igereranije intwaro zo kw’isi n’ibikoko?
9. (a) Kubera iki ata wukwiye guharira Bibiliya ivuze ko Shetani aha ububasha bwinshi ca gikoko? (b) Bibiliya idondora gute Shetani, kandi agira gute akosho ku ntwaro?
9 Vyongeye, kubera iki hari uwoharira Bibiliya ivuze ko Shetani ari we aha ca gikoko ububasha bwinshi? Imana ni yo yavuze ayo majambo, kandi imbere yayo ‘amahanga ni nk’ima ryo mu ndobo kandi ni nk’agakungugu.’ Ayo mahanga nyabuna yari akwiye kurondera gutoneshwa n’Imana aho kubabazwa n’ingene Ijambo ryayo ry’ubuhanuzi riyadondora. (Yesaya 40:15, 17; Zaburi 2:10-12) Shetani si umuntu avugwa mu nkuru z’ibitito ajejwe kubabariza mu muriro udahera abantu bapfuye. Uwo muriro ntubaho. Ahubwo Ivyanditswe bivuga ko Shetani yigira “umumarayika w’umuco,” ni ukuvuga umuhinga karuhariwe mu guhendana afise akosho gakomeye mu bijanye na politike.—2 Abakorinto 11:3, 14, 15; Abanyefeso 6:11-18.
10. (a) Kuba rimwe ryose muri ya mahembe cumi ririko umugāra vyerekana iki? (b) Ayo mahembe cumi n’iyo migāra cumi bigereranya iki?
10 Nya gikoko gifise amahembe cumi ku mitwe yaco indwi. Kumbure imitwe ine yari ifise ihembe rimwerimwe, itatu na yo ikagira abirabiri. Vyongeye, cari gifise imigara cumi ku mahembe yaco. Mu gitabu ca Daniyeli haravugwa ibijanye n’ibikoko biteye ubwoba, kandi igitigiri c’amahembe yavyo gikwiye gufatwa uko nyene. Nk’akarorero, amahembe abiri y’impfizi y’intama yagereranya inganji nganzasi igizwe n’ibihugu bibiri, ni ukuvuga Ubumedi n’Ubuperesi, amahembe ane yari ku mpene na yo yagereranya inganji zine zitegeka mu gihe kimwe zakomotse ku nganji y’Ubugiriki yatwarwa na Alegizandere Mukuru. (Daniyeli 8:3, 8, 20-22) Yamara rero, amahembe cumi ari ku gikoko Yohani yabonye bisa n’uko afise insobanuro y’ikigereranyo. (Gereranya na Daniyeli 7:24; Ivyahishuwe 17:12.) Agereranya intwaro zose zigenga zigize ishirahamwe ry’ivya politike rya Shetani uko ryakabaye. Ayo mahembe yose arangwa n’ubukazi n’agahahazo, mugabo nk’uko vyerekanwa na ya mitwe indwi, inganji imwimwe yose iganza mu gihe cayo. Muri ubwo buryo nyene, ya migāra cumi yerekana ko intwaro zose zigenga zoganziye rimwe n’intwaro nganzasi yobaye iganza mu gihe cazo.
11. Vyerekana iki kuba ca gikoko gifise ‘ku mitwe yaco amazina y’ukurogota ku Mana’?
11 Nya gikoko gifise ‘ku mitwe yaco amazina y’ukurogota ku Mana,’ kikavuga amajambo yerekana ko kitubaha na gato Yehova Imana na Kristu Yezu. Caritwaje izina ry’Imana n’irya Kristu kugira gishike ku ntumbero za politike, kandi cariyegereje cane idini ry’ikinyoma, kiranemera ko abakuru baryo bagira uruhara mu bikorwa vyaco vya politike. Nk’akarorero, mu Bwongereza abasenyeri bari mu bagize Inama nshingamateka. Abakaridinali ba Gatolika baragize uruhara rukomeye muri politike mu Bufaransa no mu Butaliyano, kandi mu bihe vya vuba abapatiri baragiye mu bibanza vya politike muri Amerika y’Epfo. Intwaro zirandika ku manoti ivyivugo bijanye n’idini nka kimwe kivuga ngo “IMANA NI YO TWIZIGIYE,” ku biceri na ho zikerekana ko Imana ishigikiye abategetsi bazo, zikavuga nk’akarorero ko bagenwa “biciye ku buntu bw’Imana.” Ivyo vyose ni ukurogota ku Mana, kuko ari ukugerageza kuyishira mu vya politike vyononekaye birangwa no kwiratira igihugu.
12. (a) Kuba ico gikoko ciburuka kiva mu “kiyaga” bisobanura iki, kandi catanguye kwiburuka ryari? (b) Kuba ca gisato giha ico gikoko c’ikigereranyo ububasha bwinshi vyerekana iki?
12 Nya gikoko ciburuka kiva mu “kiyaga,” kino kikaba kigereranya mu buryo bubereye amasinzi y’abantu adurumbanye intwaro z’abantu zikomokamwo. (Yesaya 17:12, 13) Ico gikoko catanguye kwiburuka kiva mu kiyaga c’abantu badurumbanye kuva mu misi ya Nimurodi (nko mu kinjana ca 21 B.G.C.), igihe isi irwanya Yehova y’inyuma ya rya Segenya yigaragaza ari bwo bwa mbere. (Itanguriro 10:8-12; 11:1-9) Ariko rero mu musi w’Umukama ni ho uwa nyuma muri ya mitwe yaco indwi wigaragaza bimwe vyuzuye. Urabona kandi ko ca gisato ari co “giha nya gikoko ububasha bwaco n’intebe y’ubwami yaco n’ububasha bwinshi.” (Gereranya na Luka 4:6.) Ico gikoko ni urwego rwa politike Shetani yashinze mu bantu. Shetani vy’ukuri ni we “mutware w’iyi si.”—Yohani 12:31.
Uruguma rwica
13. (a) Ni ivyago ibihe bishikira ca gikoko mu ntango z’umusi w’Umukama? (b) Ni mu buryo ki ca gikoko cose kibabara kandi umutwe umwe ari wo watejwe uruguma?
13 Mu ntango z’umusi w’Umukama, ca gikoko kirahura n’ivyago. Yohani yigana ati: “Hanyuma mbona umwe mu mitwe yaco ari nk’aho wakerewe ugapfa, mugabo uruguma rwica rwaco rurakira, isi yose ica ikurikira nya gikoko igitangarira.” (Ivyahishuwe 13:3) Uwo murongo uvuga ko umutwe umwe wa nya gikoko utezwa uruguma rwica, ariko umurongo wa 12 ukavuga ko ari nk’aho ico gikoko cose kibabara. Uti kubera iki? Imitwe y’ico gikoko ntitegekera rimwe. Umwumwe wose mu gihe cawo warakandamije abantu, canecane abasavyi b’Imana. (Ivyahishuwe 17:10) Ku bw’ivyo, igihe umusi w’Umukama watangura, umutwe umwe gusa, ni ukuvuga umutwe ugira indwi, ni wo wari inganji itegeka isi. Uruguma rwica rwatejwe uwo mutwe rwatumye ico gikoko cose kibabara.
14. Ni ryari ca gikoko catejwe uruguma rwica, kandi intwazangabo imwe yavuze ko vyagize ingaruka izihe kuri ico gikoko ca Shetani?
14 None urwo ruguma rwica rwari iki? Mu nyuma rwitwa uruguma rw’inkota, inkota ikaba igereranya intambara. Urwo ruguma rw’inkota catejwe mu ntango z’umusi w’Umukama rutegerezwa kuba rwerekeza ku Ntambara ya mbere y’isi yose, iyasesereje ico gikoko ca Shetani kigereranya ivya politike kigasigara ari intere. (Ivyahishuwe 6:4, 8; 13:14) Umwanditsi yitwa Maurice Genevoix, uwari intwanzangabo mu gihe c’iyo ntambara, yavuze ati: “Nta woharira ko muri kahise kose k’abantu, amagenekerezo make ari yo ahambaye nk’igenekerezo rya 2 Myandagaro 1914. Hatanguye Uburaya, bidatevye hafi isi yose ica ishikirwa n’ikintu c’agacavutu. Ibintu vyose ikibano cubakiyeko, yaba amasezerano, imyumvikano, amategeko agenga ibibereye, vyose vyaranyiganyize. Uko bukeye uko bwije, ibintu vyose vyaguma bivyura amakenga. Ico kintu cari kirengeye ivyo umuntu yoshobora kwiyumvira canke gutegekanya. N’ubu turacashikirwa n’ingaruka zaco kuko cari ikintu kirenze urugero, gitesha umutwe kandi c’ubugesera.”—Amajambo ya Maurice Genevoix, uwari mu bagize Académie Française, yakuwe mu gitabu Promise of Greatness (1968).
15. Ni mu buryo ki umutwe ugira indwi wa ca gikoko watejwe uruguma rwica?
15 Iyo ntambara yarasesereje cane umutwe ugira indwi w’ico gikoko, ari na wo waganza ico gihe. Cokimwe n’ibindi bihugu vy’i Buraya, Ubwongereza bwaratakaje imisore myinshi cane muri iyo ntambara. Mu ntambara imwe gusa yabereye ku Ruzi Somme mu 1916, Ubwongereza bwatakaje abantu 420.000, Ubufaransa 194.000, Ubudagi na bwo 440.000, bose hamwe bakaba barenga 1.000.000! Mu vy’ubutunzi na ho nyene, Ubwongereza hamwe n’ibindi bihugu vy’i Buraya vyarahahombeye cane. Inganji amahanga y’Ubwongereza yarahungabanijwe n’iyo ntambara ku buryo itigeze isubirana neza. Ego cane, iyo ntambara yarwanywe n’ibihugu 28 bikomakomeye, yatumye isi yose idandabagirana nk’aho umengo itejwe uruguma rwica. Ku wa 4 Myandagaro 1979, inyuma y’imyaka 65 gusa Intambara ya mbere y’isi yose yadutse, ikinyamakuru kimwe (The Economist) c’i Londres mu Bwongereza cavuze giti: “Mu 1914 isi yaratakaje ubumwe n’ubu itarasubira gushikako.”
16. Mu Ntambara ya mbere y’isi yose, Leta Zunze Ubumwe za Amerika zerekanye gute ko ziri mu bigize intwaro nganzasi igizwe n’ibihugu bibiri?
