ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 66
  • Ku Misi Mikuru y’Amahema

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ku Misi Mikuru y’Amahema
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • I Yeruzalemu ku musi mukuru w’insago
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • ‘Igihe Ciwe Nticaribwagere’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • “Ntiharigera haboneka umuntu avuga nka we”
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yigisha ariko aja i Yeruzalemu
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 66

Ikigabane ca 66

Ku Misi Mikuru y’Amahema

YEZU yabaye rurangiranwa mu gihe c’imyaka hafi itatu kuva abatijwe. Abantu ibihumbi vyinshi barabonye ibitangaro akora, inkuru zivugwa ku mirimo arangura na zo zikaba zakwiragiye mu gihugu cose. Ubu na ho abantu batororokanye ngo bagire Imisi Mikuru y’Amahema i Yeruzalemu, barahamurondera. Babaza bati: “Mbega wa wundi ari hehe?”

Yezu asigaye aharirirwako. Bamwe bavuga ngo “n’umuntu mwiza,” abandi na bo ngo “oya, arazimiza abantu.” Mu misi ya mbere y’iryo himbaza, haraba ibiganiro mwene ivyo bitaja ntibize. Yamara nta n’umwe yubahuka kuvugira Yezu imbere y’abantu. Ivyo ni kubera ko abantu batinya kuryagagurwa n’indongozi z’idini y’Abayuda.

Iyo misi mikuru igeze hagati, Yezu arashika. Araduga ku rusengero, aho abantu batangarizwa n’ubuhanga bwiwe bwo kwigisha. Kubera ko Yezu atigeze aja mu mashure y’Abarabi, Abayuda baja mu vyo kwibaza bati: “Mbeg’uyu yakūye ubgenge hehe, atigishijwe [mu mashure]?”

Yezu arabasigurira ati: “Izi nyigisho [nigisha] s’izanje, n’iz’uwantumye. Ni hāba har’ūgomba gukora ivyo uwo akunda, azomenya izi nyigisho, ko zavuye ku Mana, canke ko mbivuga mvyigeneye.” Inyigisho za Yezu ziguma zibanda ku vyagezwe vy’Imana. Gutyo, bikwiye kwibonekeza yuko ariko arondera ubuninahazwa bw’Imana, atari ubwiwe bwite. Yezu ababaza ati: “Mbega Mose si we yabahaye ivyagezwe?” Mu kubahambarira, avuga ati: “Muri mwebge nta n’umwe yitondera ivyo vyagezwe.”

Yezu aca arababaza rero ati: “Muronderera iki kunyica?”

Abantu bari muri iryo sinzi, kumbure bakaba ari abashitsi baje kuri iyo misi mikuru, ivy’utwo twigoro two kumwica ntavyo bazi. Ntibumva ingene hogira umuntu ashaka kwica umwigisha w’igitangaza nk’uwo. Ni kwo kwibaza ko hategerezwa kuba hari ikitagenda neza muri Yezu kubona yiyumvira ibintu nk’ivyo. Bamubwira bati: “Urimwo dayimoni! Ni nde ashaka kukwica?”

Indongozi z’Abayuda zishaka ko Yezu yicwa, naho nyene iryo sinzi ryo rishobora kuba ritabibona. Igihe Yezu yakiza umuntu kw’Isabato, ubu hakaba haciye umwaka n’igice, izo ndongozi zaragerageje kumwica. None ubu Yezu adoma urutoke ku vy’uko batiyumvira neza, mu kubabaza ati: “K’umuntu akebga kw isabato, kugira ngw icagezwe ca Mose ntimukirenge, none jewe mumpōra iki ko kw isabato nakijije umuntu yiramvuriye? Ntimupfe guca imanza ku biboneka, ariko muce imanza z’ukuri.”

Ababa i Yeruzalemu, abazi neza uko ibintu vyifashe, buno bavuga bati: “Mbeg’uwo si we bashaka kwica? Ehe avuga akararamango, nta co baruha bamubgira. Mbega harya abakuru bemeye vy’ukuri k’uyo ari we Kristo?” Abo bantu baba i Yeruzalemu barasigura igituma batemera yuko Yezu ari we Kirisitu, bati: “Uyo ko tuzi aho yaturutse, ariko Kristo ah’azozira, nta wuzi ah’azoturuka.”

Yezu arishura ati: “Jewe muranzi, n’aho naturutse murahazi, kandi sinaje nitumye, arik’uwantumye n’uw’ukuri, mwebge ntimumuzi; jeho ndamuzi, kuko navuye kuri we, kand’ari we yantumye.” Avuze iryo, bagerageza kumushorerako amaboko, kumbure ngo bamushire mw’ibohero canke bamwicishe. Yamara ntivyabakundira kuko atari co gihe c’uko Yezu apfa.

Mugabo, benshi barizera Yezu, nk’uko vy’ukuri bakwiye kubigira. Kanatsinda, yaragendagendeye ku mazi, arahoza imiyaga, arahwekereza ibiyaga bisuriranywa n’igihuhusi, aragaburira abantu ibihumbi ku gitangaro akoresheje udukate n’udufi dukeyi, arakiza abarwaye, aratuma ibimuga bitambuka, arahumura amaso y’impumyi, arakiza abanyamibembe, aranazura abapfuye. Nuko babaza bati: “Kristo ni yaza, mugira ngw azokora ibimenyetso vyinshi birengeye ivyo uyu akora?”

Aho Abafarizayo bumviye rya sinzi ryidodomba ivyo bintu, bo hamwe n’abaherezi bakuru barungika abagendanyi ngo bafate Yezu. Yohana 7:11-32.

▪ Yezu yashitse ku misi mikuru ryari, kandi ni ibiki abantu bariko bavuga kuri we?

▪ Ni igiki coba caratumye abantu bavuga ko Yezu arimwo idayimoni?

▪ Abantu baba i Yeruzalemu Yezu bamwibazako iki?

▪ Ni kuki benshi bizeye Yezu?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika