Ikigabane ca 47
Amosozi Yahindutse Akanyamuneza Kadasanzwe
AHO Yayiro aboneye wa mugore yahorana ubutinyanka bw’urudaca akijijwe, ntabura kurushiriza kwizigira ububasha Yezu afise bwo gukora ibitangaro. Mu gitondo c’uwo musi, Yezu yari yasabwe na Yayiro kuza ngo atabare umukobwa wiwe yakunda w’imyaka 12, uwagira acikane. Ariko rero ubu, ico Yayiro yatinya kuruta ibindi vyose kirashika. Bugingo Yezu akiriko aravugana na wa mugore, hari abagabo bahashitse hanyuma bongorera Yayiro bati: “Wa mwana wawe aracīkānye, uracagorera iki Umwigisha?”
Ewe kuntu iyo nkuru ica ivutu! Vyiyumvire nawe: Uwo mugabo arubahwa cane muri ako karere, ariko ubu arabuze uko agira aho yumviye ivy’urupfu rw’umukobwa wiwe. Ariko rero Yezu aravyumva. Nuko, ahindukirira Yayiro, avuga amuremesha ati: “Ntutinye, wizere gusa.”
Yezu aherekeza uwo mugabo yishwe n’intuntu, bajana i muhira iwe. Bashitse, basangaho akaruru kanini k’ukurira n’ukuboroga. Isinzi ry’abantu ryatororokanye, kandi ririyambagura kubera intuntu. Yezu yinjiye, abaza ati: “N’iki gitumye mukoma induru murira? Umwana ntahwereye, arikw arasinziriye.”
Aho bumviye ivyo, nya bantu batangura gutwengera Yezu mw’ijigo kubera bazi ko uwo mukobwa yapfuye agashika. Ariko rero Yezu avuga yuko asinziriye gusa. Akoresheje ububasha yahawe n’Imana, araja kwerekana yuko abantu bapfuye bashobora gusubizwa bazima bitagoranye nka kumwe bashobora gukangurwa mw’itiro.
Yezu ubu asohora bose hanze kiretse Petero, Yakobo, Yohani, be na nyina na se ba nya mukobwa yapfuye. Maze ajana n’abo batanu aho nya mukobwa arambaraye. Yezu amufata ukuboko, avuga ati: “Talisa kumi,” bigasobanura ngo “Gakobga, ndakubariye, nti Vyuka.” Hanyuma buno nyene nya mukobwa aravyuka, atangura kugendagenda! Abavyeyi biwe ivyo babibonye bagira umunezero udasanzwe.
Yezu ahejeje kubabwiriza ngo bahe nya mwana ivyo afungura, ategeka Yayiro n’umukenyezi wiwe kutagira n’umwe babwira ibibaye. Ariko naho Yezu avuze ukwo, ivyo bintu biravugwa muri iyo ntara hose. Uwo ni we muntu agira kabiri Yezu azuye. Matayo 9:18-26; Mariko 5:35-43; Luka 8:41-56.
▪ Ni inkuru nyabaki Yayiro aronka, hanyuma Yezu amuremesha ate?
▪ Ibintu vyari vyifashe gute igihe bashitse i muhira kwa Yayiro?
▪ Ni kuki Yezu avuga yuko wa mwana yapfuye asinziriye gusa?
▪ Abantu batanu bari kumwe na Yezu biboneye iryo zuka ni bande?