16 Muri ico gihe nyene, ya Ntambara ikomeye, nk’uko yitwa ico gihe, yaratumye bigaragara neza ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika ziri mu bigize intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika. Mu myaka ya mbere y’iyo ntambara, abantu biyumvira ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika zitari muri yo. Mugabo nk’uko umuhinga mu vya kahise Esmé Wingfield-Stratford yavyanditse, “ikibazo ahanini cari ico kumenya nimba muri ico gihe c’amagume akomeye Ubwongereza na Leta Zunze Ubumwe za Amerika vyari kurengera ivyo bidahurizako maze bikagira urunani rw’intamenwa be n’ukwizigirana.” Nk’uko ivyabaye bivyerekana, ico kintu baragishitseko. Mu 1917, Leta Zunze Ubumwe za Amerika zaratanze uburyo bwazo n’ingabo kugira zishigikire vya bihugu vyari bigize urunani, bikaba vyari bigeze habi. Muri ubwo buryo, wa mutwe ugira indwi, uwugizwe n’Ubwongereza na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, waratahukanye intsinzi muri iyo ntambara.
17. Ni ibiki vyashikiye isi ya Shetani inyuma y’intambara?
17 Inyuma y’intambara, isi yari yahindutse cane. Isi ya Shetani naho yari yaseserejwe cane na rwa ruguma rwica, yarahembutse, irasubira gukomera kuruta uko yahora, bituma abantu bayitangarira cane kuko yasubiranye.
18. Ni mu buryo ki abantu muri rusangi ‘bakurikiye nya gikoko bagitangarira’?
18 Umuhinga mu vya kahise yitwa Charles L. Mee, Jr., yanditse ati: “Ikurwaho ry’urutonde rw’ibintu rwa kera [bitumwe n’Intambara ya mbere y’isi yose] yari intambwe ikenewe kugira haboneke ukwishira n’ukwizana, ukubohorwa kw’ibindi bihugu n’iyindi migwi y’abantu, umwidegemvyo wiyongereye be n’ukwikukira.” Wa mutwe ugira indwi wa ca gikoko, uwari umaze gukira, ukaba waserukirwa na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, wari ugiye kurangura uruhara ruhambaye muri ico kiringo c’inyuma y’intambara. Iyo ntwaro nganzasi igizwe n’ibihugu bibiri yaragiye imbere mu gushigikira wa Muhari w’amahanga be n’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Mu 2005, Leta Zunze Ubumwe za Amerika zari zimaze gufasha ibihugu biteye imbere kugira ubuzima bwisununuye, kurwanya indwara no mu guteza imbere ivy’ubuhinga. Zari zimaze mbere kurungika abantu 12 ku kwezi. Ntibitangaje rero kubona abantu muri rusangi ‘barakurikiye nya gikoko bagitangarira.’
19. (a) Ni gute abantu batatangariye gusa ca gikoko? (b) Ni nde afise ububasha ku bwami bwose bwo kw’isi, kandi ivyo tubizi gute? (c) Shetani aha ububasha gute ca gikoko, kandi bituma abantu benshi bakora iki?
19 Abantu ntibatangariye gusa ico gikoko, kuko Yohani abandanya ati: “Baca basenga ca gisato kuko cahaye ububasha ico gikoko, bongera basenga nya gikoko muri aya majambo ngo: ‘Ni nde ameze nk’iki gikoko, kandi ni nde yoshobora kurwana na co?’” (Ivyahishuwe 13:4) Igihe Yezu yari kw’isi, Shetani yavuze ko afise ububasha ku bwami bwose bwo kw’isi. Yezu ntiyabihaririye, ahubwo mbere ubwiwe yavuze ko Shetani ari umutware w’isi kandi yaranse kugira uruhara mu vya politike y’ico gihe. Mu nyuma Yohani yanditse ku bijanye n’abakirisu b’ukuri ati: “Turazi ko dukomoka ku Mana, mugabo isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha.” (1 Yohani 5:19; Luka 4:5-8; Yohani 6:15; 14:30) Shetani araha ububasha ca gikoko, kandi ivyo abigira afatiye ku gatima ko kwiratira igihugu. Ni co gituma abantu bacanamwo kubera ukwiratira ubwoko, ibara ry’urukoba n’igihugu, aho kwunga ubumwe kubera urukundo ruva ku Mana. Mu bisanzwe, abantu benshi barasenga igice c’ico gikoko kiba gifise ububasha mu bihugu babamwo. Gutyo rero, ico gikoko cose kiratangarirwa kikongera kigasengwa.
20. (a) Ni mu buryo ki abantu basenga ca gikoko? (b) Ni kubera iki abakirisu basenga Yehova Imana bataja mu vyo gusenga ico gikoko, kandi bakurikiza akarorero ka nde?
20 None bagisenga mu buryo ki? Mu buryo bw’uko bashira imbere ugukunda igihugu kuruta ugukunda Imana. Abantu benshi barakunda igihugu cabo c’amavukiro. Kubera ko abakirisu b’ukuri ari abanyagihugu beza, na bo nyene barubaha abategetsi n’ibimenyetso vy’igihugu babamwo, bakagamburuka amategeko kandi bakagira ico baterereye ku neza y’ikibano na bagenzi babo. (Abaroma 13:1-7; 1 Petero 2:13-17) Ariko rero, ntibashobora kwihebera igihugu kimwe ngo bakirutishe ibindi vyose. Ya mvugo ngo “Nshigikiye igihugu canje caba kiri mu kuri canke kitari mu kuri,” ntibereye ku mukirisu. Ku bw’ivyo rero, abakirisu basenga Yehova Imana ntibashobora kuja mu vyo gusenga igice na kimwe ca ca gikoko mu kwiratira igihugu, kuko ivyo ata ho bitaniye no gusenga ca gisato, ari na co giha ububasha ico gikoko. Ntibashobora kubaza batangaye ngo “Ni nde ameze nk’iki gikoko?” Ahubwo bakurikiza akarorero ka Mikaheli, izina ryiwe rikaba risobanura ngo “Ni nde ameze nk’Imana?”, bagashigikira ubusegaba bwa Yehova. Igihe Imana yashinze nicagera, uwo Mikaheli ari we Kristu Yezu, azorwana n’ico gikoko agitsinde, nk’uko yatahukanye intsinzi mu kwirukana Shetani mw’ijuru.—Ivyahishuwe 12:7-9; 19:11, 19-21.
Kurwana n’aberanda
21. Yohani adondora gute ingene Shetani akoresha ca gikoko ivyo yishakiye?
21 Wa munyaruyeri Shetani yaragize imigambi yo gukoresha ico gikoko ivyo yishakiye. Yohani asigura ati: “Nuko, [ca gikoko c’imitwe indwi] gihabwa akanwa kavuga ibintu bikomeye n’ibirogotano, gihabwa n’ububasha bwo gukora amezi mirongo ine n’abiri. Hanyuma giteranura akanwa kaco mu kurogota ku Mana, ngo kirogote kw’izina ryayo n’aho iba, mbere no ku baba mw’ijuru. Maze gihabwa kurwana n’aberanda no kubatsinda, congera gihabwa ububasha ku muryango wose n’igisata cose n’ururimi rwose n’ihanga ryose. Kandi ababa kw’isi bose bazogisenga; nta n’umwe muri abo izina ryiwe ryanditswe mu muzingo w’ubuzima wa wa Mwagazi w’intama yicwa, uhereye kw’ishingwa ry’isi.”—Ivyahishuwe 13:5-8.
22. (a) Ya mezi 42 yerekeza ku kiringo ikihe? (b) Ni mu buryo ki abakirisu barobanuwe ‘batsinzwe’ muri ayo mezi 42?
22 Ayo mezi 42 avugwa ng’aho biboneka ko ari cokimwe na ya myaka itatu n’igice aberanda bamara batotezwa n’ihembe rihaguruka rivuye kuri kimwe muri vya bikoko vyo mu buhanuzi bwa Daniyeli. (Daniyeli 7:23-25; raba kandi Ivyahishuwe 11:1-4.) Ku bw’ivyo, kuva mu mpera ya 1914 gushika mu 1918, igihe ibihugu vyari mu ntambara vyariko biratabagurana nk’inyamaswa, abanyagihugu bavyo barahaswe ngo basenge ico gikoko, ngo baje mu vyo kwiratira igihugu, eka mbere ngo bitegurire gupfira igihugu cabo. Ivyo vyatumye benshi mu barobanuwe bahabonera amakuba menshi kuko babona ko Yehova Imana n’Umwana wiwe Kristu Yezu ari bo bakwiye kugamburukira imbere y’abandi bose. (Ivyakozwe 5:29) Ikigeragezo gikomeye kuruta ibindi vyose cabashikiye muri Ruheshi 1918, igihe ‘batsindwa.’ Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bamwebamwe mu bajejwe amabanga hamwe n’abandi baserukira ishirahamwe Watch Tower barapfunzwe bagirizwa ibinyoma, bica bituma igikorwa co kwamamaza ku rutonde carangurwa n’abavukanyi babo gicumbagira cane. Kubera ko ca gikoko gifise ububasha “ku muryango wose n’igisata cose n’ururimi rwose n’ihanga ryose,” carabangamiye cane igikorwa c’Imana kw’isi yose.
23. (a) “Umuzingo w’ubuzima wa wa Mwagazi w’intama” ni iki, kandi ni igikorwa ikihe kiriko kirasozerwa kuva mu 1918? (b) Ni kubera iki intsinzi iyo ari yo yose ishirahamwe rya Shetani ryosa n’iritahukana ku “beranda” ari uruhendo gusa?
23 Ico gihe wamengo Shetani n’ishirahamwe ryiwe baratahukanye intsinzi. Ariko iyo ntsinzi nta vyiza biramba yobazaniye, kuko mu bagize ishirahamwe rya Shetani riboneka ata n’umwe izina ryiwe ryari ryanditse mu “muzingo w’ubuzima wa wa Mwagazi w’intama.” Mu buryo bw’ikigereranyo, uwo muzingo urimwo amazina y’abazofadikanya na Yezu kuganza mu Bwami bwiwe mw’ijuru. Amazina ya mbere yanditswemwo kuri Pentekoti yo mu 33 G.C. Mu myaka yakurikiye, ayandi mazina yagiye arongerwa muri uwo muzingo. Kuva mu 1918, igikorwa co gushira ikidodo ku masigarira ya bamwe 144.000 bazoragwa Ubwami kiriko kirasozerwa. Vuba, amazina yabo yose azokwandikwa ubutagihanagurwa mu muzingo w’ubuzima wa wa Mwagazi w’intama. Nayo abansi babo basenga ca gikoko, nta n’umwe muri bo izina ryiwe rizokwandikwa muri uwo muzingo. Ku bw’ivyo, intsinzi iyo ari yo yose bosa n’abatahukana ku “beranda,” ni uruhendo gusa ikaba n’iy’akanya gato.
24. Yohani atera akamo abafise ugutahura ngo bumve iki, kandi amajambo bumva asobanura iki ku basavyi b’Imana?
24 Ubu na ho Yohani atera akamo abafise ugutahura ngo batege yompi bitonze, ati: “Uwuri n’ugutwi, niyumve.” Aca abandanya ati: “Nimba umuntu agenewe kugirwa imbohe, aja kugirwa imbohe. Umuntu niyicisha inkota, ategerezwa kwicishwa inkota. Aho ni ho hasaba ukwihangana n’ukwizera kw’aberanda.” (Ivyahishuwe 13:9, 10) Yeremiya yaranditse amajambo asa cane n’ayo mu myaka y’imbere ya 607 B.G.C., kugira yerekane ko imanza Yehova yari yaraciriye igisagara ca Yeruzalemu cari cahemutse zabwirizwa gushika. (Yeremiya 15:2; raba kandi Yeremiya 43:11; Zekariya 11:9.) Igihe Yezu yari mu kigeragezo gikomeye, yaratomoreye abayoboke biwe yuko badakwiye kudohoka, ati: “Abafata inkota bose bazokwicwa n’inkota.” (Matayo 26:52) Muri iki gihe c’umusi w’Umukama, abasavyi b’Imana na bo nyene bategerezwa kwumira ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Abantu batigaya basenga ca gikoko ntibazorusimba. Twese tuzokenera ukwihangana n’ukwizera kutanyiganyiga kugira ntidutsindwe n’uruhamo be n’ibigeragezo biturindiriye.—Abaheburayo 10:36-39; 11:6.
Igikoko c’amahembe abiri
25. (a) Yohani adondora gute ikindi gikoko c’ikigereranyo giseruka kw’isi? (b) Kuba ico gikoko gishasha gifise amahembe abiri kandi kikaba kiva mw’isi vyerekana iki?
25 Ubu na ho haseruka ikindi gikoko kw’isi. Yohani yigana ati: “Hanyuma mbona ikindi gikoko kiduga kiva mw’isi, kandi cari gifise amahembe abiri nk’umwagazi w’intama, mugabo gitangura kuvuga nk’igisato. Gikoresha ububasha bwose bwa ca gikoko ca mbere mu maso yaco. Kandi gituma isi n’abayibamwo basenga ca gikoko ca mbere, kimwe cakira uruguma rwica. Gikora ibimenyetso bikomeye, ku buryo mbere gituma umuriro umanuka uvuye mw’ijuru ukaza kw’isi, mu maso y’abantu.” (Ivyahishuwe 13:11-13) Ico gikoko gifise amahembe abiri, ivyo bikaba vyerekana ko ari intwaro zibiri zikorana. Vyongeye, bivugwa ko kiduga kiva mw’isi, kitava mu kiyaga. Ku bw’ivyo, kiva mu bintu Shetani amaze gushinga kw’isi. Gitegerezwa kuba kigereranya intwaro nganzasi isanzwe iriho, irangura uruhara rudasanzwe mu gihe c’umusi w’Umukama.
26. (a) Ca gikoko c’amahembe abiri kigereranya iki, kandi gifitaniye isano irihe na ca gikoko ca mbere? (b) Ni mu buryo ki amahembe ya ca gikoko c’amahembe abiri ameze nk’ay’umwagazi w’intama, kandi ni mu buryo ki kivuga “nk’igisato”? (c) Abiratira igihugu mu vy’ukuri baba bariko basenga iki, kandi ivyo kwiratira igihugu vyagereranijwe n’iki? (Raba akajambo k’epfo.)
26 None coba ari igiki? Ni intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika, iyigereranywa kandi n’umutwe ugira indwi wa ca gikoko ca mbere, mugabo ikaba iriko irangura uruhara rudasanzwe! Kuba kivugwa ukwaco muri iryo yerekwa biradufasha kubona neza ukuntu gikora cigenga mw’isi. Ico gikoko c’ikigereranyo c’amahembe abiri kigizwe n’intwaro zibiri ziganzira rimwe, zigenga ariko zisenyera ku mugozi umwe. Kuba gifise amahembe abiri “nk’umwagazi w’intama” bisobanura ko ciyerekana nk’icitonda n’ikitagirira nabi umuntu n’umwe, kikerekana kandi ko gifise uburyo bwo gutegeka bwiza isi yose ikwiye kwigana. Ariko rero kivuga “nk’igisato” mu buryo bw’uko gikoresha umukazo n’iterabwoba, mbere n’inguvu zikajamwo igihe cose uburyo bwaco bwo gutegeka budashigikiwe. Ntikiremesha abantu kuyobokera Ubwami bw’Imana burongowe na wa Mwagazi w’intama w’Imana, ahubwo kibaremesha gushigikira inyungu za Shetani, ca gisato kinini. Kiraremesha kandi amacakubiri n’urwanko bishingiye ku vyo kwiratira igihugu, ivyo bikaba bituma ca gikoko ca mbere kirushiriza gusengwa.c
27. (a) Mu gutuma umuriro umanuka uvuye mw’ijuru, ico gikoko c’amahembe abiri kiba gishaka kwerekana iki? (b) Abantu benshi babona gute ca gikoko c’amahembe abiri co muri iki gihe?
