ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 41
  • Bamugirirako Ibihari

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bamugirirako Ibihari
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Ni nde amuha ububasha bwo gukora ibitangaro?
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • “Ntihigeze Kuboneka Umuntu Avuga nka We”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • “Munyigireko”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Yezu akiza umuntu kw’Isabato
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 41

Ikigabane ca 41

Bamugirirako Ibihari

HACIYE igihe gitoyi bamwakiriye ku nzu kwa Simoni, Yezu atangura urugendo rugira kabiri rw’ukwamamaza inkuru nziza i Galilaya. Ku ruheruka yari yagize muri ako karere, yari yaherekejwe n’abigishwa biwe ba mbere, ari bo Petero, Andereya, Yakobo na Yohani. Ariko ubu za ntumwa 12, hamwe n’abagore bamwebamwe, baramuherekeza. Muri abo harimwo Mariya Magadalene, Susana, na Yowana uwabiriwe n’umugabisha w’ingabo w’Umwami Herode.

Uko umurimo wa Yezu utera uja imbere, ni ko ibihari vyongerekana ku biraba igikorwa akora. Bazana kuri Yezu umugabo yiziziwe n’amadayimoni, akaba kandi ari impumyi kandi adashoboye kuvuga. Yezu amaze kumukiza ku buryo ya madayimoni amuvako araheza arashobora kuvuga no kubona, ishengero ry’abantu rirumirwa pe. Batangura kuvuga bati: “Mbeg[a] uyu yoba wa mwana wa Dawidi?”

Ishengero rirakorana ari ryinshi iruhande y’iyo nzu Yezu acumbitsemwo, ku buryo we be n’abigishwa biwe badashobora no gufungura utwokurya. Turetse abo biyumvira yuko ashobora kuba wa “mwana wa Dawidi” yasezeranwa, hariho abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo baje bavuye i Yeruzalemu hose, ngo bamutyoze. Incuti za Yezu aho zumviye uruhagarara ruriho ku biraba Yezu, baza kumufata. Mbega bamufatira iki?

Mbere na benewabo na Yezu gushika ubu ntibaremera yuko ari Umwana w’Imana. Vyongeye, urwamo rw’abantu hamwe n’induru yakweze ntaho bisa bisana n’umwe Yezu bari bazi igihe yari acarukira i Nazareti. Ni co gituma biyumvira ko hoba hari ikintu kitagenda neza mu mutwe wa Yezu. Bavuga bati: “Yasaze,” hanyuma bashaka kumufata ngo bamutware.

Yamara birigaragaza neza yuko Yezu yakijije wa mugabo yari yiziziwe n’amadayimoni. Nya banyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo barazi yuko badashobora guhakana ko ivyo ari ukuri. Kugira ngo batyoze Yezu rero, babwira abantu bati: “Uyu ntashobozwa n’ikindi gusenda abadayimoni, atari Beyezebuli, umukuru w’abadayimoni.”

Yezu amenya ivyiyumviro vyabo, ahamagara ba banyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo, hanyuma avuga ati: “Ubgami bgose iyo bgitandukanije ubgabgo burahona. Igisagara cose n’umuryango wose iyo vyitandukanije ntibirama. Na Satani, yosenda Satani, yoba yitandukanije ubgiwe; non’ubgami bgiwe bgorama bute?”

Mbega iciyumviro cumvikana bimwe vy’agakura! Kubera ko Abafarizayo bavuga yuko hari abantu bo muri bo nyene birukanye amadayimoni, Yezu yongera kubaza ati: “Jewe namba Beyezebuli ari we anshoboza gusenda abadayimoni, abana banyu bashobozwa na nde kubasenda?” Mu yindi mvugo, ibirego barega Yezu na bo nyene bakwiye rero kubiregwa. Yezu rero abura ati: “Ariko [im]pwemu [y]’Imana ni yaba ari [yo i]nshoboza gusenda abadayimoni, noneh’ubgami bg’Imana burabashikiriye.”

Mu kubaha akarorero k’uko ukwirukana amadayimoni kwiwe ari ikimenyamenya c’ububasha afise kuri Shetani, Yezu avuga ati: “Non’umuntu yoshobora ate kwinjira mu nzu y’umuntu w’inkomezi kumusahura ibintu atabanje kuboha wa munyenkomezi? Maz’akabona kumusahura ivyo mu nzu yiwe. Ūtamperereyeko n’umwansi wanje, kand’ūdasukiranya nanje arasanzaza.” Birumvikana ko ba Bafarizayo barwanya Yezu, bakiyerekana ko ari abakozi ba Shetani. Bariko basanzaza Abisirayeli babakura kuri we.

Kubera ico, Yezu aburira abo bene kumurwanya bakoreshwa na Shetani yuko ‘kurogota ku mpwemu ari icaha kitazobabarirwa.’ Asigura ati: “Umuntu wese azodedemba ku Mwana w’umuntu azobiharirwa, arik’ūdedemba [ku m]pwemu [y]era ntazobiharirwa, naho hoba mur’iki gihe canke mu gihe kizoza.” Abo banyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo bakoze ico caha kidaharirwa mu kwitirira Shetani igikorwa vyigaragaza ko ari ic’impwemu yera y’Imana, babigiranye agatima kabi. Matayo 12:22-32; Mariko 3:19-30; Luka 8:1-3; Yohana 7:5.

▪ Urugendo rugira kabiri Yezu agira i Galilaya rutandukaniye hehe n’urwa mbere?

▪ Ni kubera iki incuti za Yezu zigerageza kumufata?

▪ Abafarizayo bagerageza gute gutyoza ibitangaro Yezu akora, hanyuma Yezu akabahinyuza ate?

▪ Abo Bafarizayo bagirwa n’ikihe kibi, kandi kubera iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika