Ikigabane ca 44
Ivyahishuwe birakuraba
1. (a) Umumarayika akura amazinda gute Yohani ku bijanye n’imihango yose iri mu Vyahishuwe? (b) Ni nde avuga ngo “ndaje ningoga,” kandi ‘aza’ ryari?
USOMYE ukuntu Yeruzalemu Nshasha idondorwa mu buryo buhimbaye, woshobora guca wibaza uti: ‘Ubwo ibintu vyiza igitangaza nk’ivyo birashoboka vy’ukuri?’ Yohani yishura ico kibazo mu gusubiramwo amajambo y’umumarayika agira ati: “Maze ambwira ati: ‘Aya majambo ni ayo kwizigirwa kandi ni ay’ukuri; egome, Yehova we Mana y’amajambo yahumetswe y’abahanuzi ni we yatumye umumarayika wiwe ngo yereke abashumba biwe ibintu bitegerezwa kuba vuba. Kandi ehe ndaje ningoga. Hahiriwe uwo wese yubahiriza amajambo y’ubuhanuzi bwo muri uyu muzingo.’” (Ivyahishuwe 22:6, 7) Emwe, imihango myiza igitangaza yose ivugwa mu Vyahishuwe izoranguka! Uwo mumarayika aravuga mw’izina rya Yezu, agatangaza ko Yezu ariko araza vuba kandi “ningoga.” Ivyo bitegerezwa kuba vyerekeza kuri ca gihe Yezu azoza “nk’igisuma” kugira atikize abansi ba Yehova maze adushikane ku nsozero ikomeye kandi ihimbaye y’Ivyahishuwe. (Ivyahishuwe 16:15, 16) Ku bw’ivyo, turakwiye kubaho duhuza n’amajambo yo muri “uyu muzingo,” ni ukuvuga igitabu c’Ivyahishuwe, kugira ngo ico gihe tuze twitwe abahirwe.
2. (a) Yohani avyifatamwo gute igihe ahishuriwe ivyo bintu vy’agatangaza, kandi umumarayika aca amubwira iki? (b) Twigira iki ku majambo uwo mumarayika avuga ngo “uragaba!” kandi ngo “senga Imana”?
2 Yohani amaze guhishurirwa ibintu nk’ivyo vy’agatangaza, birumvikana ko yumva arengewe. Yigana ati: “Erega, jewe Yohani ni je nariko numva nongera mbona ivyo bintu. Kandi aho mariye kwumva no kubona, nikubita hasi ngo nsenge imbere y’ibirenge vya nya mumarayika yariko aranyereka ivyo bintu. Mugabo ambwira ati: ‘Uragaba! Ntugire ivyo! Nta kindi ndi atari umushumba mugenzawe n’uwa bene wanyu b’abahanuzi be n’uw’abubahiriza amajambo y’uyu muzingo. Senga Imana.’” (Ivyahishuwe 22:8, 9; gereranya n’Ivyahishuwe 19:10.) Kuba Yohani agabishijwe kabiri kose ku bijanye no gusenga abamarayika ni ikintu cari kibereye mu gihe ciwe, kuko biboneka ko hari abasenga abamarayika canke bakivugisha ko hari ibintu bidasanzwe babahishuriye. (1 Abakorinto 13:1; Abagalatiya 1:8; Abakolosayi 2:18) Muri iki gihe, biratwereka neza ko dutegerezwa gusenga Imana yonyene. (Matayo 4:10) Ntidukwiye gutosekaza ugusenga kw’ukuri mu gusenga uwundi muntu canke ikindi kintu ico ari co cose.—Yesaya 42:5, 8.
3, 4. Ni ibiki wa mumarayika abandanya kwiganira Yohani, kandi amasigarira y’abarobanuwe bumviye gute ayo majambo?
3 Yohani abandanya ati: “Ambwira kandi ati: ‘Ntubike amajambo y’ubuhanuzi y’uyu muzingo nk’ayadomweko ikidodo, kuko igihe cashinzwe kiri hafi. Uwuriko arakora ibitagororotse, nabandanye gukora ibitagororotse; n’uwucafuye nabandanye gucafura; mugabo umugororotsi nabandanye gukora ibigororotse, n’umweranda nabandanye kugirwa mweranda.’”—Ivyahishuwe 22:10, 11.
4 Muri iki gihe, amasigarira y’abarobanuwe yarumviye amajambo y’uwo mumarayika. Amajambo y’ubwo buhanuzi ntibayabitse. Nkako, inomero ya mbere y’ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni n’integuza y’ukuhaba kwa Kristu (yo muri Mukakaro 1879 mu congereza) yaragize ico ivuze ku mirongo itari mike yo mu Vyahishuwe. Nk’uko twabivuze mu kigabane ca mbere, Ivyabona vya Yehova baramaze imyaka basohora ibindi bitabu bitanga umuco ku Vyahishuwe. N’ubu turasubiye gukabura abakunda ukuri bose ngo basuzume ubuhanuzi bukomeye bwo mu Vyahishuwe n’iranguka ryabwo.
5. (a) Tuvuge iki ku bantu bashaka kwiyobagiza ingabisho n’impanuro ziri mu Vyahishuwe? (b) Abantu batekereza hamwe n’abagororotsi bakwiye gukora iki?
5 Nimba abantu bashaka kwiyobagiza ingabisho n’impanuro ziri mu Vyahishuwe, ni akazi kabo! “Uwuriko arakora ibitagororotse, nabandanye gukora ibitagororotse.” Abahitamwo kwivobeka mu mucafu w’iki gihe co kurekerana ibibi bashobora gupfira muri uwo mucafu nyene. Vuba, imanza za Yehova zigiye gushitswa bimwe vyuzuye, uhereye ku gutikizwa kwa Babiloni Akomeye. Ese abantu batekereza bogira umwete wo kwumvira amajambo y’umuhanuzi agira ati: “Nimurondere Yehova . . . Nimurondere ubugororotsi, nimurondere ubutekereji. Hari aho mwohishwa kuri wa musi w’ishavu rya Yehova.” (Zefaniya 2:3) Ku bamaze kwiyegurira Yehova na bo, “umugororotsi nabandanye gukora ibigororotse, n’umweranda nabandanye kugirwa mweranda.” Abantu b’inkerebutsi barazi ko umunezero w’igihe gito uva ku gicumuro utogereranywa n’imihezagiro iramba abakurikirana ubugororotsi n’ubweranda bazokwironkera. Bibiliya ivuga iti: “Gume musuzuma yuko muri mu kwizera, gume mwerekana ico mwebwe ubwanyu muri.” (2 Abakorinto 13:5) Bivanye n’inyifato uhitamwo kugira, uzoronka impera mukwiranye.—Zaburi 19:9-11; 58:10, 11.
6. Yehova abwira iki irya nyuma abasoma ubuhanuzi bwo mu Vyahishuwe?
6 Ubu na ho, Yehova wa Mwami w’ibihe bidahera abwira irya nyuma abasoma ubwo buhanuzi bwo mu Vyahishuwe ati: “Ehe ndaje ningoga, kandi impembo ntanga nje ndayifise, kugira nishure umwe wese nisunze igikorwa ciwe. Ndi Alufa na Omega, uwa mbere n’uwa nyuma, intango n’iherezo. Hahiriwe abamesura amakanzu yabo, kugira baronke uburenganzira bwo kuja kuri vya biti vy’ubuzima, no kugira bashobore kwinjira muri ca gisagara baciye mu marembo yaco. Hanze hari imbwa n’abakora ivy’ubupfumu n’abasambanyi n’abicanyi n’abasenga ibigirwamana, n’umuntu wese akunda kandi ashishikara ikinyoma.”—Ivyahishuwe 22:12-15.
7. (a) Yehova ‘aje ningoga’ gukora iki? (b) Ni kubera iki abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu ata kibanza bafise muri Yeruzalemu Nshasha?
7 N’ubu nyene, Yehova Imana arashimika ku vy’uko ari Segaba ibihe bidahera be n’uko impera n’imperuka azorangura imigambi yiwe yo mu ntango. ‘Araje ningoga’ gushitsa imanza kandi azoha impembo abamuronderana ubwira. (Abaheburayo 11:6) Ingingo ngenderwako ziwe ni zo zerekana uwuzoronka impembo n’uwuzoronka igihano. Abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu babaye nk’“imbwa z’ibiragi,” kuko barenza uruho rw’amazi kuri izo ngeso mbi Yehova ahejeje kuvuga. (Yesaya 56:10-12; raba kandi Gusubira mu vyagezwe 23:18.) Nta gukeka ko ‘bakunze kandi bagashishikara’ inyigisho z’ikinyoma bongera barirengagiza impanuro Yezu yahaye ya mashengero indwi. Ku bw’ivyo, nta kibanza bafise muri Yeruzalemu Nshasha.
8. (a) Ni bande gusa “[ba]ja kuri vya biti vy’ubuzima,” kandi ivyo bisobanura iki? (b) Ni mu buryo ki abagize rya sinzi rinini “bamesuye amakanzu yabo,” kandi bakora iki kugira bagume badahumanye?
8 Abakirisu barobanuwe “bamesura amakanzu yabo” vy’ukuri kugira babe abatyoroye mu maso ya Yehova, ni bo bonyene baterwa agateka ko “kuja kuri vya biti vy’ubuzima.” Ni ukuvuga ko bahabwa uburenganzira bwo kuronka ubuzima budapfa bari mu bibanza vyabo mw’ijuru. (Gereranya n’Itanguriro 3:22-24; Ivyahishuwe 2:7; 3:4, 5.) Bamaze gupfa, baca buzurwa bakinjira muri Yeruzalemu Nshasha. Ba bamarayika 12 barabareka bakinjira, ariko bakagumiza hanze umuntu wese avuga ko afise icizigiro c’ijuru mugabo agashishikara ikinyoma canke akaba ahumanye. Abagize isinzi rinini ryo kw’isi na bo nyene “ba[ra]mesuye amakanzu yabo bayeza mu maraso ya wa Mwagazi w’intama” kandi bakwiye kuguma badahumanye. Ivyo babigira mu kwirinda izo ngeso Yehova atugabishako no mu gufata nkama impanuro ziri mu butumwa Yezu yarungikiye ya mashengero indwi.—Ivyahishuwe 7:14; ikigabane ca 2 n’ica 3.
9. Ni amajambo ayahe Yezu avuga, kandi ubutumwa ashikiriza be n’ibintu vyose bivugwa mu Vyahishuwe vyerekeye ahanini bande?
9 Yehova ahejeje, Yezu na we aca avuga. Avuga amajambo yo kuremesha abantu b’umutima ugororotse basoma Ivyahishuwe, ati: “Jewe Yezu, narungitse umumarayika wanje kubashingira intahe y’ivyo bintu ku bw’amashengero. Ni jewe muzi n’uruvyaro rwa Dawidi, nkaba n’inyenyeri y’agatondo yakaka.” (Ivyahishuwe 22:16) Ego cane, ayo majambo canecane agenewe “amashengero.” Ubwo butumwa ahanini bwerekeye ishengero ry’abakirisu barobanuwe bari kw’isi. Ibintu vyose bivugwa mu Vyahishuwe vyerekeye ahanini abakirisu barobanuwe, abazoba muri Yeruzalemu Nshasha. Biciye kuri iryo shengero, rya sinzi rinini na ryo nyene riraterwa agateka ko gutahura ukwo kuri kw’agaciro dusanga mu buhanuzi.—Yohani 17:18-21.
10. Kubera iki Yezu yiyise (a) “umuzi n’uruvyaro rwa Dawidi”? (b) “inyenyeri y’agatondo yakaka”?
10 Yezu Kristu ni we yajejwe igikorwa co kumenyesha Yohani Ivyahishuwe, Yohani na we akabimenyesha ishengero. Yezu ni “umuzi n’uruvyaro rwa Dawidi.” Yakomotse mu muryango wa Dawidi akaba rero akwije ibisabwa vyo kuba Umwami w’Ubwami bwa Yehova. Azoba kandi “Data ahoraho” kuri Dawidi, abe abaye “umuzi” wiwe. (Yesaya 9:6; 11:1, 10) Azokwama ari Umwami adapfa wo mu muryango wa Dawidi gutyo ashitse isezerano Yehova yagiranye na Dawidi, kandi ni we “nyenyeri y’agatondo yakaka” yari yaravuzwe mu gihe ca Musa. (Guharūra 24:17; Zaburi 89:34-37) Ni we ya “nyenyeri y’umutwenzi” iseruka, igatuma umusi utamanzura. (2 Petero 1:19) Amayeri yose ya wa mwansi mukuru ari we Babiloni Akomeye ntiyashoboye kubuza iyo nyenyeri guseruka mu buryo buninahaye.
Nuvuge uti: “Ingo!”
11. Ni ubutumire ubuhe Yohani aha abantu bose, kandi ni bande bashobora kubwemera?
11 Ubu na ho ni Yohani avuga. Abigiranye umutima ubogaboga ugukenguruka kubera ibintu vyose yari yeretswe be n’ivyo yumvise, avuga ati: “Kandi impwemu na wa mugeni biguma bivuga biti: ‘Ingo!’ Kandi uwo wese yumva navuge ati: ‘Ingo!’ Kandi uwo wese anyotewe naze; uwo wese ashaka niyakire amazi y’ubuzima ku buntu.” (Ivyahishuwe 22:17) Bamwe 144.000 si bo bonyene bazokwungukira ku ncungu ya Yezu, kuko ubwo butumire buhabwa abantu bose. Impwemu ya Yehova irakorera mu bagize umugwi wa wa mugeni ku buryo habandanya gutangazwa ubutumwa butomoye bugira buti: “Ni[mw]akire amazi y’ubuzima ku buntu.” (Raba kandi Yesaya 55:1; 59:21.) Umuntu wese anyotewe ubugororotsi aratumirwa ngo ‘aze’ yungukire ku vyiza vyinshi Yehova atanga. (Matayo 5:3, 6) Mbega agateka kuri abo bose bafise icizigiro co kuba kw’isi bemera ubwo butumire bw’abagize umugwi wa Yohani barobanuwe!
12. Abagize isinzi rinini bakira gute ubutumire buri mu Vyahishuwe 22:17?
12 Kuva mu ntango y’imyaka ya 1930, abantu baguma biyongera bagize rya sinzi rinini ‘barumvise,’ ni ukuvuga ko bitwararitse ubwo butumire. Nka kumwe kw’abashumba bagenzi babo barobanuwe, Yehova abona ko batyoroye. Barashashaye kubona igihe Yeruzalemu Nshasha izomanuka ivuye mw’ijuru kugira ironse abantu imihezagiro. Bamaze kwumva ubwo butumwa bukabura bwo mu Vyahishuwe, abagize isinzi rinini ntibavuga gusa ngo “Ingo!” ahubwo baragira uruhara n’umwete mu kuzana abandi mw’ishirahamwe rya Yehova, na bo nyene bakabamenyereza kuvuga ngo: “Uwo wese anyotewe naze.” Abagize isinzi rinini rero babandanya kwongerekana, abarenga 7.000.000 mu bihugu birenga 236 hirya no hino kw’isi bakaba bifatanya n’abarobanuwe bo mu mugwi wa wa mugeni badashika 12.000 mu gutanga ubwo butumire bwo “[kwakira] amazi y’ubuzima ku buntu.”
13. Ni ingabisho iyihe Yezu atanga?
13 Ubu Yezu aca asubira gufata ijambo ati: “Ndashingiye intahe umuntu wese yumva amajambo y’ubuhanuzi bwo muri uyu muzingo: Nihagira uwugira ico yongeyeko kuri ibi bintu, Imana izomwongera ivyago vyanditswe muri uyu muzingo; kandi nihagira uwugira ico akuyeko ku majambo y’umuzingo w’ubu buhanuzi, Imana izokuraho umugabane wiwe muri vya biti vy’ubuzima iwukure no muri ca gisagara ceranda, bikaba ari ibintu vyanditswe muri uyu muzingo.”—Ivyahishuwe 22:18, 19.
14. Abagize umugwi wa Yohani babona gute “ubuhanuzi” bwo mu Vyahishuwe?
14 Abagize umugwi wa Yohani bategerezwa gufasha abandi kwitwararika “ubuhanuzi” bwo mu Vyahishuwe. Ntibakwiye kubunyegeza canke kugira ico babwongerako. Ubutumwa burimwo butegerezwa kwamamazwa icese, “hejuru ku mazu.” (Matayo 10:27) Ivyahishuwe vyahumetswe n’Imana. Ni nde yokwubahuka guhindura ijambo na rimwe mu vyo Imana ubwayo yavuze ikabishikiriza biciye ku Mwami ari ku ngoma Yezu Kristu? Emwe, uwo muntu yoba abereye kuva mw’ihiganwa ryo kurondera ubuzima maze agahabwa ku vyago bibwirizwa gushikira Babiloni Akomeye n’isi yose.
15. Amajambo Yezu yavuze ko ari “uwushinga intahe y’ibi bintu” be n’uko ‘aje ningoga’ asobanura iki?
15 Yezu aca yongerako indemesho ya nyuma ati: “Uwushinga intahe y’ibi bintu avuga ati: ‘Egome; ndaje ningoga.’” (Ivyahishuwe 22:20a) Yezu ni “ca cabona cizigirwa kandi c’ukuri.” (Ivyahishuwe 3:14) Kubera yuko ashingira intahe ivyo Yohani yeretswe mu Vyahishuwe, bitegerezwa kuba ari ukuri. We na Yehova Imana ubwiwe baguma bavuga bashimitse ko bariko baraza “ningoga” canke vuba, ng’aha Yezu akaba abivuze ubugira gatanu. (Ivyahishuwe 2:16; 3:11; 22:7, 12, 20) ‘Baje’ gushitsa urubanza kuri wa mumaraya akomeye, ku “bami” b’ino si no ku bandi bose barwanya “ubwami bw’Umukama wacu [Yehova] n’ubwa Kristu wiwe.”—Ivyahishuwe 11:15; 16:14, 16; 17:1, 12-14.
16. Ko none uzi yuko Yehova Imana na Yezu bariko baraza ningoga, ukwiye kugira umwiyemezo uwuhe?
16 Kumenya ko Yehova Imana na Yezu bariko baraza ningoga bikwiye kukuvyurira umutima wo kwamiza “hafi ku muzirikanyi ukuhaba kw’umusi wa Yehova.” (2 Petero 3:12) Naho ino si ya Shetani womengo iratekanye, ni uruhendo gusa. Ukuroranirwa ukwo ari kwo kwose abategetsi b’ino si ya Shetani bagereranywa n’ijuru bosa n’abashitseko ni ukw’igihe gito. Ivyo bintu biriko birahita. (Ivyahishuwe 21:1) Ugutekanirwa kuramba tugusanga gusa kuri Yehova, mu Bwami bwiwe burongowe na Yezu Kristu no mw’isi nshasha yasezeranye. Ntukigere uvyibagira!—1 Yohani 2:15-17.
17. Gutahura ubweranda bwa Yehova bikwiye kugira ico bikoze gute kuri wewe?
17 Ese rero woreka ivyo wize mu gusuzuma igitabu c’Ivyahishuwe bikagira ikintu kinini bikoze ku buzima bwawe. None gutereza akajisho aho Yehova avyagiye mw’ijuru ntivyatumye ukorwa ku mutima n’ubuninahazwa be n’ubweranda buhebuje bw’Umuremyi wacu? (Ivyahishuwe 4:1–5:14) Mbega ukuntu ari agateka gukorera iyo Mana! Ese ugutahura ubweranda bwayo vyokuvyurira umutima wo gufata nkama impanuro Yezu yahaye ya mashengero indwi, ukirinda agatima ko guhahamira amaronko, ugusenga ibigirwamana, ubuhumbu, ukuba akazuyazi, ukwirema ibice, canke ikindi kintu cose cotuma Yehova atemera umurimo urangura. (Ivyahishuwe 2:1–3:22) Amajambo intumwa Petero yandikiye abagize umugwi wa Yohani mu bisanzwe arerekeye n’abagize isinzi rinini. Agira ati: “Nk’uko wa Mweranda yabahamagara ari, namwe ubwanyu mube beranda mu ngeso zanyu zose.”—1 Petero 1:15, 16.
18. Ni igikorwa ikihe ukwiye kugiramwo uruhara uko ushoboye kwose, kandi kubera iki cihutirwa muri iki gihe?
18 Vyongeye, ese worushiriza kugira umwete mu gutangaza “umwaka w’ubutoni wa Yehova be n’umusi w’ukwihora w’Imana yacu.” (Yesaya 35:4; 61:2) Waba uri mu bagize ubusho buto canke isinzi rinini, ese wogira uruhara uko ushoboye kwose mu gutangaza ibijanye n’ugusuka ya mabakure indwi y’ishavu rya Yehova, ukamenyesha imanza Imana yaciriye isi ya Shetani. Muri ico gihe nyene, niwifatanye n’abandi mu gutangaza ubigiranye umunezero inkuru nziza y’ibihe bidahera yerekeye Ubwami bwashinzwe bwa Yehova na Kristu wiwe. (Ivyahishuwe 11:15; 14:6, 7) Niwijukire ico gikorwa. Vyongeye, ese abantu benshi bataratangura gukorera Yehova botahura ko turi mu musi w’Umukama maze bakifatanya natwe mu gikorwa co gutangaza inkuru nziza. Ese na bo nyene botera imbere bakiyegurira Imana maze bakabatizwa. Niwibuke ko “igihe cashinzwe kiri hafi”!—Ivyahishuwe 1:3.
19. Ni amajambo ayahe intumwa Yohani igeze mu zabukuru isozererako, kandi uyakira gute?
19 Ku bw’ivyo, twifatanije na Yohani mu gusengana ubwira duti: “Amen! Ingo, Mukama Yezu.” Yohani ya ntumwa igeze mu zabukuru ica yongerako iti: “Ubuntu ata wari abukwiriye bw’Umukama Yezu Kristu bubane n’aberanda.” (Ivyahishuwe 22:20b, 21) Ese bwobana na mwebwe mwese musoma iki gitabu. Ese wokwemera udakeka ko insozero ininahaye y’Ivyahishuwe yegereje, maze ukifatanya natwe mu kuvuga ubikuye ku mutima uti: “Amen!”
[Ifoto ku rup. 314]
“Hanze hari imbwa . . .”
[Ifoto ku rup. 315]
‘Hahiriwe abinjira muri ca gisagara baciye mu marembo yaco’