27 Ico gikoko c’amahembe abiri kirakora ibimenyetso bikomeye, mbere kigatuma umuriro umanuka uvuye mw’ijuru. (Gereranya na Matayo 7:21-23.) Ico kimenyetso ca nyuma kitwibutsa Eliya umuhanuzi w’Imana wa kera, uwahanganye n’abahanuzi ba Bayali. Igihe yahamagara umuriro ukamanuka uvuye mw’ijuru mw’izina rya Yehova, vyarerekanye neza ko yari umuhanuzi w’ukuri be n’uko abahanuzi ba Bayali bari ab’ikinyoma. (1 Abami 18:21-40) Cokimwe n’abo bahanuzi ba Bayali, ca gikoko c’amahembe abiri cibwira ko gikwiriye kwitwa umuhanuzi. (Ivyahishuwe 13:14, 15; 19:20) Washaka mbere kirihaya kivuga ko catsinze ikibi muri za ntambara zibiri z’isi yose be n’uko canesheje Abakomunisita baterekwa Imana! Nkako, abantu benshi babona ko ico gikoko c’amahembe abiri co muri iki gihe ari co gihagarariye ukwishira n’ukwizana kikaba n’isôko ry’ibintu vyiza vyose.
Ishusho ya ca gikoko
28. Yohani yerekana gute ko ico gikoko c’amahembe abiri atari intungane nk’uko amahembe yaco ameze nk’ay’umwagazi w’intama asa n’ayavyerekana?
28 Ico gikoko c’amahembe abiri coba ari intungane nk’uko ayo mahembe yaco ameze nk’ay’umwagazi w’intama avyerekana? Yohani arabandanya ati: “Kandi kirazimiza ababa kw’isi, kubera ibimenyetso cahawe gukorera mu maso ya ca gikoko, kikabwira ababa kw’isi ngo bakore ishusho ya ca gikoko cari n’uruguma rw’inkota yamara kikongera kubaho. Hanyuma gihabwa guha impemu ishusho ya ca gikoko, kugira ngo nya shusho ya ca gikoko ivuge yongere yicishe abo bose badasenze mu buryo na bumwe nya shusho ya nya gikoko.”—Ivyahishuwe 13:14, 15.
29. (a) Intumbero y’ishusho ya ca gikoko ni iyihe, kandi iyo shusho yabayeho ryari? (b) Kubera iki ishusho ya ca gikoko atari ikintu kitagira ubuzima?
29 None iyo “shusho ya ca gikoko” ni iki, kandi intumbero yayo ni iyihe? Intumbero y’ishusho y’ico gikoko c’imitwe indwi ni iyo kuremesha abantu gusenga ico gikoko kugira kibone kubandanya kubaho. Iyo shusho yabayeho inyuma y’aho ca gikoko c’imitwe indwi gikiriye rwa ruguma rw’inkota, ni ukuvuga Intambara ya mbere y’isi yose imaze guhera. Si igishusho kitagira ubuzima, nka kimwe Nebukadinezari yashinga mu kiyaya ca Dura. (Daniyeli 3:1) Ca gikoko c’amahembe abiri kirahumekera impemu muri iyo shusho kugira ngo ishobore kugira ubuzima no kugira uruhara mu biba mw’isi.
30, 31. (a) Ivyabaye muri kahise vyerekana ko iyo shusho ari iki? (b) Hoba hariho abantu bishwe kubera banse gusenga iyo shusho? Sigura.
30 Ivyabaye muri kahise birerekana ko iyo shusho ari ishirahamwe ryashinzwe bivuye ku vyiyumviro vy’Abongereza n’Abanyamerika ari na bo barishigikiye, mu ntango rikaba ryitwa Umuhari w’amahanga. Mu Vyahishuwe ikigabane ca 17 riza kuboneka rifise iyindi shusho y’igikoko c’ibara ry’agahama kizima, gihumeka kandi cigenga. Iryo shirahamwe mpuzamakungu ‘riravuga,’ mu buryo bw’uko ryihambaza ngo ni ryo ryonyene rishoboye kuzanira abantu amahoro n’umutekano. Ariko mu bisanzwe, vyagaragaye ko ari urwego ibihugu bigize iryo shirahamwe akenshi bihuriramwo kugira biterane amajambo vyongere bitukane. Riratera ubwoba igihugu ico ari co cose kitemera ubukuru bwaryo, rikavuga ko kizocirwa umukenke canke kigafatirwa ibihano ruhasha. Nkako, uwo Muhari w’amahanga warirukanye ibihugu bitashigikira ivyiyumviro vyawo. Ya makuba akomeye niyatangura, “amahembe” y’ishusho y’ico gikoko agereranya ingabo za gisirikare azorangura igikorwa co gutikiza.—Ivyahishuwe 7:14; 17:8, 16.
31 Kuva mu Ntambara ya kabiri y’isi yose, ishusho y’ico gikoko, ubu rikaba ari Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yarishe nyakwica. Nk’akarorero, mu 1950 ingabo za ONU zaragize uruhara mu ntambara yahuje Koreya ya Ruguru na Koreya y’Epfo. Bivugwa ko ingabo za ONU ziri kumwe n’Abanyakoreya y’Epfo zishe Abanyakoreya ya Ruguru n’Abashinwa bashika 1.420.000. Kuva mu 1960 gushika mu 1964 na ho, ingabo za ONU zarakoreye muri Kongo (Kinshasa). Vyongeye, indongozi zo mw’isi, harimwo na Papa Paulo wa gatandatu na Yohani Paulo wa kabiri, zagumye zemeza ko iyo shusho ari co cizigiro c’amahoro ca nyuma kandi ciza kuruta ibindi abantu bafise. Bavuga bashimitse ko abantu nibatakorera iyo shusho, umuryango w’abantu uzokwikwegera ugutikira. Gutyo, ni nk’aho baba bariko baricisha abantu bose banse gukurikira iyo shusho no kuyisenga.—Gusubira mu vyagezwe 5:8, 9.
Ikimenyetso ca ca gikoko
32. Yohani adondora gute ukuntu Shetani akoresha igice c’ivya politike c’ishirahamwe ryiwe riboneka kugira ateze umubabaro amasigarira y’uruvyaro rwa wa mugore w’Imana?
32 Ubu na ho Yohani arabona ingene Shetani akoresha igice c’ivya politike c’ishirahamwe ryiwe riboneka kugira ateze amasigarira y’uruvyaro rwa wa mugore w’Imana umubabaro mwinshi ushoboka. (Itanguriro 3:15) Aca asubira kudondora “ca gikoko” ubwaco, ati: “Kandi kirahāta abantu bose, abato n’abahambaye, abatunzi n’aboro, abidegemvya n’abashumba, kugira ngo bashirweko ikimenyetso ku kuboko kwabo kw’ukuryo canke ku ruhanga rwabo, no kugira ngo ntihagire n’umwe ashobora kugura canke kugurisha kiretse umuntu afise nya kimenyetso, izina rya ca gikoko canke igitigiri c’izina ryaco. Aha ni ho hasaba ubukerebutsi: Uwufise ubwenge naharure igitigiri ca nya gikoko, kuko ari igitigiri c’umuntu; kandi igitigiri caco ni amajana atandatu na mirongo itandatu na gatandatu.”—Ivyahishuwe 13:16-18.
33. (a) Izina rya ca gikoko ni irihe? (b) Igitigiri gatandatu gikoreshwa ku biki? Sigura.
33 Nya gikoko kirafise izina, kandi iryo zina rigizwe n’igitigiri 666. Igitigiri gatandatu gikoreshwa ku bansi ba Yehova. Umugabo umwe w’Umufilisitiya w’i Refayimu yari afise “igihagararo c’akataraboneka,” akagira n’“intoke n’amano bitandatubitandatu.” (1 Ngoma 20:6) Umwami Nebukadinezari yarashinze igishusho c’inzahabu c’amatambwe 6 y’ubwaguke n’amatambwe 60 y’uburebure, kugira atume abakuru bo mu ntwaro yiwe bunga ubumwe mu gusenga. Igihe abasavyi b’Imana banka gusenga ico gishusho c’inzahabu, umwami yaciye abaterera mw’itanure ry’umuriro. (Daniyeli 3:1-23) Igitigiri gatandatu kiri munsi y’igitigiri indwi, ikigereranya ikintu Imana ibona ko cuzuye. Ku bw’ivyo rero, igitigiri gatandatu incuro zitatu cerekana akanenge gakomeye.
34. (a) Kuba igitigiri c’ico gikoko ari “igitigiri c’umuntu” vyerekana iki? (b) Ni kubera iki igitigiri 666 ari izina ribereye urwego rwa politike rwo mw’isi ya Shetani?
34 Izina riradufasha kumenya umuntu. None ni gute ico gitigiri kidufasha kumenya ingene ico gikoko kimeze? Yohani avuga ko ari “igitigiri c’umuntu,” atari ic’umumarayika. Iryo zina rero riradufasha kwemeza ko ico gikoko ari ico kw’isi, kikaba kigereranya intwaro z’abantu. Nk’uko nyene igitigiri gatandatu kiri munsi y’indwi, igitigiri 666, ni ukuvuga gatandatu incuro zitatu, ni izina ribereye urwego rukomeye rw’ivya politike rwananiwe rwose gushitsa ingingo ngenderwako z’Imana zijanye n’ukutagira akanenge. Ico gikoko ari co ntwaro zo kw’isi kiragaba kikaganza gifise izina rigizwe n’igitigiri 666, mu gihe abanyapolitike, abanyamadini n’abadandaza bakomakomeye batuma kibandanya gucinyiza abantu no guhama abasavyi b’Imana.
35. Bisobanura iki gushirwa izina rya ca gikoko mu ruhanga canke ku kuboko kw’ukuryo?
35 Bisobanura iki gushirwa izina rya ca gikoko mu ruhanga canke ku kuboko kw’ukuryo? Igihe Yehova yaha Abisirayeli rya Tegeko, yababwiye ati: “Mutegerezwa gushira aya majambo yanje ku mutima wanyu no ku muzirikanyi wanyu, mukayabohera ku kuboko kwanyu nk’ikimenyetso, kandi aze abe nk’agatengaruhanga hagati y’amaso yanyu.” (Gusubira mu vyagezwe 11:18) Ivyo vyasobanura ko Abisirayeli babwirizwa kugumiza imbere yabo iryo Tegeko ku buryo baryisunga mu vyo bakora no mu vyo biyumvira vyose. Bamwe 144.000 barobanuwe bivugwa ko bafise izina rya Se n’irya Yezu yanditse mu ruhanga rwabo. Ivyo vyerekana ko begukira Yehova Imana na Yezu Kristu. (Ivyahishuwe 14:1) Shetani arakoresha muri ubwo buryo nyene ikimenyetso c’amadayimoni kiranga nya gikoko. Umuntu wese agira uruhara mu bikorwa vya misi yose nko kugura no kugurisha arahatwa ngo akore ibintu nk’uko ico gikoko kigomba, nk’akarorero mu bijanye no guhimbaza imisi mikuru. Vyitezwe ko basenga ico gikoko, bakareka kikaba ari co kibayobora mu buzima, kugira bashirweko ikimenyetso caco.
36. Abanka kwemera ikimenyetso ca ca gikoko bashikiwe n’ingorane izihe?
36 Abanka kwemera ikimenyetso c’ico gikoko bamye bahura n’ingorane. Nk’akarorero, kuva mu myaka 1930 babwirijwe kuburana imanza nyinshi muri sentare no kwihanganira ibitero vy’utugwi tw’inkorabara n’ubundi bwoko bw’uruhamo. Mu bihugu vyarimwo intwaro z’igikenye, barashizwe mu makambi y’itunatuniro, benshi bakaba bapfiriyeyo. Kuva mu Ntambara ya kabiri y’isi yose, imisore itagira uko ingana yarapfunzwe igihe kirekire, mbere bamwebamwe barasinzikarizwa ubuzima canke baricwa kubera banse kudohoka ku mpagararo ya gikirisu yo kutagira aho bahengamiye. Mu bindi bihugu, abakirisu usanga badashobora kugura canke kugurisha ikintu, ugasanga bamwebamwe ntibashobora kwigabira itongo, abandi na bo bagafatwa ku nguvu, bakicwa canke bakomorwa mu vyabo. Uti kubera iki? Kubera ko baba banse kugura ikarata y’umugambwe bisunze ijwi ryabo ryo mutima.d—Yohani 17:16.
37, 38. (a) Kubera iki iyi si itorohereza abanka gushirwako ikimenyetso ca ca gikoko? (b) Ni bande bagumana ugutungana kwabo, kandi biyemeje gukora iki?
37 Mu turere tumwetumwe tw’isi, usanga idini ryariziziye abantu ku buryo umuntu aburaniye ukuri kwo muri Bibiliya aca yinubwa n’umuryango be n’abahoze ari abagenzi. Kwihanganira ico kintu bisaba ukwizera gukomeye. (Matayo 10:36-38; 17:22) Muri ino si aho benshi basenga amatungo, ubugunge na bwo bukaba bwariraye, akenshi usanga umukirisu w’ukuri abwirizwa kwizigira aherejeko yuko Yehova azomufasha gukora ibigororotse. (Zaburi 11:7; Abaheburayo 13:18) Muri iyi si yuzuye ubuhumbu, bisaba umwiyemezo ukomeye kugira umuntu agume atyoroye. Abakirisu barwaye akenshi barahatwa n’abaganga ngo barenge kw’itegeko ry’Imana rijanye n’ubweranda bw’amaraso, mbere bakabwirizwa guhangana n’ingingo z’amasentare ziteye kubiri n’ukwizera kwabo. (Ivyakozwe 15:28, 29; 1 Petero 4:3, 4) Vyongeye, muri iki gihe ubushomeri bwiraye, birarushiriza kugora umukirisu w’ukuri kwanka akazi kotuma atakaza ugutungana kwiwe imbere y’Imana.—Mika 4:3, 5.
38 Ego cane, iyi si ntiyorohereza abadafise ikimenyetso ca ca gikoko. Kubona amasigarira y’uruvyaro rwa wa mugore n’abantu barenga imiliyoni indwi bagize rya sinzi rinini bagumana ugutungana kwabo naho bashikirwa n’iyo mikazo yose ngo barenge amategeko y’Imana, ni ikintu gikomeye cerekana ububasha bwa Yehova n’umuhezagiro abahunda. (Ivyahishuwe 7:9) Ese twese kw’isi yose twobandanya gushira hejuru Yehova n’inzira ziwe zigororotse, tukanka gushirwako ikimenyetso ca ca gikoko.—Zaburi 34:1-3.
[Utujambo tw’epfo]
a Ushaka ayandi makuru, raba urupapuro rwa 165-179 mu gitabu Prêtons attention à la prophétie de Daniel! casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
b Igitabu The Interpretation of St. John’s Revelation canditswe na R. C. H. Lenski, urupapuro rwa 390-391.
c Abihweza utuntu n’utundi basanze ivyo kwiratira igihugu ata ho bitandukaniye n’idini. Ku bw’ivyo, abiratira igihugu mu vy’ukuri baba bariko barasenga igihimba c’ico gikoko giserukiwe n’igihugu babamwo. Mu bijanye n’ivyo kwiratira igihugu muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, dusoma duti: “Ivyo kwiratira igihugu, ibishobora gufatwa nk’idini, birafise vyinshi bihuriyeko n’ayandi madini akomeye ya kera . . . Muri iki gihe, uwubona ivyo kwiratira igihugu nk’idini afata igihugu ciwe nk’imana azeyeko uburaro n’uburamuko. Arumva ko akeneye gufashwa cane na co. Abona ko ari co sôko ry’ugusagamba n’agahimbare kuri we. Arakiyobokera kurya nyene abanyedini babigira. . . . Abona ko igihugu ari ikintu kizokwamaho be n’uko abana baco bapfa baciguze batuma kirushiriza kumenyekana no kuronka iteka ridahera.”—Amajambo ya Carlton J. F. Hayes, yasubiwemwo ku rupapuro rwa 359 mu gitabu What Americans Believe and How They Worship canditswe na J. Paul Williams.
d Raba nk’akarorero, Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Rusama 1972, urupapuro rwa 315; uwo ku wa 15 Nyakanga 1974, urupapuro rwa 565; uwo ku wa 1 Nyakanga 1975, urupapuro rwa 533; uwo ku wa 1 Rusama 1979, urupapuro rwa 23; uwo ku wa 15 Nyakanga 1979, urupapuro rwa 20 n’uwo ku wa 15 Myandagaro 1980, urupapuro rwa 10.
[Ifoto ku rup. 195]
Gihabwa guha impemu ishusho ya ca gikoko