ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 81
  • Bongera Kugerageza Kwica Yezu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bongera Kugerageza Kwica Yezu
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Yunze ubumwe na Se ariko si Imana
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Abana ba Aburahamu canke ba Shetani?
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Umwana w’Imana ni “umuco w’isi”
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ikibazo Cerekeye Uwuri Se
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 81

Ikigabane ca 81

Bongera Kugerageza Kwica Yezu

KUBERA ko ari mu gihe c’urushana, Yezu ariko agendagenda ahantu hasakaye hitwa ibaraza rya Salomo. Ni ahabangabanganye n’urusengero. Ngaho Abayuda baramukikuza hanyuma batangura kuvuga bati: “Uzogeza ryari gutera imitima yacu kujuragira? Asangw’uri Kristo, bidufoborere.”

Yezu arabishura ati: “Narababgiye, ariko ntimwizera.” Yezu ntiyashotse ababwira yuko ari we Kirisitu, nk’uko yari yabibwiye wa Musamariyakazi kuri rya riba. Yamara mu vy’ukuri yarahishuye akaranga kiwe igihe yabasigurira yuko yavuye hejuru n’uko yabayeho imbere y’uko Aburahamu abaho.

Ariko rero Yezu ashaka ko abantu bitahurira ubwabo yuko ari we Kirisitu, bagereranije ibikorwa akora n’ivyo Bibiliya yari yaravuze ko Kirisitu yoranguye. Ni co gituma imbere yaho yabujije abigishwa biwe kubwira umuntu n’umwe yuko ari we Kirisitu. Kandi ni co gituma ubu abandanya kubwira abo Bayuda b’abankanyi ati: “Ibikorwa nkora mw izina rya Data, ni vyo binshingira intahe. Ariko ntimwizera.”

Ni kuki batizera? Hoba ari kubera ko babuze ikimenyamenya c’uko Yezu ari we Kirisitu? Oya, ariko ni kubera impamvu Yezu atanga, igihe ababwira ati: “[Ntimuri] abo mu ntama zanje. Abābaye intama zanje bumva ijwi ryanje, nanje ndabazi, na bo barankurikira, kandi nanje ndabaha ubu[zima] budashira, nta ho bazokwigera bapfa rubi gushitsa ibihe bidashira, kandi nta wushobora kubanshikura mu kuboko kwanje. Data yabampaye ni we aruta bose; nta wushobora kubashikura mu kuboko kwa Data.”

Yezu maze aradondora ubucuti bukomeye afitaniye na Se, agasigura ati: “Jewe na Data tur’umwe.” Kubera ko Yezu ari kw’isi Se wiwe na we akaba ari mw’ijuru, birumvikana ko atariko avuga yuko we na Se bagize umuntu umwe mu buryo bw’umubiri. Ahubwo, ashaka kuvuga yuko bari umwe mu vy’ugusangira imigambi, yuko bunze ubumwe.

Ba Bayuda bashavuzwa n’amajambo Yezu avuze, bandagura amabuye ngo bayamwicishe, nk’uko nyene bari babigize imbere yaho ngo bayamwicishe igihe c’Imisi Mikuru y’Amahema, ari yo y’Insago. Yezu n’umutima rugabo ahangara abagomba kumugandagura, avuga ati: “Naberetse ibikorwa vyiza vyinshi bivuye kuri Data, ikibanteresha amabuye mur’ivyo bikorwa n’ikihe?”

Barishura bati: “Ntituguterera amabuye kubg’igikorwa ciza, ariko n’uko warogose; kuko wewe ur’umuntu ukīgira [i]mana.” Kubera ko Yezu ataho yigeze yiyita imana, Abayuda ivyo babivugishwa n’iki?

Uko biboneka, kwari kubera ko Yezu yiyitirira ububasha bo bemera ko bwegukira Imana yo nsa. Nk’akarorero, ku vyerekeye “intama” yivugiye ati: “Ndabaha ubu[zima] budashira,” kikaba ari ikintu ata muntu buntu yoshobora kugira. Ariko rero Abayuda barirengagiza yuko Yezu yemera icese ko ububasha aburonka buvuye kuri Se wiwe.

Ivy’uko Yezu atangana n’Imana arabibereka mu nyuma mu kubaza ati: “Mbega ntihanditswe mu vyagezwe vyanyu [muri Zaburi 82:6], ngo Navuze nti Mur’imana? None ko yabise imana, bamwe ijambo ry’Imana ryashitseko . . . mwebge mubgira mute uwo Data yejeje, akamutuma mw isi, ng’Urarogose, kuko navuze nti Nd’Umwana w’Imana?”

Kubera ko n’Ivyanditswe mbere vyita abantu b’abacamanza barenganya ngo ni “imana,” ni ikosa irihe abo Bayuda bashobora gutora Yezu avuze ngo “nd’Umwana w’Imana”? Yezu yongerako ati: “Asangwa ntakora ibikorwa vya Data, ntimunyemere; ariko ni nabikora, naho jewe mutanyemera, mupfe kwemera ibikorwa, kugira ngo mumenye, mutahure, yuko Data ari muri jewe nanje nkaba muri Data.”

Yezu avuze ivyo, ba Bayuda bagerageza kumucakira. Ariko arabacika nk’uko yabacitse imbere yaho kuri ya Misi Mikuru y’Amahema. Ava i Yeruzalemu agenda hakurya y’Uruzi Yorodani aho Yohani yatanguriye kubatiza imyaka nk’ine imbere yaho. Aho hantu bisa n’uko hatari kure y’inkengera yo mu bumanuko y’Ikiyaga c’i Galilaya, rukaba ari urugendo rw’imisi nk’ibiri uvuye i Yeruzalemu.

Abantu benshi baza kuri Yezu aho hantu hanyuma batangura kuvuga bati: “Yohana nta kimenyetso yakoze, arikw ivyo Yohana yavuze vyose kur’uyu vyar’ivy’ukuri.” Nuko benshi ngaho barizera Yezu. Yohana 10:22-42; 4:26; 8:23, 58; Matayo 16:20.

▪ Yezu ashaka ko abantu bamumenya ko ari Kirisitu biciye mu buryo ubuhe?

▪ Yezu na Se wiwe bagize umwe mu buryo ki?

▪ Biboneka ko ari kubera iki Abayuda bavuga yuko Yezu ariko yigira imana?

▪ Ivyo Yezu asubiramwo vyo muri Zaburi vyerekana gute yuko atariko avuga ko angana n’Imana?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika