ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • re ikig. 37 rup. 267-271
  • Umubabaro n’umunezero bitewe n’ikurwaho rya Babiloni

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umubabaro n’umunezero bitewe n’ikurwaho rya Babiloni
  • Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abadandaza bararira bakagandara
  • Baranezerwa n’uko atikijwe
  • Urusyo runini ruraririzwa mu kiyaga
  • Aragīrwa n’amaraso ateye ubwoba
  • Ca gisagara gikomeye gitikizwa
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Babiloni Akomeye ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ukuntu twomenya “Babiloni Akomeye”
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
re ikig. 37 rup. 267-271

Ikigabane ca 37

Umubabaro n’umunezero bitewe n’ikurwaho rya Babiloni

1. “Abami b’isi” bazovyifatamwo gute Babiloni Akomeye niyatikizwa giturumbuka?

IKURWAHO rya Babiloni ni inkuru nziza ku basavyi ba Yehova. Ariko none amahanga aribona gute? Yohani atwiganira ati: “Kandi abami b’isi bakoranye na we ubusambanyi kandi bakibera mu bihinda vy’agaterasoni bazomuririra bongere bikubitagure ku gikiriza kubera intuntu, nibaraba umwotsi uva ku kururumba kwiwe, mu gihe bahagarara nka hariya kubera batinya ukubabazwa kwiwe, bakavuga bati: ‘Birababaje, birababaje, wewe gisagara gikomeye, Babiloni wewe gisagara c’inkomezi, kuko mw’isaha imwe urubanza rwawe rushitse!’”—Ivyahishuwe 18:9, 10.

2. (a) Ko amahembe cumi y’ikigereranyo ya ca gikoko c’ibara ry’agahama ari yo atikiza Babiloni Akomeye, ni kubera iki “abami b’isi” batuntuzwa n’ikurwaho ryiwe? (b) Ni kubera iki abo bami bishwe n’intuntu bahagarara kure y’ico gisagara caciriwe rubi?

2 Inyifato y’ayo mahanga yoshobora kuba itangaje kuko Babiloni izoba yatikijwe n’amahembe cumi y’ikigereranyo ya ca gikoko c’ibara ry’agahama. (Ivyahishuwe 17:16) Ariko rero Babiloni imaze kuvaho, “abami b’isi” bazoca batahura akamaro yari ibafitiye mu gutuma abantu baguma batekanye kandi bayoboka. Abakuru b’amadini baravuze ko intambara ari nyeranda, baragira uruhara mu kurondera abarwanyi no mu guhimiriza urwaruka kuja ku rugamba. Idini ryarabaye nk’ikoti y’ubweranda abategetsi babi bambara kugira babashe gukandamiza abantu batobato. (Gereranya na Yeremiya 5:30, 31; Matayo 23:27, 28.) Ariko rero urabona ko ubu abo bami bishwe n’intuntu bahagarara kure y’ico gisagara caciriwe rubi. Ntibaruha banegera ngo bagitabare. Barababazwa n’ikurwaho ryaco ariko si ku buryo bokwiroha ngo bagifashe.

Abadandaza bararira bakagandara

3. Ni bande kandi bababazwa n’ikurwaho rya Babiloni Akomeye, kandi Yohani avuga ko ari kubera iki?

3 Abami b’isi si bo bonyene bababazwa n’ikurwaho rya Babiloni Akomeye. Yohani avuga ati: “Vyongeye, abadandaza b’ingenzi bo kw’isi baramuririra bongera bamuborogera, kuko ata wuriho wo kwongera kugura ububiko bwabo bwuzuye, ububiko bwuzuye inzahabu n’ifeza n’amabuye y’agaciro n’imaragarita n’impuzu z’ilino nziza, n’iz’umuyugubwe n’iz’iharire n’iz’agahama; be n’ikintu cose co mu mbaho z’akamoto be n’ubwoko bwose bw’ivyo mu masenge n’ubwoko bwose bw’ivyo mu mbaho z’agaciro kuruta izindi zose, n’ivyo mu mujumpu n’ivyo mu cuma n’ivyo mu mabuye y’agaciro yitwa marimari; n’ibimota vyitwa mudarasini be n’ivyitwa amome n’imibavu n’amavuta amota neza n’imibavu ya olibani n’umuvinyu n’amavuta y’umwelayo n’ifu inoze n’ingano n’inka n’intama, n’amafarasi n’imiduga n’abashumba n’abantu. Egome, ivyamwa vyiza umutima wawe wipfuje vyakuvuyeko, [ni ukuvuga Babiloni Akomeye] n’ibintu vyizavyiza be n’ibisayangana vyaguhezeko, kandi abantu ntibazokwongera kubironka.”—Ivyahishuwe 18:11-14.

4. Ni kubera iki “abadandaza b’ingenzi” barira bakagandara kubera Babiloni Akomeye akuweho?

4 Ego cane, Babiloni Akomeye yari umugenzi somambike w’abadandaza batunze akaba n’umukiriya wabo akomeye. Nk’akarorero, ibigo vy’abihebeye Imana n’amasengero vy’amadini y’abiyita abakirisu vyaramaze ibinjana n’ibindi birundanya inzahabu, ifeza, amabuye y’agaciro, imbaho nzizanziza n’ubundi butunzi. Vyongeye, amadini arashigikira ivyo gusesagura n’ukunywera akaborerwe bijana n’uguhimbaza umusi mukuru wa Noweli utukisha Kristu be n’iyindi misi mikuru yitwa ngo ni myeranda. Abamisiyonari b’amadini y’abiyita abakirisu barashitse mu turere twa kure, bararonderera amasoko “abadandaza b’ingenzi” bo muri iyi si. Mu kinjana ca 17 mu Buyapani, idini rya Gatolika, iryari ryazananye n’abacuruza, ryaranagize uruhara mu ntambara zo kurwanira amatongo. Mu kuvuga ibijanye n’intambara simusiga yabereye hafi y’ibihome vy’ikirimba c’i Osaka, igitabu kimwe (The Encyclopædia Britannica) kivuga giti: “Ingabo z’Abatokugawa zasanze zihanganye n’umwansi yitwaje amabendera acafyeko umusaraba n’ibishusho vy’Umukiza be n’umweranda Yakobo, umuvunyi wa Espanye.” Umugwi watahukanye intsinzi warahamye abagatolika uhakwa kubazimanganya muri ico gihugu. Idini na ryo nyene nta ciza rizokura mu kwivanga mu vy’isi muri iki gihe.

5. (a) Ijwi rivuye mw’ijuru ribandanya gute kudondora ingene “abadandaza b’ingenzi” bagandara? (b) Ni kubera iki abadandaza na bo nyene “bazohagarara nka hariya”?

5 Ijwi rivuye mw’ijuru rica ryongerako riti: “Abadandaza b’ingenzi b’ivyo bintu, abacitse abatunzi kubera we, bazohagarara nka hariya kubera batinya ukubabazwa kwiwe, barire, bagandare, bavuga bati: ‘Birababaje, birababaje—ca gisagara gikomeye, cambaye impuzu z’ilino nziza n’iz’umuyugubwe n’iz’agahama, kandi gisharijwe cane udusharizo tw’inzahabu n’amabuye y’agaciro be n’imaragarita, kubera ko mw’isaha imwe iryo tunga rikomeye ritikijwe!’” (Ivyahishuwe 18:15-17a) Igihe Babiloni Akomeye atikijwe, “abadandaza” baragandara kubera batakaje uwo bakorana urudandaza. Vy’ukuri, “birababaje, birababaje” kuri bo. Ariko rero, urabona ko bagandara kubera ubwikunzi gusa kandi nka kumwe kw’abami, “bazohagarara nka hariya.” Ntibegera ngo bagire ico bafashije Babiloni Akomeye.

6. Rya jwi rivuye mw’ijuru ridondora gute ukuntu abakapitene b’imeri n’abasoza bagandara, kandi ni kubera iki barira?

6 Iyo nkuru ibandanya iti: “Kandi umukapitene w’imeri wese be n’umuntu wese agira ingendo aho ari ho hose, n’abasoza be n’abo bose batunzwe n’ikiyaga, bahagarara nka hariya biha akaruru baravye umwotsi uva ku kururumba kwiwe, bavuga bati: ‘Ni ikihe gisagara kimeze nka ca gisagara gikomeye?’ Maze bisūrirako umukungugu ku mitwe, biha akaruru, barira bongera bagandara, bavuga bati: ‘Birababaje, birababaje—ca gisagara gikomeye, kimwe abafise amato ku kiyaga bose batungiyemwo kubera ibitayega vyaco, kuko mw’isaha imwe gitikijwe!’” (Ivyahishuwe 18:17b-19) Babiloni ya kera cari igisagara c’ubudandaji kandi cari gifise amato menshi. Babiloni Akomeye na we nyene aragira urudandaza rukomeye abikesheje “amazi menshi” agizwe n’abayoboke biwe. Ivyo bituma benshi muri abo bayoboke biwe baronka akazi. Ese ukuntu abo bantu bazohahombera mu vy’ubutunzi Babiloni Akomeye niyatikizwa! Nta kindi kibinjiriza amahera nka we bazosubira kuronka.

Baranezerwa n’uko atikijwe

7, 8. Rya jwi rivuye mw’ijuru risozera gute ubutumwa bwaryo bwerekeye Babiloni Akomeye, kandi ni bande bazokwitabira ako kamo?

7 Ku bijanye n’igihe Abamedi n’Abaperesi bokwigaruriye Babiloni ya kera, Yeremiya yari yavuze ati: “Amajuru n’isi n’ibiri muri vyo vyose bizovugiriza koko Babiloni akamo k’umunezero.” (Yeremiya 51:48) Igihe Babiloni Akomeye atikijwe, rya jwi rivuye mw’ijuru rica risozera ubutumwa bwaryo riti: “Nuhimbarirwe ivyiwe, ewe juru, namwe beranda namwe ntumwa namwe bahanuzi, kuko Imana yashikije kuri we ku bwanyu igihano c’urubanza yamuciriye!” (Ivyahishuwe 18:20) Yehova n’abamarayika bazohimbarwa no kubona uwo mwansi w’Imana wo kuva kera atikijwe, nk’uko nyene bizohimbara intumwa n’abahanuzi bakirisu bo mu ntango, ubu bakaba bamaze kuzurwa no gufata ibibanza vyabo muri ba bakurambere 24.—Gereranya na Zaburi 97:8-12.

8 Emwe, “aberanda” bose, baba abamaze kuzurwa bakaja mw’ijuru canke abakiri kw’isi, bazokwiha akamo k’umunezero, nk’uko nyene bagenzi babo bagize isinzi rinini ry’izindi ntama bazonezerwa. Mu nyuma, abantu b’abizigirwa bose ba kera bazozukira mw’isi nshasha, kandi na bo nyene bazokwifatanya n’abandi mu kunezerwa. Abasavyi b’Imana ntibagerageje kwihora abantu bo mu madini y’ikinyoma babahama. Bamye bibuka amajambo ya Yehova agira ati: “Uguhōra ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza umuntu mu nkoko, ni ko Yehova avuga.” (Abaroma 12:19; Gusubira mu vyagezwe 32:35, 41-43) Ico gihe rero Yehova azobahora. Amaraso yose Babiloni Akomeye yasheshe azoba yahowe.

Urusyo runini ruraririzwa mu kiyaga

9, 10. (a) Ni ibiki umumarayika w’inkomezi aca akora kandi akavuga? (b) Ni igiki cakozwe mu gihe ca Yeremiya gisa n’ico umumarayika w’inkomezi avugwa mu Vyahishuwe 18:21 yakoze, kandi cemeza iki? (c) Ikintu Yohani yabonye wa mumarayika w’inkomezi ariko arakora cemeza iki?

9 Ivyo Yohani aca abona biremeza ko urubanza Yehova yaciriye Babiloni Akomeye ari ntabanduka. Yigana ati: “Maze umumarayika w’inkomezi araha ibuye rimeze nk’urusyo runini ariraririza mu kiyaga, avuga ati: ‘Ukwo ni ko Babiloni ca gisagara gikomeye kizoraririzwa rimwe, kandi ntikizokwigera congera kuboneka.’” (Ivyahishuwe 18:21) Mu gihe ca Yeremiya, harakozwe ikintu nk’ico gifise insobanuro ikomeye. Yeremiya yarahumekewe ngo yandike mu gitabu “ivyago vyose vyoje kuri Babiloni.” Yaciye aha ico gitabu Seraya maze amubwira ngo aje i Babiloni. Nk’uko Yeremiya yabimutegetse, Seraya ashitseyo yarasomye amajambo yerekeye ico gisagara ati: “Ewe Yehova, ni wewe ubwawe wavuze ku bijanye n’aha hantu, kugira uharandure ngo ntihaze hagire uwusubira kuhaba, yaba umuntu canke mbere igitungwa, mugabo hacike igiharabuga gushika igihe kitagira urugero.” Seraya yaciye abohera ibuye kuri ico gitabu maze agiterera mu ruzi Efurate, avuga ati: “Uku ni ko Babiloni azonyika ntiyongere guhaguruka kubera ivyago ngira ndamuteze.”—Yeremiya 51:59-64.

10 Guterera mu ruzi ico gitabu kiboheye kw’ibuye cari icemeza ko Babiloni yogiye akagirire ntisubire kwubakwa. Igihe intumwa Yohani abona umumarayika w’inkomezi akora ikintu nk’ico, na vyo nyene vyemeza ko umugambi wa Yehova ku bijanye na Babiloni Akomeye uzoranguka. Kubona Babiloni ya kera ari umusaka muri iki gihe birerekana neza ibigiye gushikira idini ry’ikinyoma.

11, 12. (a) Ubu na ho wa mumarayika w’inkomezi abwira iki Babiloni Akomeye? (b) Yeremiya yari yavuze iki ku bijanye na Yeruzalemu yahemutse, kandi ivyo vyorangutse gute muri iki gihe?

11 Ubu na ho wa mumarayika w’inkomezi abwira Babiloni Akomeye ati: “Kandi ijwi ry’abaririmvyi bajanisha amajwi yabo n’inanga be n’iry’abacuraranzi be n’iry’abavuza imyironge be n’iry’abavuza inzumbete ntirizokwigera ryongera kwumvikana muri wewe, kandi nta munyatugenegene w’umwuga n’umwe azokwigera yongera kuboneka muri wewe, kandi nta jwi ry’urusyo rizokwigera ryongera kwumvikana muri wewe, kandi nta muco w’itara uzokwigera wongera kwaka muri wewe, kandi nta jwi ry’umukwe n’iry’umugeni rizokwigera ryongera kwumvikana muri wewe; kuko abadandaza b’ingenzi bawe bari bo bantu bo ku rwego rwo hejuru bo kw’isi, kuko amahanga yose yazimijwe n’ubupfumu bwawe.”—Ivyahishuwe 18:22, 23.

12 Mu majambo asa n’ayo, Yeremiya yari yaravuze ku bijanye na Yeruzalemu yahemutse, ati: “Nzorandura muri bo ijwi ry’umwigino n’ijwi ry’umunezero, ijwi ry’umukwe n’ijwi ry’umugeni, urwamo rw’urusyo rw’amaboko n’umuco w’itara. Emwe, iki gihugu cose kizocika ahantu hatikijwe, akajoreza.” (Yeremiya 25:10, 11) Amadini y’abiyita abakirisu, ari na co gihimba nyamukuru ca Babiloni Akomeye, azocika umusaka nk’uko vyerekanwa neza n’ingene Yeruzalemu yasigaye ari igiharabuga inyuma ya 607 B.G.C. Ayo madini yahoze arangwa n’agatwengo n’uruyogoyogo rwinshi azotsindwa asigare ata gakacira.

13. Ni ihinduka irihe rishikira bukwi na bukwi Babiloni Akomeye, kandi bigira ico bikoze gute ku “badandaza b’ingenzi” biwe?

13 Emwe, nk’uko umumarayika abibwira Yohani, Babiloni Akomeye uko yakabaye azohinduka ubugaragwa ntasubire kuba inganji ikomeye ikwiye kw’isi yose. “Abadandaza b’ingenzi” biwe, ushizemwo abagwizatunga bakomakomeye, barikitse inyuma y’idini kugira bironkere inyungu, kandi abakuru b’amadini basanze kwiyerekana bari kumwe na bo bibazanira inyungu. Mugabo abo badandaza ntibazosubira kwikika inyuma ya Babiloni Akomeye. Ntazokwongera guhenda amahanga yo kw’isi akoresheje imigenzo yiwe isiga ubwenge yo mu vy’idini.

Aragīrwa n’amaraso ateye ubwoba

14. Wa mumarayika w’inkomezi avuga ko ari kubera iki Yehova acira urubanza rubi cane Babiloni Akomeye, kandi ni ibiki Yezu yavuze bisa n’ivyo igihe yari kw’isi?

14 Mu gusozera, wa mumarayika w’inkomezi aratubwira igituma Yehova acira urubanza rubi cane Babiloni Akomeye. Avuga ati: “Egome, iwe ni ho habonetse amaraso y’abahanuzi n’ay’aberanda n’ay’abishwe kw’isi bose.” (Ivyahishuwe 18:24) Igihe Yezu yari kw’isi, yabwiye indongozi z’idini z’i Yeruzalemu yuko zagīrwa n’“amaraso yose y’abagororotsi yavishijwe kw’isi . . . kuva ku maraso ya wa mugororotsi Abeli.” Ivyo vyatumye iryo yaruka rihetaraye ritikizwa mu 70 G.C. (Matayo 23:35-38) Muri iki gihe, hariho irindi yaruka ry’abanyamadini ryagirwa n’amaraso kubera rihama abasavyi b’Imana.

15. Ni mu buryo bubiri ubuhe Ekleziya Gatolika yo mu Budagi bw’Abanazi yagiriwe n’amaraso?

15 Mu gitabu ciwe (L’Église catholique et l’Allemagne nazie), uwitwa Guenter Lewy yandika ati: “Igihe Ivyabona vya Yehova bahagarikwa i Bavière ku wa 13 Ndamukiza [1933], Ekleziya mbere yaremeye igikorwa yahawe n’ubushikiranganji bw’indero n’amadini co kudoma urutoke ku muntu wese acifatanya n’iryo dini ribujijwe.” Gutyo rero, igihe Ivyabona ibihumbi bapfungirwa mu makambi y’itunatuniro, Ekleziya Gatolika yarabigizemwo uruhara; iragīrwa n’amaraso y’Ivyabona amajana bishwe. Igihe Ivyabona bakiri bato nka Wilhelm Kusserow berekana ko bashobora kurya umutima amenyo bakemera kwicwa barashwe, Hitler yaciye avuga ko ubwo buryo bwo kubica butabahasha bihagije; ni co gituma mwenewabo na Wilhelm ari we Wolfgang yishwe aciwe umutwe afise imyaka 20. Muri ico gihe nyene, Ekleziya Gatolika yariko iraremesha urwaruka rw’abagatolika b’Abadagi ngo bemere kwigura igisirikare c’igihugu cabo c’amavukiro. Emwe, si agaseseshwarumuri ko idini ryagīrwa n’amaraso!

16, 17. (a) Ni amaraso ayahe Babiloni Akomeye ategerezwa kubazwa, kandi ni gute Vatikano yagiriwe n’amaraso ku bijanye n’Abayahudi bahitanywe na rya honyabwoko ryagizwe n’Abanazi? (b) Ni uburyo bumwe ubuhe idini ry’ikinyoma ribazwa abantu amamiliyoni bahitanywe n’intambara amajana zo mu gihe ca none?

16 Ariko rero, ubwo buhanuzi buvuga ko amaraso “y’abishwe kw’isi bose” ategerezwa kubazwa Babiloni Akomeye. Nta gukeka ko ivyo vyagaragaye ko ari ukuri mu gihe ca none. Nk’akarorero, kuva aho amayeri ya Gatolika atumiye Hitler aja ku butegetsi mu Budagi, Vatikano yaragize uruhara mw’iseswa ry’amaraso ateye ubwoba igihe Abayahudi imiliyoni zitandatu bahitanwa na rya honyabwoko ryagizwe n’Abanazi. Vyongeye muri iki gihe cacu, abantu barenga imiliyoni ijana baramaze guhitanwa n’intambara amajana zabaye. None idini ryoba ribifisemwo uruhara? Ego cane, mu buryo bubiri.

17 Uburyo bumwe ni uko intambara nyinshi usanga zifatiye ku macakubiri ashingiye ku madini. Nk’akarorero, ubukozi bw’ikibi bwabaye mu Buhindi hagati y’abisilamu n’abahindu mu 1946-1948 bwandurutse ku madini. Abantu ibihumbi amajana barahasize ubuzima. Amatati yabaye hagati ya Iraki na Irani mu myaka 1980 yaturutse ku macakubiri ashingiye kw’idini, abantu ibihumbi amajana bakaba barishwe. Ububisha bwabaye hagati y’abagatolika n’abaporoti muri Irlande ya Ruguru bwarahitanye abantu ibihumbi. Umwanditsi w’ikinyamakuru yitwa C. L. Sulzberger yagize ubushakashatsi kuri ivyo, yavuze mu 1976 ati: “Birababaje kubona nk’igice c’intambara ziriko ziraba hirya no hino kw’isi canke izirenga ari intambara z’amadini canke ugasanga zifitaniye isano n’ukutumvikana kw’amadini.” Emwe, ukwo ni ko vyamye mu kiringo cose kidurumbanye Babiloni Akomeye amaze.

18. Uburyo bugira kabiri amadini yo mw’isi yagirwa n’amaraso ni ubuhe?

18 Uburyo bugira kabiri ni ubuhe? Twisunze uko Yehova abona ibintu, amadini yo mw’isi aragirwa n’amaraso kubera atigishije mu buryo bujijura abanywanyi bayo ukuri kwerekeye ivyo Yehova asaba abasavyi biwe. Ntiyajijuye abantu yuko abasavyi b’Imana b’ukuri bategerezwa kwigana Yezu Kristu bakagaragariza abandi urukundo, naho boba baturuka hehe. (Mika 4:3, 5; Yohani 13:34, 35; Ivyakozwe 10:34, 35; 1 Yohani 3:10-12) Kubera ko amadini yo muri Babiloni Akomeye atigishije ivyo bintu, abanywanyi bayo baragize uruhara mu ntambara z’urutavanako zabaye kw’isi hose. Ese ukuntu ivyo vyagaragaye muri za ntambara zibiri z’isi yose zabaye mu gice ca mbere c’ikinjana ca 20, zompi zikaba zatanguriye mu biyita abakirisu zigatuma abasangiye amadini bicana! Iyaba abivugisha ko ari abakirisu bose bumira ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya, izo ntambara ntizari kuba.

19. Ni gute Babiloni Akomeye yagirwa n’amaraso ateye ubwoba?

19 Ayo maraso yose Yehova ayabaza Babiloni Akomeye. Abakuru b’amadini, na canecane abiyita abakirisu, iyo bigisha abanywanyi babo ukuri kwo muri Bibiliya, ntihari guseseka amaraso menshi gutyo. Vy’ukuri rero, mu buryo bumwe canke ubundi, Babiloni Akomeye wa mumaraya ahambaye akaba n’inganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, Yehova ntazomubaza gusa “amaraso y’abahanuzi n’ay’aberanda” yahamye yongera arica, ariko kandi azomubaza amaraso “y’abishwe kw’isi bose.” Ego cane, Babiloni Akomeye aragirwa n’amaraso ateye ubwoba. Ese ingene tuzokwiruhutsa niyatikizwa buhere!

[Uruzitiro ku rup. 270]

Ingaruka z’ubuhemu

Guenter Lewy yandika mu gitabu ciwe (L’Église catholique et l’Allemagne nazie) ati: “Iyo Ekleziya Gatolika yo mu Budagi ishigikira umugambi wo kurwanya intwaro y’Abanazi yivuye inyuma, birashoboka ko kahise k’isi kari kumera ukundi. Naho vyari gushika ntitsinde Hitler ngo imubuze gukora amabi yose yakoze, vyari kuyitera iteka ridasanzwe. Nta gukeka ko vyari guhitana benshi, ariko bari kuba bazize ikiri ukuri. Iyo Hitler ataza kuba ashigikiwe n’abo mu gihugu ciwe, hari aho atari kwubahuka gusomborotsa intambara kandi abantu amamiliyoni bari kuba barusimvye. . . . Igihe Abadagi ibihumbi badashigikiye umugambwe w’Abanazi bicwa urw’agashinyaguro mu makambi y’itunatuniro, igihe incabwenge zo muri Polonye zicwa, igihe Abarusiya ibihumbi amajana bicwa bahorwa ngo ni ubwoko bw’Abasilave Untermenschen [badakwije], be n’igihe abantu 6.000.000 bicwa bahorwa ngo ntibari mu bwoko Abanazi babona ko ari nyabwo (race aryenne), abakuru ba Ekleziya Gatolika bo mu Budagi barashigikiye intwaro yariko irakora ayo mabi. Papa w’i Roma ari we ndongozi yo mu vy’idini akaba n’umwigisha ruheta wa Ekleziya Gatolika, ntiyigeze akurako umunwa.”—Urupapuro rwa 275, 292.

[Ifoto ku rup. 268]

Abategetsi bati: “Birababaje, birababaje”

[Ifoto ku rup. 268]

Abadandaza bati: “Birababaje, birababaje”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika