ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 45
  • Umuntu Adasa n’Uwobaye Umwigishwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umuntu Adasa n’Uwobaye Umwigishwa
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Yirukana amadayimoni menshi
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ububasha Yezu afise ku madayimoni
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ukuri kwerekeye abamarayika
    Bibiliya itwigisha iki?
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 45

Ikigabane ca 45

Umuntu Adasa n’Uwobaye Umwigishwa

YEZU ariko aragendagenda ku nkengera y’ikiyaga, abona ibintu biteye ubwoba! Abagabo babiri bakaze bidasanzwe basokorotse bava mw’itongo ry’abapfuye riri mu micungararo, baza birukanga bamugana. Ni abiziziwe n’amadayimoni. Kubera ko umwe muri bo ashobora kuba akaze kuruta uwundi, akaba kandi yaracumukuye cane yiziziwe n’amadayimoni, ni we avugwa cane.

Uwo mugabo ateye ikigongwe amaze igihe kirekire abaho yambaye ubusa hagati y’imva. Aguma akoma induru kandi akikebaguza amabuye adasiba, ijoro n’umurango. Ni inkazi cane ku buryo ata muntu n’umwe arinduka ngo ace muri iyo nzira. Baragerageje kenshi kumuboha, ariko iminyororo aboheshwa arayivutagura, n’ivyuma aboheshejwe ku maguru akabicagagura. Nta muntu n’umwe afise inguvu zo kumucinya.

Nya mugabo yegereye Yezu hanyuma akikubita ku birenge vyiwe, ya madayimoni amukoresha atuma yaturuka avuga ngo: “Duhūriye hehe ga Yesu Mwana w’Imana isumba vyose? Ndakurahiye Imana, ntumbabaze agashinyaguro.”

Yezu aguma avuga ati: “Va mu muntu, wa mpwemu ihumanye.” Ariko maze Yezu abaza ati: “Witwa nde?”

Asubizayo ati: “Gitero ni ryo zina ryanje kuko turi benshi.” Amadayimoni araryoherwa kubona abo ashoboye kwizizira bariko baracumukura, bikaboneka yuko ahimbarwa no gutera umuntu umwe ari menshi kandi afise akoba. Ariko aho ahuriye na Yezu, aratakamba ngo ntarungikwe mu gisumanyenzi. Turongera rero tukabona yuko Yezu yari afise ububasha buhambaye; yari ashoboye kunesha n’amadayimoni mabi. Ivyo birahishura kandi yuko amadayimoni azi ko ugutabwa mu gisumanyenzi kwayo hamwe n’indongozi yayo, Shetani wa Mucokoranyi, ari rwo rubanza amaherezo Imana izoyacira.

Hari ubusho bw’ingurube nk’2.000 ziriko zirarisha hafi yaho ku musozi. Nuko ya madayimoni avuga ati: “Turungike muri ziriya ngurube, tuzinjiremwo.” Biboneka yuko amadayimoni hari ukuntu aryoherwa bidasanzwe mu kwinjira mu biremwa bifise umubiri w’inyama. Yezu ayarekuriye kwinjira muri za ngurube, zose uko ari 2.000 zirawuha, zimandagara umusozi n’epfo, zita mu kiyaga.

Aho bene kuragira izo ngurube babiboneye, baca barirukanga baja gushikiriza iyo nkuru mu gisagara no mu misozi. Kuri ivyo, abantu barashwabaduka kuraba ibibaye. Bashitse, babona wa mugabo amadayimoni yasokorokamwo. Babona arambaye, eka n’ubwenge bwiwe bukora neza, yicaye imbere y’ibirenge vya Yezu!

Abavyiboneye bigana ukungene nya mugabo yakijijwe. Baranabwira abantu ukuntu za ngurube zapfuye mu buryo bw’igitangaza. Aho abantu bavyumviye, batekerwa n’ubwoba bwinshi, hanyuma binginga Yezu bashimitse ngo ave mu karere iwabo. Nuko aravyemera, yurira ubwato. Umwe yahoze yiziziwe n’amadayimoni atakambira Yezu ngo amureke bajane. Ariko Yezu amubwira ati: ‘Ja i muhira i wawe mu b’i wanyu, ubabarire ivyo Yehova agukoreye vyose, kandi ingene akugiriye ikigongwe.’

Yezu ubusanzwe ategeka abo akijije ngo ntibagire n’umwe babwira, kuko adashaka ko abantu baca biha ivyiyumviro bishimikije inkuru z’ishwashwa bumvise. Ariko vyari bibereye ko uwo we amureka akabivuga, kubera ko ubu aja gushinga intahe mu bantu Yezu ataza kumbure kuronkera akaryo ko gushikira. Vyongeye, uwo muntu ahibereye biraza gutanga ikimenyamenya cerekeye ububasha Yezu afise bwo gukora iciza, bibeshuze ivyo abantu bavuga vyose bitari vyo vyohava bikwiragizwa ku vyerekeye ihona ry’izo ngurube.

Uwari yahoze yiziziwe n’amadayimoni akurikiza ivyo Yezu amubwiye, aragenda. Atangura kwamamaza i Dekapoli hose ibintu vyose Yezu yamugiriye, abantu na bo bagwa mu gahundwe. Matayo 8:28-34; Mariko 5:1-20; Luka 8:26-39; Ivyahishuriwe 20:1-3.

▪ Ni kubera iki kumbure mu bantu babiri bari biziziwe n’amadayimoni umwe gusa ari we avugwa cane?

▪ Ni igiki cerekana yuko amadayimoni azi yuko mu gihe cimirije azotabwa mu gisumanyenzi?

▪ Bisa n’uko ari kuki amadayimoni aryoherwa no kwizizira abantu n’ibikoko?

▪ Ni kuki Yezu abwira uwari yahoze yiziziwe n’amadayimoni ngo aje kubwira abandi ivyo yamugiriye, kandi atari asanzwe abigira?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika