Ikigabane ca 20
Ni Bande Bazurwa — kandi Bazukira Kuba he?
1, 2. Ikitwereka ko abasavyi b’Imana ba kera bēmera ko izuka ririho ni igiki?
ABASAVYI B’IMANA kuva kera bamye bemera ko hariho izuka. Ngibi ivyo Bibiliya ivuga kuri Aburahamu yabayeho imyaka 2 000 imbere y’ivuka rya Yezu: “Kuko yishimiye yuko Imana ishobora no kuzura abapfuye.” (Abaheburayo 11:17-19) Munyuma, umusavyi w’Imana Yobu na we abaza ati: “Umuntu akomeye apfuye, mbega arasubira kubaho?” Aca arishura we nyene ati: “Uzohamagara nanje nzokwitaba.” Aho yerekanye ko yēmera ko izuka ririho. — Yobu 14:14, 15, NW.
2 Igihe Yezu Kirisitu yari ngaha kw isi yavuze ati: “Ariko abāpfuye ko bazuka, na Musa yabimenyekanishije hamwe havuga ivy’igisaka c’amahwa, aho yita [Yehova] ‘Imana ya Aburahamu n’Imana ya Isaka n’Imana ya Yakobo.’ Erega Imana si iy’abapfuye ni iy’abariho.” (Luka 20:37, 38) Mu Vyanditswe vy’ikigiriki vy’abakirisu, ijambo “izuka” rikoreshwa incuro zirenga 40. Mu vy’ukuri, izuka ry’abapfuye ni inyigisho ngenderwako ya Bibiliya. — Abaheburayo 6:1, 2.
3. Marita yerekanye ate ko yēmera ko izuka ririho?
3 Marita na we, igihe musazawe Lazaro yahwera, yarerekanye ko yemera ko izuka ririho. Amaze kwumva ko Yezu aje, aca ariruka aja kumusanganira, amubwira ati: “Mugenzi, iyo uba wari hano, musazanje ntaba yahwereye.” Yezu abonye ukuntu atuntuye, aramuhoza ati: “Musazawe azozuka.” Na we asubizayo ati: “Ndazi ko azozuka mw izuka ryo ku musi w’iherezo.” — Yohani 11:17-24.
4-6. Ni impamvu izihe zatumye Marita yemera ko izuka ririho?
4 Marita yari afise impamvu nyakuri zituma yemera ko izuka ririho. Akarorero, yari azi ko kera, abavugishwa n’Imana Eliya na Elisa, umwe umwe wese afashijwe n’Imana yigeze kuzura umwana. (1 Abami 17:17-24; 2 Abami 4:32-37) Bisubiye, ntiyari ayobewe ko hariho uwapfuye yigeze kuzuka atawe mu cobo agwa ku magufa ya Elisa. (2 Abami 13:20, 21) Mugabo icamwemeje rwose ko izuka ririho, ni ivyo Yezu yakoze n’ivyo yigishije.
5 Hari aho Marita yoba yari i Yeruzalemu imbere y’imyaka nk’ibiri, igihe Yezu yērekana uruhara yogize mu vy’ukuzura abapfuye; ati “nk’uko Se azura abapfuye akabaha ubugingo, ni ko n’Umwana aha ubugingo abo agomba. Ntimutangazwe n’ico; kuko igihe kija kuza aho abari mu mva bose [bazokwumva] ijwi ryiwe bakazivamwo.” — Yohani 5:21, 28, 29.
6 Gushika ico gihe Yezu yavuga ayo majambo, nta na hamwe muri Bibiliya herekana ko yari yaramaze kuzura umuntu. Ariko hashize igihe gito avuze ivyo, azura umusore, umuhungu w’umupfakazi yaba mu gisagara citwa Nayini. Iyo nkuru ikwira no mu bumanuko i Yudaya; nta gukeka na Marita yaramushikiriye. (Luka 7:11-17) Munyuma Marita yoba yarumvise ivyabereye mu micungararo y’ikiyaga c’i Galilaya, mu nzu ya Yayiro. Agakobwa kiwe k’imyaka 12 kari karemvye cane, hanyuma karacikana. Ariko Yezu ashitse i muhira kwa Yayiro, atumbera iyo nya mupfu aherereye avuga ati: “Mukobwa vyuka!” Aca ava hasi! — Luka 8:40-56.
7. Yezu yumvishije Marita ate ko ashobora kuzura abapfuye?
7 Ariko Marita ntiyari yiteze ko Yezu azura musazawe muri ico gihe nyene. Ni co gituma yavuze ati: “Ndazi ko azozuka mw izuka ryo ku musi w’iherezo.” Kugira ngo Yezu amwumvishe uruhara afise mu vy’abapfuye, abwira Marita ati: “Ni je ndi ukuzuka n’ubugingo. Unyizera n’aho yopfa azobaho; na we uwo wese ariho anyizera, ntazokwigera apfa namba.” (NW) Hashize akanya gato, bajana Yezu ku mva aho bari bashinguye Lazaro. Arasemerera ati: “Lazaro, ngwino sohoka!” Lazaro, uwari amaze kane apfuye arasohoka! — Yohani 11:24-26, 38-44.
8. Ni igiki kitwemeza ko Yezu yazutse?
8 Hashize imishamvu mike, Yezu we nyene aricwa, arahambwa, ariko ntiyamazeyo imisi itatu yose ikwiye. Intumwa Petero irasigura igituma iti: “Uwo Yezu Imana yaramuzuye, natwe twese turi ivyabona vyo gushingira intahe ivyo.” Abakuru b’idini ntibari kubuza Umwana w’Imana kuva mu mva. (Ivyakozwe n’intumwa 2:32; Matayo 27:62-66; 28:1-7) Nta gukeka ko Kirisitu atāzutse mu bapfuye, kubera ko munyuma yabonekeye kenshi abigishwa biwe; mbere hari n’igihe yigeze kubonekera 500 muri bo. (1 Ab’i Korinto 15:3-8) Abigishwa ba Yezu bāciye bizera izuka bimwe bikomeye, gushika aho bakorera Imana ataco binona n’aho bobica.
9. Abantu icenda Bibiliya ivuga ko bazuwe ni bande?
9 Ikindi cemeza ko umupfu ashobora kuzuka, ni ibitangaro intumwa Petero na Paulo bakoze. Ubwa mbere, Petero yazuye Tabita ari we bita Dorika, yaba mu gisagara citwa Yopa. (Ivyakozwe n’intumwa 9:36-42) Munyuma Paulo na we azura Eyutiko yari yaciye mw idirisha arakoroka avuye kw igorofa igira gatatu, igihe Paulo yariko arasigura. (Ivyakozwe n’intumwa 20:7-12) Izi ncuro icenda abantu bazurwa zanditswe muri Bibiliya, zirakura amagonanwe y’uko abapfuye badashobora gusubira kubaho!
NI BANDE BAZOZURWA?
10, 11. (a) Ni kuki Imana yategekanije ko haba izuka? (b) Dukurikije Ivyakozwe n’intumwa 24:15, imirwi ibiri y’abantu bazozurwa ni iyihe?
10 Ubwa mbere na mbere nta ciyumviro co kuzura umuntu Imana yari ifise, kubera ko iyo Adamu na Eva badahemuka, nta n’umwe yopfuye. Ariko noneho, icaha ca Adamu cadutereye ukugororoka, gitako kidukwegera n’urupfu. (Abaroma 5:12) Kugira rero ngo uwakomotse kuri Adamu wese aronke ubugingo budahera, Imana yaciye ishinga ko haba izuka. Ariko none icotuma umuntu azurwa canke agahera i kuzimu ni igiki?
11 Bibiliya ivuga ko “hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya.” (Ivyakozwe n’intumwa 24:15) Ivyo bamwe vyobatangaza, bakibaza bati: ‘ni kuki none n’“abagabitanya” bazozurwa?’ Ivyabaye igihe Yezu yari amanitswe ku giti, biradufasha kwishura ico kibazo.
12, 13. (a) Ni umuhango uwuhe Yezu yahaye inkozi y’ikibi? (b) “Iparadizo” Yezu yavuze iri he?
12 Aba ubona bamanikanywe na Yezu ni inkozi z’ikibi. Umwe muri bo ahejeje kumutuka ati: “Si wewe Kirisitu? Ni wikize, natwe udukize.” Ariko mugenziwe yizera Yezu, aca amubwira ati: “Uranyibuka ni winjira mu bwami bwawe.” Yezu aca amuha uyu muhango: “Ndakubwije ukuri uyu musi, uzobana nanje mw iparadizo.” (NW) — Luka 23:39-43.
13 Igihe Yezu yavuga ngo “uzobana nanje mw iparadizo” yashaka kuvuga iki? Iparadizo iri he? Iparadizo Imana yaremye ubwa mbere na mbere yari he? Yari kw isi, si ko none? Imana yagerereye umugabo n’umugore ba mbere mw iparadizo y’akaroruhore yitwa itongo ry’i Edeni. Igihe rero dusoma ko iyo nkozi y’ikibi ya kera izoba mw iparadizo, twoca twishira mu ciyumviro ko iyi si izoba yabaye ahantu heza ho kuba, kubera ko ijambo “iparadizo” risobanurwa ngo “itongo,” canke ngo “ikigo gisharije.” — Itanguriro 2:8, 9.
14. Ni mu buryo ubuhe Yezu azobana na wa wundi yahoze ari inkozi y’ikibi?
14 Birumvikana ko Yezu atazobana n’iyo nkozi y’ikibi ya kera ngaha kw isi. Yezu azokwibera mw ijuru, ariko aganze iyi si izoba yabaye iparadizo. Azobana na yo rero muri ubu buryo: azoyizura mu bapfuye, hanyuma ayironse ivyo yipfuza ku mubiri no ku mutima. Ni kuki none Yezu areka umuntu yahora ari umugarariji ngo abe mw iparadizo?
15. Ni kuki “abagabitanya” bazurwa?
15 Ego ni ko uyo muntu yarakoze ibibi vyinshi. “Ntiyari umugororotsi,” kandi ntiyari azi n’ivyo Imana igomba. Yari kuba inkozi y’ikibi iyo aba yari azi imigambi y’Imana? Kugira ngo ivyo bimenyekane, Yezu azozura uyo munyavyaha, nk’uko azogirira isinzi ry’abandi bantu bapfuye ataco bazi. Akarorero, mu myaka amajana n’amajana yaheze, hari abantu benshi bapfuye batigeze biga canke babona Bibiliya. Abo rero bazovanwa muri Sheol canke Hades, hanyuma bashitse mw iparadizo ngaha kw isi, bigishwe ivyo Imana igomba, babonereho akaryo ko kwerekana ko bakunda Imana koko mu gukora ivyo igomba.
16. (a) Abapfuye batazogaruka ni bande? (b) Ni kuki tutogerageza guca imanza nk’izo? (c) Ico twebwe twokwitwararika ni igiki?
16 Ivyo si ukuvuga ko abantu bose bazozurwa. Bibiliya yerekana ko Yuda Isikariyoti, umwe yahemuka akagurisha Yezu azoherayo. Kubera ikibi yakora n’ibigirankana, yiswe “umwana wo kurandurwa.” (Yohani 17:12, NW) Yagiye hamwe hāgereranijwe na Gehinomu, uwuroyeyo atazokwigera avayo. (Matayo 23:33) Abakora ibibi n’ibigirankana bāramaze kumenya ivyo imana igomba, hari aho baba bariko bacumura kuri mpwemu yera; Imana na yo ikaba itazozura abantu bacumura kuri mpwemu yera. (Matayo 12:32; Abaheburayo 6:4-6; 10:26, 27) Ariko kubera ko Imana ari yo mucamanza, nta mpamvu n’imwe twebwe dufise yo kugerageza kumenya ko inkozi y’ikibi kanaka yo mu gihe c’ubu canke ca kera, izozurwa canke izohera i kuzimu. Imana ni yo izi uwuri muri Hades canke muri Gehinomu uwo ari we. Twebwe ico twokwitwararika, ni ugukora uko dushoboye kugira ngo tube abantu Imana ishaka ko baba mw isi nshasha. — Luka 13:24, 29.
17. Ni bande bazoronka ubuzima budahera batarinze kuzurwa?
17 Abazoronka ubugingo budashira bose ntibazorinda kuzurwa. Abasavyi b’Imana benshi bariho ubu muri iyi “misi ya nyuma” y’ivy’iyi si mbi, bazorokoka ku musi wa Haru–Magedoni. Abo ntibazoba bagipfuye namba, kubera ko na bo baharūrwa mu bagororotsi bagize “isi nsha.” Abo ni bo Yezu yavuga igihe yabwira Marita ati: “Na we uwo wese ariho anyizera, ntazokwigera apfa namba.” — Yohani 11:26, NW; 2 Timoteyo 3:1.
18. “Abagororotsi” bazozurwa ni bande?
18 Abo “bagororotsi” bazozurwa ni bande? Bamwe muri bo, ni abasavyi b’Imana b’intahemuka bābayeho imbere y’uko Yezu aza kw isi. Benshi muri abo n’amazina yabo aradondaguwe mu Baheburayo ikigabane ca 11. Nta cizigiro co kuja mw ijuru bari bafise, ahubwo bīzigira gusubira kuba kw isi. Bitayeko, mu “bagororotsi” bazozurwa, harimwo abasavyi b’Imana b’abizigirwa bapfuye muri iyi myaka ya vuba. Imana izoshirwa ibonye ko icizigiro bari bafise co kubaho ibihe bidashira ngaha kw isi kirangutse, mu kubazura mu bapfuye.
BAZOZURWA RYARI KANDI BAZOZUKIRA KUBA HE?
19. (a) Yezu yabaye ate uwa mbere mu bazuwe? (b) Ni bande bamukurikira mu kuzuka?
19 Bibiliya ivuga ko Yezu ari we “azobanza kuzuka mu bapfuye.” (Ivyakozwe n’intumwa 26:23) Ivyo ni ukuvuga ko yabaye uwa mbere mu bozuwe ubutagisubira gupfa. Bisubiye, ni we yabaye uwa mbere yazuwe afise umubiri w’impwemu. (1 Petero 3:18) Ariko Bibiliya itubwira ko hobaye abandi iti: “Ariko umuntu wese mu mwanya wiwe: Kirisitu ni we mushuzo, maze aba Kirisitu bazobonerwa bazuke [ni yamara kubaho.”] (NW) (1 Ab’i Korinto 15:20-23) Mu gihe c’izuka, bamwe bozuwe imbere y’abandi.
20. (a) “Aba Kirisitu” ni bande? (b) Izuka ryabo rimeze rite?
20 “Aba Kirisitu” ni ba bigishwa biwe b’intahemuka 144 000 bātowe ngo bafadikanye na we kuganza mu Bwami. Kubera ko bazukira kuja mw ijuru, Bibiliya ivuga iti: “Uwuri mu mugabane wo kuzuka kwa mbere arahiriwe kandi ni uwera. Urupfu rwa kabiri ntirugira ububasha ku bameze batyo, ariko . . . bazofatanya na we kuganza iyo myaka igihumbi.” — Ivyahishuriwe Yohani 20:6; 14:1, 3.
21. (a) “Izuka rya mbere” ritangura ryari? (b) Ni bande tudashobora gukeka ko bāmaze kuzukira ubuzima bwo mw ijuru?
21 Izuka rya Kirisitu riheze, irya ba bandi 144 000 ni ryo rikurikira, kubera ko na bo baharūrwa mu “bazozuka ubwa mbere,” canke “abazokwitangira.” (Ab’i Filipi 3:11) Ivyo biba ryari? Bibiliya yishura iti: “Mu gihe ariho.” Nk’uko twamaze kubibona mu bigabane twahejeje, kubaho kwa Kirisitu kwatanguye mu mwaka wa 1914. “Umusi” rero w’“izuka rya mbere” ry’abakirisu b’intahemuka baja kuba mw ijuru waramaze gushika. Ntugonanwe! Intumwa hamwe n’abandi bakirisu ba mbere baramaze kuzurwa, ubu bari mw ijuru. — 2 Timoteyo 4:8.
22. (a) Abandi baharūrwa mw“izuka rya mbere” ni bande? (b) Bazurwa ryari?
22 Mugabo hari abakirisu bakiriho ubu mu gihe c’ukubaho kwa Kirisitu kutaboneka, na bo nyene bafise icizigiro co kuja mw ijuru gufashanya na we kuganza. Abo ni abāsigaye, amasigarira ya ba bandi 144 000. Abo bo bazurwa ryari? Ntibarinda gusinzira i kuzimu, ariko baca bazurwa buno nyene bahejeje gucikana. Bibiliya irabitomora iti: “Ntituzosinzira twese, ariko twese tuzohindurwa, mu kanya gato, mu kanya nk’ako gukubita urugohe, aho inzamba y’iherezo izovugira. Kuko inzamba izovuga abapfuye bazurwe.” — 1 Ab’i Korinto 15:51, 52; 1 Ab’i Tesalonike 4:15-17.
23. Uko guhinduka Bibiliya ikwigana ite?
23 Birumvikana ko iryo zuka rya mbere ridashobora kubonwa n’abantu. Abazurwa ico gihe bazukira kuba ibiremwa vy’impwemu. Bibiliya yigana uko guhinduka itya: “Habibwa ikibora, hazurwa ikitabora; habibwa igikengerwa, hazurwa ic’icubahiro; . . . habibwa umubiri w’inyama, hazurwa umubiri w’impwemu.” — 1 Ab’i Korinto 15:42-44.
24. (a) Izuka rikurikira “irya mbere” ni irihe? (b) Ni kuki ryitwa ko ari “izuka ryiza”?
24 Ariko ko havugwa “izuka rya mbere,” vyerekana ko hariho irindi zuka rizokurikira. Iryo ni izuka ry’abeza n’ababi, bazozukira kuba mw iparadizo ngaha kw isi. Iryo na ryo rizoba inyuma ya Haru–Magedoni. Rizoba ari “izuka ryiza” kurusha irya ba bandi bāzurwa na Eliya na Elisa, hamwe n’irya ba bandi bigera kuzurwa ngaha kw isi. Kuki? Kubera ko abazozurwa inyuma ya Haru–Magedoni, ni bahitamwo gukorera Imana, ntibazokwigera basubira gupfa. — Abaheburayo 11:35.
IGITANGARO C’IMANA
25. (a) Ni kuki umutumba wapfuye atari wo uzurwa? (b) Ni igiki kizurwa; kandi abazurwa bahabwa iki?
25 Umuntu amaze gupfa ni igiki kizurwa? Umubiri wahambwe si wo uzuka. ivyo Bibiliya ivyerekana igihe yigana ivy’abazukira kuba mw ijuru. (1 Ab’i Korinto 15:35-44) N’abazukira kuba kw isi na bo nyene, ntibazukana umubiri bāri bafise batarapfa. Uwo mubiri ushobora kuba wasangukiye mw ivu, ingingo ziwugize zikinjira mu bindi bintu. Ni co gituma Imana itazura umubiri wa mbere, ariko izura umuntu yapfuye. Bamwe baja mw ijuru, ibaha umubiri musha w’impwemu. Abazukira kuba kw isi na bo, ibaha uwundi mutumba. Birumvikana ko uwo mutumba bahabwa, utegerezwa kudatandukana n’uwa mbere, kugira ngo abāri babazi basubire kubamenya.
26. (a) Ni kuki izuka ari igitangaro gihebuje? (b) Ni ubuhinga bw’abantu ubuhe budufasha gutegera ububasha bw’Imana bwo kwibuka abantu bapfuye?
26 Mu vy’ukuri, izuka ni igitangaro gihebuje. Igihe umuntu yari akiriho, hari aho yoba yarize canke yarabonye ibintu vyinshi. Yari yatoye kamere imutandukanya n’uwundi muntu wese yigeze kubaho. Ariko Yehova aribuka ido n’ido ry’ivyo vyose, azosubira kumugira umuntu akwiye, mu gihe co kumuzura. Bibiliya ivuga ivyerekeye abapfuye bazozurwa iti: “Kuri yo bose bariho.” (Luka 20:38) Abantu barashobora kuzigama ijwi n’ishusho y’uwapfuye, bagasubira kumwerekana ariko aravuga, kandi hashize igihe kirekire uwo muntu apfuye. Yehova we ashobora kugarura; kandi azogarura abapfuye bose bari ku muzirikanyi wiwe!
27. Ni ibihe bibazo vyerekeye izuka tuja kuronkera inyishu munyuma?
27 Bibiliya irerekana ibindi bintu vyinshi vyerekeye ubuzima bwo mw iparadizo, inyuma y’izuka ry’abapfuye. Akarorero, Yezu yavuze ko hari bamwe “bazozukira ubuzima,” abandi na bo bakazukira “gucirwako iteka.” (Yohani 5:29) Aho yashaka kuvuga iki? Hari itandukaniro ririho ku vyerekeye uko “ababi” canke “abeza” bazomererwa bose bamaze kuzuka? Ni twamara kwihweza umusi wo guca amateka, duca twishura ico kibazo.
[Amafoto ku rup. 167]
“Ndazi ko azozuka mu gihe c’izuka.”
Eliya yarazuye umuhungu w’umupfakazi
Elisa yarazuye umwana
Umuntu yakorokeye ku magufa ya Elisa yaciye azuka
[Amafoto ku rup. 168]
Abantu Yezu yazuye:
Umuhungu w’umupfakazi w’i Nayini
Lazaro
Umukobwa wa Yayiro
[Amafoto ku rup. 169]
Abandi bantu bāzuwe:
Dorika
Yezu we nyene
Eyutiko
[Ifoto ku rup. 170]
Iparadizo Yezu yemereye ya nkozi y’ikibi iri hehe?