Ikigabane ca 23
Ibindi Bitangaro i Kaperinawumu
KW’ISABATO y’inyuma y’aho Yezu ahamagariye abigishwa biwe bane ba mbere ari bo Petero, Andereya, Yakobo na Yohani, bose baja kw’isinagogi yaho i Kaperinawumu. Ngaho, Yezu atangura kwigisha, hanyuma abantu barumirwa n’uko abigisha nk’uwufise ubukuru, atari nka ba banyabwenge b’ivyanditswe.
Kuri iyo Sabato, hari umugabo arimwo idayimoni. Haciye akanya, asemerera n’ijwi rirenga ati: “Duhūriye hehe ga Yesu Munyanazareti? Uje kuduhonya? Ndakuzi uw’uri we, ur’Uwera w’Imana.”
Iyo dayimoni yifatiye uwo muntu mu vy’ukuri ni umwe mu bamarayika ba Shetani. Yezu arayikankamira ati: “Hora, muvemwo.”
Nuko, ya dayimoni ikubita uwo muntu hasi yamukongataje, irahogora n’ijwi riherejeko. Ariko iva muri nya mugabo ata co imugize. Umuntu wese agwa mu gahundwe! Barabaza bati: “Iki n’iki? . . . N’ububasha agera n’impwemu zihumanye na zo, zikamwumvira.” Iyo nkuru ikwiragira mu karere kose kahakikuje.
Yezu n’abigishwa biwe bava mw’isinagogi, baja i muhira kwa Simoni, ari we Petero. Ngaho, inabukwe wa Petero ararwaye cane inyonko ikaze. Baratakamba bati: ‘Enda se mufashe.’ Nuko Yezu aregera, amufata ukuboko, aramuvyura. Buno nyene aca arakira, atangura kubategurira amazimano!
Handihato, izuba rirenze, abantu bava iyo n’iyo batangura kuza ku muhana kwa Petero bazanye abarwayi. Bidatevye igisagara cose kiba catororokaniye imbere y’umuryango! Maze Yezu akiza abarwayi babo bose, baba abarwaye indwara zimeze gute. Mbere n’abiziziwe n’amadayimoni arayabakiza. Nya madayimoni Yezu yirukanye abavuyemwo, arasemerera ati: “Ur’Umwana w’Imana.” Ariko Yezu arayakankamira, aranayankira kuvuga kubera azi ko ari we Kirisitu. Mariko 1:21-34; Luka 4:31-41; Matayo 8:14-17.
▪ Ni ibiki biba mw’isinagogi kw’Isabato inyuma y’aho Yezu ahamagariye abigishwa biwe bane?
▪ Yezu aja hehe avuye kw’isinagogi, kandi ahakorera igitangaro ikihe?
▪ Ni ibiki bishika handihato kuri uwo mugoroba nyene?