ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • re ikig. 39 rup. 279-286
  • Wa Mwami w’intwari atsinda kuri Harumagedoni

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wa Mwami w’intwari atsinda kuri Harumagedoni
  • Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umwe yitwa “Mwizigirwa na Munyakuri”
  • Abafatanya urugamba na Yezu
  • Arahagurutse ku bw’intambara ya nyuma!
  • Imfungurwa nyinshi zo ku mugoroba z’Imana
  • Ha impundu Kristu, wa Mwami aninahaye!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ishavu ry’Imana rirangizwa
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Gufyonyora umutwe wa ya Nzoka
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
re ikig. 39 rup. 279-286

Ikigabane ca 39

Wa Mwami w’intwari atsinda kuri Harumagedoni

Iyerekwa rya 13​—Ivyahishuwe 19:11-21

Ibivugwamwo: Yezu arayobora ingabo zo mw’ijuru kugira atikize isi ya Shetani

Igihe birangukirako: Babiloni Akomeye amaze gutikizwa

1. Harumagedoni ni iki, kandi ni ibiki bizoshikana kuri yo?

HARUMAGEDONI ni ijambo ritera ubwoba abantu benshi! Ariko ku bakunda ubugororotsi, ribibutsa umusi barindiriye kuva kera aho Yehova azoshitsa urubanza rwa nyuma yaciriye amahanga. Si intambara y’abantu, ahubwo ni “intambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose,” umusi wayo wo kwihora abategetsi b’isi. (Ivyahishuwe 16:14, 16; Ezekiyeli 25:17) Amakuba akomeye azoba yamaze gutangura kuko Babiloni Akomeye azoba yatikijwe. Ca gikoko c’ibara ry’agahama n’amahembe yaco cumi kizoca gitera abasavyi ba Yehova cohejwe na Shetani. Kubera ko Shetani afitiye uburake bwinshi cane ishirahamwe ry’Imana ryogereranywa n’umugore, yiyemeje gukoresha abo yahenze kugira arwanye amasigarira y’uruvyaro rw’uwo mugore ayaherengeteze. (Ivyahishuwe 12:17) Ako ni akaryo ka nyuma Shetani azoba aronse!

2. Gogi w’i Magogi ni nde, kandi Yehova amwosha gute ngo atere abasavyi biwe?

2 Ico gitero simusiga Shetani azogaba kiradondorwa neza muri Ezekiyeli ikigabane ca 38. Ng’aho, Shetani uwacishijwe bugufi yitwa “Gogi wo mu gihugu ca Magogi.” Yehova arashira ingobe z’ikigereranyo mu mibangabanga ya Gogi, akamusunika ngo agabe igitero n’ingabo ziwe nyinshi za gisirikare. None ivyo abigira gute? Abigira mu gutuma Gogi abona ko Ivyabona vya Yehova ari abantu batagira gitabara “bakoranirijwe hamwe bakuwe mu mahanga, [b]irundaniriza ubutunzi n’amatungo [kandi bi]bera hagati na hagati y’isi.” Isi yose irabona ko ari bo bantu bonyene banse gusenga ca gikoko n’ishusho yaco. Inkomezi n’ugusagamba bafise mu vy’impwemu bituma Gogi ishavu riniga. Ni co gituma Gogi n’ingabo ziwe nyinshi za gisirikare, ushizemwo na ca gikoko kiduga kivuye mu kiyaga n’amahembe yaco cumi, bica bisidukana n’iyonka ngo bibice. Ariko rero mu buryo butandukanye na Babiloni Akomeye, abasavyi b’Imana batyoroye bakingiwe na yo!—Ezekiyeli 38:1, 2, 4, 11, 12, 15; Ivyahishuwe 13:1.

3. Yehova akuraho gute ingabo za gisirikare za Gogi?

3 None Yehova akuraho gute Gogi n’amasinzi yiwe yose? Tega amatwi! “‘Nzomuhamagarirako inkota mu karere kanje kose k’imisozi,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. ‘Inkota y’umuntu wese izobangurirwa mwene wabo.’” Ariko rero, ibirwanisho ruhonyanganda canke bisanzwe nta co bizomara muri iyo ntambara, kuko Yehova avuga ati: “Nzoburana na we, nkoresheje ikiza n’amaraso; imvura y’isegenya isegenyuka be n’iminana y’urubura, umuriro be n’amazuku, ni vyo nzogwisha kuri we no ku nteko ziwe no ku bisata vyinshi bizoba biri kumwe na we. Nzokwininahaza koko, niyeze nongere nimenyekanishe mu maso y’amahanga menshi; kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova.”—Ezekiyeli 38:21-23; 39:11; gereranya na Yosuwa 10:8-14; Abacamanza 7:19-22; 2 Ngoma 20:15, 22-24; Yobu 38:22, 23.

Umwe yitwa “Mwizigirwa na Munyakuri”

4. Yohani adondora gute Yezu Kristu yiteguriye urugamba?

4 Yehova aratumako inkota. None ni nde akoresha iyo nkota? Dusubiye mu gitabu c’Ivyahishuwe, turaronka inyishu mu rindi yerekwa ryeza umutima. Ijuru riruguruka imbere ya Yohani kugira ahishurirwe ikintu giteye akoba vy’ukuri: Yezu Kristu ubwiwe yiteguriye urugamba! Yohani atwiganira ati: “Hanyuma mbona ijuru ryuguruye, maze mbona ifarasi yera. Kandi uwari ayicayeko yitwa Mwizigirwa na Munyakuri, kandi aca imanza akongera akarwana intambara mu bugororotsi. Amaso yiwe ni urubeya rw’umuriro, kandi ku mutwe wiwe hari imigāra myinshi.”—Ivyahishuwe 19:11, 12a.

5, 6. Ni igiki kigereranywa na (a) “ifarasi yera”? (b) izina “Mwizigirwa na Munyakuri”? (c) amaso ameze nk’“urubeya rw’umuriro”? (d) “imigāra myinshi”?

5 Nk’uko twabibonye muri rya yerekwa ry’abagendera ku mafarasi bane, iyo “farasi yera” ni ikigereranyo kibereye c’intambara igororotse. (Ivyahishuwe 6:2) None ni nde mu bana b’Imana yoba umugororotsi kuruta iyo Ntwari ikomeye? Kubera ko “yitwa Mwizigirwa na Munyakuri,” abwirizwa kuba ari “ca cabona cizigirwa kandi c’ukuri” ari we Yezu Kristu. (Ivyahishuwe 3:14) Arwana kugira ashitse imanza zigororotse za Yehova. Abigira rero bwa Mucamanza Yehova yagenye, ari “Imana ikomeye.” (Yesaya 9:6) Amaso yiwe arateye ubwoba nka kurya kw’“urubeya rw’umuriro,” akaba ariko yitegereza agatikizo kagiye gutongora abansi biwe.

6 Uwo Mwami w’intwari afise imigāra ku mutwe. Ca gikoko Yohani yabona kiduga kivuye mu kiyaga cari gifise imigāra cumi, ikaba yagereranya ubutegetsi bw’igihe gito cogize kw’isi. (Ivyahishuwe 13:1) Yezu wewe afise “imigāra myinshi.” Ubutegetsi bwiwe buninahaye nta bundi twobugereranya kuko ari “Umwami w’abaganza akaba n’Umukama w’abakama batwara.”—1 Timoteyo 6:15.

7. Iryo zina ryanditswe Yezu afise ni iki?

7 Yohani abandanya kumudondora ati: “Afise izina ryanditswe ata n’umwe arizi atari we ubwiwe.” (Ivyahishuwe 19:12b) Bibiliya isanzwe yita Umwana w’Imana amazina nka Yezu, Emanweli na Mikaheli. Ariko biboneka ko iryo “zina” ritavuzwe rigereranya ikibanza n’uduteka Yezu aterwa mu gihe c’umusi w’Umukama. (Gereranya n’Ivyahishuwe 2:17.) Mu kudondora Yezu kuva mu 1914, Yesaya yavuze ati: “Izina azokwitwa ni Umujanama w’agatangaza, Imana ikomeye, Data ahoraho, Umuganwa w’amahoro.” (Yesaya 9:6) Intumwa Paulo yarerekanye ko hariho isano hagati y’izina rya Yezu n’ibikorwa bihambaye arangura igihe yandika ati: ‘Imana yaradugije Yezu imushira mu kibanza co hejuru cane, imuha n’umutima ukunze izina riri hejuru y’ayandi mazina yose, kugira ngo mw’izina rya Yezu ivi ryose ripfunywe.’—Abafilipi 2:9, 10.

8. Ni kubera iki Yezu wenyene ari we ashobora kumenya rya zina ryanditswe, kandi asangira na bande tumwetumwe mu duteka twiwe duhambaye?

8 Uduteka Yezu afise ntidusanzwe. Uretse Yehova ubwiwe, Yezu wenyene ni we ashobora gutahura ico bisobanura kugira ikibanza kiri hejuru gutyo. (Gereranya na Matayo 11:27.) Ku bw’ivyo, mu biremwa vyose vy’Imana, Yezu wenyene ni we ashobora gutahura neza iryo zina. Ariko rero, Yezu arasangira n’abagize wa mugeni tumwetumwe muri utwo duteka. Ni co gituma atanga uwu muhango ati: “Uwutsinda . . . nzomwandikako . . . rya zina ryanje rishasha.”—Ivyahishuwe 3:12.

9. Bisobanura iki (a) kuba Yezu “yambaye impuzu yo hejuru imijagiyeko amaraso”? (b) kuba Yezu yitwa “Jambo w’Imana”?

9 Yohani yongerako ati: “Kandi yambaye impuzu yo hejuru imijagiyeko amaraso, kandi izina yitwa ni Jambo w’Imana.” (Ivyahishuwe 19:13) Ayo “maraso” ni aya nde? Ashobora kuba ari amaraso ya Yezu, ayasheshwe ku bw’abantu. (Ivyahishuwe 1:5) Ariko ng’aha, birashoboka cane ko ayo maraso ari ay’abansi biwe aseseka igihe bashitswako imanza za Yehova. Ivyo bica bitwibutsa rya yerekwa twabonamwo umuzabibu w’isi wegeranywa maze ugahonyangirwa mu ruganiro runini rw’ishavu ry’Imana kugeza naho amaraso “[a]duga gushika ku mijiginya y’amafarasi,” bikaba bisobanura ko abansi b’Imana batsindwa bimwe bikomeye. (Ivyahishuwe 14:18-20) Muri ubwo buryo nyene, amaraso amijagiye ku mpuzu yo hejuru ya Yezu ni icemeza ko intsinzi yiwe ari ntabanduka be n’uko yuzuye. (Gereranya na Yesaya 63:1-6.) Yohani aca asubira akavuga irindi zina Yezu yitwa. Iryo zina ari ryo “Jambo w’Imana” ryoryo rirazwi cane, rikaba ryerekana ko uwo Mwami w’intwari ari we Muvugizi mukuru wa Yehova akaba n’Uwuburanira ukuri.—Yohani 1:1; Ivyahishuwe 1:1.

Abafatanya urugamba na Yezu

10, 11. (a) Yohani yerekana gute ko Yezu atari wenyene mu rugamba? (b) Kuba ayo mafarasi yera no kuba abayagenderako bambaye “impuzu z’ilino nziza, zera, zisukuye” vyerekana iki? (c) Izo “ngabo” zo mw’ijuru zigizwe na bande?

10 Yezu ntari wenyene muri urwo rugamba. Yohani atwiganira ati: “Vyongeye, ingabo zari mw’ijuru zariko ziramukurikira ziri ku mafarasi yera, kandi zari zambaye impuzu z’ilino nziza, zera, zisukuye.” (Ivyahishuwe 19:14) Kuba ayo mafarasi “yera” vyerekana intambara igororotse. Birabereye kubona abagendera ku mafarasi bari kumwe n’uwo Mwami bambaye “impuzu z’ilino nziza,” kandi kuba zikayangana kandi zisukuye vyerekana ko batyoroye be n’uko bagororotse imbere ya Yehova. None izo “ngabo” zigizwe na bande? Nta gukeka ko harimwo abamarayika beranda. Mu ntango y’umusi w’Umukama ni ho Mikaheli n’abamarayika biwe birukana mw’ijuru Shetani n’amadayimoni yiwe. (Ivyahishuwe 12:7-9) Vyongeye, “abamarayika bose” bazokorera Yezu niyicara ku ntebe yiwe y’ubwami ininahaye kugira acire imanza amahanga n’abantu bo kw’isi. (Matayo 25:31, 32) Muri ya ntambara simusiga, igihe imanza z’Imana zizoshitswa bimwe vyuzuye, nta gukeka ko na ho nyene Yezu azoba aherekejwe n’abamarayika biwe.

11 Hari n’abandi bazobigiramwo uruhara. Igihe Yezu yarungikira ubutumwa ishengero ry’i Tiyatira, yasezeranye ati: “Uwutsinda akongera akisunga ibikorwa vyanje gushika kw’iherezo nzomuha ububasha ku mahanga, nk’uko nanje nabuhawe na Data, kandi azoragiza abantu inkoni y’icuma ku buryo bazomenagurwa nk’ivyombo vy’ibumba.” (Ivyahishuwe 2:26, 27) Nta gukeka ko igihe nicashika, abo muri bene wabo na Kristu bamaze gushika mw’ijuru bazogira uruhara mu kuragiza abantu n’amahanga iyo nkoni y’icuma.

12. (a) Abasavyi b’Imana ng’aha kw’isi boba bazogira uruhara mu ntambara ya Harumagedoni? (b) Ni mu buryo ki Harumagedoni yerekeye abasavyi ba Yehova bari kw’isi?

12 Ariko none tuvuge iki ku basavyi b’Imana bo ng’aha kw’isi? Abagize umugwi wa Yohani ntibazogira uruhara mu ntambara ya Harumagedoni; eka na bagenzi babo b’abizigirwa ni uko, bakazoba ari abantu bavuye mu mahanga yose barindize baza ku nzu yo mu vy’impwemu Yehova asengerwamwo. Abo bantu b’abanyamahoro inkota zabo baramaze kuzicuramwo ibirimisho. (Yesaya 2:2-4) Naho ari ukwo, iyo ntambara iraberekeye cane rwose! Nk’uko tumaze kubibona, Gogi n’amasinzi yiwe yose bazogaba igitero simusiga kuri abo basavyi ba Yehova umengo ntibagira gitabara. Ico kizoba ari ikimenyetso c’uko wa Mwami w’intwari wa Yehova, ashigikiwe n’ingabo zo mw’ijuru, atangura intambara yo guhonya ayo mahanga. (Ezekiyeli 39:6, 7, 11; gereranya na Daniyeli 11:44–12:1.) Abasavyi b’Imana ng’aha kw’isi bazohimbarwa cane no gukurikirana ivy’iyo ntambara ari abarorerezi. Harumagedoni izoba ari ubukiriro bwabo, kandi bazoca biberaho ibihe bidahera kuko bazoba biboneye intambara ikomeye yo kwemeza ubusegaba bwa Yehova.

13. Tubwirwa n’iki ko Ivyabona vya Yehova batarwanya icitwa intwaro cose?

13 Ivyo none vyoba bisobanura ko Ivyabona vya Yehova barwanya icitwa intwaro cose? Habe namba! Barumvira impanuro y’intumwa Paulo igira iti: “Umuntu wese nayobokere abakuru bari hejuru.” Barazi ko mu gihe ivy’iyi si bikibandanya, abo “bakuru bari hejuru” bariho kubera Imana ikibaretse kugira mu kibano habe urutonde ku rugero kanaka. Ni co gituma Ivyabona vya Yehova bariha amatagisi, bagakurikiza amategeko, bakubaha amategeko y’ibarabara, bakinsansumisha n’ibindi. (Abaroma 13:1, 6, 7) Vyongeye, barisunga ingingo ngenderwako za Bibiliya mu kuba imvugakuri n’inzirabugunge, mu kugaragariza urukundo ababanyi, mu gukomeza ubumwe n’inyifato runtu mu miryango no mu kwigisha abana babo kuba abenegihugu b’intangakarorero. Muri ubwo buryo rero, barishura “Sezari ivya Sezari, mugabo ivy’Imana [bakavyishura] Imana.” (Luka 20:25; 1 Petero 2:13-17) Kubera ko Ijambo ry’Imana ryerekana ko intwaro zo muri ino si ari iz’igihe gito, Ivyabona vya Yehova bariko baritegurira ubuzima bwuzuye, ni ukuvuga ubuzima nyakuri bagiye kwironkera bategekwa n’Ubwami butwarwa na Kristu. (1 Timoteyo 6:17-19) Naho Ivyabona batazogira uruhara mu gukuraho intwaro z’iyi si, barubaha cane ivyo Ijambo ry’Imana ryahumetswe ari ryo Bibiliya rivuga ku bijanye n’urubanza Yehova agomba ashitse kuri Harumagedoni.—Yesaya 26:20, 21; Abaheburayo 12:28, 29.

Arahagurutse ku bw’intambara ya nyuma!

14. “Inkota ndende ikarishe” isokoroka mu kanwa ka Yezu igereranya iki?

14 Yezu asozera intsinzi yiwe akoresheje ububasha ubuhe? Yohani atubarira ati: “Kandi mu kanwa kiwe hasokoroka inkota ndende ikarishe, kugira ngo ayikubite amahanga, kandi azoyaragiza inkoni y’icuma.” (Ivyahishuwe 19:15a) Iyo “nkota ndende ikarishe” igereranya ububasha Yezu yahawe n’Imana bwo gutanga amategeko ajanye no gutikiza abo bose banka gushigikira Ubwami bw’Imana. (Ivyahishuwe 1:16; 2:16) Iyo mvugo ngereranyo ikomeye irahuye n’amajambo ya Yesaya agira ati: “Araheza [Yehova] agira akanwa kanje nk’inkota ikarishe. Yanyegeje mu gitutu c’ukuboko kwiwe. Amaherezo yangize umwampi usenye.” (Yesaya 49:2) Yesaya ng’aho yagereranya Yezu, uwutangaza imanza z’Imana akongera akazishitsa nk’aho yoba akoresheje umwampi udahusha.

15. Gushika ico gihe, ni nde azoba amaze gushirwa ku mugaragaro no gucirwa urubanza, kandi ivyo bizoba ari intango y’iki?

15 Gushika ico gihe, Yezu azoba amaze gushitsa amajambo ya Paulo agira ati: “Ni ho vy’ukuri nya mugarariji azohishurwa, uwo Umukama Yezu azokuzaho impwemu yo mu kanwa kiwe akamuhinduza ubusa ukwigaragaza kw’ukuhaba kwiwe.” Ego cane, ukuhaba kwa Yezu (mu kigiriki ni pa·rou·siʹa) kwarigaragaje kuva mu 1914 mu gushira ku mugaragaro no mu gucira urubanza wa muntu w’umugarariji, ni ukuvuga abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu. Ukwo kuhaba kuzokwigaragaza neza ya mahembe cumi ya ca gikoko c’ibara ry’agahama niyashitsa urwo rubanza agatikiza amadini y’abiyita abakirisu hamwe n’ayandi agize Babiloni Akomeye. (2 Abatesalonika 2:1-3, 8) Iyo izoba ari intango y’amakuba akomeye! Inyuma y’ivyo, Yezu azoca ahagurukira ibisigarira vy’ishirahamwe rya Shetani, mu buryo buhuye n’ubuhanuzi bugira buti: “Azokubita koko isi inkoni y’akanwa kiwe; kandi akoresheje impwemu y’iminwa yiwe, azokwica umubisha.”—Yesaya 11:4.

16. Igitabu c’Amazaburi n’ica Yeremiya bidondora gute ivyo Umwami w’intwari yagenywe na Yehova azokora?

16 Kubera ko uwo Mwami w’intwari yagenywe na Yehova, azotandukanya abakwiye kurokoka n’abakwiye gupfa. Yehova arabwira uwo Mwana wiwe mu buryo bw’ubuhanuzi, ati: “[Abami b’isi] uzobamenaguza agakoni k’ubutware k’icuma; nka kurya kw’icombo c’umubumvyi, uzobasavya.” Yeremiya na we abwira abo bategetsi bononekaye hamwe n’abakinagizwa babo, ati: “Boroge mwa bungere, musemerere! Nimwikumbagaze hasi, mwa bakomakomeye b’umukuku, kuko imisi yanyu y’ugukererwa n’ugushwiragizwa kwanyu ikwiye, kandi muzogwa koko nk’icombo gihimbaye!” Ariko rero, naho abo batware boba basa n’abahimbaye cane iyi si mbi, uwo Mwami azobakubita rimwe gusa inkoni yiwe y’icuma bace basanzara nka kurya kw’urwavya ruteye igomwe. Bizomera nk’uko nyene Dawidi yari yaravuze ku bijanye n’Umukama Yezu, ati: “Inkoni y’inkomezi zawe Yehova azoyirungika ari i Siyoni, ati: ‘Genda uganze hagati y’abansi bawe.’ Yehova ubwiwe iruhande y’ukuryo kwawe azomenagura koko abami ku musi w’ishavu ryiwe. Azoshitsa imanza hagati mu mahanga; azokwuzuza hose imivyimba.”—Zaburi 2:9, 12; 83:17, 18; 110:1, 2, 5, 6; Yeremiya 25:34.

17. (a) Yohani adondora gute igikorwa co gushitsa imanza ca wa Mwami w’intwari? (b) Vuga ubuhanuzi bumwebumwe bwerekana ukuntu umusi w’ishavu ry’Imana uzoba ari uw’ivyago ku mahanga.

17 Uwo Mwami w’intwari akomeye arasubira kuvugwa mw’iyerekwa rica rikurikira. Yohani yigana ati: “Aganisha ibirenge kandi muri rwa ruganiro rw’umuvinyu rw’ishavu ry’uburake bw’Imana Mushoboravyose.” (Ivyahishuwe 19:15b) Mw’iyerekwa ry’imbere y’aho, Yohani yari yamaze kubona rwa “ruganiro rw’umuvinyu . . . rw’ishavu ry’Imana” ruhonyangwa. (Ivyahishuwe 14:18-20) Yesaya na we nyene aravuga ibijanye n’uruganiro rwo gushitsa imanza, kandi n’abandi bahanuzi baravuga ukuntu umusi w’ishavu ry’Imana uzoba ari uw’ivyago ku mahanga yose.—Yesaya 24:1-6; 63:1-4; Yeremiya 25:30-33; Daniyeli 2:44; Zefaniya 3:8; Zekariya 14:3, 12, 13; Ivyahishuwe 6:15-17.

18. Umuhanuzi Yoweli ahishura iki ku bijanye n’urubanza Yehova yaciriwe amahanga yose?

18 Umuhanuzi Yoweli arasanisha uruganiro n’igihe Yehova azoza “[gucira] imanza amahanga yose ari hirya no hino.” Vyongeye, Yehova ni we atanga itegeko, akaba ata gukeka ko ariha Yezu wa Mucamanza bakorana hamwe n’ingabo ziwe zo mw’ijuru, ati: “Nimutume agakero, kuko ivyimburwa vyeze. Nimuze, nimumanuke, kuko uruganiro rw’umuvinyu rwuzuye. Ibikono vyo kuganiramwo birasesekaye; kuko ububi bwabo bwagwiriye. Amasinzi, amasinzi ari mu kiyaya co hasi co gushitsa ingingo, kuko umusi wa Yehova uri hafi, mu kiyaya co hasi co gushitsa ingingo. Izuba n’ukwezi ntibizobura gucura umwiza, n’inyenyeri zikadohora ukwakaka kwazo. Yehova azorohera i Siyoni nk’intambwe, yumvikanishirize ijwi ryiwe i Yeruzalemu. Emwe, ijuru n’isi bizotigita; ariko Yehova azobera ubuhungiro abantu biwe, abere n’iboma bene Isirayeli. Kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova Imana yanyu.”—Yoweli 3:12-17.

19. (a) Ikibazo co muri 1 Petero 4:17 kizokwishurwa gute? (b) Ni izina irihe ryanditse ku mpuzu yo hejuru ya Yezu, kandi ni kubera iki ribereye?

19 Vy’ukuri, uwo uzoba ari umusi w’amakuba ku mahanga n’abantu bagambarara, ariko uzoba ari umusi w’ukuruhurirwa kuri abo bose bagize ubuhungiro Yehova n’Umwami wiwe w’intwari! (2 Abatesalonika 1:6-9) Rwa rubanza rwatangurira ku nzu y’Imana mu 1918 ruzoba rushitse ku gihe c’agaheta, rwishure ikibazo co muri 1 Petero 4:17 kigira giti: “None iherezo ry’abatagamburukira inkuru nziza y’Imana rizoba irihe?” Uwo Nyenintsinzi aninahaye azoba yarangije guhonyanga rwa ruganiro, bigaragaze ko ari umwe ahambaye Yohani avuga ibimwerekeye ati: “Kandi ku mpuzu yiwe yo hejuru, mbere kw’itako ryiwe, afise izina ryanditswe, ngo: Umwami w’abami n’Umukama w’abakama.” (Ivyahishuwe 19:16) Yarerekanye ko afise ububasha burengeye kure n’iyo ubw’umutegetsi canke umwami uwo ari we wese wo kw’isi. Icubahiro ciwe n’ubwiza bwiwe ni akaburarugero. Yaragendeye kw’ifarasi kugira “[a]buranire ukuri n’ukwicisha bugufi be n’ubugororotsi” kandi yaratahukanye intsinzi y’ibihe vyose! (Zaburi 45:4) Ku mpuzu ziwe zimijagiyeko amaraso handitse izina yahawe n’Umukama Segaba Yehova, ari na we aburanira!

Imfungurwa nyinshi zo ku mugoroba z’Imana

20. Yohani adondora gute ibijanye n’“imfungurwa nyinshi zo ku mugoroba z’Imana,” bigaca bitwibutsa ubuhanuzi ubuhe bwa kera ariko busa n’ubwo?

20 Mu vyo Ezekiyeli yeretswe, amasinzi ya Gogi amaze gutikizwa, inyoni n’ibikoko biratumirwa ngo bize kwisenena! Birakura umucafu kw’isi mu kurya imivyimba y’abansi ba Yehova. (Ezekiyeli 39:11, 17-20) Amajambo Yohani aca avuga aratwibutsa neza ubwo buhanuzi bwa kera, ati: “Mbona kandi umumarayika ahagaze mu zuba, asemerera n’ijwi rirenga, abwira inyoni zose ziguruka hagati mu kirere ati: ‘Nimuze hano, mukoranire hamwe ku mfungurwa nyinshi zo ku mugoroba z’Imana, kugira ngo murye inyama z’abami n’inyama z’abakomanda ba gisirikare n’inyama z’abantu b’inkomezi n’inyama z’amafarasi n’iz’abayicayeko, n’inyama za bose, iz’abidegemvya n’iz’abashumba n’iz’abato n’abahambaye.’”—Ivyahishuwe 19:17, 18.

21. Ibi bintu bisobanura iki (a) kuba uwo mumarayika “ahagaze mu zuba”? (b) kuba abishwe bagumizwa ku gahinga? (c) urutonde rw’abo imivyimba izogumizwa ku gahinga? (d) imvugo ngo “imfungurwa nyinshi zo ku mugoroba z’Imana”?

21 Nya mumarayika “ahagaze mu zuba,” kikaba ari ikibanza kibereye kugira ahamagare inyoni. Arazitumira ngo zitegurire kwisenena inyama z’abagira bicwe na wa Mwami w’intwari be n’ingabo ziwe zo mw’ijuru. Kubona abishwe bagumizwa ku gahinga vyerekana ko bazopfa urupfu rwo kumaramazwa ku mugaragaro. Kumwe kwa Yezebeli wa kera, ntibazohambanwa iteka. (2 Abami 9:36, 37) Urutonde rw’abo imivyimba izogumizwa ku gahinga, ni ukuvuga abami, abakomanda ba gisirikare, abantu b’inkomezi, abidegemvya n’abashumba, rurerekana ukuntu kazoba ari agatikizo gakomeye. Nta wuzorusimba. Akantu kose gafitaniye isano n’isi y’abagarariji irwanya Yehova kazokurwaho. Inyuma y’aho, ntihazosubira kubaho ikiyaga c’abantu badurumbanye. (Ivyahishuwe 21:1) Izo rero ni “imfungurwa nyinshi zo ku mugoroba z’Imana,” kuko Yehova ari we atumira inyoni kuri izo mfungurwa.

22. Yohani adondora gute muri make ingene intambara ya nyuma izogenda?

22 Yohani aravuga muri make ingene intambara ya nyuma izogenda, ati: “Maze mbona ca gikoko n’abami b’isi n’ingabo zabo bikoraniye hamwe kurwana n’umwe yicaye kuri ya farasi hamwe n’ingabo ziwe. Maze ca gikoko kirafatwa, gifatanwa na wa muhanuzi w’ikinyoma yakorera imbere yaco ibimenyetso yazimirisha abaronse ikimenyetso ca ca gikoko be n’abasenga ishusho yaco. Bikiri bizima, vyompi biraririzwa mu kiyaga c’umuriro cakishwa amazuku. Mugabo abasigaye bamarwa na ya nkota ndende y’umwe yicaye kw’ifarasi, iyo nkota ikaba yavuye mu kanwa kiwe. Maze inyoni zose zihazwa n’inyama zabo.”—Ivyahishuwe 19:19-21.

23. (a) Ni mu buryo ki “intambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose” ibera ahantu hitwa “Harumagedoni”? (b) Ni imburi iyihe “abami b’isi” banse kwumvira, kandi bizobaviramwo iki?

23 Ibakure igira gatandatu y’ishavu rya Yehova imaze gusukwa, Yohani yavuze yuko “abami b’isi yose” baciye bakoranirizwa hamwe n’ivyiyumviro vy’amadayimoni ku “ntambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.” Iyo ntambara ibera ahantu hitwa Harumagedoni, iryo zina rikaba riterekeza ku kibanza kanaka, ahubwo ryerekeza ku bintu biba kw’isi bigatuma Yehova ashitsa urubanza rwiwe. (Ivyahishuwe 16:12, 14, 16) Ubu rero Yohani abona ingabo zitonze urugamba. Abona “abami b’isi n’ingabo zabo” bose batonze kurwanya Imana. Baranse n’akagagazo n’akantu kuyobokera Umwami yagenywe na Yehova. Yarababuriye bihagije biciye ku butumwa bwahumetswe, ati: “Nimusome wa mwana, [Yehova nta]rurumbe ishavu kandi ntimuyogere ngo muve mu nzira.” Kubera ko batayobokeye ubutegetsi bwa Kristu, babwirizwa gupfa.—Zaburi 2:12.

24. (a) Ca gikoko na wa muhanuzi w’ikinyoma bicirwa urubanza uruhe, kandi ni mu buryo ki biba “bikiri bizima”? (b) Ni kubera iki ico “kiyaga c’umuriro” gitegerezwa kuba ari ic’ikigereranyo?

24 Ca gikoko c’imitwe indwi n’amahembe cumi ciburuka kiva mu kiyaga ari co kigereranya ishirahamwe rya Shetani ry’ivya politike, kiragenda akagirire, kikajana na wa muhanuzi w’ikinyoma, ari yo ntwaro nganzasi igira indwi. (Ivyahishuwe 13:1, 11-13; 16:13) Bikiri “bizima,” ni ukuvuga bikiriko birakora mu kurwaniriza hamwe abasavyi b’Imana bo kw’isi, bitererwa mu “kiyaga c’umuriro.” None coba ari ikiyaga c’umuriro vy’ukuri? Oya, kubera yuko n’ico gikoko be n’uwo muhanuzi w’ikinyoma atari ibikoko bukoko. Ahubwo kigereranya ugutikizwa buhere, ubutagisubira kubaho, ahantu umuntu agiye adasubira kugaruka. Aho ni ho mu nyuma urupfu n’ukuzimu hamwe na Shetani ubwiwe bazotererwa. (Ivyahishuwe 20:10, 14) Birumvikana ko atari umuriro udahera abanyakibi bababarizwamwo, kuko ico ciyumviro ubwaco ari ikintu gisesema Yehova.—Yeremiya 19:5; 32:35; 1 Yohani 4:8, 16.

25. (a) Ni bande “bamarwa na ya nkota ndende y’umwe yicaye kw’ifarasi”? (b) Twoba twokwitega ko bazozuka?

25 Abandi bose batari bafise uruhara ruboneka mu ntwaro mugabo bakaba bari mu bigize umuce kanaka utakivayo w’ino si y’abantu bononekaye, na bo nyene “bamarwa na ya nkota ndende y’umwe yicaye kw’ifarasi.” Yezu abacira urwo gupfa. None ko bitavugwa yuko batererwa mu kiyaga c’umuriro, twoba twokwitega ko bazozuka? Nta na hamwe havuga yuko abo wa Mucamanza yagenywe na Yehova azokwica ico gihe bazozurwa. Nk’uko Yezu ubwiwe yabivuze, abo bose batari “intama” bazoja “mu muriro utazima wateguriwe Shetani n’abamarayika biwe,” ni ukuvuga “mu kurandurwa kw’ibihe bidahera.” (Matayo 25:33, 41, 46) Ivyo ni vyo bizosozera “umusi w’urubanza n’ugutikizwa kw’abantu batibanga Imana.”—2 Petero 3:7; Nahumu 1:2, 7-9; Malaki 4:1.

26. Vuga muri make ikizova muri Harumagedoni.

26 Gutyo rero, ishirahamwe rya Shetani ryo kw’isi ryose rizoba rirangiye. “Ijuru rya kera” rigizwe n’intwaro za politike ryahise. “Isi,” ari yo rutonde rw’ibintu Shetani yubatse mu binjana n’ibindi, yatikijwe ubutakivayo. “Ikiyaga,” ni ukuvuga amasinzi y’abantu babi barwanya Yehova, ntikikiriho. (Ivyahishuwe 21:1; 2 Petero 3:10) Ariko none, ni ibiki Yehova abikiye Shetani ubwiwe? Yohani agira abitubwire.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika