ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 80
  • Impongore z’Intama be n’Umwungere

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Impongore z’Intama be n’Umwungere
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Umwungere w’agahebuza n’impongore z’intama
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Aho twokura ikiduhumuriza
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Yezu aritwararika intama ziwe
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 80

Ikigabane ca 80

Impongore z’Intama be n’Umwungere

YEZU yaje i Yeruzalemu ku Misi Mikuru y’Iyegura ari yo Hanuka, kikaba ari igihe co guhimbaza aho urusengero rwasubira gushikirizwa Yehova. Mu mwaka w’168 B.G.C., hakaba hari haciye imyaka nk’200, Antiyoki wa 4 Epifani yarafashe Yeruzalemu hanyuma arahumanya urusengero be n’igicaniro carwo. Ariko rero imyaka itatu inyuma yaho, Yeruzalemu harongeye kwigarurirwa, hanyuma urusengero rurasubira kwegurirwa Imana. Mu nyuma hagiye haraba ihimbazwa ry’ugusubira kurwegurira Imana ku mwaka ku mwaka.

Iyo Misi Mikuru y’Iyegura iba ku wa 25 Kisilevu, ukwezi kw’Abayuda guhwana n’igihimba ca nyuma c’ukwezi kwa Munyonyo hamwe n’igihimba ca mbere c’ukwa Kigarama ku kirangamisi cacu ca none. Urumva rero ko hasigaye imisi ijana irengako gatoyi ngo hashike ya Pasika y’akamarampaka yo mu 33 G.C. Kubera ko ari igihe gikanye, intumwa Yohani icita “urushana.”

Yezu ubu akoresha ikigereranirizo avugamwo impongore zitatu hamwe n’uruhara afise rw’Umwungere Mwiza. Uruhongore rwa mbere avuga rugereranya indinganizo yo mw’isezerano ry’Ivyagezwe vya Musa. Ivyo Vyagezwe vyakora nk’uruzitiro rugabura Abayuda n’imigenzo yonona y’abantu batari muri iryo sezerano ridasanzwe ryagiranywe n’Imana. Yezu asigura ati: “N’ukuri, n’ukuri ndababgire: [Uwutinjira mu ruhongore aciye] mw irembo ry’urugo rw’intama, arikw akūririra ahandi, uwo aba ar’igisuma n’umwambuzi. Arik’ūca mw irembo ni we mwungere w’intama.”

Hari abandi bari baraje biyita ngo ni ba Mesiya, canke Kirisitu, ariko ntibari umwungere nyakuri Yezu abandanya kuvuga muri aya majambo: “Umuteramyi w’irembo aramwugururira, kand’intama zumva ijwi ryiwe; ahamagara iziwe ntama mu mazina yazo, akaziturutsa. . . . Uwo zitazi ntizomukurikira na mba, zomuhunga, kuko zitazi amajwi y’abandi.”

“Umuteramyi w’irembo” w’uruhongore rwa mbere yari Yohani Umubatizi. Bwa muteramyi w’irembo, Yohani ‘yarugururiye’ Yezu mu kumwerekana kuri izo ntama z’ikigereranyo yoturukije mu buragiro. Izo ntama Yezu ahamagara mu mazina kandi akaziturutsa, mu nyuma zirahava zikemerwa kuja mu rundi ruhongore, nk’uko abisigura ati: “N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni jewe rembo ry’intama,” ni ukuvuga, irembo ry’uruhongore rushasha. Igihe Yezu yashiraho isezerano rishasha ari kumwe n’abigishwa biwe hanyuma kuri Pentekote ikurikira impwemu yera ikabashungurukirako ivuye mw’ijuru, baremewe muri urwo ruhongore rushasha.

Yezu yongera gusigura uruhara rwiwe ati: “Ni jewe rembo, kand’ūshika mu rugo wese aciye muri jewe arakizwa; agataha, agaturuka, akaronka icanya. . . . Nanje jeho nazanywe no kugira ngo zironke ubu[zima], kandi ngo ziburonke busāgutse. . . . Ni jewe mwungere mwiza, ndazi izanje, n’izanje ziranzi, nk’uko Data anzi, nanje nkamumenya; kandi ndigura intama zanje.”

Ubuherutse, Yezu yari yarahumurije abayoboke biwe mu kuvuga ati: “Yemwe mwa busho buto, ntimutinye: kuko So bimuhimbara kubaha ubgami.” Ubwo busho buto ari bwo amaherezo buharurwamwo abantu 144.000, buraza muri urwo ruhongore rushasha ari rwo rwa kabiri. Ariko Yezu abandanya avuga uku: “Kandi mfise n’izindi ntama zitari izo mur’uru [“ruhongore,” NW], na zo nyene birankwiye kuzija imbere, zizokwumva ijwi ryanje, hazoba umukuku umwe n’umwungere umwe.”

Kubera ko izo “zindi ntama” ari ‘izitari muri urwo ruhongore,’ zitegerezwa kuba ari izo mu rundi ruhongore, urugira gatatu. Izo mpongore zibiri za nyuma, canke ingo z’intama, zizohabwa ubuzima butandukanye. Ubwo “busho buto” bwo mu ruhongore rumwe bazoganza hamwe na Kirisitu mw’ijuru, hanyuma izo “zindi ntama” zo mu rundi ruhongore na zo bakazoba kw’isi y’Iparadizo. Yamara, naho izo ntama zirimwo impongore zibiri, nta shari zigiriranira, eka mbere ntizumva zikumiriwe, kuko nk’uko Yezu abivuga, ‘ziba umukuku umwe’ zikagira “umwungere umwe.”

Uwo Mwungere Mwiza, Yezu Kirisitu, aratanga ubuzima bwiwe n’umutima ukunze abutangiye izo mpongore zompi z’intama. Avuga ati: “Ndekura ubu[zima] bganje, . . . mburekura kubganje: mfise ububasha bgo kuburekura, mfise n’ububasha bgo gusubira kubgābīra. Ico ni co cagezwe nahawe na Data.” Yezu avuze ivyo, Abayuda bicamwo ibice.

Benshi muri rya sinzi ry’abantu bavuga bati: “Arimwo dayimoni, kandi yāsaze: mumwumviririza iki?” Ariko abandi bishura bati: “Ereg’ayo majambo si nk’ay’ūhagazweko na dayimoni.” Maze, bisa n’uko bibukiriza ivy’igihe yakiza umugabo yari yavutse ari impumyi, hakaba haheze amezi nk’angahe, bongerako bati: “Mbega dayimoni arashobora guhumūra amaso y’impumyi?” Yohana 10:1-22; 9:1-7; Luka 12:32; Ivyahishuriwe 14:1, 3; 21:3, 4; Zaburi 37:29.

▪ Imisi Mikuru y’Iyegura ni iki, kandi ihimbazwa ryari?

▪ Uruhongore rwa mbere ni iki, kandi umuteramyi w’irembo warwo ni nde?

▪ Ni mu buryo ki umuteramyi w’irembo yugururira Umwungere, kandi mu nyuma izo ntama zemerwa kwinjira hehe?

▪ Ni bande bagize impongore zibiri za wa Mwungere Mwiza, kandi bacika imikuku ingahe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika