“Ugume mu vyo wize”
Ivyo ni vyo intumwa Paulo yandikiye wa musore Timoteyo. (2 Timoteyo 3:14) Gusoma iki gitabu vyagufashije kumenya ivyiza vyinshi Imana ibikiye abayikunda. Ariko urakeneye kuguma utera imbere mu bumenyi bwerekeye Imana. Ivyabona vya Yehova bazohimbarwa no kubigufashamwo, nimba batamaze kubigira. Andikira Ivyabona vya Yehova ukoresheje aderese ibereye mu ziri aha hepfo, kugira bakuronse amakuru yiyongereye canke kugira ngo umwe muri bo akugendere i muhira iwawe mwame mwiga Bibiliya ata co urishe.