Ikigabane ca 1
Ubutumwa Buva mw’Ijuru
BIBILIYA yose uko ingana, nkako, ni ubutumwa buva mw’ijuru, bwatanzwe na Data wa twese wo mw’ijuru kugira butwigishe. Ariko rero, haraciye imyaka hafi 2.000 hashikirijwe ubutumwa bubiri budasanzwe, butanzwe n’umumarayika yama “[ah]agaze mu nyonga z’Imana.” Izina ryiwe ni Gaburiyeli. Reka twihweze ivyatumye izo ngendo zibiri zihambaye zigirwa kw’isi.
Ni mu mwaka wa 3 B.G.C. Mu mirambi y’i Yudaya, kumbure hatari kure ya Yeruzalemu, haba umuherezi wa Yehova yitwa Zakariya. Arashaje, n’umugore wiwe Elizabeti kukaba nk’ukwo nyene. Kandi nta bana bafise. Zakariya ni we aramukiwe gukora ubuherezi mu rusengero i Yeruzalemu. Buno nyene agiye abona Gaburiyeli aserutse i buryo bw’igicaniro c’imibavu.
Zakariya agira ubwoba bwinshi. Ariko Gaburiyeli aramuhumuriza, avuga ati: “Nta co utinya, Zakariya, kukw ivyo wasavye vyumviswe, umugore wawe Elisabeti azokuvyarira umuhungu, uz’umwite Yohan[i].” Gaburiyeli abandanya amenyesha ko Yohani “azoba mukuru mu nyonga z’Umwami Imana” n’uko “a[zo]tegurira Yehova igisata gitunganije.”—NW.
Ariko rero, Zakariya ntashobora kuvyemera. Bisa n’ibidashoboka ko we na Elizabeti boronka akana mu myaka bagezemwo. Nuko Gaburiyeli amubwira ati: “Umve, uragobga ururimi, kandi ntuzoshobora kuvuga, kugeza ku musi ivyo bizoberako, kuk’utemeye ijambo ryanje.”
Nuko, ico gihe hanze abantu bariko baribaza igituma Zakariya amaze igihe kirekire gutyo mu rusengero. Amaherezo asohotse, ntashobora kuvuga atari ukugira gusa ibimenyetso n’amaboko yiwe, baca batahura yuko yabonye ikintu kidasanzwe.
Zakariya arangije ikiringo ciwe c’ugukora mu rusengero, asubira i muhira. Hanyuma bidatevye, birashika koko: Elizabeti asama inda! Bugingo arindiriye ko ikibondo ciwe kivuka, Elizabeti aguma i muhira kure y’abantu mu kiringo c’amezi atanu.
Mu nyuma Gaburiyeli arasubira guseruka. None avugana na nde? Avugana n’inkumi itarabirwa yitwa Mariya yo mu gisagara c’i Nazareti. Ni ubutumwa nyabaki ashikiriza ubu na ho? Umviriza! Gaburiyeli abwira Mariya ati: “Ugiriwe ubuntu n’Imana.” Ati “Umve, uzosama inda, uvyare umuhungu, kand’uz’umwite Yesu.” Gaburiyeli yongerako ati: “Azoba mukuru, azokwitwa Umwana w’Īsumba vyose, . . . [azohangama] mu nzu ya Yakobo ibihe bidashira; ubgami bgiwe ntibuzogira iherezo.”
Turashobora kwemera tudakeka yuko Gaburiyeli yumva ari agateka atewe gushikiriza ubwo butumwa. Kandi uko dusoma vyinshi vyerekeye Yohani na Yezu, turaza kubona mu buryo butomoye kuruta igituma koko ubwo butumwa buva mw’ijuru buhambaye gutyo. 2 Timoteyo 3:16; Luka 1:5-33.
▪ Ni ubutumwa bubiri buhambaye ubuhe bushikirizwa buva mw’ijuru?
▪ Ni nde ashikiriza ubwo butumwa, kandi bushikirizwa bande?
▪ Ni kuki ubwo butumwa bugoye cane kwemera?