Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
HOBA hariho umuntu yokwitwa bimwe bidaharirwa ko ari we muntu ahambaye kuruta ababayeho bose? Wewe umuntu ahambaye umurabira ku ki? Woba umurabira ku buhanga bwiwe bwa gisirikare? ku nguvu ziwe z’umubiri? ku bubangutsi afise bwo mu bwenge?
Umutohozakahise H. G. Wells yavuze yuko umuntu ahambaye ashobora kurabirwa ku ‘vyo asiga inyuma yiwe, n’uko yoba yaratumye abandi batangura kwiyumvira mu buryo bushasha biciye ku nkomezi zashishikaye hanyuma yiwe.’ Uyo Wells, naho atavuga yuko ari Umukirisu, yaremeye icese ati: “Dufatiye kuri iryo suzuma, Yezu afata ikibanza ca mbere.”
Alegizandere Mukuru, Charlemagne (uwiswe “Mukuru” no mu gihe c’ubuzima bwiwe) na Napoléon Bonaparte, bari abategetsi b’abanyabubasha. Biciye ku nguvu zabo z’agatangaza, baragize akosho kanini ku bo bategeka. Yamara, bivugwa ko Napoléon yavuze ati: “Yezu Kirisitu yaragize akosho ku bantu biwe yongera arabategeka kandi atahari mu buryo bw’umubiri buboneka.”
Biciye ku nyigisho ziwe zirangwa ubushobozi no ku buryo yabayeho ahuza na zo, Yezu yaragize ico akora bimwe bikomeye ku buzima bw’abantu mu kiringo c’imyaka hafi ibihumbi bibiri. Nk’uko uwundi mwanditsi yabivuze adahusha, “ingabo zose zabayeho be n’amato yose yashoboye gukorwa, hamwe n’inama nshingamateka zose zigeze gusasa, abami bose bigeze kuba ku ngoma, bishizwe hamwe ntivyagize ico bikora ku buzima bw’umuntu kuri iyi si mu buryo bw’ububasha gutyo.”
Umuntu Azwi mu Nkuru za Kahise
Yamara igitangaje, usanga bamwe bavuga yuko Yezu atigeze abaho, ngo vy’ukuri ni ikintu abantu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere bikuriye mu mutwe. Mu kwishura mwene abo bantu bagonanwa, umutohozakahise w’umwubahwa Will Durant atanga iki ciyumviro: “Kuba abantu bari ku rushi kandi basanzwe boba barikuriye mu mutwe mw’iyaruka rimwe umuntu w’umunyabubasha kandi akwegera cane gutyo, bakikurira mu mutwe ivy’inyifato runtu ziri hejuru gutyo be n’ukubona ivy’ubuvukanyi bw’abantu mu buryo bunyura ubwenge gutyo, vyoba ari igitangaro c’akajoreza kuruta ico ari co cose canditse mu Njili.”
Niwibaze uti: Umuntu atigeze abaho, ubwo yari gushobora kuvugwa cane mu nkuru ya kahise k’abantu mu buryo bw’agatangaza nk’ubwo? Igitabu c’irabiro kimwe (The Historians’ History of the World) cavuze uku: “Naho umuntu yokavya agafatira ku kubona ibintu mu buryo isi ibibona, ibintu bizwi mu nkuru za kahise vyavuye mu mirimo ya [Yezu] vyari ivy’agahambaye cane kuruta ivyakozwe n’umuntu uwo ari we wese ayagwa mu nkuru za kahise. Ikiringo gishasha, icemerwa n’ibisata vy’abantu bikurubikuru vyo kw’isi vyateye imbere, gihēra kw’ivuka ryiwe.”
Egome, vyiyumvire. N’ibirangamisi ubu usanga bishingiye ku mwaka biyumvira ko Yezu yoba yaravukiyeko. Nk’uko bisigurwa n’igitabu kimwe (The World Book Encyclopedia) “amatariki y’imbere y’uwo mwaka ashirwa mu rutonde rwa B.K., canke imbere ya Kirisitu. Amatariki y’inyuma y’uwo mwaka ashirwa mu rutonde rwa A.D., canke anno Domini (mu mwaka w’Umukama wacu).”
Yamara ababinegura batunga urutoke ku vy’uko ngo ivyo tuzi koko kuri Yezu vyose bisangwa muri Bibiliya. Ngo nta zindi nyandiko zo mu gihe ciwe zimwerekeye zihari. Mbere na H. G. Wells yanditse ati: “Abatohozakahise b’Abaroma ntibari bazi Yezu na gato; nta co yasize mu nyandiko z’inkuru za kahise zo mu gihe ciwe.” Ariko ubwo ivyo ni vyo?
Naho abatohozakahise bo mw’isi bo mu gihe ca mbere berekeza gake kuri Yezu Kirisitu, ukumwerekezako mwene ukwo kurahari vy’ukuri. Tacite, umutohozakahise w’Umuroma wo mu kinjana ca mbere w’umwubahwa, yanditse ati: “Iryo zina [Umukirisu] riva kuri Kirisitu, uwo umutegetsi Ponsiyo Pilato yari yishe ku ngoma ya Tiberiyo.” Suétone na Pline le Jeune, abandi banditsi b’ico gihe b’Abaroma, na bo nyene barerekeje kuri Kirisitu. Vyongeye, Flavius Josèphe, umutohozakahise w’Umuyuda wo mu kinjana ca mbere, yaranditse ivya Yakobo uwo yise “mwenewabo na Yezu, uwitwa Kirisitu.”
Igitabu kimwe, Nouvelle Encyclopédie britannique, gisozera rero kivuga giti: “Izo nkuru zigenga ziratanga icemeza c’uko mu bihe vya kera n’abarwanya Ubukirisu batigeze bakekeranya ku vy’uko Yezu yabayeho, kiba ari ikintu cagiye guharirwa ari bwo bwa mbere bivuye ku mpamvu zitabereye mu mpera y’ikinjana ca 18, mu ca 19, no mu ntango y’ica 20.”
Ariko rero, igihambaye cane, ibizwi vyose kuri Yezu vyaranditswe n’abayoboke biwe bo mu kinjana ca mbere. Ivyo bashikirije vyarabitswe mu Njili, ni ukuvuga ibitabu vya Bibiliya vyanditswe na Matayo, Mariko, Luka, na Yohani. Izo nkuru zivuga iki ku biraba akaranga ka Yezu?
Mu vy’Ukuri, Yari Nde?
Abifatanije na Yezu mu kinjana ca mbere barazirikanye ico kibazo. Igihe babona Yezu atururuza ku gitangaro ikiyaga gisebagizwa n’umuyaga, baribajije bajorewe bati: “Mbeg’uyu n’umuntu ki?” Mu nyuma, ku kindi gihe, Yezu yabajije intumwa ziwe ati: “Mweho, mugira ngo ndi nde?”—Mariko 4:41; Matayo 16:15.
Hamwe wobazwa ico kibazo, wokwishura ute? Mu vy’ukuri Yezu yoba yari Imana? Benshi muri iki gihe bavuga ko yari yo. Yamara, abantu bifatanije na we ntibigeze bemera ko yari Imana. Inyishu intumwa Petero yatanze kuri ico kibazo ca Yezu yari iyi: “Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima.”—Matayo 16:16.
Yezu ntaho yigeze avuga yuko ari Imana, ariko yaremeye icese yuko yari Mesiya yari yarasezeranywe, canke Kirisitu. Yavuze kandi yuko ari “Umwana w’Imana,” si Imana. (Yohana 4:25, 26; 10:36) Yamara, Bibiliya ntivuga yuko Yezu yari umuntu ameze nk’uwundi muntu uwo ari we wese. Yari umuntu adasanzwe namba, kubera yari yaremwe n’Imana imbere y’ibindi bintu vyose. (Ab’i Kolosayi 1:15) Imbere y’uko n’ibi tubona biremwa, Yezu yamaze imyaka amamiliyaridi adaharurwa ari umuntu w’impwemu mw’ijuru, akaba yari afitaniye ubucuti bukomeye na Se wiwe, Yehova Imana, wa Muremyi Ahambaye.—Imigani 8:22, 27-31.
Maze, ubu haraciye nk’imyaka ibihumbi bibiri, Imana yarimuriye ubuzima bw’Umwana wayo mu nda y’umukenyezi, hanyuma Yezu arahava aba umwana w’Imana ameze nk’abantu, avutse mu buryo busanzwe biciye ku mukenyezi. (Ab’i Galatiya 4:4) Igihe Yezu yariko akurira mu nda hamwe n’igihe yariko akura ari umuhungu, yisunga abo Imana yari yaracaguye ngo bamubere abavyeyi bo kw’isi. Mu nyuma Yezu yarageze mu bigero, hanyuma arahabwa ububasha bwo kwibuka neza umwifatanyo yari yahoze agirana n’Imana mw’ijuru.—Yohana 8:23; 17:5.
Icamugize Uwuhambaye Kuruta Bose
Kubera ko Yezu yiganye Se wiwe wo mw’ijuru avyitondeye, yarabaye we muntu ahambaye kuruta ababayeho bose. Bwa Mwana w’umwizerwa, Yezu yaratwaye neza cane akoko ka Se wiwe ku buryo yashoboye kubwira abayoboke biwe ati: “Ūbonye jewe aba abonye Data.” (Yohana 14:9, 10) Uko ibintu vyaba vyifashe kwose hano kw’isi, yagira nyene nk’uko Se wiwe Imana Mushoboravyose yogize. Yezu yarasiguye ati: “[N]ta co nkora nigeneye, . . . uko Data yanyigishije, ni ko mbivuga.” (Yohana 8:28) Nuko rero, igihe dutohoza ubuzima bwa Yezu Kirisitu, ni nk’aho tuba turiko turonka ishusho itomoye y’ukuntu nyene Imana iri.
Gutyo rero, naho intumwa Yohani yemeye icese yuko “[a]ta muntu yigeze kubona Imana na rimwe,” yarashoboye kwongera kwandika yuko “Imana ar’urukundo.” (Yohana 1:18; 1 Yohana 4:8) Yohani ivyo yashoboye kuvyandika kubera ko yari azi urukundo rw’Imana biciye ku vyo yabonye muri Yezu, uwari ishusho itagira agasembwa ya Se wiwe. Yezu yari umunyembabazi, umunyabuntu, uwicisha bugufi, n’uwegereka. Abagoyagoya hamwe n’abakandamizwa barumva bamerewe neza iyo bari kumwe na we, nk’uko abantu b’ubwoko bwose bamererwa, baba abagabo, abagore, abana, abatunzi, aboro, abanyabubasha, eka n’abanyavyaha ba ruhebwa. Ab’umutima mubi ni bo gusa batamukunda.
Si ivy’imbeshere, Yezu ntiyapfuye gusa kwigisha abayoboke biwe gukundana, ahubwo riho yarabarangiye ukugene bobigira. Yavuze ati: “Nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana.” (Yohana 13:34) Umwe mu ntumwa ziwe yasiguye yuko kumenya “urukundo rwa Kristo” ari ‘ibirengeye ubumenyi.’ (Abanyefeso 3:19, NW) Egome, urukundo Kirisitu yerekanye ruraheta ubumenyi bwo mw’ishure bushirwa mu mutwe gusa, kandi ‘ruragobera’ abandi ngo barwitabire. (2 Ab’i Korinto 5:14) Gutyo, akarorero ruheta Yezu yatanze k’urukundo, ni ko canecane kamugize umuntu ahambaye kuruta ababayeho bose. Urukundo rwiwe rwarakoze ku mutima abantu amamiliyoni mu kiringo c’ibinjana, vyongeye rwaroheje ubuzima bwabo mu buryo bw’iciza.
Yamara bamwe bokwanka bakavuga bati: ‘Raba ubukozi bw’ikibi bwose bwakozwe mw’izina rya Kirisitu, nka kwa gutana mu mitwe kw’abitwa Abakirisu n’Abisilamu, ya Sentare y’Abagatolika, na za ntambara zarwanamwo abantu amamiliyoni bavuga ko ari Abakirisu, bakicana ku mpande zose.’ Ariko ukuri ni uko abo bantu bose batanga igihinyuza c’uko bibesha ngo ni abayoboke ba Yezu. Inyigisho ziwe hamwe n’uburyo yabayeho biratsindisha ibikorwa bakora. N’Umuhindu Mohandas Gandhi vyaratumye avuga ati: ‘Jewe ndakunda Kirisitu, ariko nkagaya Abakirisu kubera batabaho nk’uko Kirisitu yabayeho.’
Niwungukire mu Kwiga Ibimwerekeye
Mu vy’ukuri, nta tohoza ririho rishobora kuba irihambaye muri iki gihe kuruta iryerekeye ubuzima bwa Yezu Kirisitu n’igikorwa ciwe. Intumwa Paulo yahimirije iti: ‘Dutumbere Yesu wenyene.’ “Nuko mushire imitima kur’uyo.” Imana ubwayo na yo yategetse ku biraba Umwana wayo iti: “Ni mumwumve.” (Ni twe tubihiritse.) Ivyo ni vyo igitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose kizogufasha kugira.—Abaheburayo 12:2, 3; Matayo 17:5.
Haragizwe akigoro kugira ngo hashikirizwe ikintu cose cabaye mu buzima bwa Yezu bwo kw’isi cashizwe muri za Njili zine, gushiramwo n’amajambo yashikirije n’ibigereranirizo yatanze hamwe n’ibitangaro yakoze. Kugeza ku rugero rushoboka, ikintu cose ciganywe mu rutonde cashikiyemwo. Ku mpera y’ikigabane kimwekimwe cose hariho urutonde rw’ibisomwa vya Bibiliya nya kigabane gishingiyeko. Uraremeshejwe gusoma ivyo bisomwa no kwishura ibibazo vy’isubiramwo vyatanzwe.
Umuhanga umwe wo kuri Kaminuza y’i Chicago aherutse kuvuga ati: “Hariho vyinshi vyanditswe kuri Yezu mu myaka mirongo ibiri iheze kuruta ivyanditswe mu myaka ibihumbi bibiri y’imbere.” Yamara birakenewe cane ko turimbura ubwacu inkuru zivugwa mu Njili, kuko nk’uko igitabu Encyclopédie britannique kivuga, “abanyeshure benshi ba kino gihe bishinze cane ivyiyumviro bidahuza vyerekeye Yezu na za Njili ku buryo birengagije ugutohoza ayo masoko y’ishimikiro ubwayo.”
Twibaza yuko niwamara kurimbura inkuru zo mu Njili uzitondeye ata kugira aho uhengamiye, uzokwemera yuko icabaye gikuru mu nkuru za kahise k’abantu ari icashitse ku ngoma ya Kayisari Augusito w’Umuroma, igihe Yezu w’i Nazareti yaseruka kugira ngo atange ubuzima bwiwe ku bwa twebwe.