Ikigabane ca 74
Impanuro Yahawe Marita, n’Inyigisho Yerekeye Isengesho
MU GIHE Yezu ariko ararangura igikorwa ciwe i Yudaya, arinjira mu gisagara c’i Betaniya. Aho ni ho Marita, Mariya hamwe na musaza wabo Lazaro baba. Kumbure Yezu yarahwanye n’abo batatu imbere yaho mu gikorwa ciwe, kandi akaba rero amaze kubabera umugenzi wa cane. Ivyo ari vyo vyose, Yezu ubu agiye i muhira kwa Marita kandi uno amwakira neza.
Marita arashashaye guha Yezu ibintu birushirije kuba vyiza mu vyo afise. Si ivy’imbeshere, ni iteka rihambaye kugenderwa na Mesiya yari yarasezeranywe! Ni co gituma Marita aja mu vyo gutegura icibo kinoboye kandi akitwararika ido n’ido ry’ibindi bintu vyinshi bigenewe gutuma igihe Yezu ahamara kiba igihimbaye kandi c’akanyamuneza.
Mugabo mwenewabo na Marita ari we Mariya we yicaye hasi imbere y’ibirenge vya Yezu, amutega amatwi. Haciye akanya, Marita aregera Yezu, amubwira ati: “Mugenzi, ntibikubabaje yuko mwene mama yantereranye ibikorwa? Nuko mubarire amfashe.”
Ariko Yezu yanka kubwira Mariya ikintu na kimwe. Ahubwo, ahanura Marita kutitwararika birenze urugero ibintu vy’umubiri. Amukangirana ubuntu ati: “Marita, Marita, urīganyira wigora muri vyinshi: arikw [“ibintu bikeyi ni vyo bikenewe, canke kimwe gusa,” NW].” Yezu ariko avuga yuko bidakenewe kumara umwanya munini cane ategura ivyibo vyinshivyinshi. Ivyibo bikeyi gusa biramaze, canke mbere kimwe.
Imigabo ya Marita ni myiza; ashaka kwakira neza umushitsi. Yamara, kubera ukwitwararikana amaganya ibintu vy’umubiri, arahomba ku karyo ko kuronka inyigisho we ubwiwe yokwiyumviye ku Mwana w’Imana bwite! Nuko Yezu asozera avuga ati: “Mariya [y]ahisemw’umugabane mwiza, atazokwakwa.”
Mu nyuma, ikindi gihe, umwigishwa umwe abaza Yezu ati: “Mugenzi, twigishe gusenga, nk’uko Yohana yigishije abigishwa biwe.” Uwo mwigishwa ashobora kuba atari ho yari ari umwaka n’igice imbere y’ico gihe, aho Yezu yatanga isengesho ry’akarorero muri ya Nsiguro yashikiriza yo ku Musozi. Nuko Yezu asubiramwo inyigisho ziwe, mugabo aca abandanya atanga ikigereranirizo c’ugushimika ku vy’uko gusenga ari uguhozako.
Yezu atangura mu kuvuga ati: “Ni nde muri mwebge afise incuti yoja i we mu gicugu, akayibgira, ati Ncuti yanje, ngurana udutsima dutatu, kuko haje incuti yanje ivuye ku rugendo, nanje ntagira ico ndayizimana: uwo mu nzu yomwishura, ati Sigaho kungora, namaze kwugara, kandi turi kumwe n’abana banje ku buriri, sinshoboye kuvyuka ngo ndayiguhe. Ndababgire: Nah’atovyurwa n’ukw ar’incuti yiwe ngw ayimuhe, ariko kukw atagize isoni zo kumuhambira, aravyuka, akamuha ivy’agomba vyose.”
Muri iryo gereranya Yezu ntashaka kuvuga yuko Yehova Imana atagomba kwishura ivyo tumutakambiye, nk’ukwo kw’uwo mugenzi avugwa muri iyo nkuru yiganye. Oya, ahubwo ariko aragereranya yuko nimba n’umugenzi atagira umutima w’ugushaka atanga ivyo aguma asabwa, duce twibaza rero ukuntu Data wa twese wo mw’ijuru munyarukundo yorushiriza gutanga ivyo tumusaba! Nuko Yezu arabandanya rero ati: “Nanje ndababgire, [“gume musaba, muzohabwa; gume murondera, muzoronka; gume mudodora, muzokwugururirwa,” NW]. Kuk’ūsaba wese ahabga; ūrondera aronka, ūramutsa wese yugururirwa.”
Yezu maze afatira ku bavyeyi b’abantu kandi b’abanyagasembwa, b’abanyavyaha, avuga ati: “Kandi ni nde muri mwebge w’umuvyeyi, umwana wiwe yomusaba umutsima, akamuha ibuye; canke yomusaba ifi, akamuha inzoka; canke yomusaba irigi, akamuha sikorupiyo? None mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha [im]pwemu [y]era aba[yi]musavye?” Vy’ukuri niwumve nawe ukuntu ari indemesho Yezu atanze ivyura ingoga yo kugira ngo dusenge duhozako. Luka 10:38–11:13.
▪ Ni kuki Marita yitwararitse rwose gutegurira Yezu ibintu vyinshi cane?
▪ Mariya we agira iki, kandi ni kuki Yezu yamukeje aho gukeza Marita?
▪ Ni igiki catumye Yezu asubiramwo inyigisho zerekeye ugusenga?
▪ Yezu yerekana gute ko dukeneye gusenga duhozako?