ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 67
  • Bananirwa Gufata Yezu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bananirwa Gufata Yezu
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • “Ntiharigera haboneka umuntu avuga nka we”
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yigisha Nikodemu mw’ijoro
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yezu Yigisha Nikodemu
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • ‘Igihe Ciwe Nticaribwagere’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 67

Ikigabane ca 67

Bananirwa Gufata Yezu

BUGINGO Imisi Mikuru y’Amahema ikibandanya, za ndongozi z’idini zirungika abagendanyi b’abapolisi gufata Yezu. Ntagerageza kwinyegeza. Ahubwo aguma yigisha imbere y’abantu, avuga ati: “Hasigaye igihe gito nkiri kumwe namwe, nkaja ku wantumye. Muzondondera, ariko ntimuzombona, kand’iyo nzoba ndi ntimuzoshobora gushikayo.”

Abayuda ntibatahura, nuko batangura kubazanya bati: “Mbeg’uyo agira aje hehe, aho twebge tutazoshobora kumubona? Agira aje mu bāsābagiye mu Bagiriki, ngw aze yigishe Abagiriki? Mbeg’iryo jambo atubgiye n’iriki, ngo Muzondondera, ariko ntimuzombona, kandi ngw Iyo nzoba ndi mwebge ntimuzoshobora gushikayo?” Yezu ni ivyumvikana ko ariko avuga ivyerekeye urupfu rwiwe rwimirije hamwe n’ukuzukira ubuzima bwo mw’ijuru, aho abansi biwe batazoshobora kumukurikira.

Umusi ugira indwi ari wo wa nyuma wo muri iyo misi mikuru urashika. Buri gitondo c’iyo misi mikuru, umuherezi arasesa amazi, ayo aba yakuye mw’Ibenga ry’i Silowamu, ku buryo atemba kw’isaso ry’igicaniro. Kumbure mu kwibutsa abantu ivy’ivyo birori biba ku musi ku musi, Yezu atera akamo ati: “Namba har’ūfise inyota, n’aze kuri jewe, anywe. Ūnyizera, inzūzi z’amazi y’ubu[zima] zizotemba ziva mu nda yiwe, nk’ukw ivyanditswe bivuga.”

Mu vy’ukuri, ngaha Yezu ariko avuga ivyerekeye ingaruka zikomakomeye zohabaye igihe impwemu yera yosutswe. Umwaka ukurikira, iryo sukwa ry’impwemu yera ryabaye kuri Pentekote. Ngaho, imivo y’amazi y’ubuzima yaratemvye igihe abigishwa 120 batangura kwigisha abantu. Mugabo gushika ico gihe nta mpwemu yari ihari mu buryo bw’uko ata n’umwe mu bigishwa ba Kirisitu yaribwasigwe impwemu yera ngo ahamagarirwe ubuzima bwo mw’ijuru.

Bamwe bumvise inyigisho ya Yezu, batangura kuvuga bati: “N’ukuri uyu ni wa muntu avugishwa n’Imana,” bikaboneka ko bariko bavuga umuhanuzi yari yarasezeranywe ko yoje aruta Musa. Abandi bavuga bati: “Uyu ni we Kristo.” Mugabo abandi batera akagere bati: “Mbega Kristo yova i Galilaya? Mbega icanditswe ntikivuga ko Kristo azova mu ruvyaro rwa Dawidi, i Betelehemu, wa musozi Dawidi yabako?”

Nuko iryo sinzi ry’abantu ritangura kwicamwo ibice. Bamwe bashaka ko Yezu afatwa, ariko nta n’umwe amukozako ukuboko. Aho ba bagendanyi b’abapolisi bagarukiye batazanye Yezu, abaherezi bakuru n’Abafarizayo babaza bati: “Ko mutamuzanye?”

Nya bagendanyi barishura bati: “Erega ntihigeze kuboneka umuntu avuga nka we?”

Za ndongozi z’idini buzurwa n’ishavu, baja mu vy’ugutyekeza, bavuga ibintu uko bitari bongera batukana. Batwengera mw’ijigo bati: “Mbega namwe mwajimijwe? Har’umukuru n’umwe yamwizeye, cank’Umufarisayo? Arikw abo bantu batazi ivyagezwe n’ibivume.”

Bavuze ivyo, Nikodemo, Umufarizayo akaba n’umutegetsi w’Abayuda (ni ukuvuga, umwe mu bagize Sentare y’Abayuda), arubahuka kuvugira Yezu. Ngirango uribuka yuko imyaka ibiri n’igice imbere yaho, Nikodemo yaje kuri Yezu mw’ijoro hanyuma agaserura yuko amwizeye. Ubu na ho Nikodemo avuga ati: “Mbeg’ivyagezwe vyacu biratsindisha umuntu batabanje kumwumva no kumenya ico yakoze?”

Ba Bafarizayo barākazwa no kubona uwo muri bo bwite arwanirira Yezu. Bamubwira bamutyekeza bati: “Mbega nawe ur’uw’i Galilaya? Sesa urābe yuko har’ūvugishwa n’Imana yova i Galilaya.”

Naho Ivyanditswe bitavuga bitomoye yuko umuhanuzi yovuye i Galilaya, birerekana yuko Kirisitu ari ho ava, bikavuga yuko “umuco mwinshi” wobonekeye muri iyo ntara. Vyongeye, Yezu yavukiye i Betelehemu, akaba yari uwukomoka kuri Dawidi. Naho Abafarizayo kumbure ivyo babizi, bisa n’uko ari bo bakwiza ivyiyumviro bitari vyo abantu bafise kuri Yezu. Yohana 7:32-52; Yesaya 9:1, 2; Matayo 4:13-17.

▪ Ni ibiki bishika mu gitondo cose co kuri iyo misi mikuru, kandi ni gute Yezu ashobora kuba ari vyo yariko aravuga?

▪ Ni kuki abo bagendanyi bananiwe no gufata Yezu, kandi za ndongozi z’idini bavyakiriye gute?

▪ Nikodemo yari nde, kandi yabona gute Yezu, vyongeye yafashwe gute n’Abafarizayo bagenziwe?

▪ Ni ibiki vyerekana yuko Kirisitu yovuye i Galilaya?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika