ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 19
  • Yezu Yigisha Umusamariyakazi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu Yigisha Umusamariyakazi
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abasamariya Benshi Barizera
  • Yezu yigisha Umusamariyakazi
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yezu n’Umusamariyakazi
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Yezu n’Umugore kw Iriba
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • “Ni co natumwe”
    “Ingo unkurikire”
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 19

Ikigabane ca 19

Yezu Yigisha Umusamariyakazi

BARI mu nzira bavuye i Yudaya baja i Galilaya, Yezu n’abigishwa biwe bagira urugendo baciye mu ntara y’i Samariya. Rubaruhishije, nko ku mutaga bahagarara iruhande y’iriba hafi y’igisagara c’i Sukara, kugira ngo baruhuke. Iryo riba hari haciye ibinjana ryimbwe na Yakobo, rikaba rikiriho gushika n’ubu, hafi y’igisagara ca none citwa Naplouse.

Mu gihe Yezu aharuhukiye, abigishwa biwe baja mu gisagara gusuma udufungurwa. Umugore w’Umusamariyakazi aje kuvoma amazi, Yezu amusaba ati: “Umpe utwo kunywa.”

Abayuda n’Abasamariya mu bisanzwe nta migenderanire bagiranira kubera ukunenana kwashinze imizi. Nuko wa mugore agwa mu gahundwe, arabaza ati: “Wewe ur’Umuyuda, non’unsaba amazi ute, jewe nd’Umusamariyakazi?”

Yezu arishura ati: “Iy’uba war’uzi . . . ūgusavye ngo Mpa utwo kunywa uw’ari we, nawe uba umusavye, na we akaguha amazi y’ubu[zima].”

Wa mugore asubizayo ati: “Mugenzi, kw ata co kuvomesha ufise, kand’iriba rikaba ari rirerire, non’ayo mazi y’ubu[zima] uyakūra hehe? Mbeg’uruta sogokuruza wacu Yakobo, yaduhaye iri riba, yanywa amazi yaryo, ubgiwe n’abana biwe, n’amasho yiwe?”

Yezu aravuga ati: “Ūnywa kur’ayo mazi wese azosubira kugira inyota; . . . ūnywa amazi nzomuha, ntazoba akigira inyota na mba gushitsa ibihe vyose, arikw amazi nzomuha azohinduka muri we imbizi y’amazi yiburuka azana ubu[zima] budashira.”

Uno mugore yishura ati: “Mugenzi, mpa se ayo mazi, sinze ngire inyota, kandi sinze ngaruke kuvoma ino hose.”

Buno Yezu aramubwira ati: “Genda uhamagare umugabo wawe, uheze ugaruke ino.”

Uwundi ati: “Nta mugabo mfise.”

Yezu aremeza iryo uno mugore avuze. Avuga ati: “Uvuze ko, k’ugize ngo nta mugabo ufise, kuko war’ufise abagabo batanu, arik’uwo ufise ubu s’umugabo wawe.”

Nya mugore avuga ajorewe ati: “Mugenzi, ndabona k’ur’umuntu avugishwa n’Imana.” Mu guhishura yuko yitwararika ibintu vy’impwemu, avuga ngo Abasamariya “b[a]sengera kur’uyu musozi [Gerizimu, uwuhagaze mu micungararo], ariko mweho [Abayuda] mugira ngw i Yerusalemu ni ho hantu hakwiye gusengerwa.”

Yamara, Yezu amukurira inkoni ku gishitsi yuko ahantu h’ugusengerwa atari co kintu gihambaye. Yezu avuga ati: “Igihe kija kuza, . . . ni ho abasenga b’ukuri bazosengera Data mu mpwemu no mu kuri, kuko Data arondera abamusenga bameze bartyo. Imana ni [Im]pwemu, kand’abayisenga bakwiye kuyisengera mu mpwemu no mu kuri.”

Nya mugore arumirwa pe. Avuga ati: “Ndazi ko Mesiya azoza yitwa Kristo; uwo ah’azozira ni we azoduserurira vyose.”

Yezu aratomora ati: “Ni jewe nyene turiko turavugana.” Vyiyumvire! Uwo mugore aje kuvoma amazi ku mutaga, kugira ngo kumbure yirinde kubonana n’abagore bo mu gisagara bamusuzugura kubera uburyo abayeho, aragiriwe ubutoni na Yezu mu buryo bw’igitangaza. Ata guca irya, amubwiye ivyo ataribwabwire uwundi muntu n’umwe. Ivyo bigira ingaruka izihe?

Abasamariya Benshi Barizera

Abigishwa biwe bagarutse bavuye i Sukara bazanye ibifungurwa, basanga Yezu kuri rya riba rya Yakobo aho bari bamusize, aho kandi ariko aganirira na wa Musamariyakazi. Nya bigishwa bashitse, wa mugore aragenda, asigaho ikarabo ryiwe, atera aja mu gisagara.

Kubera ashimishijwe rwose n’ibintu Yezu yamubwiye, abwira abantu bo muri ico gisagara ati: “Ni muze murābe umuntu ambariye ivyo nakoze vyose.” Maze, mu buryo bwo kubavyurira agatima ko gushaka kubimenya, abaza ati: “Namb’ari we Kristo?” Ico kibazo gishitsa intumbero yaco, nya bantu baja kuvyirabira.

Muri uwo mwanya, ba bigishwa binginga Yezu ngo afungure utwokurya bakuye mu gisagara. Ariko asubizayo ati: “Jewe mfise ivyo kurya mwebge mutazi.”

Abigishwa barabazanya bati: “Mbega har’uwamuzaniye ivyo kurya?” Yezu asigura ati: “Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe. Mbega mwebge ntimuvuga ngo hasigaye amezi ane iyimbura rikagera?” Ariko rero, Yezu yerekeza kw’iyimbura ryo mu vy’impwemu, avuga ati: “Ni mwunamure amaso yanyu murābe imirima, irēze igeze kwimbura. Umwimbuzi aragererwa, yegeraniriza ivyimburwa mu bu[zima] budashira; kugira ng’ūbiba n’uwimbura banezeranwe.”

Kumbure Yezu arashobora guca abona ingaruka nziza ikomeye ukubonana n’uwo Musamariyakazi kugize, yuko abenshi bariko baramwizera bivuye ku ntahe uwo mugore yashinze. Uwo mugore ariko ashinga intahe ku bantu bo mu gisagara, avuga ati: “Ambariye ivyo nakoze vyose.” Ni co gituma igihe abantu b’i Sukara baje kuri we kuri iryo riba, bamusaba kugumaho ngo abaganirire vyinshi. Yezu aremera ubwo butumire hanyuma ahaguma imisi ibiri.

Uko Abasamariya bumviriza Yezu, abandi benshi barizera. Maze babwira wa mugore bati: “Ubu ho ntitwizeye kubg’amajambo yawe gusa, kuko natwe twīyumviye kandi tumenye k’uyu ar’Umukiza w’isi vy’ukuri.” Nta gukeka, uwo Musamariyakazi aratanga akarorero keza k’ukugene dushobora gushinga intahe yerekeye Kirisitu mu kuvyura agatima ko gushaka kumenya kugira ngo abumviriza bashike kure mu bushakashatsi!

Uribuka yuko hasigaye amezi ane ngo iyimbura rigere, bikaboneka ko ari iyimbura rya sayiri, muri Palestina rikaba rishika nko mu rushana. Nuko rero ubu kumbure ni muri Munyonyo canke Kigarama. Ivyo bisobanura ko mu nyuma ya Pasika yo mu 30 G.C., Yezu n’abigishwa biwe bamaze amezi nk’umunani gutyo i Yudaya, bigisha bongera babatiza. Ubu na ho bavayo baja mu karere k’iwabo k’i Galilaya. Ni ibiki none bibarindiriye ngaho? Yohana 4:3-43.

▪ Ni kuki wa Musamariyakazi atangazwa n’uko Yezu amuvugishije?

▪ Yezu amwigisha ibiki ku vyerekeye amazi y’ubuzima be n’ahantu ho gusengerwa?

▪ Yezu amuhishurira gute uwo ari we, kandi ni kuki iryo fobora ari iritangaje?

▪ Ni intahe iyihe uwo Musamariyakazi ashinga, kandi ivamwo iki?

▪ Ni mu buryo ki ibifungurwa vya Yezu bijanye n’iyimbura?

▪ Dushobora dute kumenya igihe igikorwa ca Yezu i Yudaya camaze inyuma ya Pasika yo muri 30 G.C.?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika