Ikigabane ca 28
Kwumvikana n’Abandi mu Rukundo
1. (a) Wogira iki kugira ngo uharūrwe mw ishirahamwe ry’Imana? (b) Ni itegeko irihe woca utegerezwa kwubaha?
KUBERA ko uguma wunguka ubwenge no gukunda Imana Yehova hamwe n’imigambi yayo, uzokwumva ushaka kugumana n’abo musangiye ukwizera n’ukwizigira. Ubigenjeje utyo, uzoba winjiye mw ishirahamwe ry’Imana riboneka; mu bakirisu bāhindutse incuti zishitse. Uzotegerezwa rero kwubaha iri tegeko rivuga riti: “Kunda umuryango wose wa benedata.” — 1 Petero 2:17 (NW); 5:8, 9.
2. (a) Ni itegeko irihe risha Yezu yahaye abigishwa biwe? (b) Iyo mvugo ngo “mukundane,” kandi ngo “ni mwagiriranira urukundo” igaragaza iki? (c) Gukundana bifise akamaro gaki?
2 Yezu Kirisitu yarashimitse mu kwerekana ukuntu urukundo abigishwa biwe bogiriranira rufise akamaro. Yababwiye ati: “Ndabaha icagezwe gisha, ni mukundane; . . . Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazobona ko muri abigishwa banje.” (Yohani 13:34, 35) Iyo mvugo ngo “mukundane,” kandi ngo “ni mwagiriranira urukundo,” yerekana ko abakirisu nyakuri bose bategerezwa kugira umugwi umwe, bagakoranira mw ishirahamwe ryorangwa n’urukundo abari muri ryo bafitaniye. (Abaroma 12:5; Abanyefeso 4:25) Umuntu atagira urukundo ntaco amaze. — 1 Ab’i Korinto 13:1-3.
3. Bibiliya yerekana ite ishimitse ko gukunda no kubabara abakirisu bagenzi bacu bifise akamaro?
3 Kubera ico, abakirisu ba mbere ntibāsība kuvyibutswa mu majambo nk’aya: “Mugiriranire igishika.” (NW) “Umwe umwe wese ni yakīre uwundi iwe.” (NW) “Umwe umwe wese ni yigire umukozi w’uwundi.” (NW) “Mugiriranire ineza, mugiriranire imbabazi.” “Mubandanye guhozanya no kuremeshanya.” (NW) “Mubane amahoro.” “Ikiruta vyose, mukovye mu gukundana.” (NW) — Abaroma 12:10; 15:7; Ab’i Galatiya 5:13; Abanyefeso 4:32; Ab’i Kolosayi 3:13, 14; 1 Ab’i Tesalonike 5:11, 13; 1 Petero 4:8; 1 Yohani 3:23; 4:7, 11.
4. (a) Ni igiki cerekana ko abakirisu bategerezwa gukunda n’abandi ndetse “kwikundanira bo nyene”? (b) Abo abakirisu bategerezwa gukunda cane cane ni bande?
4 Mugabo ivyo si ukuvuga ko abakirisu nyakuri bakunda abo basangiye ibanga mw ishengero ry’Imana gusa. Bategerezwa kandi gukunda n’abandi; kanatsinda Bibiliya ibahanura ko bagwiza “urukundo bakundana hamwe n’urwo bakunda abandi bose.” (1 Ab’i Tesalonike 3:12; 5:15) Kugira ngo intumwa Paulo idufashe ntiturenze urugero, yanditse ibi bikurikira: “Tugirire neza bose, ariko cane cane abari n’ico dupfana mu vy’ukwizera.” (Ab’i Galatiya 6:10, NW) Gutyo rero, ko abakirisu bategerezwa gukunda abantu bose hamwe n’abansi babo, ni ngombwa ngo bakunde cane cane abo basangiye ibanga mu vy’ukwizera; abavukanyi babo mu vy’umutima. — Matayo 5:44.
5. Ni igiki cerekana ko abakirisu ba mbere hamwe n’ab’ubu barangwa n’urukundo rwabo?
5 Abakirisu ba mbere bāri rurangiranwa kubera urukundo bāri bafitaniye. Nk’uko Teretuliyano umwanditsi w’ibitabu wo mu kinjana ca kabiri yabivuze, abantu bāma bavuga ngo ‘ehe raba ukuntu bakundana; raba kandi ukuntu bibangukiye umwe umwe wese kwigura uwundi!’ Urukundo nk’urwo ruriho no mu bakirisu nyakuri b’iki gihe. Ni ukuvuga none ko ata ngorane canke amatati yigera yaduka mu bakirisu nyakuri?
INKURIKIZI Y’UKUTAGOROROKA
6. Ni kuki abakirisu b’ukuri na bo nyene rimwe rimwe bagiriranira nabi?
6 Kubera kwiga Bibiliya, warabonye ko twanduye ukutagororoka ku bavyeyi bacu ba mbere Adamu na Eva. (Abaroma 5:12) Ni co gituma twama tugabirije gukora ikibi. Bibiliya ivuga iti: “Twese dutsitara muri vyinshi.” (Yakobo 3:2; Abaroma 3:23) Ukwiye kumenya ko abagize ishirahamwe ry’Imana na bo nyene batagororotse, ko rimwe rimwe bakora ibigoramye. Ivyo bishobora kuvyura impaka canke amatati, no mu bakirisu nyakuri nyene.
7. (a) Ni kuki Ewodiya na Sintike barinze guhanūrwa ngo “bahuze imitima”? (b) Ni igiki cerekana ko mu bisanzwe abo bagore bari abakirisu b’intugane?
7 Raba ivyabaye hagati y’abagore babiri, umwe yitwa Ewodiya, uwundi na we Sintike, bāri mw ishengero rya kera ry’i Filipi. Ngibi ivy’intumwa Paulo yanditse: “Ndahanūra Ewodiya, ndahanūra na Sintike, ngo bahurize imitima hamwe mu Mwami.” Ni kuki Paulo yahanūye abo bagore ngo “bahuze imitima”? Birumvikana ko hāri amatati hagati yabo. Bibiliya ntiyigana ivyari vyatumye baja impaka ivyo ari vyo. Hari aho boba bari basharikanye. Ariko mu bisanzwe, bāri abagore b’intungane. Ntibari abana mu vy’ukwizera, kubera ko igihe batanguriye gufadikanya na Paulo kwamamaza inkuru nziza, hāri hashize imyaka itari mike bayobokeye ubukirisu. Ni co gituma yandikiye ishengero ati: “Ubandanye gufasha abo bagore, kuko bāfadikanije kurwanira inkuru nziza bari kumwe nanje.” (NW) — Ab’i Filipi 4:1-3.
8. (a) Ni amahane ayahe yadutse hagati ya Paulo na Baranaba? (b) Iyo uba ari ho wari uri ukibonera ayo mahane wari guca wibaza iki?
8 Hari igihe kandi amahane yavyuka hagati ya Paulo na mugenziwe wo ku rugendo Baranaba. Igihe bāri hafi yo guhagururuka ngo bafate urugendo rwabo rwa kabiri rwo gutwara kure inkuru nziza, Baranaba yashatse ko baherekezwa na muvyarawe Mariko. Paulo we, ntiyashaka ko Mariko abagera inyuma, kubera ko yari yābataye mu rugendo rwa mbere yisubirira i muhira. (Ivyakozwe n’intumwa 13:13) Bibiliya ivuga iti: “Haca havyuka intureka ikomeye itewe n’uburakari, gushika aho batandukana.” (NW) (Ivyakozwe n’intumwa 15:37-40) Umve nawe ivyo bintu! Iyo uba ari ho wari uri ukabona iyo “ntureka ikomeye itewe n’uburakari,” wari guca uvuga ko Paulo na Baranaba batari mw ishirahamwe ry’Imana kubera ko bigenjeje batyo?
9. (a) Ni icaha ikihe Petero yakoze; kandi ni igiki cabimuteye? (b) Paulo na we yaciye agira iki aho aboneye ivyari bibaye?
9 Ikindi gihe, intumwa Petero yaragize nabi; irikumīra itangura kunena abanyamahanga bāri bayobokeye ubukirisu, kubera ko yatinya kubonwa nabi na bamwe mu bakirisu b’abayahudi bākengera abo benedata batākebwe, kandi bitabereye ko babakengera. (Abi Galatiya 2:11-14) Intumwa Paulo imaze kubona ivyo Petero agize, ica ihanira ico kibi ca Petero mu maso y’abariho bose. Iyo aba ari wewe wari Petero wari kwumva umerewe ute? — Abaheburayo 12:11.
GUTATURA AMATATI MU RUKUNDO
10. (a) Petero amaze gukeburwa yabibonye ate? (b) Akarorero ka Petero gashobora kutwigisha iki?
10 Petero yari gushavurira Paulo, agashavuzwa n’uko yamukeburiye imbere y’abantu; ariko si uko yagize. (Umusiguzi 7:9) Petero yaricisha bugufi. Yaremeye arakeburwa; kandi ivyo ntivyatumye urukundo afitiye Paulo rutimba. (1 Petero 3:8, 9) Raba ingene Petero yayāze Paulo mw ikete ry’indemesha yandikiye abakirisu bagenzi biwe: “Mwiyumvīre yuko kwihangana kw’Umwami wacu ari agakiza, nk’uko mwenedata akundwa Paulo yabandikiye, uko ubwenge yahawe bungana.” (2 Petero 3:15) Ego, Petero yararetse urukundo rupfuka amatati yari aturutse ku kibi yagize. — Imigani 10:12.
11. (a) N’aho Baranaba na Paulo bārakaye, bērekanye bate ko ari abakirisu nyakuri? (b) Ako karorero bātanze gashobora kutugirira akamaro gute?
11 Ya mahane ya Paulo na Baranaba yo bite none? Na yo yararinganijwe mu rukundo. Ikivyerekana, ni uko munyuma, igihe Paulo yandikira ishengero ry’i Korinto, yavuze ko Baranaba ari umukozi mugenziwe. (1 Ab’i Korinto 9:5, 6) Bitayeko, n’aho bisa n’uko Paulo yari afise impamvu nyakuri yotumye yikeka ko Mariko ataco abamariye ku rugendo, uyo musore munyuma yarakuze mu vy’ukwizera gushika aho Paulo yandikira Timoteyo ati: “Hitana Mariko umuzane, kuko angirira ikimazi mu gikorwa c’ibango ryanje.” (2 Timoteyo 4:11) Uburyo bene ubwo bwo gutunganya ivyagoranye burashobora kutugirira akamaro.
12. (a) Ni kuki twoshobora kuvuga ko Ewodiya na Sintike batunganije amatati yabo? (b) Dukurikije Ab’i Galatiya 5:13-15, ni kuki ari nkenerwa rwose ko abakirisu batatura amatati yabo mu rukundo?
12 Ewodiya na Sintike bo gute? Bāratatuye amatati yabo barareka urukundo rurahisha ibibi bari bāgiriraniye? Bibiliya ntitwiganira amaherezo yavyo. Mugabo ko bāri abagore b’intungane bashize hamwe mw ibanga rya buri mukirisu bārangūra bari kumwe na Paulo, twoshobora rero kuvuga ko bākiriye impanuro bicishije bugufi. Ikete rya Paulo rimaze gushika, turashobora kwigereraniriza, tukababona bari kumwe, umwe umwe ariko ahishurira uwundi ikosa ryiwe abitumwe n’urukundo. — Ab’i Galatiya 5:13-15.
13. Ni akarorero akahe Yehova yatanze mu kwerekana urukundo?
13 Na wewe nyene hari aho wobona ko bitoroshe kwumvikana n’umuntu umwe canke n’abandi benshi mw ishengero. N’aho ngira ngo bagisigaje intambwe nini ngo bashobore gutora ingeso z’abakirisu; wewe ibaze uti Yehova ahora arindīra ko abantu baheba imigenzo yabo yose mibi kugira ngo abone kubakunda? Oyaye. Bibiliya ivuga iti: “Imana yatweretse urukundo rwayo idukunda, kuko Kirisitu yadupfiriye tukiri abanyavyaha.” (Abaroma 5:8) Dukwiye gukurikira ako karorero k’Imana mu gukunda abagira nabi, canke abakora ivy’ubupfu. — Abanyefeso 5:1, 2; 1 Yohani 4:9-11; Zaburi 103:10.
14. Ni impanuro iyihe Yezu yatanze ku vyerekeye kutanegura abandi?
14 Kubera rero ko twese tutagororotse, Yezu yatwigishije kutanegura abandi. Ego ni ko barafise amakosa, ariko na twebwe nyene ntituyabuze. Yezu yabajije ati: “Urabira iki akabango kari mu jisho rya mugenzawe, [ariko urugiga] ruri mu jisho ryawe nturwitegereze?” (Matayo 7:1-5) Tugumije ku muzirikanyi iyo mpanuro y’uciye ubwenge, izodufasha gushira hamwe n’abavandimwe.
15. (a) Ni kuki guharira abandi n’aho twoba dufise impamvu yo kubidogera bifise akamaro? (b) Yezu yerekanye ate ko bikwiye rwose ko duhariranira mu mugani yaciye, uri muri Matayo ikigabane ca 18?
15 Birakenewe cane ko tuba abanyembabazi kandi tukagira ikigongwe cinshi. Ego ni ko, urashobora kugira impavu y’ukuri yotuma widodombera mweneso. Ariko ukwiye kwibuka iyi mpanuro ya Bibiliya: “Mwihanganirane, muharirane, iyo umuntu agize ico apfa n’uwundi.” Ariko none woshobora ute guharira umuntu ufitiye impavu y’ukuri yo kumwidogera? Bibiliya yishura iti: “Nk’uko [Yehova] yabahariye.” (Ab’i Kolosayi 3:13) Kugira ngo Yehova aduharire, Yezu yavuze ko dutegerezwa guharira abandi. (Matayo 6:9-12, 14, 15) Yehova yatubabariye incuro igihumbi nka wa mwami wo muri wa mugani wa Yezu; tweho none ntidushobora guharira benedata incuro na nkeyi? — Matayo 18:21-35; Imigani 19:11.
16. (a) Dukurikije 1 Yohani 4:20, 21, ni isano irihe urukundo dukunda Imana rufitaniye n’urwo dukunda abantu? (b) Ukwiye kugira iki igihe hagize ico mupfa na mweneso?
16 Ntidushobora kuba abasavyi nyakuri b’Imana, hanyuma ngo tureke kwereka benedata ko tubafitiye impuhwe n’ikigongwe. (1 Yohani 4:20, 21; 3:14-16) Ni washikirwa rero n’ukutumvikana n’umukirisu mugenzawe, ntuce ureka kumuvugisha. Ntuze ubike inzigo, ahubwo uze userure ikikubabaje n’umutima w’urukundo. Nimba ari wewe wagiriye nabi mweneso, ntubangamirwe n’ukumwitura ngo umusabe imbabazi. — Matayo 5:23, 24.
17. Igihe umuntu agututse wogira iki?
17 Bite none niba hari uwagututse canke akakugirira iyindi nabi? Raba impanuro ya Bibiliya: “Ntukavuge uti ’nzomusubiriza mu nkōko; nzokwishura uyo muntu ibihwanye n’ivyo yakoze.’” (Imigani 24:29; Abaroma 12:17, 18) Yezu yavuze ati: “Ugukubise urushi ku musaya w’iburyo, umuhindukirize n’uwundi.” (Matayo 5:39) Urwo rushi si urwo kugukomeretsa mu musaya, ariko ni igitutsi gusa canke agasomborotso. Ivyo Yezu yavyigishije abigishwa biwe kugira ngo birinde gukwegerwa mu mpari canke kuja impaka n’abantu. Mu gishingo co “gusubiza ikibi ku kindi canke igitutsi ku kindi,” rondera nyabuna “amahoro [uyakurikirane.”] — 1 Petero 3:9, 11; Abaroma 12:14.
18. Akarorero Imana yerekanye mu gukunda abantu bose kotwigisha iki?
18 Ibuka ko dutegerezwa “gukunda umuryango wose wa benedata.” (1 Petero 2:17, NW) Imana Yehova ni yo karorero. Ntirobanura abantu ku butoni; amoko yose y’abantu arangana mu maso yayo. (Ivyakozwe n’intumwa 10:34, 35; 17:26) Abazokingirwa muri ya “marushwa ahambaye” yegereje, bava mu “mahanga yose; mu miryango yose no mu moko yose.” (Ivyahishuriwe Yohani 7:9, 14-17) Mu kwigana Imana rero, ntitwogabanya urukundo dufitiye abandi kubera ubwoko, igihugu bavukiyemwo, akazi bakora canke ibara ry’urukoba.
19. (a) Abakirisu bagenzi bacu twobabona gute? (b) Ni iteka irihe rinini dushobora guterwa?
19 Menyana neza n’abari mw ishengero bose, ni ho uzobakunda kandi uteko ubashime. Abakuze ubafate nk’abavyeyi, abakiri bato nk’abavandimwe. (1 Timoteyo 5:1, 2) Ni iteka koko guharūrwa mw ishirahamwe ry’Imana riboneka; rimeze nk’umuryango; ririmwo abantu bashize hamwe batyo mu rukundo. Ese ukuntu bizoba ari vyiza kuba mw iparadizo ngaha kw isi ibihe bidashira, uri mu muryango ukundana nk’uwo! — 1 Ab’i Korinto 13:4-8.
[Ifoto ku rup. 233]
Ivyashikiye Ewodiya na Sintike bishobora kudukebura bite?
[Ifoto ku rup. 235]
Guhazuka kwa Petero na Baranaba, vyerekana ko batāri mw ishirahamwe ry’Imana?
[Ifoto ku rup. 236]
Abakirisu b’ukuri barareka urukundo rugapfuka ivyo vyose vyobateranya
[Ifoto ku rup. 237]
Urukundo rutuma abakirisu bari mw ishengero ry’Imana babonana nk’abangana