Ikigabane ca 40
Yezu Atanga Icigwa mu vy’Ikigongwe
YEZU ashobora kuba akiri i Nayini, aho aherutse kuzura umuhungu w’umupfakazi, canke akaba agendeye igisagara kiri mu micungararo. Umufarizayo yitwa Simoni yipfuza kwitegereza neza uwo ariko arakora mwene ivyo bikorwa bitangaje. Nuko atumira Yezu ngo basangire ibifungurwa.
Kubera ko Yezu abona ko ako ari akaryo aronse ko kugira ico akoreye abahari, nya butumire arabwemera nk’uko nyene yemeye ubutumire bw’ugufungurana n’abatozakori be n’abanyavyaha. Yamara Yezu yinjiye mu nzu kwa Simoni, ntiyitwararikanwa igishika nk’uko bisanzwe bigirirwa abashitsi.
Ibirenge vyambaye inkweto birashuha kandi bigacafura bitewe n’ukugendagendera mu mayira y’umukungugu, kandi ukwuhagiza ibirenge vy’abashitsi amazi apfutse gisanzwe ari igikorwa kiranga umutima w’ukwakira abashitsi. Ariko Yezu ashitse, ibirenge vyiwe ntivyozwa. Eka mbere habe n’ukumwakiriza ukumusoma, bikaba ari ikintu gisanzwe kigirwa. Na ya mavuta basanzwe basiga umushitsi ntaboneka ngo asigwe umushatsi wiwe.
Mu gihe bariko barafungura rero, magingo abashitsi bari ku meza, umugore atatumiwe yinjira muri ico cumba adakoma akatsi. Muri ico gisagara azwi ko ari umushurashuzi. Bisa n’uko yumvise inyigisho za Yezu, ushizemwo na bwa butumire yatanga ngo ‘abaremerewe bose baze kuri we abaruhure.’ Kubera ko nya mugore yashitswe ku mutima n’ivyo yabonye be n’ivyo yumvise, vyatumye rero arondera Yezu.
Nya mugore aregera inyuma ya Yezu ku meza hanyuma arapfukama imbere y’ibirenge vyiwe. Uko amarira y’uwo mugore atibagurikira ku birenge vya Yezu, ayahanaguza umushatsi wiwe. Yakira kandi amavuta amota mw’ikebano ryiwe, hanyuma uko asomagura ibirenge vyiwe akaza arabisukako nya mavuta. Simoni ivyo ariko aravyitegereza bitamushimisha. Yiyumvira ati: “Uyu muntu iyaba ūvugishwa n’Imana, yari kumenya uyu mugore amukozeko, ukw ari kand’ukw asa, kw ar’umunyavyaha.”
Yezu atahura ukwiyumvira kwiwe, avuga ati: “Simoni, mfise ico ngomba kukubgira.”
Simoni arishura ati: “Mbarira, Mwigisha.”
Yezu aratangura ati: “Hābaye umuntu yagurāna, yari afise abari mu mwenda wiwe babiri. Umwe yari amufitiye idenariyo amajana atanu, uwundi mirongwitanu. Maze badafise ico kumwishura, azibahebera bompi. Mbeg’ūzorushiriza kumukunda n’uwuhe?”
Simoni kumbure asa n’uwutanezwe ivy’ico kibazo gisa n’ikitajanye n’ibiriko biraba, arishura ati: “Ngira ngo n’uwo yahebeye nyinshi.”
Yezu ati: “Uvuze ukuri.” Hanyuma maze ahindukirira wa mugore, abwira Simoni ati: “Urabona uyu mugore? Ninjiye mu nzu yawe, ntiwampa amazi yo kwoga ibirenge: arik’uyu antonyangirije amosozi ku birenge, abihanaguza umushatsi wiwe. Ntiwansomye; arik’uyu uhereye aho ninjiriye ntiyasizeho kunsomagura ibirenge. Ntiwansutse amavuta ku mutwe: arik’uyu ansīze amavuta atāmirana ku birenge.”
Nya mugore atanze rero ikimenyamenya c’uko yihanye bivuye ku mutima ubushurashuzi yahoramwo. Nuko Yezu asozera ati: “Iki ni co gitumye nkubgira yukw ahariwe vya vyaha vyiwe vyinshi; kuko yagize urukundo rwinshi: arik’ūhariwe bike agira urukundo ruke.”
Yezu ntariko namba avugira canke yirengagiza ubushurashuzi. Ahubwo ico kintu cabaye kirahishura ukuntu atahurana ikibabarwe abantu bakora amakosa mu buzima ariko maze bakagaragaza ko nya makosa abababaje, hanyuma rero bakaza kuri Kirisitu kugira ngo abaremurure. Mu kuruhurira vy’ukuri nya mugore, Yezu avuga ati: “Urahariwe ivyaha vyawe. . . . Ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro.” Luka 7:36-50; Matayo 11:28-30.
▪ Yezu yakiriwe gute na Simoni yamutumiye?
▪ Ni nde arondera Yezu, kandi kubera iki?
▪ Ni akarorero akahe Yezu atanga, kandi yerekana ko gasobanura iki?