ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 79
  • Ihanga Ryatakaye, Ariko Atari Ryose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ihanga Ryatakaye, Ariko Atari Ryose
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Agatikizo karimirije
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Umwe wese azokwicara munsi y’umusukoni wiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Icigwa kijanye n’ukwizera
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yezu Akiza Abarwayi
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 79

Ikigabane ca 79

Ihanga Ryatakaye, Ariko Atari Ryose

INYUMA gatoyi y’aho Yezu amariye kuganira n’abari batororokaniye hanze y’inzu y’Umufarizayo, sinzi abamubwiye “ivy’Abanyagalilaya, abo [buramatari w’Umuroma Ponsiyo] Pilato yavanganije amaraso yabo n’ibimazi vyabo.” Abo Banyagalilaya kumbure ni ba bandi bicwa igihe Abayuda ibihumbi n’ibihumbi banka ko Pilato akoresha amahera akuye mw’isandugu y’urusengero ngo ayubakishe umufurege winjiza amazi muri Yeruzalemu. Abo biganiye Yezu iyo nkuru bashobora kuba bashatse kuvuga ko abo Banyagalilaya babonye amakuba bitewe n’ibikorwa bibi ubwabo bakoze.

Ariko rero Yezu arabakurira inkoni ku gishitsi mu kubabaza ati: “Mbega mwiyumvira yukw abo Banyagalilaya bārusha abandi Banyagalilaya kuba abanyavyaha, kuko bāgizwe bartyo?” Yezu aca arishura ati: “Ndababgire, Si ko biri.” Maze afatiye kuri ivyo bintu vyabaye, aburira Abayuda, ati: “Ariko ni mutihana, namwe muzohona murtyo mwese.”

Mu kubandanya, Yezu yibukiriza ikindi kintu kibabaje cabereye ngaho, kumbure kandi kijanye n’iyubakwa ry’uwo mufurege. Abaza ati: “Canke ba bandi cumi n’umunani, abo umutara muremure w’amatafari w’i Silowamu wahomvokeyeko, ukabica, mwiyumvira yuko bārusha abandi b’i Yerusalemu bose kuba abanyabicumuro?” Yezu ababwira ko abo bantu batapfuye bazize ububi bwabo. Ahubwo, ivyo vyago mu bisanzwe vyabaye kubera “ibihe n’ibiza ku muntu.” Ariko rero Yezu yongera kuboneraho kubaburira ati: “Ariko ni mutihana, namwe muzohona murtyo mwese.”

Maze Yezu abandanya kubaha ikigereranirizo bijanye, agasigura ati: “Hābaye umuntu yar’afise umusukoni watewe mu ruzabibu rwiwe, araza awuronderakw insukoni arazibura. Abgira umukozi w’uruzabibu, ati Rāba, none n’imyaka itatu nza kurondera insukoni kur’uyu musukoni, sinzibone; uwuce: ugasarira iki aha hantu? Na we aramwishura, at’Enda mugenzi, wureke uyu mwaka na wo, ndaworohereze, ndawutabirire: hanyuma ni wama insukoni bizoba ari vyiza; ariko n’utama, uzowuca.”

Yezu amaze imyaka irenga itatu arondera gutsimbataza ukwizera mw’ihanga ry’Abayuda. Ariko abigishwa amajana makeyi bonyene ni bo bashobora guharurwa ko bavuye mu butame bwiwe. Ubu, muri uyu mwaka ugira kane w’igikorwa ciwe, ariko aragwiza utwigoro, yorohereza yongera atabirira mu buryo bw’ikigereranyo ico giti c’umusukoni ari bo Bayuda mu kwamamaza inkuru nziza no mu kwigishiriza i Yudaya n’i Pereya n’umwete mwinshi. Yamara ntaco bivamwo! Iryo hanga riranka kwigaya, bituma rero riba iririndiriye guhonywa. Amasigarira gusa y’iryo hanga ni bo bonyene bakiriye ubutumwa.

Mu nyuma y’igihe gitoyi, Yezu ariko arigishiriza mw’isinagogi kw’Isabato. Ahabona umugore amaze imyaka 18 ahetamye kubera idayimoni imuturubika. Yezu amubwirana ikigongwe ati: “Nyina wanje, urabohowe ubumuga bgawe.” Avuze ivyo amurambikako ibiganza, hanyuma muri ako kanya wa mugore aragororoka, atangura kuninahaza Imana.

Ariko rero umukuru w’iyo sinagogi biramushavuza. Ararahira ararengwa ati: “Harih’imisi itandatu, ikwiye gukorwakw ibikorwa; abe ari yo muzako mukizwe, ariko hatari ku musi w’isabato.” Bica vyumvikana ko uwo mukuru w’isinagogi yemera ububasha Yezu afise bwo gukiza, mugabo akanka ko abantu baza gukizwa ku musi w’Isabato!

Yezu yishura ati: “Mwa ndyarya mwe, mbeg’umuntu wese muri mwebge ntazitura inka yiwe cank’indogoba yiwe mu ruhongore kw isabato akayijana, akayishōra? Non’uyu, ar’umukobga wa Aburahamu, yaboshwe na Satani iyo myaka cumi n’umunani yose, ntakwiye kubohorwa iyo ngoyi ku musi w’isabato?”

Abarwanya Yezu bumvise iryo batangura kwumva isoni. Ariko rero rya sinzi ry’abantu baranezerwa babonye ibintu Yezu akora vy’ubuninahazwa. Mu kwishura, Yezu asubiramwo ibigereranirizo menyeshakazoza bibiri biraba Ubwami bw’Imana, ivyo yababwiye ari mu bwato ku Kiyaga c’i Galilaya, ubu hakaba haciye nk’umwaka. Luka 13:1-21; Umusiguzi 9:11; Matayo 13:31-33.

▪ Ni ivyago ibihe bivuzwe ngaho, kandi ni icigwa ikihe Yezu abigobotoramwo?

▪ Inkuru y’igiti c’umusukoni kitama, hamwe n’utwigoro two kugerageza gutuma cama, ishaka kwerekana iki?

▪ Umukuru w’isinagogi yiyemereye gute ko Yezu afise ububasha bwo gukiza, yamara Yezu yashize gute ku kabarore uburyarya bwa nya mugabo?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika