Ikigabane ca 32
Ishavu ry’Imana rirangizwa
1. Ni ibiki bizoba vyabaye ya mabakure indwi niyamara kurangira gusukwa, kandi ni ibibazo ibihe bica bivyuka ku bijanye n’ayo mabakure?
YOHANI yamaze kuvuga ivy’abamarayika bajejwe gusuka ya mbakure indwi. Atubwira ko “ivyo [vyago ari] vyo vya nyuma, kuko biciye kuri vyo ishavu ry’Imana rirangizwa.” (Ivyahishuwe 15:1; 16:1) Ivyo vyago, ibihishura ibihano Yehova yafatiye ububisha buri mw’isi, bitegerezwa gusukwa gushika birangiye. Nivyamara kurangira, imanza z’Imana zizoba zashikijwe. Isi ya Shetani izoba yavuyeho! None ivyo vyago bisobanura iki ku bantu no ku batware b’ino si mbi? Abakirisu bokora iki kugira ntibazohitanwe n’ivyo vyago bizoshikira ino si yaciriwe rubi? Ivyo bibazo birahambaye, kandi tugira tubironkere inyishu. Abo bose banyotewe kubona ubugororotsi ari bwo bwiganza barakwiye kwihweza bitonze ivyo Yohani aca abona.
Uburake bwa Yehova bururumbira “isi”
2. Haca haba iki umumarayika wa mbere asutse ibakure yiwe mw’isi, kandi “isi” igereranya iki?
2 Umumarayika wa mbere arahagurutse! Yohani yigana ati: “Uwa mbere aragenda, asuka ibakure yiwe mw’isi. Maze igisebe kibabaza kandi gikaze kiza ku bantu bari bafise ikimenyetso ca ca gikoko kandi bariko basenga ishusho yaco.” (Ivyahishuwe 16:2) Nk’uko bimeze ku bijanye na rwa rumbete rwa mbere, “isi” ivugwa ng’aha igereranya inzego za politike zisa n’izishinze imizi, izo Shetani yatanguje kw’isi kuva mu gihe ca Nimurodi, ubu hakaba haciye imyaka irenga 4.000.—Ivyahishuwe 8:7.
3. (a) Ni gute intwaro nyinshi zasavye abatwarwa bazo gukora ibintu twogereranya n’ugusenga? (b) Ni igiki amahanga yashizeho gisubirira Ubwami bw’Imana, kandi abagisenga baca bamererwa gute?
3 Muri iyi misi ya nyuma, intwaro nyinshi zarasavye abatwarwa bazo gukora ibintu twogereranya n’ugusenga, zikavuga zishimitse ko igihugu kibwirizwa kwubahwa kuruta Imana canke ubundi bukuru bwose. (2 Timoteyo 3:1; gereranya na Luka 20:25; Yohani 19:15.) Kuva mu 1914, biramenyerewe ko ibihugu vyinjiza mu gisirikare urwaruka kugira ruje kurwana canke rwitegurire kurwana mwene za ntambara zatumye kahise karangwa n’amaraso menshi yasesetse. Mu kiringo c’umusi w’Umukama, amahanga kandi yarashizeho ikintu gisubirira Ubwami bw’Imana, ni ukuvuga ishusho ya ca gikoko igereranya wa Muhari w’amahanga hamwe n’icahavuye kiwusubirira, ni ukuvuga Ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Ese ukuntu ari ukurogota kwubahuka gutangaza ko urwo rwego rwashizweho n’abantu ari rwo rwonyene amahanga azeyeko amahoro, nk’uko abapapa ba vuba babigize! Iyo shusho irarwanya bimwe bibi Ubwami bw’Imana. Abayisenga baca bahumana mu vy’impwemu, bakuzura ibisebe kumwe nyene ba Banyamisiri barwanya Yehova mu gihe ca Musa batejwe ibisebe nyabisebe.—Kuvayo 9:10, 11.
4. (a) Ni igiki ibiri mw’ibakure ya mbere y’ishavu ry’Imana bishira ahabona neza? (b) Yehova abona gute abemera ikimenyetso ca ca gikoko?
4 Ibiri muri iyo bakure ya mbere birashira ahabona neza ihitamwo abantu bategerezwa kugira. Bategerezwa guhitamwo kwankwa n’isi canke guhura n’uburake bwa Yehova. Abantu barashirwako umukazo ngo bemere ikimenyetso ca ca gikoko, kugira ngo “ntihagire n’umwe ashobora kugura canke kugurisha kiretse umuntu afise nya kimenyetso, izina rya ca gikoko canke igitigiri c’izina ryaco.” (Ivyahishuwe 13:16, 17) Ariko rero ivyo ntivyijana! Yehova abona ko abemera ico kimenyetso ari nk’aho barwaye “igisebe kibabaza kandi gikaze.” Kuva mu 1922, baragaragaye icese ko bateye ibitugu ya Mana nzima. Amapolitike yabo nta co ashikako, kandi bamana agahinda. Barahumanye mu buryo bw’impwemu. Baramutse batigaye, iyo ndwara ‘ibabaza’ izobahitana kuko umusi w’urubanza wa Yehova ugeze. Umuntu ntashobora kuba ntahompagaze: abwirizwa guhitamwo kuba uw’ino si canke gukorera Yehova ari ku ruhande rwa Kristu wiwe.—Luka 11:23; gereranya na Yakobo 4:4.
Ikiyaga gihinduka amaraso
5. (a) Ni ibiki bica biba ibakure igira kabiri isutswe? (b) Yehova abona gute ababa muri ico kiyaga c’ikigereranyo?
5 Ibakure igira kabiri y’ishavu ry’Imana na yo igira isukwe. None iza gutuma abantu bamererwa gute? Yohani atubwira ati: “Uwa kabiri na we asuka ibakure yiwe mu kiyaga. Gica gihinduka amaraso nk’ay’umuntu yapfuye, maze igifise ubuzima cose kirapfa, egome, ibiri mu kiyaga.” (Ivyahishuwe 16:3) Cokimwe na rwa rumbete rugira kabiri, iyo bakure isukwa ku “kiyaga,” ni ukuvuga abantu b’abagarariji badurumbanye batandukanijwe na Yehova. (Yesaya 57:20, 21; Ivyahishuwe 8:8, 9) Imbere ya Yehova, ico “kiyaga” kimeze nk’amaraso, ni ukuvuga ahantu ata kiremwa na kimwe kibereye kuba. Ni co gituma abakirisu badakwiye kuba ab’isi. (Yohani 17:14) Isukwa ry’ibakure igira kabiri y’ishavu ry’Imana rirerekana ko abantu bose baba muri ico kiyaga bapfuye mu nyonga za Yehova. Wa wundi ati ‘Umuryambwa aba umwe agatukisha umuryango’: umuryango w’abantu wose uragīrwa n’amaraso menshi. Umusi w’uburake bwa Yehova niwashika, bazopfa nyagupfa bishwe n’ingabo ziwe zije gushitsa urubanza.—Ivyahishuwe 19:17, 18; gereranya n’Abanyefeso 2:1; Abakolosayi 2:13.
Bahabwa amaraso ngo banywe
6. Ni ibiki bica biba ibakure igira gatatu isutswe, kandi ni amajambo ayahe aca yumvikana avuzwe n’umumarayika n’igicaniro?
6 Cokimwe na rwa rumbete rugira gatatu, ibakure igira gatatu y’ishavu ry’Imana na yo nyene isukwa ku masôko y’amazi meza. Yohani yigana ati: “Uwa gatatu na we asuka ibakure yiwe mu nzuzi no mu masôko y’amazi. Bica bihinduka amaraso. Ndaheza numva umumarayika w’amazi avuga ati: ‘Wewe, Uwuriho kandi yariho, Intahemuka, uragororotse, kuko wapfunditse izo ngingo, kuko basheshe amaraso y’aberanda n’ay’abahanuzi, nawe ubahaye amaraso ngo banywe. Barabikwiriye.’ Maze numva igicaniro kivuga giti: ‘Egome, Yehova Mana, Mushoboravyose, ingingo zawe z’ubutungane ni iz’ukuri kandi ziragororotse.’”—Ivyahishuwe 16:4-7.
7. Izo ‘nzuzi n’amasôko y’amazi’ bigereranya iki?
7 Izo ‘nzuzi n’ayo masôko y’amazi’ bigereranya ivyitwa ngo ni amasôko meza y’ubuyobozi n’ubukerebutsi vyemerwa muri ino si, nk’ivyiyumviro bijanye na politike, ubutunzi, siyansi, amashure, imibano n’idini, bikaba ari na vyo biyobora abantu mu vyo bakora no mu ngingo bafata. Aho guhanga amaso Yehova we Sôko ry’ubuzima ngo abahe ukuri gutanga ubuzima, abantu ‘bariyimbiye amatangi atobotse’ bongera baragotomera “ubukerebutsi bw’iyi si [kandi] ari ubupfu ku Mana.”—Yeremiya 2:13; 1 Abakorinto 1:19; 2:6; 3:19; Zaburi 36:9.
8. Ni mu buryo butandukanye ubuhe abantu bagīrwa n’amaraso?
8 Ayo “mazi” atosekaye yaratumye abantu bagīrwa n’amaraso, nk’akarorero mu kubaremesha gusesa amaraso ku rugero runini cane mu ntambara, mu kinjana giheze zikaba zahitanye abantu barenga imiliyoni ijana. Canecane mu biyita abakirisu, ari na ho za ntambara zibiri z’isi yose zatanguriye, abantu wasanga “bihutira gusesa amaraso y’intungane,” aho hakaba harimwo n’amaraso y’Ivyabona vy’Imana. (Yesaya 59:7; Yeremiya 2:34) Abantu kandi baragīrwa n’amaraso kubera bayatera abantu ku bwinshi, kukaba ari ukurenga ku mategeko agororotse ya Yehova. (Itanguriro 9:3-5; Abalewi 17:14; Ivyakozwe 15:28, 29) Ku bw’ivyo, baramaze kwimbura intuntu kubera indwara nka SIDA, igitigu n’izindi zakwiragiye biciye ku gutera abantu amaraso. Vuba, abagirwa n’amaraso bose bazoronka impembo yuzuye abacumuzi nibaronka igihano ruhasha co guhonyangirwa mu “ruganiro rw’umuvinyu runini rw’ishavu ry’Imana.”—Ivyahishuwe 14:19, 20.
9. Isukwa ry’ibakure igira gatatu ririmwo ibiki?
9 Igihe Uruzi Nili rwahinduka amaraso mu misi ya Musa, Abanyamisiri barashoboye kurusimba mu kurondera amazi ahandi. (Kuvayo 7:24) Ariko rero muri iki gihe c’icago co mu buryo bw’impwemu, nta na hamwe muri ino si ya Shetani abantu bashobora gukura amazi atanga ubuzima. Isukwa ry’iyo bakure igira gatatu ririmwo ugutangaza ko ‘inzuzi n’amasôko y’amazi’ vyo muri ino si ari amaraso yica mu buryo bw’impwemu abayanywa bose. Abantu badahindukiye ngo bagaruke kuri Yehova, bazohura n’urubanza rwiwe rubi.—Gereranya na Ezekiyeli 33:11.
10. “Umumarayika w’amazi” atangaza iki, kandi ni intahe nyabaki “igicaniro” gishinga?
10 “Umumarayika w’amazi,” ni ukuvuga umumarayika asuka ibakure yiwe mu mazi, arashimagiza Yehova ko ari Umucamanza w’isi n’ijuru ashinga ingingo z’ubugororotsi zidasubirwamwo. Ku bijanye n’urwo rubanza rero, avuga ati: “Barabikwiriye.” Nta gukeka ko uwo mumarayika yiboneye ingene menshi muri ayo maraso aseswa, akibonera n’ubunyamaswa bumaze imyaka ibihumbi bukorwa kubera inyigisho z’ikinyoma hamwe n’ivyiyumviro ino si mbi igenderako. Arazi rero ko iyo ngingo y’ubutungane ya Yehova igororotse. Mbere n’“igicaniro” c’Imana kiravuga. Mu Vyahishuwe 6:9, 10 havuga ko ubuzima bw’abishwe rumaratiri buri munsi y’ico gicaniro. “Igicaniro” rero kirashinga intahe ikomeye yuko ingingo za Yehova zitarenganya kandi zigororotse.a Emwe, birabereye ko abasheshe amaraso bakongera bakayakoresha nabi ku rugero runini na bo nyene baramizwa amaraso, kikaba ari ikimenyetso c’uko Yehova yabaciriye urwo gupfa.
Kubabuza abantu umuriro
11. Ibakure igira kane y’ishavu ry’Imana isukwa ku ki, kandi haca haba iki?
11 Ibakure igira kane y’ishavu ry’Imana isukwa ku zuba. Yohani atwiganira ati: “Uwa kane na we asuka ibakure yiwe ku zuba; izuba rica rihabwa kubabuza abantu umuriro. Maze abantu bababuzwa ubushuhe bukomeye, mugabo barogota kw’izina ry’Imana, iyifise ububasha kuri ivyo vyago, kandi ntibigaya ngo bayihe ubuninahazwa.”—Ivyahishuwe 16:8, 9.
12. “Izuba” ry’ino si ni iki, kandi iryo zuba ry’ikigereranyo rihabwa gukora iki?
12 Muri iki gihe c’insozero y’ivy’iyi si, bene wabo na Yezu bo mu buryo bw’impwemu “ba[ra]kayangana nk’izuba mu bwami bwa Se.” (Matayo 13:40, 43) Yezu ubwiwe ni “izuba ry’ubugororotsi.” (Malaki 4:2) Ariko rero, abantu barafise “izuba” ryabo bwite, ni ukuvuga abategetsi babo bagerageza gukayangana mu kurwanya Ubwami bw’Imana. Rwa rumbete rugira kane rwaratangaje ko ‘izuba, ukwezi n’inyenyeri’ vyo mu majuru y’abiyita abakirisu ari amasôko y’umwiza aho kuba amasôko y’umuco. (Ivyahishuwe 8:12) Ubu na ho ibakure igira kane y’ishavu ry’Imana itweretse ko “izuba” ry’isi ryorekuye ubushuhe burenze urugero. Abafatwa nk’indongozi zimeze nk’izuba ‘bobabuye’ abantu. Ivyo ni vyo izuba ry’ikigereranyo ryohawe gukora. Mu yandi majambo, Yehova yoretse ivyo bigashika, bikaba mu bigize urubanza rwiwe rukaze yoshikije ku bantu. None ni mu buryo ki iryo zuba ryababuye abantu?
13. Ni mu buryo ki abatware bameze nk’izuba bo muri ino si ‘bababuye’ abantu?
13 Inyuma y’Intambara ya mbere y’isi yose, abatware b’ino si barashinze Umuhari w’amahanga kugira barabe ko botorera umuti ikibazo c’umutekano kw’isi, ariko nta co vyashitseko. Baciye bagerageza ubundi buryo bwo gutegeka, nk’intwaro y’igikenye y’Abafashisiti n’iy’Abanazi. Ubukomunisita bwarabandanije gukwiragira. Aho gutuma ubuzima bwisununura, abategetsi bameze nk’izuba bo muri izo ntwaro baciye batangura ‘kubabuza abantu ubushuhe bukomeye.’ Intambara zo muri Espanye, Etiyopiya na Mandchourie zabaye intandaro y’Intambara ya kabiri y’isi yose. Ivyabaye mu bihe vya none birerekana ko abategetsi b’intwazagikenye, nk’akarorero Mussolini, Hitler na Staline bishe canke bakicisha abantu imiliyoni mirongo, ushizemwo benshi mu banyagihugu babo. Mu bihe vya vuba, indyane zihuza ibihugu canke ziba hagati mu gihugu ‘zarababuye’ abanyagihugu muri Vietnam, Kamboje, Irani, Libani no muri Irlande, tutibagiye ibihugu vyo muri America y’Epfo no muri Afrika. Aho ntituvuze imishamirano yama hagati y’ibihugu vya rutura, ibirwanisho ruhonyanganda vyavyo biteye ubwoba bikaba bishobora gutongora isi yose. Muri iyi misi y’iherezo, isi vy’ukuri yarababuwe n’“izuba” rigereranya abatware bayo. Isukwa ry’ibakure igira kane y’ishavu ry’Imana ryarashize ahabona ivyo bintu vyabaye koko, kandi abasavyi b’Imana barabitangaje kw’isi yose.
14. Ni igiki Ivyabona vya Yehova bamye bigisha ko ari wo muti rudende w’ingorane z’abantu, kandi abantu muri rusangi bavyakiriye gute?
14 Ivyabona vya Yehova bamye bigisha ko Ubwami bw’Imana ari wo muti rudende w’ingorane zitesha umutwe abantu, akaba ari bwo Yehova azokoresha mu kweza izina ryiwe. (Zaburi 83:4, 17, 18; Matayo 6:9, 10) Ariko rero abantu muri rusangi barirengagije uwo muti. Abantu benshi baranka Ubwami bw’Imana kandi bakarogota kw’izina ryayo, nka kumwe nyene Farawo yabigira igihe yanka kwemera ko Yehova ari we Segaba. (Kuvayo 1:8-10; 5:2) Kubera ko baterekwa Ubwami burongowe na Mesiya, abo baburwanya bahitamwo kubabazwa n’“izuba” ryabo rimena imbwa agahanga ry’ubutegetsi bw’abantu butwaza umukazo.
Intebe y’ubwami ya ca gikoko
15. (a) Ibakure igira gatanu isukwa ku ki? (b) “Intebe y’ubwami y’ico gikoko” ni iki, kandi kuba iyo bakure isukwa kuri yo vyerekeza ku ki?
15 None umumarayika akurikira asuka ku ki ibakure yiwe? Yohani yigana ati: “Uwa gatanu na we asuka ibakure yiwe ku ntebe y’ubwami ya ca gikoko.” (Ivyahishuwe 16:10a) Ico “gikoko” ni intwaro za Shetani. Nta ntebe nyantebe gifise kuko na co nyene atari igikoko bukoko. Ariko rero iyo ntebe y’ubwami ivugwa yerekana ko ico gikoko gifise ububasha bwa cami ku bantu, bikaba bihuye n’uko ihembe rimwerimwe ry’ico gikoko ryambaye umugāra w’ubwami. Nkako, “intebe y’ubwami y’ico gikoko” ni yo mushinge canke isôko ry’ubwo bubasha.b Bibiliya irahishura isôko nyakuri ry’ububasha bw’ico gikoko mu kuvuga ko “ca gisato giha nya gikoko ububasha bwaco n’intebe y’ubwami yaco n’ububasha bwinshi.” (Ivyahishuwe 13:1, 2; 1 Yohani 5:19) Ku bw’ivyo, kuba iyo bakure isukwa ku ntebe y’ubwami ya nya gikoko vyerekeza kw’itangazo rihishura uruhara nyakuri Shetani yamye afise mu gushigikira ico gikoko.
16. (a) Ni nde amahanga akorera, yaba abizi canke atabizi? Sigura. (b) Ni mu buryo iki isi igaragaza agatima ka Shetani? (c) Intebe y’ubwami ya ca gikoko izotembagazwa ryari?
16 None ni igiki gituma ubwo bucuti buri hagati ya Shetani n’amahanga bubandanya? Igihe Shetani yagerageza Yezu, yaramweretse ubwami bwose bwo kw’isi aca amubwira ko yomuha “ubwo bubasha bwose n’ubuninahazwa bwabwo.” Ariko hari ikintu yabanje kumusaba: Yezu yategerezwa kubanza kwikubita imbere yiwe akamusenga. (Luka 4:5-7) Wumva none abatware b’isi ari bo bopfa kuronka ubwo bukuru kuri gusa? Habe namba. Bibiliya ivuga ko Shetani ari imana y’ino si. Ku bw’ivyo, amahanga ariko akorera Shetani, yaba abizi canke atabizi. (2 Abakorinto 4:3, 4)c Ivyo birabonekera ku kuntu ino si imeze, ikaba ishingiye ku vyo kwiratira igihugu, urwanko hamwe n’ubwikunzi. Itunganijwe nk’uko Shetani ashaka ku buryo aguma ayifatiye mu minwe. Ibiturire birangwa mu ntwaro, uguhahamira ubutegetsi, ibinyoma birangwa muri politike, kurundanya ibirwanisho, ivyo vyose ni ibiranga ububisha buri muri Shetani. Isi igendera ku ngingo zigoramye za Shetani, bigatuma aba imana yayo. Intebe y’ubwami ya ca gikoko izotembagazwa nicatikizwa, Uruvyaro rwa wa mugore w’Imana na rwo rugaterera Shetani mu nyenga.—Itanguriro 3:15; Ivyahishuwe 19:20, 21; 20:1-3.
Umwiza n’ububabare bukaze
17. (a) Isukwa ry’ibakure ya gatanu rifitaniye isano gute n’umwiza wo mu vy’impwemu wamye utwikiriye ubwami bwa ca gikoko? (b) Abantu bavyakira gute ibakure igira gatanu y’ishavu ry’Imana isutswe?
17 Ubwami bw’ico gikoko bwamye mu mwiza wo mu buryo bw’impwemu kuva mu ntango. (Gereranya na Matayo 8:12; Abanyefeso 6:11, 12.) Ibakure igira gatanu ituma ivy’uwo mwiza birushiriza gutangazwa icese. Iyo bakure y’ishavu ry’Imana iranatuma uwo mwiza uja ku mugaragaro bimwe bikomeye, kuko isukwa neza na neza ku ntebe y’ubwami y’ico gikoko c’ikigereranyo. Dusoma duti: “Ubwami bwaco buca bucurishwa umwiza, batangura kwihekenya indimi kubera umubabaro wabo, mugabo barogota ku Mana yo mw’ijuru kubera imibabaro n’ibisebe vyabo, kandi ntibigaya ibikorwa vyabo.”—Ivyahishuwe 16:10b, 11.
18. Ni isano irihe riri hagati y’urumbete rugira gatanu n’ibakure igira gatanu y’ishavu ry’Imana?
18 Urumbete rugira gatanu ntirusa neza na neza n’ibakure igira gatanu y’ishavu ry’Imana kuko rworwo rumenyekanisha icago c’inzige. Ariko twibuke ko igihe ico cago c’inzige carekurwa, izuba n’ikirere vyaciye bicura umwiza. (Ivyahishuwe 9:2-5) Vyongeye, ku bijanye n’icago c’inzige Yehova yateje Misiri, muri Kuvayo 10:14, 15 hagira hati: “Zari ubugesera. Imbere yazo ntihari bwigere haboneka izimeze nka zo muri ubwo buryo, kandi ntihazokwigera haboneka izimeze nka zo muri ubwo buryo mu nyuma yazo. Nuko zipfuka uburinganire buboneka bw’igihugu cose, ico gihugu gicura umwiza.” Ego cane, harabaye umwiza! Muri iki gihe, umwiza wo mu buryo bw’impwemu utwikiriye isi warigaragaje cane kubera ijwi ry’urumbete rugira gatanu n’isukwa ry’ibakure igira gatanu y’ishavu ry’Imana. Ubutumwa bukomora butangazwa n’igitero c’inzige zo mu gihe ca none buratera umubabaro n’uburibwe abanyakibi “[bakunda] umwiza aho gukunda umuco.”—Yohani 3:19.
19. Nk’uko biri mu Vyahishuwe 16:10, 11, igikorwa co gushira ahabona yuko Shetani ari imana y’ino si gituma haba iki?
19 Kubera ko Shetani ari we mutware w’isi, yarateje intuntu n’imibabaro myinshi. Uri inzara, intambara, ububisha, ubwicanyi, ibiyayuramutwe, ubuhumbu, indwara zandukira biciye mu bihimba vy’irondoka, ubugunge, uburyarya bw’amadini: ivyo hamwe n’ibindi vyinshi ni vyo biranga isi ya Shetani. (Gereranya n’Abagalatiya 5:19-21.) Naho biri ukwo, igikorwa co gushira ahabona yuko Shetani ari imana y’ino si ntikibura kubabaza no gutera ubuyega abisunga ingingo ngenderwako ziwe. Baca “batangura kwihekenya indimi kubera umubabaro wabo,” na canecane mw’idini ry’abiyita abakirisu. Benshi baratinya ko ukuri gushira ku kabarore uburyo babayeho. Bamwebamwe ukuri kurabatera ubwoba, bagaca bahama abakwamamaza. Baranka Ubwami bw’Imana bakongera bagasiga iceyi izina ryayo ryeranda. Ukuri kurashira ku mugaragaro yuko barwaye kandi buzuye ibisebe mu vy’impwemu, bagaca batuka Imana yo mw’ijuru. Emwe, “ntibigaya ibikorwa vyabo.” Ntitwokwitega rero ko hazoba uguhindukira kw’ikivunga imbere y’uko iherezo ry’ino si rigera.—Yesaya 32:6.
Uruzi Efurate rukama
20. Urumbete rugira gatandatu hamwe n’ibakure igira gatandatu bigira ingaruka izihe ku ruzi Efurate?
20 Urumbete rugira gatandatu rwamenyesheje ko “ba bamarayika bane babohewe kuri rwa ruzi runini Efurate” bagira barekurwe. (Ivyahishuwe 9:14) Dufatiye kuri kahise, Babiloni ni co gisagara gihambaye cari cicaye ku ruzi Efurate. Igihe na ho ba bamarayika bane b’ikigereranyo barekurwa mu 1919, Babiloni Akomeye yaciye atemba bimwe bibabaje. (Ivyahishuwe 14:8) Birahambaye rero kubona ibakure igira gatandatu y’ishavu ry’Imana na yo nyene isukwa ku ruzi Efurate. Dusoma duti: “Uwa gatandatu na we asuka ibakure yiwe kuri rwa ruzi runini Efurate, amazi yarwo aca arakama, kugira ngo inzira itegurwe ku bw’abami bava i burasirazuba.” (Ivyahishuwe 16:12) Iyo ni iyindi nkuru mbi kuri Babiloni Akomeye!
21, 22. (a) Mu 539 B.G.C., amazi y’uruzi Efurate yakingira Babiloni yakamye gute? (b) “Amazi” Babiloni Akomeye yicayeko ni iki, kandi ayo mazi y’ikigereranyo ariko akama gute no muri iki gihe?
21 Igihe Babiloni ya kera yari isagamvye, amazi menshi y’uruzi Efurate yari mu bintu nyamukuru vyayikingira. Mu 539 B.G.C. ayo mazi yarakamye igihe wa mutware w’Umuperesi Kuro yayakevya. Gutyo, Kuro Umuperesi na Dariyo Umumedi, ari bo bami bava “i burasirazuba” (ni ukuvuga mu buseruko), bari baronse inzira yo kwinjira i Babiloni kugira bahigarurire. Muri ico gihe kitoroshe, uruzi Efurate ntirwashoboye na gato gukingira ico gisagara gikomeye. (Yesaya 44:27–45:7; Yeremiya 51:36) Ivyo ni vyo vyimirije gushikira Babiloni yo mu gihe ca none, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma.
22 Babiloni Akomeye “yicaye ku mazi menshi.” Nk’uko biri mu Vyahishuwe 17:1, 15, ayo mazi agereranya “ibisata vy’abantu n’amasinzi n’amahanga n’indimi,” ni ukuvuga amasinzi y’abanywanyi Babiloni Akomeye afata ko ari uburinzi kuri we. Mugabo ayo “mazi” ariko arakama! Mu Buraya bwo mu burengero, aho Babiloni Akomeye yahoze afise akosho kanini, abantu amamiliyoni amajana ntibacitaho ivy’idini. Ibihugu bimwebimwe vyaramaze imyaka bifise intumbero idakikiriza yo gusenyura akosho k’idini. Amasinzi yo muri ivyo bihugu nta co yakoze kugira abuze ico kintu. Muri ubwo buryo nyene, igihe co kurandura Babiloni Akomeye nicagera, abanywanyi biwe bari ku mushiro ntibazomukingira namba. (Ivyahishuwe 17:16) Naho Babiloni Akomeye yirata ngo afise abanywanyi imiliyoni ibihumbi, nta wuzomukura mu vyara vya ba “bami bava i burasirazuba.”
23. (a) Mu 539 B.G.C., ni bande bari abami bava “i burasirazuba”? (b) Mu kiringo c’umusi w’Umukama, ni bande ari “abami bava i burasirazuba,” kandi ni gute bazotikiza Babiloni Akomeye?
23 Abo bami none ni bande? Mu 539 B.G.C. abo bami bari Dariyo Umumedi na Kuro Umuperesi, abo Yehova yakoresheje mu kwigarurira igisagara Babiloni ca kera. Muri iki kiringo c’umusi w’Umukama, amadini y’ikinyoma agize Babiloni Akomeye na yo nyene azotikizwa n’abategetsi b’abantu. Ariko n’ico gihe nyene ruzoba ari urubanza rw’Imana. Yehova Imana na Yezu Kristu, ari bo “bami bava i burasirazuba,” bazoshira mu mitima y’abategetsi b’abantu “iciyumviro” co guhindukirira Babiloni Akomeye bamutikize bimwe bibi. (Ivyahishuwe 17:16, 17) Isukwa ry’ibakure igira gatandatu riratangaza icese ko urwo rubanza rugira rushitswe!
24. (a) Ibiri mu mabakure atandatu ya mbere y’ishavu rya Yehova vyamenyekanishijwe gute, kandi havuyemwo iki? (b) Igitabu c’Ivyahishuwe kibanza kuduhishurira iki imbere yo kutubwira ibijanye n’ibakure y’ishavu ry’Imana isigaye?
24 Ayo mabakure atandatu ya mbere y’ishavu rya Yehova atekeye ubutumwa buhambaye. Abasavyi b’Imana bo kw’isi, bafashwe mu mugongo n’abamarayika, barita ku rutare kugira bamenyekanishe ibiri muri ayo mabakure kw’isi yose. Muri ubwo buryo, imice yose igize isi ya Shetani yaraburiwe bihagije, kandi Yehova yarahaye akaryo umuntu wese ko guhindukira ngo akore ibigororotse maze abandanye kubaho. (Ezekiyeli 33:14-16) Ariko rero, haracasigaye iyindi bakure imwe y’ishavu ry’Imana. Mugabo imbere y’uko tumenya ivyayo, igitabu c’Ivyahishuwe kibanza kutubwira ingene Shetani n’abakozi biwe bo kw’isi bagerageza guhagarika igikorwa co kumenyekanisha imanza za Yehova.
Gukoranirizwa hamwe kuri Harumagedoni
25. (a) Yohani atubwira iki ku bijanye n’“amajambo y’amahumekano” ahumanye ameze nk’ibikere? (b) Mu kiringo c’umusi w’Umukama, ni mu buryo ki habayeho igitero gisesemye kigizwe n’“amajambo y’amahumekano . . . ahumanye” ameze nk’ibikere, kandi havuyemwo iki?
25 Yohani atubwira ati: “Maze mbona amajambo y’amahumekano atatu ahumanye yasa n’ibikere ava mu kanwa ka ca gisato no mu kanwa ka ca gikoko no mu kanwa ka wa muhanuzi w’ikinyoma. Ayo nkako ni amajambo ahumetswe n’amadayimoni kandi agakora ibimenyetso, kandi aja ku bami b’isi yose, ngo abakoranirize hamwe ku ntambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.” (Ivyahishuwe 16:13, 14) Mu gihe ca Musa, Yehova yarazanye icago gisesemye c’ibikere kuri Misiri yatwarwa na Farawo, ku buryo “igihugu . . . gitangura kuduhuka.” (Kuvayo 8:5-15) Mu kiringo c’umusi w’Umukama, na ho nyene harabaye igitero gisesemye kimeze nk’ibikere, naho cavuye ku rindi sôko. Kigizwe n’“amajambo y’amahumekano . . . ahumanye” ava kuri Shetani, bikaba biboneka ko agereranya amaporopagande afise intumbero yo gukoraniriza hamwe abategetsi bose b’abantu, ni ukuvuga “abami,” kugira barwanye Yehova Imana. Shetani rero arakora ibishoboka vyose kugira ngo ntibahindure ivyiyumviro kubera isukwa rya ya mabakure y’ishavu ry’Imana mugabo bakaguma ku ruhande rwiwe mu gihe ca ya “ntambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.”
26. (a) Ni amasôko atatu ayahe poropagande ya Shetani ikomokako? (b) Uwo “muhanuzi w’ikinyoma” ni nde, kandi tubizi gute?
26 Iyo poropagande ikomoka kuri “ca gisato” (Shetani) no kuri “ca gikoko” (intwaro zo kw’isi za Shetani), bikaba ari ibiremwa tumaze kwihweza mu gitabu c’Ivyahishuwe. None uwo “muhanuzi w’ikinyoma” wewe ni nde? Ni mushasha kw’izina gusa. Imbere y’aho, twarabonye igikoko gifise amahembe abiri nk’umwagazi w’intama, gikorera ibimenyetso bikomeye imbere ya ca gikoko c’imitwe indwi. Iyo nyamaswa y’uruhendo ikora nk’umuhanuzi wa ca gikoko. Iraremesha abantu gusenga ico gikoko, ikanatuma bakora ishusho yaco. (Ivyahishuwe 13:11-14) Ico gikoko c’amahembe abiri nk’umwagazi w’intama gitegerezwa kuba ari kimwe n’uwo “muhanuzi w’ikinyoma” avugwa ng’aha. Ikivyemeza ni uko mu nyuma dusoma ko uwo muhanuzi w’ikinyoma, cokimwe na ca gikoko c’ikigereranyo c’amahembe abiri, “yakorera imbere [ya ca gikoko c’imitwe indwi] ibimenyetso yazimirisha abaronse ikimenyetso ca ca gikoko be n’abasenga ishusho yaco.”—Ivyahishuwe 19:20.
27. (a) Ni imburi ibereye iyihe Yezu Kristu ubwiwe atanga? (b) Ni imburi iyihe Yezu yatanze igihe yari kw’isi? (c) Intumwa Paulo yatanze imburi iyihe isa n’iya Yezu’?
27 Turavye ukuntu poropagande ya Shetani yuzuye, amajambo Yohani aca yandika arabereye rwose. Yigana ati: “Ehe ndaje nk’igisuma. Hahiriwe uwuguma arikanuye akagumya impuzu ziwe zo hejuru, kugira ngo ntagende ari gusa maze abantu bakaraba isoni z’ubwambure bwiwe.” (Ivyahishuwe 16:15) Uwo ni nde aje “nk’igisuma”? Yezu ubwiwe ni we ashika mu gihe kitazwi, aje gushitsa urubanza rwa Yehova. (Ivyahishuwe 3:3; 2 Petero 3:10) Igihe Yezu yari kw’isi na ho nyene, ukuza kwiwe yakugereranije n’ukuza kw’igisuma, mu kuvuga ati: “Mugume muri maso rero, kuko mutazi umusi Umukama wanyu azozirako. Ku bw’ivyo, na mwebwe nyene mwame mwiteguye kuko Umwana w’umuntu azoza kw’isaha mutiyumvira.” (Matayo 24:42, 44; Luka 12:37, 40) Intumwa Paulo yaratanze imburi isa n’iyo, ati: “Umusi wa Yehova uzoza neza na neza nk’igisuma mw’ijoro. Igihe bazoba bavuga ngo: ‘Amahoro n’umutekano!’ ni ho agatikizo ka bukwi na bukwi kazoza kuri bo ako kanya nyene.” Itangazo ryose mwene iryo ry’“amahoro n’umutekano” ni iry’uruhendo kandi rikomoka kuri Shetani.—1 Abatesalonika 5:2, 3.
28. Ni imburi iyihe Yezu yatanze ku bijanye no kunanira imikazo y’isi, kandi “uwo musi” udakwiye kuza ku bakirisu “nk’umutego” ni uwuhe?
28 Yezu kandi yaraburiye abakirisu ku bijanye n’imikazo iyi si yuzuyemwo poropagande ya Shetani yobashizeko. Yavuze ati: “Mwiyubare ubwanyu kugira ngo imitima yanyu ntiyigere iremerwa n’ukurira agahokero n’ukunywa birenze urugero be n’amaganya y’ubuzima, hanyuma bukwi na bukwi uwo musi ukabazako ako kanya nyene nk’umutego. . . . Mugume murikanuye rero, mutakamba igihe cose kugira ngo mushobore gukira ivyo bintu vyose bibwirizwa kuba, no guhagarara imbere y’Umwana w’umuntu.” (Luka 21:34-36) “Uwo musi” ni “wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.” (Ivyahishuwe 16:14) Kubera ko “uwo musi” wo kwemeza ubusegaba bwa Yehova wegereje, birarushiriza cane kuba ibigoye kwihanganira amaganya yo mu buzima. Abakirisu barakeneye kugaba no kuba maso gushika uwo musi uje.
29, 30. (a) Imburi ya Yezu y’uko abazosangwa basinziriye bomaramajwe mu kwamburwa ‘impuzu zabo zo hejuru’ isobanura iki? (b) Impuzu zo hejuru zerekana ko uwuzambaye ari iki? (c) Umuntu ashobora gute gutakaza impuzu ziwe zo hejuru z’ikigereranyo, kandi vyovamwo iki?
29 None imburi y’uko abazosangwa basinziriye bomaramajwe mu kwamburwa ‘impuzu zabo zo hejuru’ isobanura iki? Muri Isirayeli ya kera, umuherezi canke Umulewi yaba ateramiye urusengero yari afise ibanga riremereye. Abasobanuzi ba Bibiliya b’Abayuda bavuga yuko uwo basanga asinziriye ari kuri ico gikorwa yashobora kwamburwa impuzu zigaturirwa, ku buryo amaramara ku mugaragaro.
30 Yezu aratuburira ko ikintu nk’ico gishobora gushika muri iki gihe. Abaherezi n’Abalewi bagereranya bene wabo na Yezu barobanuwe. (1 Petero 2:9) Ariko imburi ya Yezu irerekeye n’abagize rya sinzi rinini. Izo mpuzu zo hejuru zivugwa ng’aho zerekana ko uwuzambaye ari umukirisu w’Icabona ca Yehova. (Gereranya n’Ivyahishuwe 3:18; 7:14.) Umuntu aretse imikazo y’ino si ya Shetani igatuma asinzira canke arera amaboko, arashobora gutakaza impuzu ziwe zo hejuru, ni ukuvuga ko adasubira kumenyekana ko ari umukirisu adahumanye. Ivyo vyoba ari akamaramaza. Vyoshobora gutuma umuntu agenda akagirire.
31. (a) Mu Vyahishuwe 16:16 hashimika gute ku vy’uko abakirisu bakeneye kuguma barikanuye? (b) Ni iciyumviro ikihe abakuru b’amadini bamwebamwe bashikiriza ku bijanye na Harumagedoni?
31 Birahambaye cane ko abakirisu baguma barikanuye kuko umurongo ukurikira muri ico gitabu c’Ivyahishuwe wegereje kuranguka. Dusoma duti: “[Ayo majambo ahumetswe n’amadayimoni] abakoraniriza [ni ukuvuga abami canke abategetsi b’isi] hamwe ahantu hitwa Haru–Magedoni mu giheburayo.” (Ivyahishuwe 16:16) Iryo zina, irikunze kwandikwa ngo Harumagedoni, riboneka rimwe gusa muri Bibiliya, ariko abantu barivuzeko vyinshi. Abategetsi b’isi baragabisha abantu yuko hashobora kuba Harumagedoni itewe n’ibirwanisho ruhonyanganda. Iryo zina kandi abantu bararisanisha n’igisagara ca kera citwa Megido cabereyemwo intambara nyinshi zikomakomeye mu bihe vya Bibiliya. Ni co gituma abakuru b’amadini bamwebamwe bavuga ko intambara ya nyuma yo kw’isi izobera muri ako karere. Ico ni ikinyoma cambaye ubusa.
32, 33. (a) Ko Haru–Magedoni atari ikibanza kanaka, none igereranya iki? (b) Ni izindi mvugo izihe zo muri Bibiliya zisobanura kimwe na “Harumagedoni” canke zifitaniye isano na yo? (c) Hazogera ryari ko umumarayika w’indwi asuka ibakure ya nyuma y’ishavu ry’Imana?
32 Izina Haru–Magedoni risobanura ngo “Umusozi wa Megido.” Aho kwerekeza ku kibanza kanaka, ryerekeza ku bintu biba kw’isi bigatuma amahanga yose akoranira hamwe kugira arwanye Yehova Imana, uburuhiro akazoca ayatikiza. Ivyo bizoba kw’isi yose. (Yeremiya 25:31-33; Daniyeli 2:44) Haru–Magedoni ni cokimwe na rwa “ruganiro rw’umuvinyu runini rw’ishavu ry’Imana,” ca “kiyaya co hasi co gushitsa ingingo” canke ca “kiyaya co hasi ca Yehoshafati” amahanga akoranirizwamwo kugira Yehova ayatikize. (Ivyahishuwe 14:19; Yoweli 3:12, 14) Irafitaniye isano kandi n’“ubutaka bwa Isirayeli” aho ingabo za Shetani Gogi w’i Magogi zitikirizwa, hamwe na ca kibanza kiri “hagati ya ca kiyaga kinini na wa musozi mweranda w’Ikirezi,” ari na ho umwami wo mu buraruko aza “gushika kw’iherezo ryiwe” aguye mu minwe ya Mikaheli umuganwa ahambaye.—Ezekiyeli 38:16-18, 22, 23; Daniyeli 11:45–12:1.
33 Amahanga niyamara kwinjizwa muri ivyo bintu kubera poropagande ijwangarara nk’ibikere ya Shetani n’abakozi biwe bo kw’isi, hazoba hageze ko umumarayika w’indwi asuka ibakure ya nyuma y’ishavu ry’Imana.
“Birakozwe!”
34. Umumarayika w’indwi asuka ibakure yiwe ku ki, kandi ni ijwi irihe rica ryumvikana “rivuye aheranda kuri ya ntebe y’ubwami”?
34 Yohani abandanya ati: “Uw’indwi na we asuka ibakure yiwe ku kirere. Ijwi rirenga rica risohoka rivuye aheranda kuri ya ntebe y’ubwami, rivuga riti: ‘Birakozwe!’”—Ivyahishuwe 16:17.
35. (a) “Ikirere” kivugwa mu Vyahishuwe 16:17 ni iki? (b) Mu gusuka ibakure yiwe ku kirere, umumarayika w’indwi aserura iki?
35 “Ikirere” ni co kintu ca nyuma gituma ubuzima bushoboka gitezwa ivyago. Ariko rero ntihariko havugwa iki kirere tubona. Ikirere ubwaco, cokimwe n’isi, ikiyaga, amasôko y’amazi canke izuba, nta kibi gikora cotuma Yehova agicira rubi. Ahubwo riho ico ni ca “kirere” Paulo yariko aravuga igihe yita Shetani “umutware w’ububasha bw’ikirere.” (Abanyefeso 2:2) Ni “ikirere” canke impemu ya Shetani isi ihumeka muri iki gihe, ni ukuvuga agatima karanga ino si yiwe mbi uko yakabaye canke ivyiyumviro vya Shetani binyengetereye imice yose y’ubuzima hanze y’ishirahamwe rya Yehova. Mu gusuka ibakure yiwe ku kirere rero, umumarayika w’indwi araserura uburake Imana ifitiye Shetani, ishirahamwe ryiwe hamwe n’ikintu cose gituma abantu bashigikira Shetani mu kurwanya ubusegaba bwa Yehova.
36. (a) Ivyo vyago indwi bigize iki? (b) Ijambo Yehova avuga ngo “Birakozwe!” risobanura iki?
36 Ico cago hamwe n’ibindi bitandatu vy’imbere yaco ni vyo bigize imanza zose Yehova yaciriye Shetani n’isi yiwe. Ivyo vyago bimenyesha ko Shetani n’uruvyaro rwiwe bagiye kubona ibara. Iyo bakure ya nyuma isutswe, Yehova ubwiwe aca atangaza ati: “Birakozwe!” Nta kindi twokwongerako. Ibiri muri ayo mabakure indwi y’ishavu ry’Imana nivyamara gutangazwa ku rugero Yehova ashaka, ntazoteba gushitsa imanza ziri muri ubwo butumwa.
37. Yohani adondora gute ibica biba ibakure y’indwi y’ishavu ry’Imana isutswe?
37 Yohani arabandanya ati: “Maze haba imiravyo n’amajwi n’imituragaro, haba na nyamugigima ikomeye itari bwigere iba kuva abantu babaye kw’isi, iba nyamugigima igera kure cane, emwe, ikomeye cane. Ca gisagara gikomeye gica gisadukamwo gutatu, n’ibisagara vy’amahanga biratemba; hanyuma Babiloni Akomeye aribukwa imbere y’Imana, kugira ngo ahabwe igikombe c’umuvinyu w’ishavu ry’uburake bwayo. Vyongeye, izinga ryose rirahunga, n’imisozi ntiyaboneka. Maze urubura rukomeye rw’iminana umwumwe upima nk’italanto rumanuka ruvuye mw’ijuru rukoragurikira ku bantu, nya bantu na bo barogota ku Mana kubera ico cago c’urubura, kuko icago carwo cari gikomeye bidasanzwe.”—Ivyahishuwe 16:18-21.
38. Ni igiki kigereranywa na (a) “nyamugigima ikomeye”? (b) ukuba ca “gisagara gikomeye” ari co Babiloni Akomeye gisadukamwo “gutatu”? (c) ukuba ‘izinga ryose rihunga n’imisozi ntiboneke’? (d) “icago c’urubura”?
38 N’ubu nyene Yehova asubiye gukora igikorwa cibonekeza mu bantu, bikaba vyerekanwa n’“imiravyo n’amajwi n’imituragaro.” (Gereranya n’Ivyahishuwe 4:5; 8:5.) Umuryango w’abantu uzonyiganyizwa bimwe bitari bwigere biboneka, nk’aho woba unyiganyijwe na nyamugigima itema igatongora. (Gereranya na Yesaya 13:13; Yoweli 3:16.) Ukwo gutigita guteye ubwoba kuzosatura ca “gisagara gikomeye” ari co Babiloni Akomeye, ku buryo gisadukamwo “gutatu,” bikaba bisobanura ko kizotemba ubutakivyuka. “Ibisagara vy’amahanga” na vyo nyene bizotemba. “Izinga ryose” n’“imisozi,” ni ukuvuga inzego n’amashirahamwe vyo muri ino si womengo birashinze imizi, bizozimangana. “Urubura rukomeye” gusumba rumwe rwageseza Misiri mu gihe c’icago kigira indwi, umunana umwe wose warwo ukaba upima nk’italanto, ruzohonda abantu rubababaze.d (Kuvayo 9:22-26) Ico gihano c’urubura rutibagurika coshobora kugereranya amajambo aremereye bimwe bidasanzwe y’imanza za Yehova yerekana ko iherezo ry’ino si riza ryashika! Yehova yoshobora no gukoresha urubura nyarubura muri ico gikorwa co gutikiza abanyakibi.—Yobu 38:22, 23.
39. Abantu benshi bazobandanya gukora iki naho vya vyago indwi bizoba bimaze gusukwa?
39 Isi ya Shetani rero izohura n’urubanza rugororotse rwa Yehova. Abantu benshi bazobandanya kurwanya Imana no kuyirogotako. Nka kumwe kwa Farawo wa kera, imitima yabo ntizokworoshwa n’ivyo vyago vyisubiriza canke ikiringo cavyo simusiga. (Kuvayo 11:9, 10) Ntitwokwitega ko abantu benshi bazohindura umutima ku munuta wa nyuma. Bazorinda bacikana bagituka ya Mana ivuga iti: “Bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova.” (Ezekiyeli 38:23) Ariko rero, ubusegaba bwa Yehova Imana Mushoboravyose buzoba bwemejwe.
[Utujambo tw’epfo]
a Ushaka ubundi burorero bw’ibintu bitagira ubuzima bishinga intahe, raba Itanguriro 4:10; 31:44-53; Abaheburayo 12:24.
b Imvugo ngo “intebe y’ubwami” irakoreshwa muri ubwo buryo nyene mu majambo y’ubuhanuzi Yezu yabwiwe, agira ati: “Imana ni yo ntebe yawe y’ubwami gushika igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera.” (Zaburi 45:6) Yehova ni we mushinge canke isôko ry’ububasha bwa cami Yezu afise.
c Raba kandi Yobu 1:6, 12; 2:1, 2; Matayo 4:8-10; 13:19; Luka 8:12; Yohani 8:44; 12:31; 14:30; Abaheburayo 2:14; 1 Petero 5:8.
d Nimba Yohani yari afise mu bwenge italanto y’Abagiriki, umunana w’urubura umwumwe wose wobaye upima ibilo 20. Cobaye ari igihuhusi c’urubura rutema rugatongora.
[Uruzitiro ku rup. 221]
“Mw’isi”
Abagize umugwi wa Yohani baratangaje ishavu Yehova afitiye “isi” biciye ku majambo nk’aya:
“Inyuma y’ibinjana imigambwe imaze igira utwigoro, vyaragaragaye ko idashobora guhangana n’ibihe tugezemwo be n’uko idashobora gutorera umuti ingorane zitesha umutwe z’iki gihe. Abahinga mu vy’ubutunzi be n’abategetsi barize ico kibazo bavyitondeye basanga nta kintu bashoboye gukora.”—Igitabu Des millions de personnes actuellement vivantes ne mourront jamais co mu 1920, urupapuro rwa 51.
“Muri iki gihe nta ntwaro n’imwe kw’isi ishobora gushimisha igitigiri gifadika c’abanyagihugu. Ibihugu vyinshi bitegekwa n’abantu batwaza igikenye. Isi yose igeze aho umwansi ashaka.”—Igitabu Un gouvernement désirable co mu 1924, urupapuro rwa 7.
“Gukuraho ivy’iyi si . . . ni yo nzira yonyene yo kurangiza ikibi kw’isi, amahoro n’ubugororotsi bikabona gutsimbatara.”—Igitabu “Cette bonne nouvelle du royaume” co mu 1955, urupapuro rwa 25.
“ Ino si yarimonogoje mu kugwiza ibicumuro, ukutagororoka be n’ukugarariza Imana n’ivyo igomba. . . . Ntikivayo. Ni co gituma ibwirizwa kuvaho!”—Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Ntwarante 1982, urupapuro rwa 6.
[Uruzitiro ku rup. 223]
“Mu kiyaga”
Aya ni makeyi gusa mu matangazo abagize umugwi wa Yohani bashikirije mu myaka yagiye irarengana mu kwerekana uburake Imana ifitiye ca “kiyaga” kidurumbanye kigereranya abantu b’abagarariji batibanga Imana kandi batandukanijwe na Yehova:
“Kahise k’igihugu ico ari cose karerekana ko hamye hariho indyane zishingiye ku busumbasumbane bw’abantu. Akaruta akandi kamye kakamira. . . . Izo ndyane zatumye haba imigumuko myinshi n’imibabaro myinshi zongera zituma haseseka amaraso menshi.”—Igitabu Gouvernement co mu 1928, urupapuro rwa 231.
Mw’isi nshasha, “ca ‘kiyaga’ kigereranya abantu badurumbanye, b’abagarariji kandi batibanga Imana, ari na co ca gikoko c’ikigereranyo ciburutse kivamwo kuva kera kugira gikoreshwe na Shetani, kizoba cagiye.”—Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Rusama 1969, urupapuro rwa 283.
“Ikibano c’abantu bo muri iki gihe kirarwaye mu vy’impwemu. Nta n’umwe muri twebwe ashoboye kugikiza kuko Ijambo ry’Imana ryerekana ko iyo ndwara izogihitana.”—Igitabu La paix et la sécurité véritables—d’où viendront-elles? co mu 1973, urupapuro rwa 131.
[Uruzitiro ku rup. 224]
“Mu nzuzi no mu masôko”
Icago ca gatatu carashize ku mugaragaro ‘inzuzi n’amasôko y’amazi’ biciye ku majambo nk’aya:
“Abakuru b’amadini, abivugisha ko bigisha inyigisho [za Kristu], barahezagiye intambara bayigira ikintu ceranda. Barahimbawe no kubona amafoto yabo n’ibishusho vyabo bimanitse hamwe n’ivy’abarwanyi basheshe amaraso.”—Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo muri Munyonyo 1924, urupapuro rwa 15.
“Ubupfumu bushingiye ku kinyoma cambaye ubusa c’uko ngo ubuzima bubandanya inyuma y’urupfu be n’uko ngo umuntu afise umutima w’ubwenge udahwera.”—Igitabu Les Écritures enseignent-elles la “ survivance ” ? co mu 1956, urupapuro rwa 51.
“Amafilozofiya y’abantu, ivyiyumviro vy’abahinga mu vya politike n’imibano, ivy’abahanuzi mu vy’ubutunzi n’abashigikira imigenzo y’idini ntivyashoboye kuruhurira abantu vy’ukuri . . . Amazi nk’ayo yaranatumye abayanywa bahonyanga itegeko ry’Umuremyi rijanye n’ubweranda bw’amaraso yongera atuma haba uruhamo rushingiye kw’idini.”—Umwiyemezo wagizwe kw’Ihwaniro mpuzamakungu ryataziriwe ngo “Inkuru nziza y’ibihe bidahera” ryabaye mu 1963.
“Abanyasiyansi nta rukiza bazozanira umuryango w’abantu, ahubwo ni bo bazotuma uhona. . . . Ntitwokwitega ko abahinga bo mw’isi mu vy’inyifato y’abantu no mu vy’indwara zo mu mutwe bazotuma abantu bahindura ukuntu biyumvira . . . Ntitwokwizigira ko hari igipolisi mpuzamakungu kizoshingwa . . . maze kigatuma ino si ihinduka ahantu hatekanye ho kuba.”—Igitabu La race humaine sera sauvée,—par le Royaume co mu 1970, urupapuro rwa 5.
[Uruzitiro ku rup. 225]
“Ku zuba”
Uko “izuba” rigereranya ubutegetsi bw’abantu ryagiye ‘rirababura’ abantu mu kiringo c’umusi w’Umukama, abagize umugwi wa Yohani barashize ahabona ibiriko biraba bakoresheje amajambo nk’aya:
“Ubu Hitler na Mussolini barageramiye amahoro kw’isi yose kubera ugutwaza igikenye, kandi abakuru ba Ekleziya y’i Roma barabashigikiye rwose mu mugambi wabo wo kubuza abantu umwidegemvyo.”—Igitabu Fascisme ou Liberté co mu 1939, urupapuro rwa 12.
“Kuva kera abategetsi batwaza igikenye bamye bagendera kuri iki ciyumviro: Ntegeke vyanse nsambure! Mugabo ingingo igiye kugenga isi yose biciye kuri Yezu Kristu Umwami yagenywe n’Imana ni iyi: Emera gutegekwa ahandiho murahona.”—Igitabu Quand toutes les nations s’uniront sous le royaume de Dieu co mu 1961, urupapuro rwa 23.
“Kuva mu 1945 abantu barenga imiliyoni 25 barishwe mu ntambara zishika 150 zabaye irya n’ino kw’isi.”—Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Ndamukiza 1980, urupapuro rwa 6.
“Ibihugu vyo hirya no hino kw’isi . . . vyitaho buhoro amabanga bijejwe canke amategeko mpuzamakungu abigenga. Kugira bishike ku ntumbero yavyo, ibihugu bimwebimwe ntibitinya gukoresha uburyo ubwo ari bwose vyiyumvira ko bukenewe, nk’ukwica abantu ikivunga canke kamwekamwe, ukunyaga abandi ku nguvu, ugutera amabombe, n’ibindi . . . Ibihugu bizokwihanganirana kugeza ryari uravye iyo nyifato yavyo y’ubusazi n’ukutitaho ibintu?”—Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Ruhuhuma 1985, urupapuro rwa 4.
[Uruzitiro ku rup. 227]
“Ku ntebe y’ubwami ya ca gikoko”
Ivyabona vya Yehova barerekanye ico ari co intebe y’ubwami ya ca gikoko bongera baratangaza ko Yehova yayiciriye rubi. Ivyo babigize biciye ku majambo nk’aya:
“Abatware b’amahanga n’indongozi zayo za politike baroshwa n’inguvu mbi zirengeye ubushobozi bw’abantu ziguma zibajana kuri ya ntambara simusiga ya Harumagedoni.”—Igitabu Après Harmaguédon, Dieu établira un monde nouveau co mu 1954, urupapuro rwa 8.
“Ca Gisato ni co giha ububasha, ubukuru n’intebe y’ubwami ca ‘gikoko’ kigereranya ubutegetsi bw’abantu buterekwa intwaro y’Imana. Ico gikoko rero gitegerezwa kugendera ku buyobozi bw’ico Gisato.”—Igitabu Après Harmaguédon, Dieu établira un monde nouveau co mu 1954, urupapuro rwa 15.
“Amahanga ari . . . ku ruhande rwa wa Mwansi nyamukuru w’Imana, ni ukuvuga Shetani wa Mubesheranyi.”—Umwiyemezo wagizwe kw’Ihwaniro mpuzamakungu ryataziriwe ngo “Intsinzi y’Imana” ryabaye mu 1973.
[Ifoto ku rup. 229]
‘Amazi yarwo yarakamye’
N’ubu abantu bashigikiye amadini aturuka i Babiloni bariko barakamangana mu bihugu vyinshi, ivyo bikaba vyerekana ibizoba ba “bami bava i burasirazuba” nibagaba igitero.
“Mw’itohoza ryagizwe mu gihugu cose [ca Tayilande] basanze ibice 75 kw’ijana vy’ababa mu bisagara bataja mu nsengero z’ababuda kwumviriza insiguro, mu gihugu hagati na ho igitigiri c’abajayo kigeze hafi ku bice 50 kw’ijana kigabanuka.”—Ikinyamakuru Bangkok Post co ku wa 7 Nyakanga 1987, urupapuro rwa 4.
“Idini ry’abatawo ryaratakaje ubumaji bwaryo mu gihugu [c’Ubushinwa] ari na ho ryatanguriye mu myaka nk’ibihumbi bibiri iheze. . . . Kubera ko abaherezi b’iryo dini hamwe n’ababitangiye imbere batagifise ayo mayeri y’ubumaji yahora abazanira abanywanyi benshi, abaherezi ntibakironka abasubirizi; idini ry’abatawo rihakwa kuzimangana ntirisubire guharurwa mu madini akomeye yo muri ico gihugu.”—Ikinyamakuru The Atlanta Journal and Constitution co ku wa 12 Nyakanga 1982, urupapuro rwa 36-A.
“Ubuyapani . . . ni kimwe mu bihugu vyo kw’isi birimwo abamisiyonari benshi bava mu mahanga, bakaba bashika 5.200. Ariko rero . . . abakirisu bariyo ntibashika igice 1 kw’ijana. . . . Umupatiri wo muri bene Fransisiko akorerayo kuva mu myaka ya 1950 . . . abona ko ‘igihe c’abamisiyonari bava mu mahanga carangiye mu Buyapani.’”—Ikinyamakuru The Wall Street Journal co ku wa 9 Mukakaro 1986, urupapuro rwa 1.
Mu Bwongereza, muri iyi myaka mirongo itatu iheze, “ayashika 2.000 mu mashengero 16.000 y’abangilikani ari muri ico gihugu yarugawe kubera atagikoreshwa. Igitigiri c’abitaba imisa caragabanutse cane, kikaba kiri mu vya nyuma mu bihugu bivuga ko ari ivy’abakirisu. . . . [Musenyeri w’i Durham] avuga ati: ‘Nta woba akivuga ko Ubwongereza ari igihugu c’abakirisu.’”—Ikinyamakuru The New York Times co ku wa 11 Rusama 1987, urupapuro rwa A4.
“Inyuma y’ibihari vyamaze amasaha atari make, uno musi Inama nshingamateka [y’Ubugiriki] yemeje itegeko rirekurira intwaro y’Abasosiyalisiti kwigarurira amatongo maninimanini yagabwa n’idini rya Orotodogisi ryo mu Bugiriki . . . Vyongeye, iryo tegeko rirarekurira abantu bigenga ngo bacungere imigwi n’amakomite vyo mu madini bihagarikira ibintu biyinjiriza amahera, ushizemwo amahoteli, ibibanza bicukurwamwo ubutare bita marbre be n’inyubakwa zikoreshwa nk’ibiro.”—Ikinyamakuru The New York Times co ku wa 4 Ndamukiza 1987, urupapuro rwa 3.
[Amafoto ku rup. 222]
Amabakure ane ya mbere y’ishavu ry’Imana azana ivyago bisa n’ibizanwa n’inzumbete zine za mbere
[Amafoto ku rup. 226]
Ibakure ya gatanu ihishura ko intebe y’ubwami ya ca gikoko ari ububasha Shetani yagihaye
[Ifoto ku rup. 231]
Poropagande y’amadayimoni iriko irakoraniriza abatware b’isi mu bintu bizobashikana ku ntambara ya nyuma ya Haru–Magedoni, ari na ho Yehova azobashitsako imanza ziwe
[Ifoto ku rup. 233]
Aboshwa n’“ikirere” canke impemu zitosekaye za Shetani bazokwihurira n’urubanza rugororotse rwa Yehova