Ikigabane ca 46
Umugore Yakoze ku Vyambarwa Vyiwe
INKURU y’uko Yezu yagarutse avuye i Dekapoli ikwira i Kaperinawumu, hanyuma ishengero rinini riteranira iruhande y’ikiyaga kugira bamuhe ikaze. Nta nkeka barumvise yuko yahagaritse igihuhusi kandi agakiza abagabo bari biziziwe n’amadayimoni. Ubu rero, yururutse ubwato, batororokanira iruhande yiwe barindiranye igishika kandi batamariwe.
Umwe mu bahahamiye kubona Yezu ni Yayiro, umukuru ahagarikiye isinagogi. Yikubita imbere y’ibirenge vya Yezu hanyuma aramutakambira kenshi ati: “Akana kanje k’agakobga kari ku mpfiro, ndakwinginze, n’uze se, umurambikekw ibiganza, akire, abeho.” Kubera ko ako kigeme ari ko kana konyene yari afise kandi kakaba kamaze imyaka 12 gusa, kuri Yayiro kari n’agaciro bimwe bidasanzwe.
Yezu aramwemerera, hanyuma agenda yerekeza ku nzu kwa Yayiro aherekejwe n’iryo sinzi. Turashobora kwiyumvira akanyamuneza abantu barimwo uko biteze ikindi gitangaro. Ariko muri iryo shengero hari umugore umwe arajwe ishinga n’ingorane yifitiye ikomeye.
Uwo mugore amaze imyaka 12 yose arwaye ubutinyanka bw’urudaca. Yaratarataje ku baganga batandukanye, ava kuri uyu aja kuri uriya, amahera yiwe yose ayamarira ku miti. Ariko ntaco vyamumariye; ahubwo ingorane yiwe yarunyutse.
Nk’uko kumbure ushobora kubitegera, uretse ko iyo ndwara arwaye imusinzikaje cane, iranamuteza ibimaramare ikanamutetereza. Mu bisanzwe umuntu arwaye mwene iyo ndwara ntabivugira mu bantu. Vyongeye mu gihe c’Ivyagezwe vya Musa, ubutinyanka bwatuma umugore aba uwuhumanye, kandi uwo wese amukozeko canke agakora ku vyambarwa vyiwe biramvyeko ayo maraso yasabwa kwiyuhagira kandi akaba uwuhumanye gushika ku mugoroba.
Uwo mugore yarumvise ivy’ibitangaro Yezu akora, none aramwiboneye. Kubera ubuhumane bwiwe, yicira inzira muri rya sinzi aricamwo anyororomba uko bishoboka, yibwira ati: “N’iyo nokora ku mpuzu ziwe gusa, nokira.” Abigize, buno nyene aca yumva bwa butinyanka burakamye!
Yezu abaza ati: “Ni nde ankozeko?” Ese ntuze ingene ayo majambo ya Yezu ategerezwa kuba arahura umutima uwo mugore! Mbega yabimenye ate? Petero araharira ati: ‘Mwigisha, wewe ishengero rigutaye hagati rikubānda, nawe ngo “Ni nde ankozeko?” ’
Yezu areraguza arondera wa mugore, avuga ati: “Har’ūnkozeko, kuko numvise ubushobozi bumvuyemwo.” Si ivy’imbeshere, ntikwabaye ugukorwako gusanzwe, kuko ukwo gukizwa gutwara nkeyi ku nguvu za Yezu.
Kubera yuko uwo mugore abonye ko bamubonye, araza yikubita hasi imbere ya Yezu, atekewe n’ubwoba, ahinda agashitsi. Imbere y’abantu bose, avugisha ukuri ivy’indwara yari arwaye n’ukuntu ahejeje gukira.
Yezu avyuriwe impuhwe n’ukuntu uwo mugore yivugiye ivyiwe ataco ahisha, aramuhumuriza n’ikibabarwe cinshi ati: “Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro, ukire rwose icago cawe.” Ese ukuntu ari vyiza kumenya ko Uwo Imana yatoranije ngo aganze isi ari umuntu nk’uwo w’ikibabarwe kandi w’imbabazi, uwubabara abantu akaba kandi afise ububasha bw’ukubafasha! Matayo 9:18-22; Mariko 5:21-34; Luka 8:40-48; Abalewi 15:25-27.
▪ Yayiro ni nde, kandi azanwa n’iki kuri Yezu?
▪ Ni ingorane nki umugore umwe afise, kandi ni kuki bimugora kuza kuri Yezu ngo amufashe?
▪ Uwo mugore akira ate, Yezu na we amuhumuriza ate?